ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/8 rup. 16-18
  • Urashobora kuvyifatamwo neza igihe urenganijwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Urashobora kuvyifatamwo neza igihe urenganijwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Akarenganyo mu vy’ukuri ni iki?
  • Barihanganiye akarenganyo
  • Igituma Yehova areka akarenganyo kakabandanya
  • Ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Akarenganyo koba kazokwigera kavaho kw’isi?
    Ibindi biganiro
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • «Mbega Imana irarenganya?»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/8 rup. 16-18

Urashobora kuvyifatamwo neza igihe urenganijwe

NI NDE atararenganywa mu buryo bunaka mu buzima bwiwe? Naho hariho abashobora kubona canke kwiyumvira ko barenganijwe, abandi bobo bararenganywa nya kurenganywa.

Igihe cose turenganijwe, turumva ku rugero runaka tugize umubabaro mu mutima kandi ivyo birashobora kutugirira nabi mu vy’impwemu. Twoshobora kugira icipfuzo gikomeye co kugira ico dukosoye kuri ivyo. Uti kubera iki? Imvo imwe ibidutuma ni uko Umuremyi wacu Yehova Imana, umwe ‘atagira akarenganyo’, yashize mu bantu ubushobozi bwo kwiyumvamwo bimwe bikomeye ubutungane (Gusubira mu vyagezwe 32:4, NW; Itanguriro 1:26). Ariko rero, twoshobora gushikirwa n’ibintu vyotuma twiyumvamwo ko twarenganijwe. Hari umuntu w’inkerebutsi yigeze kuvuga ati: “Ndasubira nitegereza ivy’agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’eh’amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ububasha bgari ku ruhande rw’ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra” (Umusiguzi 4:1). Dushobora gute none kuvyifatamwo neza igihe turenganijwe?

Akarenganyo mu vy’ukuri ni iki?

Akarenganyo ni ukuba umuntu yakoze ibiteye kubiri n’ingingo ngenderwako zigenga ubutungane canke akama abikora. Ni ingingo ngenderwako iyihe yerekeye ubutungane abantu bokwisunga? Biribonekeza ko Umuremyi wacu agororotse kandi adahinduka ari we afise uburenganzira bwo kudushingira ingingo ngenderwako yerekeye ikigororotse n’ikitagororotse. Twisunze uko abona ibintu, kugendera mu “vyagezwe bihesha ubu[zima]” bisobanura ‘kutarenganya’ (Ezekiyeli 33:15, gereranya na NW.). Ku bw’ivyo rero, igihe Yehova yarema umuntu wa mbere, yaramushizemwo ijwi ryo mu mutima, iryo na ryo rikaba ari ijwi ndemanwa ryashobora kumufasha gutandukanya iciza n’ikibi (Abaroma 2:14, 15). Bisubiye, Yehova yarashize mw’Ijambo ryiwe Bibiliya ivyodufasha gutandukanya ikigororotse n’ikitagororotse.

Tuvuge iki nka hamwe vyoshika tukiyumvamwo ko twarenganijwe? Biraba vyiza dusuzumye ibintu nk’uko biri koko kugira ngo turabe niba vy’ukuri twarenganijwe. Dufate nk’akarorero ivyashikiye Yona wa muhanuzi w’Umuheburayo. Yehova yaramushinze igikorwa co kuja kubwira Abanyaninewe ivyerekeye icago cari kirariye kubashikira. Yona yabanje guhunga ntiyarangura igikorwa yari yashinzwe. Ariko yahavuye agenda i Ninewe maze araburira abantu baho ivy’ico cago. Kubera ko abantu bo muri ico gisagara bakiriye neza imburi bahawe, Yehova yafashe ingingo yo kutagisangangura maze arabarokora. None Yona yumvise amerewe gute? “Ivyo bishavuza Yona cane, araraka” (Yona 4:1). Yabonye ko Yehova yari yakoze ibiranga akarenganyo gakomeye.

Urumva na we ko Yehova, uwushobora gusoma imitima kandi “akunda [u]kugororoka n’[“ubutungane”, NW]”, atari yihenze (Zaburi 33:5). Yona yabwirizwa gusa kumenya yuko ingingo Yehova yafashe yari ihuje n’ubutungane butagira agahaze. Bishitse tukiyumvamwo ko twarenganijwe, turakwiye kwibaza duti: ‘Ubwo Yehova ntiyoba abona ibintu mu buryo butandukanye n’uko tubibona?’.

Barihanganiye akarenganyo

Bibiliya iravuga uturorero twinshi tw’abantu bigeze kurenganywa. Turashobora kwiga vyinshi mu gusuzuma ukuntu bihanganiye ibintu bigoye vyabashikiye. Zirikana ku vyerekeye Yozefu, uwagurishijwe na benewabo b’abanyeshari akajanwa kuba umuja mu Misiri. Yozefu ari aho mu Misiri, inabuja yaragerageje kumuryosharyosha ngo baryamane, maze igihe uno yamwamirira kure, nya mugore yaciye amukorera inkono ishushe ngo yashatse kumurengesha ibigo. Ivyo vyatumye Yozefu atabwa mw’ibohero. Yamara, ukwizera kwiwe kwari gukomeye kurusha iminyororo yari aboheshejwe. Ntiyigeze areka ngo akarenganyo gatume, yaba kamere yiwe y’ivy’impwemu canke ukwizera yari afitiye Yehova, bigoyagoya.​—Itanguriro 37:18-28; 39:4-20; Zaburi 105:17-19.

Uwundi muntu yarenganijwe ni Naboti. Yarazize igikorwa kibabaje kandi c’ububisha cakozwe na Yezebeli, umugore w’Umwami Ahabu wa Isirayeli. Uwo mwami yaranohokeye ishamvu Naboti yari yararazwe ryari hafi y’ikirimba ciwe. Umwisirayeli yari abujijwe kugurisha bwegu ishamvu yarazwe, akaba ari co gituma Naboti yanse kwemerera umwami ko arimugurira (Abalewi 25:23). Ico gihe, uwo mugore wa Ahabu w’umubisha yararondeye ivyabona vy’ibinyoma, ivyahavuye vyagiriza Naboti ngo yarogose ku Mana no ku mwami. Ivyo vyatumye Naboti n’abahungu biwe bicwa. Iyumvire ukuntu Naboti ategerezwa kuba yumvise amerewe igihe abantu bariko batoragura amabuye yo kumwicisha!​—1 Abami 21:1-14; 2 Abami 9:26.

Yamara rero, utwo turorero duhejeje kubona usanga tudahambaye cane utugereranije n’ingene Kristu Yezu yarenganijwe. Yaraciriwe urwo gupfa bitewe n’uko yagirijwe ibinyoma kandi urubanza rwiwe rucibwa hatisunzwe amategeko. Umwe Buramatari w’Umuroma ari ku ntebe y’ubucamanza, yarananiwe no kwihagararako kugira ngo ashigikire ico yabona ko kibereye (Yohana 18:38-40). Mu vy’ukuri, Kristu Yezu ni we muntu Shetani yarenganije kuruta abandi bose babayeho.

Ubwo burorero bwoba bwerekana yuko Yehova atanegwa ivy’akarenganyo? Habe namba! Yehova ntiyabona ivyo bintu vyabaye nk’uko abantu muri rusangi babona ibintu (Yesaya 55:8, 9). Yozefu yarashoboye kurokora abari bagize umuryango wiwe kubera ko yagurishijwe akaja kuba umuja. Yahavuye aba umutegetsi ajejwe gutanga ibifungurwa mu Misiri imbere y’uko inzara izura inzara yaka indaro mu bari bagize umuryango wiwe. Zirikana kuri iki kintu: Iyo Yehova atareka ngo Yozefu arenganywe, ntiyari gutabwa mw’ibohero. Aho ni ho yarotoreye indoto abantu babiri bari bafunganywe, umwe muri bo akaba ari we yahavuye abwira Farawo ivyerekeye Yozefu, bica bituma aba umutegetsi yari ajejwe gutanga ibifungurwa.​—Itanguriro 40:1; 41:9-14; 45:4-8.

Naboti we bite? N’ubu nugerageze kubona ibintu nk’uko Yehova yabibona. Yehova, uwushobora kuzura umuntu mu bapfuye, yabona ko Naboti ari muzima, naho nyene umubiri wiwe wari wasubiye mu mukungugu (1 Abami 21:19; Luka 20:37, 38). Ubu ni nk’aho Naboti arindiriye gushika aho Yehova azomusubiza muzima, ariko igihe kizoba kihaciye kizoba ari nk’ico gukubita urugohe, kuko abapfuye ataco baba bakizi (Umusiguzi 9:5). Bisubiye, Yehova yarahoye Naboti mu gushitsa urubanza yari yaciriye Ahabu be n’abo mu nzu yiwe.​—2 Abami 9:21, 24, 26, 35, 36; 10:1-11; Yohana 5:28, 29.

Ku vyerekeye Yezu na we, egome yarapfuye. Mugabo, Imana yaramuzuye maze imushira mu kibanza co “hejuru cane y’ubukuru bgose n’ububasha bgose n’ubushobozi bgose n’ubgami bgose n’izina ryose rivugwa” (Abanyefeso 1:20, 21). Kuba Shetani yararenganije Kristu Yezu ntivyabujije Yehova guha impera uwo Mwana wiwe. Yezu yari yizigiye adakeka ko Yehova yoshoboye gukuraho ubwo nyene akarenganyo kari kajanye n’ifatwa ryiwe ridahuje n’amategeko, mu gihe vyari kuba bijanye n’ivyo Yehova agomba. Yamara, Kristu yari azi kandi yuko hariho igihe Yehova yashinze c’uko Ivyanditswe biranguka be n’ic’uko akarenganyo ako ari ko kose gakurwaho.

Mu vy’ukuri, Shetani be n’abakozi biwe bararenganije abagororotsi, mugabo Yehova yahavuye asubiza ibintu mu buryo kandi yarigeze gukuraho akarenganyo, vyongeye agiye kugakuraho buhere. Ku bw’ivyo, kugira ngo akarenganyo gatorerwe umuti, dutegerezwa kurindira Imana ikaba ari yo igira ico ikoze.​—Gusubira mu vyagezwe 25:16; Abaroma 12:17-19.

Igituma Yehova areka akarenganyo kakabandanya

Yehova ashobora kuba afise imvo zituma adaca akosora ikintu kinaka. Yoshobora kureka twebwe abakirisu tukarenganywa kugira ngo tumenyerezwe. Ariko ntiwumve, ‘Imana nta muntu n’umwe igerageresha ibibi’ (Yakobo 1:13). Naho biri ukwo, yoshobora kureka ikintu kinaka kikaba ntahaseruke, yamara agashobora gukomeza abakira neza mwene ukwo kumenyerezwa. Bibiliya idusubiriza umutima mu nda iti: “Imana igira ubuntu bgose, . . . ni mwaheza kubabazwa akanya gato, [“izorangiza ubwayo ukumenyerezwa kwanyu”, NW], izobaremesha, ibahe inkomezi”.​—1 Petero 5:10.

N’ikindi kandi, kuba Yehova areka tukarenganywa ku rugero runaka vyoshobora kuronsa abacumuzi akaryo ko kwigaya. Haciye amayinga makeyi gusa inyuma y’aho Yezu yiciwe, Abayuda bamwebamwe bumvirije inkeburo Petero yatanze, barumvise ‘bacumiswe mu mutima’. Barakiriye ijambo ry’Imana bimwe bivuye ku mutima maze barabatizwa.​—Ivyakozwe n’intumwa 2:36-42.

Ni ivy’ukuri yuko atari abantu bose barenganya abandi bazokwigaya. Bamwebamwe mbere boshobora no kwubahuka bagakora ibintu biranga akarenganyo k’agahomerabunwa. Yamara, mu Migani 29:1 havuga hati: “Ūhanūrwa kenshi akagamika izosi azovunagurwa giturumbuka, atagira gitabara”. Si ivy’imbeshere, Yehova amaherezo azohaguruka maze akureho ababandanya kwigenza mu buryo butabereye.​—Umusiguzi 8:11-13.

Naho vyosaba igihe kingana iki kugira dukurweko akarenganyo, turashobora guhera amazinda yuko Yehova azi ukuntu yodufasha kugira ngo tugakurweko. Vyongeye, nta gukeka yuko ashobora gukuraho akarenganyo ako ari ko kose koba karadushikiye mu vy’iyi si mbi. Ikigeretseko, yadusezeraniye kuturonsa impera y’imperuka, iyo na yo ikaba ari ukubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha izoba ‘irimwo ukugororoka’.​—2 Petero 3:13.

[Ifoto ku rup. 16, 17]

Naboti ategerezwa kuba yumvise amerewe gute igihe yarenganywa bimwe vy’agahomerabunwa?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika