Nushimishwe n’ibiriho, ugire ico utahuye ku bijanye n’uwabishizeho
HARI aho woba umaze kwumva ivyerekeye wa muhinga mu vyo gucapa akaba n’umuhinguzi w’utugenegene w’Umutaliyano yitwa Michelangelo. Naho woba utarigera ubona ikintu na kimwe mu bintu vyiza igitangaza uwo muhinga yakoze, birashoboka rwose ko woshigikira umutohozakahise umwe wo mu vy’utugenegene, uwavuze ko uwo Mutaliyano w’umuhanga ari “umuhinguzi w’utugenegene atangaje kandi ata wundi muntu bogereranywa”. Nta muntu n’umwe yohakana ubuhanga Michelangelo yari afise. Ni nde none yoshimishwa n’utugenegene Michelangelo yahinguye ariko agahakana ko yari umuhinguzi w’utugenegene adasanzwe?
Ubu na ho, zirikana ku bintu bitangaje vyerekeye urusobangane be n’ubwoko bwinshi bw’ibinyabuzima bikwiragiye kw’isi. Birabereye kuba ikinyamakuru kimwe (The New York Times) carasubiyemwo ivyo umuporofeseri umwe w’ivyigwa vyerekeye ibinyabuzima yavuze, giti: “Ukuntu ibinyabuzima bimeze ni ikimenyamenya cerekana ko vyashizweho”. Yongeyeko ati: “Biradutangaza cane tuzirikanye ku kuntu ibinyabuzima vyabayeho”. Vyoba vy’ukuri biranga ubwenge ushimishijwe n’ibiriho yamara ugahakana ko hariho uwabishizeho?
Intumwa Paulo, uwari azi kwihweza ibintu n’ibindi mu vyari bimukikuje, yaragize ico avuze ku bijanye n’“abahaye icubahiro bakongera bagakorera ikiremwa bakakirutisha iyakiremye” (Abaroma 1:25, Darby). Bamwe muri abo, bohejwe n’ivyiyumviro bikwiragiye hose bijanye na ya nyigisho y’ivy’ihindagurika, ntibemera ko ibiriho bigaragaza vy’ukuri yuko hariho uwabishizeho. Ariko none siyansi nyakuri yoba neza na neza ishingiye ku nyigisho y’ivy’ihindagurika? Raba ico uwitwa Christoph Schönborn, umusenyeri mukuru w’umugatolika w’i Vienne yashitseko, ico na co kikaba ari iciyumviro yashikirije mu kinyamakuru kimwe (The New York Times), ati: “Inyigisho iyo ari yo yose ihakana canke irondera gusigura ukutari kwo ibimenyamenya bitangaje dusanga mu kuntu ibinyabuzima bimeze, ni iciyumviro kitagira ishingiro, si siyansi”.
Mbega siyansi yoba ica ihagarara?
Ariko rero, hari ababona ko kwemera iciyumviro c’uko hariho ibimenyamenya vyerekana yuko Umuremyi abaho koko gishobora “gutuma ubushakashatsi butabandanya kugirwa”. Ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (New Scientist) caraseruye mwene ubwo bwoba abantu bafise, cemeza yuko “siyansi, iyo na yo ikaba ari ugukurikirana ikintu kitagira aho kigarukira, ishobora kutabandanya biturutse ku ntambamyi y’intamenwa ivuga ngo ‘ibiriho biri n’uwabishizeho’”. None kugira ubwo bwoba vyoba bifise ishingiro? Habe namba! Mu vy’ukuri, kuvuga yuko ibiriho biri n’uwabishizeho ntibituma siyansi itabandanya. Uti kubera iki?
Ukwemera yuko ibiriho vyose be n’ukuba ubuzima bushoboka ngaha kw’isi vyabaye ku gihamana hanyuma bikagenda birahindagurika, vyotuma mu vy’ukuri umuntu atana n’akabando ntabe akigerageza kurondera kumenya insobanuro iri n’ico ivuze koko. Yamara rero, kwemera ko ivyo tubona mu bidukikije vyashizweho n’Umuremyi w’umunyabwenge bishobora gutuma turondera kumenya ubwenge afise ubwo ari bwo be n’ukuntu abukoresha, buno bukaba bugaragarira mu biriho vyose. Zirikana kuri iki kintu: Kumenya yuko uwitwa Leonardo da Vinci yacapfye ico bita “Mona Lisa”, ntivyabujije ko abatohozakahise bo mu vy’utugenegene babandanya gutohoza ivyerekeye ubuhinga bwiwe n’ivyo yakoresheje. Muri ubwo buryo nyene, kwemera ko ibiriho biri n’Uwabishizeho ntibikwiye kuduca intege ngo ntiturondere kumenya ido n’ido be n’urusobangane bijanye n’ubuhinga bwiwe be n’ivyo yaremye.
Bibiliya ntitubuza kugira ubushakashatsi bwiyongereye, ahubwo riho ituremesha kurondera inyishu z’ibibazo, vyaba ari ivyerekeye siyansi canke Imana. Umwami Dawidi wo mu gihe ca kera yarazirikanye ku kuntu umubiri wiwe watunganijwe mu buryo butangaje kandi burimwo ubuhinga. Ivyo vyatumye avuga ati: “Naremwe uburyo buteye ubgoba butangaje: ibikorwa vyawe n’ibitangaza; kand’ivyo, umutima wanje urabizi neza” (Zaburi 139:14). Nkako, Bibiliya irerekana Umuremyi nk’aho ariko abaza sekuruza w’imiryango Yobu ati: “Mbega waratahuye ubgaguke bg’isi?” (Yobu 38:18). Mu vy’ukuri, ivyo nta ciyumviro na kimwe biserura co kutabandanya kurondera kumenya no kugira itohoza. Ahubwo riho, muri ivyo vyanditswe Uwashizeho ibiriho vyose adusaba kwiga ivyerekeye igikorwa c’amaboko yiwe. Rimbura kandi amajambo Yesaya yanditse adusaba kwongereza ugutahura dufise ku bijanye n’Umwe yarema ivyo tubona, na yo akaba agira ati: “Ni mwunamure amaso yanyu murābe hejuru, murābe uwaremye izo nyenyeri uw’ari we”. Nkako, muri Yesaya 40:26 haca haserura iciyumviro gihuza na bwa buhinga buzwi cane bw’uwitwa Einstein, buvuga yuko inguvu zingana n’uburemere bw’ikintu kugwiza n’ubunyarutsi bw’umuco bwigwijeko kabiri (mu mpfunyapfunyo bukaba bwandikwa gutya: E=mc2). Ivyo vyerekana yuko ibiriho vyose vyashizweho biciye kw’isoko ry’inguvu ikora be n’ububasha.
Ariko ntiwumve, inyishu z’ibibazo vyerekeye irema ntizihuta ziraboneka. Uti kubera iki? Kimwe coco ni uko ubushobozi bwacu bwo gutahura buri n’aho bugarukira kandi ukuntu dutahura ivyerekeye isi tubako usanga kudahagije. Na Yobu ni ko yabibona. Yaraninahaje Umuremyi atuma isi yacu iguma yenetse ku busa mu kirere, ibicu na vyo bitekeye amazi menshi bikaba hejuru yayo (Yobu 26:7-9). Yamara, Yobu yaratahuye yuko mwene ivyo bikorwa bitangaje ari ‘ubusunwa gusa bw’inzira z’Umuremyi’ (Yobu 26:14). Nta gukeka ko Yobu yipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye isi yari imukikuje. Vyongeye, Dawidi yariyemereye ko ubushobozi bwiwe bwari n’aho bugarukira igihe yandika ati: “Kumenya ben’ukwo [ni] igitangaza ntobasha; kuransiga, simbasha kugushikīra”.—Zaburi 139:6.
Kwemera yuko hariho Umuremyi ntibibuza ko siyansi itera imbere. Kurondera kugira ubumenyi bugera kure ku bijanye n’ivyaremwe no ku bijanye n’Imana, mu vy’ukuri ntibigira aho bigarukira kandi ni ivy’ibihe bidahera. Hari umwami wa kera azwi kubera ubumenyi bwinshi cane yari afise, yanditse yicishije bugufi ati: “Yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo”.—Umusiguzi 3:11.
Ijambo “Imana”, ryoba ari inyishu yo kwikurayo?
Hari abavuga yuko Imana ipfa kuvugwa gusa nka yo nyishu isigura vyose, igihe cose ata nsobanuro yatangiwe ibimenyamenya siyansi ishobora gutanga. Tubivuze mu yandi majambo, baba bavuze yuko mwene iyo Mana yashizeho ibiriho vyose ibaye yo nyishu yo kwikurayo, bikaba ari nk’aho ijambo “Imana” ryoba ari co kintu c’ubushobozi burengeye abantu gikoreshwa igihe cose hari ivyo badashoboye gusigura. Ariko none ni igiki mu vy’ukuri kibuze muri ivyo? Kwoba ari uko gusa dufise ugutahura guke cane? Habe namba! Ahubwo riho, ni uko muri ya nyigisho ya Darwin y’ivy’ihindagurika hari ibintu vyinshi bigaragara ihajije bituma abantu bitaborohera kuyemera. Hariho ibintu vy’ishimikiro bijanye n’ukuntu ibinyabuzima bimeze, iyo nyigisho y’ivy’ihindagurika yananiwe gusigura. Tuvugishije ukuri, abemera inyigisho y’ivy’ihindagurika, abo usanga bumira ku majambo atagira ishingiro, ni bo neza na neza bakoresha iyo nyigisho ya Darwin nka yo nyishu yo kwikurayo.
Umuremyi avugwa muri Bibiliya si inyishu yo kwikurayo na gato. Ahubwo riho, ivyo yakoze biradondorwa mu biringo vyose vy’irema, mu mice yose yaryo be no mu kantu kose kajanye na ryo. Umwanditsi wa Zaburi yarashimitse ku gikorwa cuzuye c’irema Yehova yakoze, mu kuvuga ati: “Uri isoko ry’ubuzima bwose, kandi kubera umuco wawe turabona umuco” (Zaburi 36:9, Today’s English Version). Yehova adondorwa neza ko ari Umwe “[yarema] ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose” (Ivyakozwe n’intumwa 4:24; 14:15; 17:24). Birabereye rero kubona umwigisha umwe wo mu kinjana ca mbere yaranditse ku vyerekeye Imana ati: “[Ni] Umuremyi wa vyose”.—Abanyefeso 3:9.
Ikigeretseko, Imana yarashizeho “ivyagezwe biganza ijuru”, ni ukuvuga amategeko agenga ibiriho ayobora ibintu be n’inguvu, abanyasiyansi kugeza n’ubu baciga (Yobu 38:33). Ivyo Imana yashizeho yabiremye ata na kimwe kibuze kandi ifise intumbero, gutyo iba ishikije umugambi wayo wo gutunganya isi ngo ibeko ubwoko bwinshi kandi butangaje bw’ibinyabuzima.
Ibiriho be no kubona ikibereye
Mu gusozera, turakeneye kurimbura ibijanye no kubona ikibereye. Igihe umwanditsi umwe w’umunyasiyansi yitwa John Horgan yagira ico avuze muri rusangi ku bijanye n’agaciro k’ivyiyumviro bitandukanye bishingiye kuri siyansi, yagize ati: “Igihe ikimenyamenya kinaka giteye amadidane, ntidukwiye guterwa isoni no kwisunga ukubona ibibereye ngo bituyobore”.
Vyoba mu vy’ukuri vyumvikana kuvuga yuko ubuzima bwabayeho gusa ku gihamana canke biciye ku nguvu atawuzi iyo zituruka? Naho inyigisho y’ivy’ihindagurika ikwiragiye mu bantu, incabwenge nyinshi, ushizemwo n’abanyasiyansi, ziremera zidakeka ko hariho Umuremyi w’umunyabwenge. Umuporofeseri umwe w’umunyasiyansi avuga ko abantu muri rusangi, “babitumwe n’uko bumva bibarengeye kandi bisunze ibibonwa ko bibereye, bibaza yuko hariho uwatumye ubuzima bushoboka”. Ni kubera iki none babona ibintu muri ubwo buryo? Abenshi barashobora gushigikira bitagoranye ivyo intumwa Paulo avuga ati: “Urugo rwose rugira ūrwubaka” (Abaheburayo 3:4). Gutyo, Paulo aca yongerako mu gutanga insozero yumvikana ati: “Imana ni yo yubatse ibintu vyose”. Twisunze ivyo Bibiliya ivuga, ntivyumvikana na gato ko umuntu yemera yuko inzu ikeneye umucapuzi w’imigero n’uwuyubaka, yovuga ko akagingo ngengabuzima kagoye itahura kapfuye kwiyadukiza.
Bibiliya iragira ico ivuze ku bijanye n’abatemera yuko hariho Uwashizeho ibiriho vyose akaba n’Umuremyi, iti: “Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho” (Zaburi 14:1). Muri ico canditswe, umwanditsi wa Zaburi arakarira abatarajijuka. Umuntu yoshobora kuyoborwa n’ivyiyumviro vyiwe bwite maze ntabe akibona ibintu nk’uko biri koko. Ku rundi ruhande, umuntu w’inkerebutsi kandi azi gutandukanya ibintu, aremera yicishije bugufi yuko hariho Umuremyi.—Yesaya 45:18.
Abantu benshi bazi kuzirikana babona ko ibimenyamenya bishigikira yuko hariho Umuremyi w’ibiriho vyose, ata mahinyu birimwo.
Urashobora kumenya Uwashizeho ibiriho vyose
Niba ubwacu tubona ko twashizweho, ni kubera ki none turiho? Ubuzima bwacu bufise intumbero iyihe? Siyansi yonyene ntishobora gutanga inyishu zishimishije z’ivyo bibazo. Ariko rero, ivyo bibazo vy’ishimikiro birasaba inyishu zijijura kandi zishimishije. Bibiliya irashobora kuba ngirakimazi cane muri ivyo. Ntiyerekana ko Yehova ari Umuremyi gusa, ariko kandi irerekana ko ari Umushingamigambi, umwe afise imvo zumvikana z’ivyo akora. Ivyanditswe birerekana umugambi Imana ifitiye abantu, bikatwereka ico kazoza katubikiye bikongera bikaduha icizigiro.
Ariko none Yehova ni nde? Ni Imana imeze gute? Ivyabona vya Yehova baraguteye akamo ngo umenye Uwadushizeho abigiranye ubuhanga, yuko abaho koko. Urashobora kumenya ivyerekeye izina ryiwe, kamere ziwe be n’ivyo agirira abantu. Biciye kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, uzoshobora kubona igituma tudakwiye gusa gushimishwa n’ibintu vyiza igitangaza yashizeho, ariko kandi ko dukwiye kumuninahaza tuzi ko ari We yabishizeho.—Zaburi 86:12; Ivyahishuriwe 4:11.
[Amafoto ku rup. 4]
Uwu ni Michelangelo
[Amafoto ku rup. 5]
Kwemera ko ibiriho vyose bifise Uwabishizeho birahuje n’ivyo siyansi nyakuri ivuga
[Ifoto ku rup. 6]
Kuba hariho ubwoko bwinshi bw’ibinyabuzima be n’uko bishobora kubaho bihuje n’aho biri, ni ikimenyamenya cerekana ko vyabayeho hakoreshejwe ubuhanga bwo gukora ibintu bitandukanye
[Ifoto ku rup. 7]
Ikiriho gitegerezwa kuba gifise uwagishizeho