Ibibazo vy’abasomyi
Ya nzoka yavugana na Eva yoba yari ifise amaguru?
Nk’uko mw’Itanguriro 3:14 havyerekana, Yehova Imana yaragize ico abwira ya nzoka yahenda Eva mw’itongo ry’i Edeni. Imana yavuze iti: “K’ukoze ivyo, ubaye ikivume mu bitungano vyose no mu bikōko vyose vyo mw ishamba: uzohora ukwega inda hasi, uzorya umukungugu imisi yose y’ukubaho kwawe”. Bibiliya ntivuga idomako yuko ico gikoko cakoreshejwe mu kugerageza Eva cari carigeze kuba gifise amaguru. Naho amajambo yakoreshejwe mw’Itanguriro 3:14 yoshobora gutuma bamwebamwe biyumvira gutyo, si ngombwa ko dushika ku ciyumviro c’uko inzoka zari zifise amaguru imbere y’uko Imana ivuga ayo majambo y’umuvumo. Uti kubera iki?
Ahanini ni kubera yuko mu vy’ukuri uwo Yehova yaciriye urwo rubanza ari Shetani, we kiremwa c’impwemu kitaboneka cakoresheje nabi ico gikoko giciye bugufi. Bibiliya ivuga yuko Shetani ari ‘se w’ibinyoma’ ikavuga kandi ko ari “ya nzoka ya mbere”. Biboneka ko izo mvugo zompi zerekeza ku kuba Shetani yarakoresheje igikoko kiboneka, ni ukuvuga inzoka, mu kubwira Eva amajambo yo kumwosha kugambarara itegeko ry’Imana.—Yohana 8:44; Ivyahishuriwe 20:2.
Imana ni yo yaremye inzoka, kandi biboneka ko Adamu yari amaze guha inzoka izina igihe Shetani yahenda Eva. Iyo nzoka yavuganye na Eva, iyari isanzwe itagira ubwenge, si yo yari mw’ikosa. Iyo nzoka ntiyari kumenya yuko Shetani yariko arayikoresha, eka kandi ntiyari gushobora gutahura urubanza Imana yaciriye abayigambarariye.
Ni kubera iki none Imana yavuze yuko inzoka yogiye irakwega inda hasi? Uko ivy’inzoka isanzwe vyifashe, ni ukuvuga ukuntu igenda irakwega inda hasi be n’ukuntu igenda iraravya ururimi nk’aho yoba igomba kurigata umukungugu, cabaye ikigereranyo kibereye c’ukuntu Shetani yacishijwe bugufi. Mu ntango yari afise ikibanza kiri hejuru ari umwe mu bamarayika b’Imana, ariko mu nyuma yaracishijwe bugufi, gutyo aba ashizwe mu mimerere Bibiliya igereranya n’i kuzimu.—2 Petero 2:4.
Vyongeye, nk’uko inzoka buyoka ishobora gukomeretsa umuntu ku gitsintsiri, Shetani amaze gucishwa bugufi, ‘yokomerekeje igitsintsiri’ c’“uruvyaro” rw’Imana, ari rwo rubuto rwayo (Itanguriro 3:15). Uwabaye igihimba nyamukuru c’urwo rubuto ni Yezu Kristu, uyo akaba yaramaze igihe gito acumukuzwa n’abantu Shetani yakoresha. Ariko amaherezo, umutwe w’ikigereranyo w’iyo nzoka uzofyonyorwa na Kristu be na bagenziwe b’abakirisu basizwe bazoba bazutse, ku buryo iyo nzoka itazosubira kubaho (Abaroma 16:20). Gutyo rero, kuba Imana yarerekeje umuvumo wayo ku nzoka iboneka, vyagereranije mu buryo bubereye ugucishwa bugufi kwa “ya nzoka ya mbere” itaboneka, ari yo Shetani wa Mubesheranyi, bigereranya kandi ukuntu amaherezo izosangangurwa.