ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/9 rup. 31
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ivyo bijanye
  • Pasika ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/9 rup. 31

Ibibazo vy’abasomyi

Ko Abayuda bari barategetswe kutarya “icambiwe na kimwe” mu kiringo ca Pasika, ni kubera iki igihe Yezu yatanguza icibutso c’urupfu rwiwe yakoresheje umuvinyu, ni ukuvuga umutobe uhiye?​—Kuvayo 12:20; Luka 22:7, 8, 14-20.

Uguhimbaza umusi mukuru wa Pasika, uwibukiriza igihe Abisirayeli bakurwa mu Misiri, kwatangujwe mu 1513 B.G.C. Igihe Yehova yatanga ubuyobozi bujanye n’ihimbazwa ry’uwo musi mukuru, yavuze ati: “Ntimuze mugire icambiwe na kimwe murya: muze murye imitsima itambiwe mu ngo zanyu zose” (Kuvayo 12:11, 20). Iryo tegeko ry’Imana ryari ryerekeye gusa umutsima waribwa kuri Pasika. Ntiryavuga ibijanye n’umuvinyu.

Impamvu nyamukuru yatumye Abisirayeli babuzwa kurya ibintu birimwo umwambiro, ni uko bavuye mu Misiri mu buryo bwihuta. Muri Kuvayo 12:34 hasigura hati: “Abo bantu bajana amarobe yabo atarajamw’umwambiro, atarotswa, utwato twabo bacumbamwo bari baduhambiriye mu mpuzu zabo batwikoreye ku bitugu”. Kudakoresha umwambiro ku misi mikuru ya Pasika yohavuye ikurikira, vyogiye biributsa abokwarutse mu nyuma ico kintu gihambaye cabaye.

Mu nyuma, umwambiro wahavuye uza urabonwa ko ugereranya icaha canke ukwononekara. Nk’akarorero, mu kwerekeza ku muntu yari yakoze ibintu vy’ubuhumbu mw’ishengero rya gikirisu, intumwa Paulo yabajije ati: “Ntimuzi yuko umwambiro mukeyi ututumbisha igikandu cose?”. Yaciye rero avuga ati: “Nimukureho umwambiro ushaje, ngo mube igikandu gishasha, nk’uko mutagiramwo umwambiro. Kuko, vy’ukuri, Kristu we pasika yacu yaratanzweko ikimazi. Nuko rero duhimbaze uwo musi mukuru, tudakoresheje umwambiro ushaje, canke umwambiro w’ububi n’ubukozi bw’ikibi, ahubwo dukoresheje imikate itambiwe y’ukutagira uburyarya n’iy’ukuri” (1 Ab’i Korinto 5:6-8, NW). Umutsima utambiwe rero ni wo gusa washobora kugereranya umubiri utagira icaha Yezu yari afise igihe yari umuntu.​—Abaheburayo 7:26.

Ugukoresha umuvinyu mu guhimbaza Pasika, Abayuda bavyiyongereyeko mu nyuma. Biboneka yuko bavyongeyeko inyuma y’aho bagarukiye mu gihugu cabo bavuye mu bunyagano i Babiloni. Nta na hamwe muri Bibiliya herekana ko ico kintu bongeyeko coba cariyamirijwe, akaba ari co gituma Yezu yashoboye gukoresha umuvinyu mu gihe c’imfungurwa za Pasika. Ariko ntiwumve, ukuntu vyagenda kugira ngo umutobe ucike umuvinyu mu bihe vya kera kwari gutandukanye n’ukuntu vyagenda kugira ngo umutsima ututumbe. Ku bijanye n’umutsima, kugira ngo ututumbe vyasaba ko bawushiramwo umwambiro. Umuvinyu wahingurwa mu nzabibu wowo ntiwakenera gushirwamwo umwambiro. Ivyatuma uwo mutobe usha maze ugacika umuvinyu, vyari bisanzwe biri muri izo nzabibu. Ntihoshoboye kuboneka umutobe w’inzabibu kuri Pasika kubera yuko utobuze kuba wahiye mu kiringo cose wari kumara co kuva kw’iyimbura ryaba mu gatasi gushika kuri Pasika yaba mu gihe c’impeshi.

Ku bw’ivyo rero, kuba Yezu yarakoresheje umuvinyu bwa kimenyetso c’Icibutso ntibiteye kubiri na gato n’ubuyobozi bw’ivya Pasika ku bijanye n’umwambiro. Umuvinyu utukura uwo ari wo wose utongewemwo ibintu bituma usosa canke ukara, kibure bituma ugira akandi kamoto urashobora gukoreshwa bwa kimenyetso c’“amaraso y’agaciro” ya Kristu.​—1 Petero 1:19, NW.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika