ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 132
  • Pasika ni iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Pasika ni iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • ‘Ivyo bize bibabere Icibutso’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Pasika n’Icibutso bihuriye ku ki, kandi bitandukaniye ku ki?
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
  • Yezu yitegurira Pasika ya nyuma
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Pasika ya Nyuma Kuri Yezu Yegereza
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 132
Umuryango wo mu bihe vya Bibiliya uriko urarya imfungurwa za Pasika

Pasika ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Pasika ni umusi mukuru wahimbazwa n’Abayuda mu kwibuka ingene Imana yakuye Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri mu 1513 imbere ya Kristu. Imana yari yategetse Abisirayeli ko buri mwaka ku musi ugira 14 w’ukwezi kw’Abayuda kwitwa Abibu, ukwahavuye kwitwa Nisani, boza baribuka ico kintu gihambaye.—Kuvayo 12:42; Abalewi 23:5.

Kubera iki uwo musi mukuru witwa Pasika?

Ijambo “Pasika” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura “kurengana.” Iryo jambo ryerekeza kuri ca gihe Imana yakingira Abisirayeli icago cahitanye imfura zose zo mu Misiri. (Kuvayo 12:27; 13:15) Imbere y’uko Imana iteza ico cago, yabwiye Abisirayeli ngo bakerere umwagazi w’intama canke w’impene maze bamije ku bishimaryango vyabo amaraso yawo. (Kuvayo 12:21, 22) Imana ibonye inzu ziriko ayo maraso, yaca ‘izirengana,’ gutyo ikaba ikingiye imfura zabo.—Kuvayo 12:7, 13.

Pasika yahimbazwa gute mu bihe vya Bibiliya?

Imana yarabwiye Abisirayeli ingene bari guhimbaza Pasika ya mbere.a Ng’ibi ibintu bimwebimwe vyaranze imisi mikuru ya Pasika ivugwa muri Bibiliya:

  • Ikimazi: Ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa Abibu (Nisani), imiryango yaratora umwagazi w’intama (canke w’impene) umaze umwaka umwe, hama ku musi ugira 14 bagaca bawubaga. Kuri Pasika ya mbere, Abayuda baramije makeyi ku maraso yawo ku bishimaryango vyabo no ku gice co hejuru y’umuryango, baca baratara ku muriro ico gitungwa cose maze barakirya.—Kuvayo 12:3-9.

  • Imfungurwa: Turetse uwo mwagazi w’intama (canke w’impene), mu bifungurwa vya Pasika Abisirayeli barya harimwo kandi udutsima tutarimwo umwambiro n’imboga zirura.—Kuvayo 12:8.

  • Ingene bayihimbaza: Inyuma ya Pasika, Abisirayeli baca bamara imisi indwi bahimbaza Umusi mukuru w’udutsima tutarimwo umwambiro. Muri ico kiringo, ntibarya udutsima turimwo umwambiro.—Kuvayo 12:17-20; 2 Ngoma 30:21.

  • Inyigisho: Pasika yararonsa abavyeyi akaryo ko kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova Imana.—Kuvayo 12:25-27.

  • Urugendo: Abisirayeli bahavuye baza baraja guhimbariza Pasika i Yeruzalemu.—Gusubira mu vyagezwe 16:5-7; Luka 2:41.

  • Iyindi migenzo: Mu gihe ca Yezu, mu guhimbaza Pasika baranywa umuvinyu bakongera bakaririmba.—Matayo 26:19, 30; Luka 22:15-18.

Ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye Pasika

Iciyumviro kitari co: Abisirayeli bariye imfungurwa za Pasika ku wa 15 Nisani.

Ukuri: Imana yategetse Abisirayeli gukerera umwagazi w’intama ku wa 14 Nisani izuba rirenze, bagaca bawurya muri iryo joro nyene. (Kuvayo 12:6, 8) Abisirayeli baharura ko umusi utangura izuba rirenze, ugahera bukeye izuba rirenze. (Abalewi 23:32) Rero, Abisirayeli bakereye umwagazi w’intama bongera barya imfungurwa za Pasika umusi wa 14 Nisani utanguye.

Iciyumviro kitari co: Abakirisu barakwiye guhimbaza Pasika.

Ukuri: Yezu ahejeje guhimbaza Pasika yo ku wa 14 Nisani 33, yaciye atanguza ihimbaza rishasha: Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba. (Luka 22:19, 20; 1 Abakorinto 11:20) Izo mfungurwa ni zo zasubiriye Pasika kuko zigenewe guhimbaza ikimazi ca “Kristu we pasika yacu.” (1 Abakorinto 5:7) Inkuka y’incungu Yezu yatanze iraruta ikimazi ca Pasika kuko ikura abantu bose mu buja bw’icaha n’urupfu.—Matayo 20:28; Abaheburayo 9:15.

a Ariko uko igihe carengana, hari ibintu bimwebimwe vyagiye birahindurwa. Nk’akarorero, Abisirayeli bahimbaje Pasika ya mbere ‘bihuta’ kubera bariko barakwakwanya ngo bave mu Misiri. (Kuvayo 12:11) Mugabo bamaze gushika mu Gihugu c’isezerano, ntibari bagikeneye kuyihimbaza bihuta.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika