“Dutandukanijwe n’ururimi, ariko urukundo rutuma twunga ubumwe”
Ukurokorwa. Ukubohorwa. Ukuronka ubukiriro. Haraciye ibinjana n’ibindi abantu bipfuza cane kuruhurirwa imitwaro be n’amaganya. Twovyifatamwo gute mu ngorane zo mu buzima? Abantu boba bazokwigera barokorwa? Niba ari ukwo, bazorokorwa gute?
IVYO ni vyo vyihwejwe mu rukurikirane rw’amahwaniro y’intara y’imisi itatitatu yatunganijwe n’Ivyabona vya Yehova, akaba yatanguye muri Rusama 2006. Umutwe-shimikiro wavuga ngo “Ukurokorwa kuregereje!”
Amahwaniro icenda muri ayo yitabwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi ibihumbi n’ibihumbi baje bava mu bihugu bitandukanye. Yabaye muri Mukakaro na Myandagaro 2006, abera i Prague, umurwa mukuru wa Repubulika y’Abaceke; i Bratislava, umurwa mukuru w’igihugu ca Solovakiya; i Chorzow n’i Poznan muri Polonyea; hamwe no mu bisagara bitanu vyo mu Budagi ari vyo Dortmund, Frankfurt, Hamburg, Leipzig na Munich. Abitavye ayo mahwaniro bose hamwe barenga 313.000.
Ni akayaga akahe karangwa kuri ayo mahwaniro? Ibimenyeshamakuru vyavuze iki ku bijanye n’ayo mahwaniro? Vyongeye, abayitavye bumvise bamerewe gute aho arangiriye?
Imyiteguro
Abashitsi cokimwe n’Ivyabona bo mu bihugu ayo mahwaniro yabereyemwo, bari bayashashaye cane kubera bari bazi ko yobaye ari ibihe vyo mu vy’impwemu vy’intibagiranwa. Gutegura ahantu habereye abitavye ayo mahwaniro bavuye mu bindi bihugu bari gushikira, nticari igikorwa coroshe. Nk’akarorero, ku bijanye n’ihwaniro ryabereye i Chorzow, Ivyabona bo muri Polonye baremeye kwakira mu mihana iwabo abashitsi bashika nko ku 13.000 baje bava mu Buraya bwo mu Buseruko. Abitavye iryo hwaniro bavuye mu mahanga, bari baje bava muri Arumeniya, Belarus, Esitoniya, Jorojiya, Kazakhstan, Kirghizistan, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Letoniya, Lituanie, Molodaviya, Ouzbékistan, Tadjikistan, Turkménistan, Uburusiya no muri Ukraine.
Abenshi mu bitavye ayo mahwaniro bavuye mu bindi bihugu, vyabaye ngombwa ko bitegurira urugendo hagisigaye amezi atari make. Uwitwa Tatiana, akaba ari umwamamazanjili w’igihe cose w’i Kamchatka, ako kakaba ari agace k’isi ko mu Burusiya kinjira mw’ibahari kari mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’Ubuyapani, yatanguye kuziganya amahera y’urugendo hagisigaye umwaka ngo arugire. Yategerezwa kugira urugendo rw’ibilometero 10.500. Ubwa mbere yagiye n’indege urugendo rw’amasaha atanu, aca agira urundi rw’imisi hafi itatu n’igariyamoshi, hanyuma amara amasaha 30 ari mu muduga kugira ngo ashike i Chorzow.
Abavukanyi n’abavukanyikazi ibihumbi n’ibihumbi baritanze mu bikorwa vyo gutegura ayo mahwaniro, barasukura ibibuga vy’inkino be no mu micungararo yavyo ku buryo haba ahabereye gusengera (Gusubira mu vyagezwe 23:14). Reka tubitangire akarorero kamwe gusa. Mu gisagara c’i Leipzig, Ivyabona baho barasukuye neza ikibuga c’inkino bongera basezerana kugira nk’ukwo nyene ihwaniro rirangiye. Ivyo vyatumye abajejwe ico kibuga c’inkino baheba amahera atari make yo gusukura ico kibuga asanzwe asabwa kuri kontara yo kugikotesha.
Ubutumire
Abantu bo mu mashengero yo hirya no hino kw’isi baramenyekanishije cane ya Mahwaniro yataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”. Abo bantu bari bimirije kwitaba amahwaniro adasanzwe, baragize uruhara muri iryo sekeza n’umwete mwinshi. Barabandanije kumenyekanisha ivy’iryo hwaniro gushika ku mugoroba buca iryo hwaniro riba. None umwete bagaragaje, woba waravuyemwo ivyiza?
Icabona umwe wo muri Polonye yitwa Bogdan yarahuye n’umugabo umwe ageze mu zabukuru yipfuza kwitaba ihwaniro ariko akaba yavuze ko amahera makeya aronka atomushoboje kugira urugendo rw’ibilometero 120 rwo gushika i Chorzow. Vyahavuye biboneka ko mu muduga wari wakoteshejwe n’ishengero rimwe ryo ng’aho muri Polonye hazoba harimwo ikibanza kimwe kigaragara. Bogdan yigana ati: “Twabwiye nya mugabo yuko dushobora kujana ata mahera arishe mu gihe yoza aho tuzohagurukira igihe c’isaha 11:30 zo mu gitondo”. Uwo mugabo yaremeye ubwo butumire maze aritaba iryo ihwaniro. Mu nyuma yandikiye abavukanyi ati: “Ubu maze kwitaba iri hwaniro, niyemeje kuba umuntu mwiza kuruta”.
Hari umugabo i Prague yari muri imwe mu mahoteli abavukanyi baje bava mu Bwongereza bari bashikiyemwo, ku mugoroba umwe yabwiye abitavye ihwaniro ko na we yari yaryitavye uyo musi. Ni igiki none catumye aryitaba? Uwo mugabo yavuze yuko aho amariye guhabwa ubutumire n’abamamaji cumi batandukanye mu mabarabara y’ico gisagara, nawe nu atari kureka kugenda! Yarakozwe ku mutima cane kandi yari ashashaye no kumenya vyinshi.—1 Timoteyo 2:3, 4.
Porogarama y’ivy’impwemu ikomeza
Porogarama yo kuri iryo hwaniro yaraciye irya n’ino ukuntu twovyifatamwo mu ngorane zitandukanye. Impanuro zitomoye zishingiye ku Vyanditswe zarerekanye ukuntu izo ngorane zotorerwa umuti canke ukuntu umuntu yozihanganira.
Abantu bababajwe n’ubusaza, indwara, ukubura ababo canke izindi ngorane zishikira umuntu ku giti ciwe, bararonse indemesho zivuye muri Bibiliya zibafasha kubona mu buryo bwiza ibintu bishika mu buzima (Zaburi 72:12-14). Abubatse be n’abavyeyi barahumviye impanuro zishingiye kuri Bibiliya zerekana ukuntu bogira umubano uhimbaye be n’ingene borera abana babo bakererwa (Umusiguzi 4:12; Abanyefeso 5:22, 25; Ab’i Kolosayi 3:21). Abakirisu bakiri bato, abo usanga bashikirwa n’akosho kabi k’urunganwe kw’ishure ariko bakaronka impanuro ziranga ubukerebutsi zo mw’Ijambo ry’Imana i muhira no mw’ishengero, bararonse impanuro ngirakamaro z’ukuntu bovyifatamwo baramutse bohejwe na bagenzi babo be n’ukuntu ‘bohunga ukwipfuza kw’ubusore’.—2 Timoteyo 2:22.
Umuryango nyawo w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose
Ivyabona vya Yehova bama baronka ubuyobozi bwiza bushingiye ku Vyanditswe ku makoraniro bagira (2 Timoteyo 3:16). Ariko rero, icatumye ayo mahwaniro aba ayadasanzwe ni uko yahuje abantu bava mu bihugu bitandukanye. Muri ayo mahwaniro yose adasanzwe hashikirijwe porogarama imwe y’ivy’impwemu mu ndimi zitari nke. Ku musi umwumwe, bamwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova barashikiriza insiguro, kandi amaraporo yo mu bindi bihugu yatuma iyo porogarama irushiriza kuryoha. Izo nsiguro be n’ayo maraporo vyarahindurwa kugira ngo abantu bavuga indimi zitandukanye bari ng’aho bavyungukireko.
Abaje bava mu bindi bihugu bari bashashaye kubonana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi babo bo mu yindi mihingo. Umwe mu baje bava mu bindi bihugu yavuze ati: “Ukuba tutavuga ururimi rumwe nta ngorane n’imwe iboneka vyateye. Ahubwo riho, vyatumye ico kiringo kirushiriza kuba igihimbaye. Abashitsi bari aho bari abo mu mico kama itandukanye ariko bose bari bunze ubumwe kubera yuko bari basangiye ukwizera”. Abitavye ihwaniro ryabereye i Munich babivuze muri aya majambo: “Dutandukanijwe n’ururimi, ariko urukundo rutuma twunga ubumwe”. Abari bitavye iryo hwaniro, baba bavuye mu gihugu ikihe canke bavuga ururimi uruhe, bumva ko bari mu bagenzi nyakuri, abo na bo bakaba ari abavukanyi n’abavukanyikazi babo bo mu vy’impwemu.—Zekariya 8:23.
Amajambo yo gukenguruka
Ukuntu ikirere cari kimeze mu kiringo c’amahwaniro yabereye muri Polonye vyarashize ahabona agatima n’ukwihangana abari bayitavye bavuye mu bindi bihugu bari bafise. Imvura yaraguye kenshi kandi hari hakanye cane gushika nko kuri dogere 14. Umuvukanyi umwe yaje ava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Cari co gihe kibi kuruta ibindi kandi gikanye cane ntari bwigere mbona kw’ihwaniro, kandi numvise bike bibaho muri iyo porogarama. Ariko rero, igishika c’imbonekarimwe carangwa muri abo bantu bo mu bihugu bitandukanye, agatima keza kaharangwa be n’ubwakiranyi budasanzwe, vyonyene vyaratuma umuntu yibagira izo ngorane. Iri hwaniro ryari iry’intibagiranwa!”
Ikintu c’intibagirwa ku bavuga igipolonye bitavye iryo hwaniro, ryari isohorwa ry’igitabu Étude perspicace des Écritures mu gipolonye. Emwe iyo yari impembo nziza cane y’ukwihanganira imbeho n’imvura! Isohorwa rya ca gitabu gishasha Vivez en gardant à l’esprit le jour de Jéhovah na ryo nyene ryatumye haba umunezero mwinshi kuri ayo Mahwaniro yataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!”.
Hari ibindi bintu bizotuma abitavye iryo hwaniro bataryibagira. Uwitwa Kristina, uno akaba ari umuvukanyikazi w’Umuceke yitanze abikunze kugira ngo aherekeze umuduga warimwo abavukanyi bo hakurya y’amazi bari bitavye ihwaniro, yibuka ibi: “Igihe twariko turasezerana, hari umuvukanyikazi yanshize ku ruhande, arangumbira maze avuga ati: ‘Mwaranyitwararitse cane! Mwatuzaniye ibifungurwa aho twari twicaye mutuzanira mbere n’amazi yo kunywa. Ndabakengurukiye cane ku bw’urukundo rw’ukwitanga mwagaragaje’”. Aho yariko avuga ibifungurwa vya sasita vyaronswa abari bitavye ihwaniro bavuye hakurya y’amazi. Umuvukanyi umwe yavuze ati: “Cari igikorwa tutari bwigere tubona. Vyasaba ko abantu hafi 6.500 baronswa imfungurwa za sasita buri musi. Vyarakora ku mutima kubona ukuntu abantu benshi, ushizemwo n’abana, bitanga babikunze kugira ngo bafashe”.
Umuvukanyikazi umwe yitavye ihwaniro ry’i Chorzow avuye muri Ukraine, yavuze ati: “Turakorwa ku mutima cane n’urukundo, ubwitwararitsi be n’umutima mwiza bigaragazwa n’abo dusangiye ukwizera. Ntidushobora kuronka amajambo twokoresha kugira tubakengurukire”. Agakobwa k’imyaka umunani na ko kitwa Annika ko muri Finilande kandikiye ibiro vy’ishami ry’Ivyabona vya Yehova muri Polonye kati: “Ihwaniro ryari riryoshe cane kuruta uko navyiyumvira. Ntiworaba ukuntu ari vyiza kuba uwo mu bagize ishirahamwe rya Yehova, kuko bituma umuntu agira abagenzi kw’isi yose!”.—Zaburi 133:1.
Ivyavuzwe n’abatwitegereza
Imbere y’uko amahwaniro atangura, haratunganijwe ivy’uko abavuye mu bindi bihugu batemberezwa kugira baratire ijisho. Mu ntara ya Bavière, abo bashitsi baza barahagarara ku Ngoro z’Ubwami aho Ivyabona baho baca babaha ikaze. Umuntu umwe atari Icabona ajejwe gutembereza abantu yariko atembereza umugwi w’abavukanyi, yarakozwe ku mutima cane n’ico gishika ca kivukanyi. Umwe mu bavukanyi bari baje bava mu bindi bihugu avuga ati: “Turiko turasubira kw’ihoteli mu muduga, nya muntu ajejwe gutembereza abantu yavuze ko twari dutandukanye cane n’iyindi migwi itemberezwa. Twari twambaye neza kandi twese twarasenyera ku mugozi umwe n’abatuja imbere mu mugwi. Nta bitutsi be n’akajagari vyaharangwa. Yaratangajwe cane n’ukuntu abantu batari basanzwe bazinanye bashobora kuba abagenzi beza utoraba mu kanya gato”.
Umuvukanyi umwe yakora mu Rwego rujejwe guhanahana amakuru kw’ihwaniro ryabereye i Prague yigana ibi: “Ku w’iyinga mu gitondo, umukuru ajejwe abapolisi bari barungitswe aho twariko turagirira ihwaniro, yaratugendeye. Yasanze harangwa amahoro maze avuga yuko ata co abona yokora. Yaravuze kandi ko abantu bamwebamwe baba mu micungararo y’ico kibuga c’inkino bari babajije ibiriko birahabera ivyo ari vyo. Igihe yaba avuze ko ari Ivyabona vya Yehova bahakoraniye, akenshi abo bantu baca berekana ko bataryohewe, nya mukuru w’abapolisi na we agaca ababwira ati: ‘Iyaba abantu bagaragaza gusa ku bice 50 kw’ijana inyifato nk’iy’Ivyabona vya Yehova, ntivyobaye binakenewe ko igipolisi kibaho’”.
Benshi baramaze kurokorwa!
Ijambo ry’Imana Bibiliya rimeze nk’ikiraro gihuza imico kama itandukanye, kigatuma abakirisu babana mu mahoro no mu bumwe (Abaroma 14:19; Abanyefeso 4:22-24; Ab’i Filipi 4:7). Amahwaniro adasanzwe yataziriwe ngo “Ukurokorwa kuregereje!” yarerekanye ko ivyo ari ivy’ukuri. Ivyabona vya Yehova baramaze kurokorwa ivyago vyinshi bigeramiye iyi si. Ukwinubana, ubukazi, amacakubiri ashingiye kw’ibara ry’urukoba, ivyo bikaba ari bike gusa mu bigeramiye ikibano c’abantu, bisa n’ibitakirangwa muri bo kandi barindiranye igishika igihe isi yose izoba itakirangwamwo ingorane mwene izo.
Abitavye ayo mahwaniro bariboneye ubumwe burangwa mu Vyabona bo mu bihugu bitandukanye n’imico kama itandukanye. Ivyo vyaragaragaye cane igihe ayo mahwaniro yarangira. Bose barakoma amashi, bakagumbira abagenzi bashasha bari baronse bakongera bagafata amafoto ya nyuma (1 Ab’i Korinto 1:10; 1 Petero 2:17). Kubera ko abitavye iryo hwaniro bavuye mu bindi bihugu, bari banezerewe bakaba kandi bari bajijutse yuko ukurokorwa imibabaro yose be n’imyitwarariko kwegereje, basubiye mu bihugu vyabo no mu mashengero yabo biyemeje kuguma bafashe rwose ‘ijambo ry’ubuzima’ ry’Imana kuruta uko bahora.—Ab’i Filipi 2:15, 16.
[Akajambo k’epfo]
a Mu bindi bibanza bitandatu vyo muri Polonye hamwe n’ikibanza kimwe co muri Solovakiya, harakoreshejwe ubuhinga bwa elegitoronike kugira ngo abari bahari bakurikirane insiguro zashikirizwa n’abavukanyi baje bava mu mihingo itandukanye y’isi.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]
Indimi 26 zivugwa nk’ururimi rumwe
Ku mahwaniro yose yagizwe uko ari icenda, porogarama yashikirijwe mu rurimi kavukire. Ku mahwaniro yabereye mu Budagi, insiguro zashikirijwe kandi no mu zindi ndimi 18. I Dortmund zashikirijwe mu carabu, mu gifarisi, mu giporotigali, mu gisupanyoli no mu kirusiya; i Frankfurt zashikirijwe mu congereza, mu gifaransa, mu giserebiya kiri kumwe n’igikorowasiya; i Hamburg zashikirijwe mu giholande, mu gisuwede, mu gitamili no mu kidanemarike; i Leipzig zashikirijwe mu gishinwa, mu gipolonye no mu kinyaturukiya; i Munich na ho zashikirijwe mu gitaliyano, mu kigiriki no mu rurimi rw’ibimenyetso rw’ikidagi. Insiguro zose zashikirijwe kw’ihwaniro ryabereye i Prague zari mu congereza, mu giceke no mu kirusiya. I Bratislava porogarama yashikirijwe mu congereza, mu gihongiriya, mu gisolovake, no mu rurimi rw’ibimenyetso rw’igisolovake. I Chorzow zashikirijwe mu gipolonye, mu kirusiya, mu kinya Ukraine no mu rurimi rw’ibimenyetso rw’igipolonye. I Poznan na ho zashikirijwe mu gifinilande no mu gipolonye.
Iyumvire nawe indimi 26 zose! Mu vy’ukuri, abitavye ayo mahwaniro bari batandukanijwe n’ururimi, ariko urukundo bari bafitaniye rwatumye bunga ubumwe.
[Ifoto ku rup. 9]
Abanyakorowasiya bitavye ihwaniro ryabereye i Frankfurt barahimbawe cane no kuronka Bibiliya “Traduction du monde nouveau” mu rurimi rwabo