Bararyohoye ubuzima bwabo—Woba nawe ushobora kubigenza gutyo?
UMUVUKANYI umwe wo muri Kanada yitwa Marc yakora mw’ikompanyi imwe itunganya ivy’ubuhinga buhanitse bujanye na vya bimashini bikora nk’umuntu bukoreshwa n’amashirahamwe yitaho ivyo mu kirere. Yakora amasaha makeyi akaba n’umutsimvyi asanzwe. Mu nyuma, umukoresha wa Marc yaramubwiye ko agomba kumuduza igiti, ni ukuvuga agakora akazi k’amasaha menshi kandi agahembwa umushahara munini cane. None Marc yakoze iki?
Umuvukanyikazi umwe wo muri Filipine yitwa Amy yarakora ubutsimvyi busanzwe igihe yariko ararangiza amashure yiwe. Inyuma y’aho aronkeye urupapuro rw’umutsindo, yararonse akazi k’amasaha menshi kamusaba gukora umwanya munini kandi agahembwa umushahara ufadika. None Amy yahisemwo iki?
Marc yafashe ingingo itandukanye n’iyo Amy yafashe, kandi ivyavuye mu mahitamwo bagize birerekana ko impanuro abakirisu b’i Korinto ha kera bahawe iranga ubukerebutsi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Abakoresha isi [bamere] nk’abatayikoresha rwose”.—1 Kor. 7:29-31.
Nukoreshe isi, ariko atari rwose
Imbere y’uko tumenya ivyashikiye Marc na Amy, reka tubanze turimbure muri make insobanuro y’ijambo “isi” (canke koʹsmos mu kigiriki) Paulo yakoresheje mw’ikete yandikiye Abakorinto. Muri ico canditswe ca Bibiliya, iryo jambo koʹsmos ryerekeza ku vy’iyi si tubayemwo, ni ukuvuga ikibano c’abantu uko cakabaye, hakaba harimwo n’ibintu bisanzwe bigize ubuzima bwa misi yose, nk’uburaro, ibifungurwa n’ivyambarwaa. Kugira turonke mwene ivyo bintu dukenera buri musi, benshi muri twebwe dutegerezwa kuba dufise akazi dukora. Emwe, tubwirizwa gukoresha isi kugira ngo dushitse ivyo Ivyanditswe bidusaba bijanye n’ukwironsa ivyo twebwe ubwacu be n’imiryango yacu dukenera (1 Tim. 5:8). Ariko, no muri ico gihe nyene, turatahura yuko “isi iriko irarengana” (1 Yoh. 2:17). Ni co gituma dukoresha isi ku rugero rukenewe, ariko atari “rwose”.—1 Kor. 7:31.
Abavukanyi n’abavukanyikazi benshi, babitumwe n’iyo mpanuro yo muri Bibiliya idusaba kwishingira akarimbi mu kuntu dukoresha isi, barasubiye gusuzuma neza ukuntu ivyabo vyifashe, baragabanya umwanya bamara ku kazi kabo, maze barorosha uburyo bari babayeho. Bamaze kugira ivyo, ntibatevye kwibonera ko vy’ukuri baryohoye ubuzima bwabo, kubera ko umwanya bamarana n’abagize imiryango yabo be n’uwo bamara mu murimo barangurira Yehova waciye wiyongera. Vyongeye, ukworosha ubuzima bwabo kwatumye batisunga cane isi, ariko barushiriza kwisunga Yehova. Woba nawe ushobora kubigenza gutyo, ni ukuvuga ukorosha ubuzima bwawe kugira ngo uteze imbere ivy’Ubwami bw’Imana?—Mat. 6:19-24, 33.
“Twumva turushirije kwiyegereza Yehova kuruta ikindi gihe ico ari co cose”
Marc, umwe twavuga mu ntangamarara, yarumviye impanuro yo muri Bibiliya idusaba kudakoresha isi rwose. Yaranse kuduzwa igiti mu kazi yakora. Haciye imisi mikeyi, umukoresha wa Marc yaramwemereye mbere kumuronsa umushahara munini kuruta arondera kumujijura ngo yemere ako kazi gashasha. Marc avuga ati: “Cari ikigeragezo, mugabo n’ico gihe nyene naranse”. Arasigura igituma yanse ati: “Twe n’umukenyezi wanje Paula twari dufise icipfuzo co kwubakira ubuzima bwacu ku gusukurira Yehova mu buryo bwuzuye bushoboka. Ku bw’ivyo, twiyemeje kworosha uburyo twari tubayeho. Twarasenze dusaba Yehova ubukerebutsi bwodufashije gushikira uwo mugambi wacu twongera turishingira igenekerezo ntabanduka ry’aho twotanguriye gukorera Yehova ku rugero runini kuruta”.
Paula avuga ati: “Nakora gatatu mu ndwi ndi umunyamabanga w’ibitaro bimwe kandi nahembwa neza. N’ikindi kandi, nari umutsimvyi asanzwe. Ariko rero, cokimwe na Marc, nipfuza kuba uwiteguriye gukorera Yehova aho ari ho hose hari hakeneye abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Yamara, igihe nasaba kuva mu kazi, umukoresha wanje yambwiye yuko ngire nyabuna nduzwe igiti, maze mbe umunyamabanga mukuru, uwari akenewe ico gihe. Kuba umunyamabanga mukuru kari ko kazi katuma umuntu aronka umushahara munini kuruta uwo abandi banyamabanga bose bakora muri ivyo bitaro baronka, ariko nagumye numiye kuri iyo ngingo nari nafashe yo kukavamwo. Igihe nabwira uwo mukoresha wanje igituma ntashobora gukora ako kazi, yarankeje ku bw’ukwizera kwanje”.
Budakeye na kabiri, Marc na Paula bararonse ikete ryabagena kuja gukorera mw’ishengero ritoyi ryo mu karere ko muri Kanada kari ukwa konyene ari abatsimvyi badasanzwe. None ukwo kwimuka kwabo kwavuyemwo iki? Marc avuga ati: “Inyuma y’aho mpebeye akazi kotumye turonka amahera yo kwibeshaho neza nari nakoze hafi igice c’ubuzima bwanje, naragize ubwoba, ariko Yehova yarahezagiye ubusuku bwacu. Turafise akanyamuneza ntangere kazanwa n’ukuba turonsa abandi ingabirano zo mu vy’impwemu. Umurimo w’igihe cose wararyohoye kandi umubano wacu. Ibiyago vyacu vyama bishingiye ku bintu vy’ukuri bihambaye, ni ukuvuga ibintu vy’impwemu. Twumva turushirije kwiyegereza Yehova kuruta ikindi gihe ico ari co cose” (Ibik. 20:35). Paula na we yongerako ati: “Igihe uhagaritse akazi wakora ukongera ugaheba ukumererwa neza uri mu rugo iwawe, uca utegerezwa kwizigira Yehova uherejeko. Ivyo ni vyo twagize, kandi Yehova yaraduhezagiye. Abavukanyi n’abavukanyikazi bakundwa bo mw’ishengero ryacu rishasha baratuma twumva ko dukundwa kandi ko dukenewe. Ubu, inguvu nahora nkoresha ku kazi ndazikoresha mu gufasha abantu mu vy’impwemu. Akamwemwe karansya kubera ko nkora iki gikorwa”.
‘Nari nifise, ariko sinari mpimbawe’
Amy, umwe twavuga mu ntango, we yagize ihitamwo ritandukanye n’irya Marc. Yaremeye gukora ako kazi k’amasaha menshi yari yaronse. Amy avuga ati: “Mu mwaka wa mbere, nagumye nkora neza mu busuku ariko nasanze mu buzima bwanje nagiye buhorobuhoro nditwararika cane ibijanye n’akazi nakora, aho kwitwararika ivy’Ubwami. Nararonswa ibintu vyandyosharyosha kugira ngo nteze imbere akazi nakora, maze nca ntangura kwiyahagura ndondera kuza ndaduzwa igarade. Uko nazezwa amabanga yiyongereye ku kazi, ni ko naza ndamara umwanya muto mu busuku. Nahavuye mpeba rwose ivyo kwamamaza”.
Iyo Amy atereje amaso inyuma akibuka ivy’ico gihe, avuga ati: “Mu vy’amahera, nari nifise. Naragize ingendo nyinshi nongera ndahabwa icubahiro kubera ikibanza nari mfise mu kazi. Yamara, sinari mpimbawe. Naho nari mfise amahera, nari mfise ingorane nyinshi. Naguma nibaza ingorane nari mfise iyo ari yo. Mu nyuma, nahavuye ntahura yuko ukwo gukurikirana ivy’akazi ko muri ino si, nari hafi ‘kuzimizwa nkava ku kwizera’. Emwe nk’uko nyene Ijambo ry’Imana ribivuga, ni ko vyagenze; naragize ‘imibabaro myinshi’”.—1 Tim. 6:10.
None Amy yakoze iki? Avuga ati: “Narasavye abakurambere kumfasha gusubira kugira amagara meza mu vy’impwemu maze ndasubira kwitaba amakoraniro. Mu gihe c’ururirimbo rumwe, nararize. Naribuka ingene nari mpimbawe mu myaka itanu namaze ngira uruhara mw’iyimbura ndi umutsimvyi, naho ico gihe nari nkenye. Naratahuye yuko nategerezwa kureka guta umwanya wanje niruka inyuma y’amahera maze ngashira ivy’Ubwami imbere. Narasavye gukororwa igarade ku kazi, ivyo na vyo bikaba vyasobanura guheba ibice 50 kw’ijana vy’umushahara nahora ndonka, maze nca ntangura gusubira kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza”. Amy avuga ahimbawe ati: “Naragize umunezero wo gukora ubutsimvyi mu myaka mikeyi. Ubu ndumva nshize akanyota ku rugero ntari bwigere nshikanako muri ca gihe natakaza umwanya wanje hafi nka wose nkorera isi”.
Woba ushobora kugira ivyo uhinduye ku kuntu ivyawe vyifashe maze ukorosha uburyo ubayeho? Niwakoresha umwanya ubonetse wose kugira ngo uteze imbere ivy’Ubwami, na wewe nyene uzoryohora ubuzima bwawe.—Imig. 10:22.
[Akajambo k’epfo]
a Raba igitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 318-320.
[Iciyumviro ku rup. 19]
Woba ushobora kugira ivyo uhinduye ku kuntu ivyawe vyifashe maze ukorosha uburyo ubayeho?
[Uruzitiro ku rup. 19]
“Ndamaze kubukunda!”
Umukurambere mukirisu umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa David yaripfuje kwifatanya n’umukenyezi wiwe n’abana biwe mu murimo w’igihe cose. Yarashoboye gutunganya ivyo gukora amasaha makeyi mw’ikompanyi yakoramwo, maze aca atangura gukora ubutsimvyi busanzwe. Ayo mahinduka yoba yararyohoye ubuzima bwiwe? Haciye amezi makeyi, David yandikiye umugenzi wiwe ati: “Nta kintu coza kimara akanyota kuruta gusukurira Yehova bimwe bishitse wifatanije n’umuryango wawe. Mu vy’ukuri, nibaza ko vyonsavye igihe kugira ngo menyere ubutsimvyi, ariko ndamaze kubukunda! Ntiworaba ukuntu buruhura”.
[Ifoto ku rup. 18]
Marc na Paula bari mu busuku