Twararutsinze muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu
KU WA 11 Nzero 2007, igihe Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu iri i Strasbourg mu Bufaransa yasasa, abari bayigize bose ata n’umwe avuyemwo, barafashe ingingo yatumye Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya batsinda urubanza baburana na Leta y’ico gihugu. Iyo ngingo bafashe yashigikira ivy’uko Ivyabona vya Yehova bafise umwidegemvyo wo gusenga be n’ivy’uko bafise agateka ko kwumvirizwa n’ubutungane ata karenganyo. Reka turabe ivyatumye urwo rubanza rushingwa.
Ishengero rimwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gisagara ca Chelyabinsk mu Burusiya, rigizwe ahanini n’abantu b’ibipfamatwi. Ikibanza bagiriramwo amakoraniro yari inyubakwa bakotesheje yegukira ishure rimwe ryisumbuye ryigisha umwuga. Ku musi w’iyinga, itariki 16 Ndamukiza 2000, Umuhagarikizi w’Urwego rujejwe ivy’agateka ka zina muntu muri ako karere yarahagaritse ikoraniro bariko baragira, ico gihe akaba yari kumwe n’intwazangabo zikomeye zo mu gipolisi zibiri be n’uwundi mupolisi yari yambaye gisivire. Kubera umwikeko uwo Muhagarikizi canecane yari afise ku Vyabona vya Yehova, iryo koraniro ryarahagaritswe babagiriza ibirego bidafashe vy’uko ngo bagira amakoraniro batavyemerewe n’amategeko. Ku wa 1 Rusama 2000, amasezerano yo gukotesha iyo nyubakwa Ivyabona vya Yehova bari baragiraniye na beneyo, yarahagaritswe.
Ivyabona vya Yehova baciye bitwara ku mushikirizamanza wo muri ico gisagara ca Chelyabinsk, ariko ntivyagira ico bivamwo. Ibwirizwa nshingiro ry’Uburusiya be n’amasezerano yo gukingira agateka be n’umwidegemvyo vya zina muntu, biraha abantu umwidegemvyo wo gusenga be n’uwo kwifatanya n’abandi. Ku bw’ivyo, Ivyabona baciye barondera gushingisha urubanza muri sentare y’intara, maze mu nyuma baja kwitura sentare y’akarere. Ku wa 30 Mukakaro 1999, sentare nkuru yari yarafashe ingingo mu rundi rubanza yaciye yuko “hisunzwe amategeko y’Uburusiya agenga agateka umuntu afise ko gukurikiza uko umutima wiwe umubariye be n’ayagenga amashirahamwe y’ivy’idini, imvugo ngo ‘mu mwidegemvyo’ isobanura yuko atari ngombwa ko umuntu asaba canke aba yarasavye abategetsi uruhusha rwo kugirira ibirori bijanye n’ivyo gusenga mu bibanza [vyabigenewe]” (Si twe twongeyemwo utwo tuzitizo nyemfuruka.). Naho ari ukwo, sentare y’intara be na sentare y’akarere zaranse kwumviriza urwo rubanza.
Ku wa 17 Kigarama 2001, Ivyabona baciye bitura Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu. Urwo rubanza rwahavuye rwumvirizwa ku wa 9 Nyakanga 2004. Ng’ibi bimwebimwe mu vyo iyo Sentare yavuze mu guca urwo rubanza:
“Sentare isanze agateka k’abitwaye kajanye no kugira umwidegemvyo wo gusenga karahonyanzwe, kubera yuko ku wa 16 Ndamukiza 2000 abategetsi ba Leta batumye ikoraniro rijanye n’ugusenga abo bene kwitwara barimwo rihagarara hataragera”.
“Vyagaragaye yuko ata tegeko na rimwe ryisunzwe mu guhagarika ibirori bijanye n’ivyo gusenga vyariko bigirirwa mu kibanza cakoteshejwe hisunzwe amategeko ku bw’intumbero yo gusenga”.
“[Sentare] isanze itegeko Sentare Nkuru yo mu Burusiya yashinze ifatiye ku kuntu izindi manza zagiye ziracibwa, rivuga yuko atari ngombwa ko umuntu aba yarasavye abategetsi uruhusha rwo kugira amakoraniro ajanye n’ivyo gusenga canke ngo abanze kubibamenyesha imbere yo kuyagira”.
“Ku bw’ivyo rero, ingingo ya 9 yo muri ya masezerano yo gukingira agateka be n’umwidegemvyo vya zina muntu [iyo ngingo ikaba yerekeye umwidegemvyo wo gusenga] yarahonyanzwe, kubera yuko ku wa 16 Ndamukiza 2000 uwo Muhagarikizi be n’abari kumwe na we bahagaritse ikoraniro rijanye n’ivyo gusenga bene kwitwara bariko baragira”.
“Sentare isanze yuko sentare y’intara na sentare y’akarere zitashoboye kurangura ibanga zijejwe . . . ryo kwerekana ko impande zose zaburana zumvirijwe ata karenganyo. . . . Ingingo ya 6 y’ayo masezerano [iyivuga ko ababurana bategerezwa kwumvirizwa ata karenganyo] yarahonyanzwe”.
Ivyabona vya Yehova barakurira ubwatsi Imana kubona yaratumye batsinda urubanza muri Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu (Zaburi 98:1). Iyo ngingo yafashwe n’iyo Sentare izogira ico ikoze mu bihugu bingana gute? Uwitwa Joseph K. Grieboski, uwo akaba ari umukuru w’ikigo kimwe giharanira ivy’uko idini rigira uruhara mw’ishingwa ry’imigambi ya Leta, avuga ati: “Iyo ni iyindi ngingo ihambaye cane izogira ico ihinduye ku bijanye n’umwidegemvyo wo gusenga mu Buraya, kubera yuko izogira ico ikoze ku vyerekeye agateka kajanye n’ivyo gusenga mu bihugu vyose vyisunga Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu”.