Ibibazo vy’abasomyi
Ni kubera iki inyuma y’aho Dawidi yiciye Goliyati, Umwami Sauli yamubajije ngo “harya uri mwene nde, ga wa muhungu?”, kandi imbere y’aho yari yigeze kumutumako kugira ngo abe umugendanyi wiwe?—1 Samweli 16:22; 17:58.
Inyishu yoroshe umuntu yoshoka atanga ni uko Sauli yari yaribagiye Dawidi kubera yuko bamaranye umwanya muto igihe babonana ari bwo bwa mbere. Ariko rero, ivyo vyoshobora kuba atari ko biri, kubera ko muri 1 Samweli 16:18-23 herekana yuko Umwami Sauli yari yasavye atomora ko yorungikirwa Dawidi kandi akaba yahavuye amukunda cane maze amugira uwumutwaza ibirwanisho. Uca wumva rero ko Sauli ategerezwa kuba yari azi neza Dawidi.
Bamwe mu ncabwenge mu vya Bibiliya biyumvira ko imirongo yo muri 1 Samweli 17:12-31 be na 17:55–18:5 ari iyongeweko mu nyuma, kubera yuko itaboneka mu makopi amwamwe ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante, iyo ikaba ari impinduro y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yarangijwe kwandikwa mu kinjana ca kabiri B.G.C. Ariko rero, gushika ku ciyumviro mwene ico umuntu yisunze gusa ayo makopi y’iyo mpinduro Septante ntibibereye, kubera yuko iyo mirongo iboneka mu bindi vyandikano vyemewe vy’Ivyanditswe vy’igiheburayoa.
Biboneka yuko Sauli atariko arondera gusa kumenya izina rya se wa Dawidi igihe yabanza kubaza Abuneri mu nyuma akibariza Dawidi ubwiwe. Amaze kubona Dawidi mu buryo butandukanye cane n’uko yari asanzwe amuzi, akamubonamwo umuntu yari ahejeje kwica Goliyati kandi afise ukwizera n’uburindutsi bikomeye, Sauli yaciye ashaka kumenya ukuntu umuntu yareze uwo muhungu ameze. Sauli ashobora kuba yariko yiyumvira ivyo gushira mu ngabo ziwe se wa Dawidi ari we Isayi canke abandi bo mu muryango wiwe, kubera ko uburindutsi be n’ubutwari yabonye muri Dawidi, n’abo bantu bari gushobora kuba babufise.
Naho muri 1 Samweli 17:58 herekana gusa inyishu ngufi Dawidi yatanze mu kuvuga ngo “nd’umwana w’umusavyi wawe Isayi w’i Betelehemu”, ibikurikira birerekana ko bashobora kuba baravuganye vyinshi muri ico kiganiro. Raba ivyo C. F. Keil be na F. Delitzsch, abo bakaba ari incabwenge mu vya Bibiliya, bavuga ku bijanye n’ivyo. Bavuga bati: “Twisunze imvugo ikoreshwa muri [1 Samweli 18:1] ivuga ngo ‘igihe yari amaze kuganira na Sauli’, biribonekeza cane ko Sauli yaganiriye vyinshi na Dawidi ku bijanye n’umuryango aturukamwo, kubera yuko iyo mvugo yerekana ko habaye ikiyago kirekire”.
Twisunze ivyo vyose, turashobora gushika ku ciyumviro c’uko mu kubaza ngo “harya uri mwene nde, ga wa muhungu?”, Sauli atashaka kumenya Dawidi uwo ari we kuko yari asanzwe amuzi, ahubwo ko yashaka kumenya ibijanye n’ingene Dawidi yarezwe.
[Akajambo k’epfo]
a Niba ushaka kumenya igituma iyo mirongo itaboneka muri Bibiliya Septante ari iy’ukuri, nurabe igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 2, urupapuro 885-886, kikaba casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 31]
Ni kubera iki Sauli yabajije Dawidi ngo uri mwene nde?