ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 16-20
  • Nukurikirane umugambi uri n’ico uvuze mu buzima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukurikirane umugambi uri n’ico uvuze mu buzima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni umugambi uwuhe ufise mu buzima?
  • “Ubuzima nyakuri” ni iki?
  • Niwitange mu buryo bubereye
  • ‘Ntukoreshe isi rwose’
  • Nushire umugambi w’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe
  • Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ni umugambi uwuhe Imana idufitiye?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nukurikirane ibijanye n’umugambi w’Imana muri kino gihe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ubuzima bufise intumbero—Ubu n’ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 16-20

Nukurikirane umugambi uri n’ico uvuze mu buzima

“Igihumeka cose [“nigishemeze”, “NW”] Uhoraho!”.​—ZABURI 150:6.

1. Nuvuge ukuntu umusore umwe yarondeye kugira intumbero mu buzima.

“NIGIYE ivy’ubuganga kubera yuko nari mfise icipfuzo co gukoresha ubuzima bwanje mu gufasha abandi. Nabona kandi ko icubahiro be n’amahera nzoronka ninaba Dogoteri bizotuma ndonka agahimbare”. Ivyo ni vyo Seung Jin, uwakuriye muri Koreyaa, avuga. Abandanya ati: “Maze gutahura ko umudogoteri ata kintu kinini mu vy’ukuri ashobora gukora kugira ngo afashe abandi, naciye numva mvunitse umutima. Naciye nkurikirana ivyo kwiga ibijanye n’utugenegene, mugabo ibintu nahingura nta kintu kinini vyafashije abandi, kandi numva ko biranga ubwikunzi gukora ibintu ata wundi muntu vyungura. Nahavuye nja mu vyo kwigisha. Yamara hadaciye igihe kinini, narabonye ko ico nashobora kugira kwari ugutanga gusa inyigisho ku bintu binaka atari ugutanga ubuyobozi bushikana ku gahimbare nyakuri.” Cokimwe n’abandi batari bake, Seung Jin yariko ararondera umugambi uri n’ico uvuze mu buzima.

2. (a) Kugira intumbero mu buzima bisigura iki? (b) Tuzi gute ko Umuremyi yari afise umugambi mu kudushira ngaha kw’isi?

2 Kugira intumbero nyakuri mu buzima bisigura kumenya igituma uriho, kugira umugambi utomoye be no kumenya ikintu nyamukuru ushingirako utwigoro ugira. None abantu boba vy’ukuri bashobora kumenya igituma uriho? Neza cane! Kubona Umuremyi yaraduhaye ubwenge, ijwi ryo mu mutima be n’ubushobozi bwo kwiyumvira, vyerekana ko yadushize ngaha kw’isi afise umugambi mwiza. Birumvikana rero ko mu gihe tubaho twisunga umugambi w’Umuremyi ari ho gusa dushobora kugira intumbero nyakuri mu buzima kandi tukayishitsa.

3. Umugambi Imana ifitiye abantu urimwo iki?

3 Bibiliya irerekana yuko umugambi Imana idufitiye urimwo ibintu bitari bike. Nk’akarorero, kubona twararemwe mu buryo butangaje biragaragaza vy’ukuri ko Imana ifise urukundo ruzira ubwikunzi (Zaburi 40:5; 139:14). Ku bw’ivyo, kubaho duhuza n’umugambi w’Imana bisigura kugaragariza abandi urukundo ruzira ubwikunzi nk’uko Imana ibigira (1 Yohani 4:7-11). Bisigura kandi kwumvira ubuyobozi bw’Imana, ubudufasha kubaho duhuza n’umugambi wayo uranga urukundo.​—Umusiguzi 12:13; 1 Yohani 5:3.

4. (a) Ni igiki dukeneye kugira ngo tugire intumbero nyakuri mu buzima? (b) Ni umugambi uwuhe uhambaye kuruta iyindi yose umuntu uwo ari we wese ashobora gukurikirana?

4 Imana kandi yari ifise umugambi w’uko abantu babana bahimbawe kandi bakabana mu mahoro bakongera bakabana neza n’ibindi biremwa (Itanguriro 1:26; 2:15). Ariko none, ni igiki dukeneye gukora kugira ngo twumve yuko duhimbawe, dutekaniwe kandi dufise amahoro? Nka kurya kw’umwana akeneye kuba ari hafi y’abavyeyi biwe kugira ngo yumve ko ahimbawe kandi atekaniwe, turakeneye kugiranira ubucuti bwiza n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru kugira ngo tugire ubuzima buri n’ico buvuze vy’ukuri kandi bufise intumbero (Abaheburayo 12:9). Imana iratuma dushobora kugiranira na yo mwene ubwo bucuti mu kudukundira ko tuyiyegereza no mu kwumviriza amasengesho tuyitura (Yakobo 4:8; 1 Yohani 5:14, 15). ‘Tugendanye n’Imana’ tubigiranye ukwizera kandi tukaba abakunzi bayo, turashobora kunezereza no gushemeza uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru (Itanguriro 6:9; Imigani 23:15, 16; Yakobo 2:23). Uwo ni wo mugambi uhambaye kuruta iyindi yose umuntu uwo ari we wese yoshobora gukurikirana. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Igihumeka cose [“nigishemeze”, NW] Uhoraho!”.​—Zaburi 150:6.

Ni umugambi uwuhe ufise mu buzima?

5. Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi gushira imbere inyungu z’ivy’umubiri?

5 Kimwe mu vyatumye Imana idushiraho ni ukugira ngo twibungabunge ubwacu twongere tubungabunge imiryango yacu. Ivyo birimwo kwitwararika ivyo dukeneye mu vy’umubiri no mu vy’impwemu. Ariko rero, turakeneye kugira uburimbane muri ivyo kugira ngo imyitwarariko be n’inyungu z’ivy’umubiri ntibinyohe ibintu bihambaye kuruta ibindi, ivyo na vyo bikaba ari ivy’impwemu (Matayo 4:4; 6:33). Ikibabaje ni uko abantu benshi bashingira ubuzima bwabo canecane ku kurondera gusa ibintu vy’umubiri. Ariko rero, kugerageza kwironsa ivyo dukeneye vyose mu kurondera gusa ibintu vy’umubiri, ntibiranga ubukerebutsi. Itohoza rimwe riherutse kugirwa ku bantu batunze cane bo muri Aziya ryerekana yuko benshi muri bo “bumva badatekaniwe kandi bafise imyitwarariko, naho bafise icubahiro mu kibano kandi ubutunzi bwabo bukaba butuma babona ko hari ico bashitseko”.​—Umusiguzi 5:11.

6. Ni impanuro iyihe Yezu yatanze ku bijanye no gukurikirana amatunga?

6 Yezu yaravuze ivyerekeye “ububasha buhendana bw’ubutunzi” (Mariko 4:19). None ubutunzi buhendana gute? Busa n’ubutuma umuntu abona ko ahimbawe kandi atari ko biri. Wa mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera” (Umusiguzi 5:10). None vyoba bishoboka ko umuntu akurikirana imigambi yo kwironderera amaronko kandi akaguma akorera Imana n’ubugingo bwiwe bwose? Ivyo ntibishoboka. Yezu yasiguye ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azomata kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi”. Yezu ntiyahanuye abayoboke biwe kwirundaniriza amatunga y’umubiri kw’isi, ahubwo yabahanuye kwirundaniriza “amatunga mw’ijuru”, ni ukuvuga kwihesha izina ryiza ku Mana, yo ‘izi ivyo dukenera n’imbere nyene y’uko tubiyisaba’.​—Matayo 6:8, 19-25.

7. Twoshobora gute ‘gucakira ubuzima nyakuri’?

7 Igihe intumwa Paulo yandikira uwo bari basangiye igikorwa Timoteyo, yaratanze impanuro ikomeye ku bijanye n’ivyo. Yamubwiye ati: “Tegeka abatunzi . . . kudashingira icizigiro cabo ku butunzi butari ubwo kwizigirwa, mugabo bagishingire ku Mana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose kugira ngo tubinezererwe; . . . gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi, bibikire nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira ngo bacakire ubuzima nyakuri”.​—1 Timoteyo 6:17-19.

“Ubuzima nyakuri” ni iki?

8. (a) Ni kubera iki abantu benshi bihatira kuronka amatungo n’icubahiro? (b) Ni igiki abo bantu batabona?

8 Imvugo “ubuzima nyakuri” ituma abantu benshi cane biha ishusho yo kwiberaho mu bitayega no mu bihimbaro. Ikinyamakuru kimwe co muri Aziya kigira giti: “Abantu baraba amasenema canke televiziyo bariga kwipfuza ivyo babona, bakihenda mu kwiha ishusho y’ivyo bipfuza kuronka”. Kurondera ubutunzi be n’icubahiro usanga ari vyo abantu benshi bagira yo ntumbero yabo mu buzima. Abenshi baremera gukoresha ubuto bwabo bwose, amagara yabo, bakemera guheba ivy’impwemu be n’ubuzima bwo mu muryango, kugira ngo bikurikiranire mwene ivyo bintu vy’umubiri. Usanga ari bake cane bafata umwanya wo kuzirikana ngo babone ko ivyo bintu vyerekanwa kuri televiziyo ari ibintu biranga “impwemu y’isi”, ni ukuvuga uburyo bwo kwiyumvira bwiganje mw’isi, ubwo bukaba bugira akosho kuri benshi mu bantu amamiliyaridi baba kw’isi kandi bugatuma bakora ibitandukanye n’icatumye Imana idushiraho (1 Abakorinto 2:12; Abanyefeso 2:2). Ntibitangaje rero kubona hari abantu benshi cane badahimbawe muri kino gihe.​—Imigani 18:11; 23:4, 5.

9. Ni igiki abantu batazokwigera bashikako, kandi kubera iki?

9 Tuvuge iki ku bijanye n’abantu bitanga batiziganya mu gukora ku bw’ineza y’abandi, bakagerageza kurwanya inzara, indwara be n’akarenganyo? Ni ivy’ukuri yuko utwigoro twabo twiza kandi turanga ukwitanga akenshi tuvamwo ivyiza bitari bike. Ariko ntiwumve, naho bogira utwigoro tungana gute, ntibazokwigera bahindura uko iyi si imeze ngo ibe isi y’ubutungane kandi imeze neza. Uti kubera iki? Kubera yuko mu bisanzwe “isi yose iri mu bubasha bwa wa mubi”, ni ukuvuga Shetani, kandi akaba adashaka ko ihinduka.​—1 Yohani 5:19.

10. Ni ryari abantu b’intahemuka bazoronka “ubuzima nyakuri”?

10 Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe umuntu ata kindi cizigiro yoba afise uretse gusa ico kwiberaho muri ubu buzima! Paulo yanditse ati: “Nimba muri ubu buzima honyene ari ho twizigiye Kristu, turateye ikigongwe kuruta abandi bose”. Abantu biyumvira yuko ata bundi buzima twiteze atari ubu, bivugira bati: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa” (1 Abakorinto 15:19, 32). Ariko rero, hariho “ijuru rishasha n’isi nshasha turindiriye nk’uko umuhango [w’Imana] uri, kandi muri ivyo ni ho ubugororotsi buzoba” (2 Petero 3:13). Muri ico gihe abakirisu bazoronka “ubuzima nyakuri”, ni ukuvuga “ubuzima budahera” ata gasembwa kakiriho, haba mw’ijuru canke kw’isi izoba itegekwa n’intwaro nziza y’Ubwami bw’Imana.​—1 Timoteyo 6:12.

11. Ni kubera iki gukora kugira ngo duteze imbere ivyungura Ubwami bw’Imana ari ikintu gifise intumbero?

11 Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo buzoshobora gutorera umuti nyawo ingorane zose zihanze abantu. Ku bw’ivyo rero, gukora kugira ngo duteze imbere ivyungura Ubwami bw’Imana ni co kintu gifise intumbero kuruta ibindi vyose umuntu uwo ari we wese ashobora gukurikirana (Yohani 4:34). Igihe tugira uruhara muri ico gikorwa, turagiranira ubucuti bw’agaciro n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru. Turagira kandi umunezero wo gukorana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu amamiliyoni, bakurikirana iyo ntumbero nyene mu buzima.

Niwitange mu buryo bubereye

12. Nuvuge itandukaniro riri hagati y’ubuzima bwo mw’isi yo muri kino gihe be n’“ubuzima nyakuri”.

12 Bibiliya ivuga ko isi yo muri kino gihe “iriko irarengana, n’icipfuzo cayo ni ukwo”. Nta kintu na kimwe kiranga iyi si ya Shetani, ushizemwo kuba ari rurangiranwa be n’ubutunzi bwayo, kizozigurizwa. “Mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose” (1 Yohani 2:15-17). Mu buryo butandukanye n’ubutunzi butari ubwo kwizigirwa, icubahiro c’akanya gato be n’ibihimbaro vy’ibihendamaso vy’isi yo muri kino gihe, “ubuzima nyakuri” bwo, ni ukuvuga ubuzima budahera buzobaho mu gihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, bwamaho kandi birabereye ko twitanga kugira ngo tubushikire, dukire gusa kwitanga mu buryo bubereye.

13. Umugabo umwe n’umugore wiwe bitanze gute mu buryo bubereye?

13 Rimbura akarorero k’umugabo yitwa Henry be n’umugore wiwe Suzanne. Barizera bagaherezako umuhango Imana yatanze w’uko izofata mu mugongo abo bose bashira ivy’Ubwami mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo (Matayo 6:33). Ivyo vyatumye bahitamwo kuba mu nzu itazimvye kugira ngo bashobore kumara umwanya munini kuruta bakurikirana ibintu vy’impwemu bari kumwe n’abakobwa babo babiri, aho gukora akazi k’umubiri bompi kugira babe mu nzu izimvye (Abaheburayo 13:15, 16). Hariho umugenzi umwe abipfuriza ineza atatahuye iryo hitamwo bagize. Yabariye Suzanne ati: “Mugenzi, n’ubundi niwipfuza kuba mu nzu nziza kuruta iyo, uzotegerezwa kugira ivyo uhevye”. Ariko rero, Henry na Suzanne bari bazi ko gushira Yehova mu kibanza ca mbere “[bi]tekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza” (1 Timoteyo 4:8; Tito 2:12). Abakobwa babo bamaze gukura barabaye abamamazanjili b’igihe cose b’abanyamwete. Bose uko bagize umuryango, barabona yuko ata kintu na kimwe bahomvye, ahubwo riho barungutse vyinshi cane mu kuba barakurikiranye “ubuzima nyakuri” nka yo ntumbero yabo.​—Abafilipi 3:8; 1 Timoteyo 6:6-8.

‘Ntukoreshe isi rwose’

14. Kwibagira intumbero nyakuri dufise bishobora gushikana umuntu ku bintu ibihe bibabaje?

14 Ariko rero, mu gihe twokwibagira intumbero nyakuri dufise maze tugatezura mu kuntu ducakira “ubuzima nyakuri”, birashobora kuduteza akaga gakomeye. Turahakwa “gutwarwa n’amaganya n’ubutunzi n’ibinezereza vy’ubu buzima” (Luka 8:14). Ivyipfuzo bidacungerewe be n’“amaganya yerekeye kuronka ibibeshaho” umuntu, birashobora gutuma yisuka mu vyo gukoresha cane ibintu vy’iyi si (Luka 21:34, akajambo k’epfo.). Ikibabaje ni uko hari abatwawe n’agatima keze muri kino gihe ko kurondera amatungo kandi “barazimijwe bava ku kwizera, bitobekeranisha hose imibabaro myinshi”, mbere baranatakaza ubucuti bw’agaciro bari bafitaniye na Yehova. Ese ukuntu iyo ari ingaruka ibabaje ishikira umuntu ataguma ‘acakiye ubuzima budahera’!​—1 Timoteyo 6:9, 10, 12; Imigani 28:20.

15. Umuryango umwe wungukiye gute ku ‘kudakoresha isi rwose’?

15 Paulo yahanuye abariko “bakoresha isi [kumera] nk’abatayikoresha rwose” (1 Abakorinto 7:31). Umugabo umwe yitwa Keith be n’umugore wiwe Bonnie barashize ayo majambo ku muzirikanyi. Keith yigana ati: “Nabaye Icabona ca Yehova igihe nari nimirije kurangiza amashure y’ivyo kuvura amenyo. Nategerezwa guhitamwo. Nari gushobora kwemera kuvura abantu benshi gutyo nkaronka amahera menshi, mugabo kubigenza gutyo vyari gushobora kubangamira ubuzima bwacu bwo mu vy’impwemu. Nahisemwo kuvura abantu bakeya kugira ngo nshobore kuronka umwanya munini kuruta wo kwitwararika ineza y’umuryango wacu mu vy’impwemu no mu vy’akanyengetera, uwo muryango ukaba wahavuye ugirwa na twebwe abavyeyi be n’abakobwa bacu batanu. Naho ari gake cane twaronka amahera asaguka ku yo twaba dukeneye, twarize kuziganya kandi twama turonka ivyo twaba dukeneye. Umuryango wacu wari ufatanye mu nda, urangwa igishika, kandi urimwo umunezero ntangere. Twese twahavuye dukora umurimo w’igihe cose. Ubu abakobwa bacu barubatse kandi barahimbawe mu mibano yabo, batatu muri bo bakaba bafise abana. N’abagize imiryango yabo barahimbawe kuko mu buzima bwabo babandanya gushira imbere imigambi ya Yehova”.

Nushire umugambi w’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwawe

16, 17. Ni uturorero utuhe Bibiliya itanga tw’abantu bari bafise ubuhanga, kandi abo bantu tubibukira ku biki?

16 Bibiliya iratanga uturorero tw’abantu babayeho bisunga umugambi w’Imana be n’utw’ababayeho batawisunga. Ivyigwa twigira kuri utwo turorero birakora ku bantu b’imyaka yose, bo mu mico yose, be n’abantu ivyabo vyifashe ugutandukanye (Abaroma 15:4; 1 Abakorinto 10:6, 11). Nimurodi yarubatse ibisagara bikomeye, mugabo ivyo yabigize afise intumbero yo kurwanya Yehova (Itanguriro 10:8, 9). Ariko rero hariho abandi benshi batanze uturorero twiza. Nk’akarorero, ivyo kugumana ikibanza yari afise co kuba umuntu akomeye mu Misiri si vyo Musa yagize yo ntumbero y’ubuzima bwiwe. Ahubwo riho, yabonye ko uduteka yari afise two mu vy’impwemu twari “ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri” (Abaheburayo 11:26). Wa muganga Luka ashobora kuba yarafashije Paulo be n’abandi mu ndwara bari bafise. Naho ari ukwo, ikintu gihambaye kuruta ibindi Luka yagize kugira ngo afashe abandi ni ukuba umwamamaji w’inkuru nziza be n’umwanditsi wa Bibiliya. Paulo na we, ntazwi nk’umuhinga mu vy’amategeko ahubwo azwi nk’umumisiyonari, “intumwa ku mahanga”.​—Abaroma 11:13.

17 Ikintu nyamukuru Dawidi yibukirwako si uko yari kizigenza mu ntwaramiheto canke umucuraranzi n’uwutunganya indirimbo, ahubwo ni uko yari “umuntu ameze nk’uk’umutima [w’Imana] ugomba” (1 Samweli 13:14). Daniyeli ntitumuzi kubera igikorwa yakoze co kuba umutegetsi mu ntwaro ya Babiloni, ahubwo tumuzi kubera igikorwa yakoze ari umuhanuzi wa Yehova w’intadohoka. Esiteri ntitumuzi nk’umwamikazi w’Ubuperesi, ahubwo tumuzi nk’umuntu yatanze akarorero k’uburindutsi n’ukwizera. Petero, Andereya, Yakobo na Yohani na bo, ntitubazi nk’abagabo bari bahambaye mu vy’uburovyi, ahubwo tubazi nk’intumwa za Yezu. Akarorero karuta bwose ni Yezu ubwiwe; ntitubona ko ari “umubaji” ahubwo tubona ko ari “Kristu” (Mariko 6:3; Matayo 16:16). Abo bantu bose baratahuye neza ko naho boba bafise ububangukirwe, ubutunzi canke ikibanza bimeze gute, bari bakwiye gushingira ubuzima bwabo ku gikorwa barangurira Imana aho kubushingira ku bikorwa vyabo vy’umubiri. Baratahuye ko kuba abantu bubaha Imana ari yo ntumbero nziza kuruta izindi zose kandi izana impera kuruta izindi zose, bari gushobora gukurikirana.

18. Umukirisu umwe akiri muto yahisemwo gukoresha gute ubuzima bwiwe, kandi ni igiki yahavuye atahura?

18 Seung Jin, umwe twavuga mu ntango, na we nyene yahavuye atahura ico kintu. Asigura ati: “Aho guhebera inguvu zanje zose ivyo kwigira ubuganga, utugenegene, canke kwigisha ivyigwa vyo mw’isi, nahisemwo gukoresha ubuzima bwanje mu buryo buhuye n’ukwiyegurira Imana kwanje. Ubu nkorera ahantu hakeneye cane abigisha ivyerekeye Bibiliya, nkaba ndiko ndafasha abantu kugira ngo baje mu nzira ishikana mu buzima budahera. Narigeze kuba niyumvira ko kuba umusuku w’igihe cose bidasaba gukora cane. Nyabuna ubu ni ho mfise vyinshi nkora mu buzima, narirya ndiko ndagerageza kuryohora kamere zanje be n’ubuhinga bwo kwigisha abantu bo mu mico itandukanye. Ubu ndibonera ko kugira umugambi wa Yehova yo ntumbero y’ubuzima bwacu ari bwo buryo rudende bwo kubaho buri n’ico buvuze”.

19. Ni gute twoshobora gushikira umugambi nyakuri mu buzima?

19 Kubera ko turi abakirisu, twararonse ubumenyi burokora ubuzima be n’icizigiro c’ubukiriro (Yohani 17:3). Nimuze rero “nti[t]wemere ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana hanyuma ngo [d]uhushe intumbero yabwo” (2 Abakorinto 6:1). Ahubwo riho, nimuze dukoreshe imisi be n’imyaka vy’agaciro dufise mu gushemeza Yehova. Nimuze tumenyekanishe ukuri gutanga agahimbare muri kino gihe kukongera kugashikana ku buzima budahera. Nitwabigenza gutyo, tuzokwibonera ko aya majambo Yezu yavuze ari ay’ukuri. Yavuze ati: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa” (Ibikorwa 20:35). N’ikindi kandi, tuzoba twashikiriye umugambi nyakuri mu buzima.

[Akajambo k’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

Woshobora kubisigura?

• Ni ihangiro irihe rihambaye kuruta ayandi yose dushobora gukurikirana mu buzima?

• Ni kubera iki bitaranga ubukerebutsi kubaho umuntu arondera gusa ibintu vy’umubiri?

• “Ubuzima nyakuri” Imana isezerana ni iki?

• Twokoresha gute ubuzima bwacu mu gushigikira umugambi w’Imana?

[Amafoto ku rup. 18]

Abakirisu barakeneye kwitanga mu buryo bubereye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika