ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/10 rup. 21-25
  • Nukurikirane ibijanye n’umugambi w’Imana muri kino gihe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nukurikirane ibijanye n’umugambi w’Imana muri kino gihe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nutere intambwe ngirakamaro, imwimwe ku yindi
  • Niwige kugira uburimbane
  • Ugukurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana, nubigire wo mwuga wawe
  • Ubuzima buri n’ico buvuze vy’ukuri
  • Nukurikirane umugambi uri n’ico uvuze mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Rwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
    Urwaruka—Muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
  • Twibuke abari mu murimo w’igihe cose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ingene wovyifatamwo neza umurimo wawe uhindutse
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/10 rup. 21-25

Nukurikirane ibijanye n’umugambi w’Imana muri kino gihe

“[Kristu] yapfiriye bose ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo”.​—2 ABAKORINTO 5:15.

1. Niwigane ivyashikiye umumisiyonari umwe mu cibare yakoreramwo.

UMUMISIYONARI umwe twise Aarona yibuka ibi: “Umuduga wacu ni wo wabaye umuduga wa mbere utari uwa gisirikare winjiye mu gasagara ka kure ko muri Afirika inyuma y’aho intambara y’abanyagihugu irangiriye. Ntivyashoboka ko duhanahana amakuru n’ishengero ritoyi ryari aho hantu, kikaba ari co gituma twagiyeyo kuraba ivyo abavukanyi bari bakeneye. Uretse ko twabashiriye ibifungurwa, ivyambarwa be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, twarajanye na ya videwo ivuga ngo Les Témoins de Jéhovah : un nom, une organisation (Ivyabona vya Yehova​—Ni izina n’ishirahamwe)b. Abantu bashaka kuraba iyo videwo baraje ari benshi aho bita ngo n’inzu yo kurorereramwo ibikino, iyo ikaba yari inzu nini y’ivyatsi yarimwo televiziyo be na ca cuma gisoma amakaseti ya videwo, ku buryo vyabaye ngombwa ko tuyerekana incuro zibiri. Ku ncuro imwimwe yose harabonetse abantu benshi bemera kwiga Bibiliya. Vy’ukuri, utwigoro twacu twaragize ico tumara”.

2. (a) Ni kubera iki abakirisu bahitamwo gukoresha ubuzima bwabo mu murimo w’Imana? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

2 Ni kubera iki none Aaron be na bagenziwe bemeye gukora ico gikorwa kitoroshe? Ni kubera yuko bakenguruka inkuka y’incungu ya Yezu Kristu, ivyo bikaba vyatumye begurira Imana ubuzima bwabo kandi bakaba bipfuza kubukoresha mu buryo buhuye n’umugambi wayo. Cokimwe na bo, abakirisu biyeguye bose bariyemeje “[kutaba] bakibaho ku bwabo” ariko biyemeje kubaho bakora ivyo bashoboye vyose “ku bw’inkuru nziza” (2 Abakorinto 5:15; 1 Abakorinto 9:23). Barazi yuko ivy’iyi si nivyarangira, amahera yose be n’icubahiro cose ataco bizoba bikimaze mw’isi. Ni co gituma magingo bagifise ubuzima n’amagara atari mabi, bipfuza kubikoresha mu buryo buhuye n’umugambi w’Imana (Umusiguzi 12:1). None tweho ivyo twobigira gute? Ni hehe twokura umwete be n’inkomezi dukeneye kugira ngo tubishikeko? Vyongeye, ni uturyo tw’umurimo utuhe dushobora kwironkera?

Nutere intambwe ngirakamaro, imwimwe ku yindi

3. Ni intambwe z’ishimikiro izihe dukwiye gutera kugira ngo dukore ivyo Imana igomba?

3 Abakirisu b’ukuri babona ko gukora ivyo Imana igomba ari ikintu bakwiye gukora ubuzima bwabo bwose. Mu bisanzwe ivyo bitangurira ku gutera intambwe z’ishimikiro nko kwiyandikisha mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi, gusoma Bibiliya ku musi ku musi, kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, be no gutera imbere gushika ku kubatizwa. Uko tuguma dutera imbere, turashira ku muzirikanyi amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Uzirikane kuri ivyo bintu; ubicokeremwo, kugira ngo iterambere ryawe ryibonekeze ku bantu bose” (1 Timoteyo 4:15). Ntitugira iryo terambere kugira ngo twiyerekane, ahubwo turigira kugira ngo twerekane umwiyemezo dufise wo gukora ivyo Yehova ashaka tutabigiranye ubwikunzi. Gukurikirana ingendo nk’iyo vyerekana yuko tureka Imana ikaba ari yo iyobora intambuko zacu mu vyo dukora vyose mu buzima, kandi ni yo ituyobora mu buryo buruta kure n’iyo uburyo twebwe twoshobora kubigira.​—Zaburi 32:8.

4. Twokwirinda gute kugira amaganya bidakenewe?

4 Ariko rero, kugonanwa canke kwitwararika cane ibitwerekeye, birashobora kubera intambamyi iterambere tugira mu murimo turangurira Imana (Umusiguzi 11:4). Ku bw’ivyo, imbere yuko turonka umunezero nyakuri mu gukorera Imana be n’abandi bantu, dukwiye kubanza gutsinda imyitwarariko yacu bwite. Nk’akarorero, uwitwa Erik yariko ariyumvira ivyo gukorera mw’ishengero rikoresha ururimi runyamahanga. Ariko rero yaribaza ati: ‘Ubwo nzokwumva nisanze muri iryo shengero? Ubwo nzonezererwa no kuba ndi kumwe n’abavukanyi bo muri ryo? Ubwo bo bazonyakirana urweze?’. Atwiganira ati: “Nahavuye ntahura yuko nari nkwiye kwitwararika ivyerekeye abo bavukanyi kuruta uko nitwararika ibinyerekeye. Naciye mfata ingingo yo kureka kwiganyira maze nditanga ata gushira inyungu zanje imbere ndakora ivyo nari nshoboye vyose. Narasenze nsaba imfashanyo maze nca nihatira gushitsa ico cipfuzo canje. Ubu ndahimbarwa cane n’umurimo ndangurira muri iryo shengero” (Abaroma 4:20). Vy’ukuri, bivanye n’urugero dushikanako mu gukorera Yehova be n’abandi bantu nkatwe tutabigiranye ubwikunzi, turaronka umunezero kandi tukumva ko dushize akanyota.

5. Igihe dukurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana, ni kubera iki dukeneye gutegekanya ibintu tuvyitondeye? Tanga akarorero.

5 Kugira ngo dukurikirane neza ibijanye n’umugambi w’Imana bisaba kandi ko dutegekanya ivyacu tuvyitondeye. Turirinda tubigiranye ubukerebutsi kwishira mu madeni menshi ashobora kutugira abaja b’iyi si akongera akagabanya umwidegemvyo dufise wo gukora igikorwa c’Imana. Bibiliya itwibutsa ibi: “Uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye” (Imigani 22:7). Kwizigira Yehova no gushira ivy’impwemu mu kibanza ca mbere biradufasha kuguma twitwararika ibihambaye gusumba ibindi. Nk’akarorero, uwitwa Guoming be na bashikiwe babiri, babana na nyina wabo mu karere aho inzu zo gupanga zizimvye cane kandi bikaba bitoroshe kuronka akazi kamara igihe kinini. Biciye ku gukoresha amahera babigiranye ubukerebutsi no ku gufashanya mu guterera kugira ngo umuryango uronke ayo ukoresha, bararonka ivya nkenerwa mu buzima mbere n’igihe baba badakora bose. Guoming avuga ati: “Hari aho bishika twese tukabura akazi. N’igihe biba vyifashe gutyo, turabandanya gukora umurimo w’ubutsimvyi kandi tukitwararika neza umuvyeyi wacu. Turashima kubona mawe atipfuza ko tworeka gukurikirana ivy’impwemu kugira ngo tumuronse ibintu bizimvye usanga abantu bipfuza mu buzima”.​—2 Abakorinto 12:14; Abaheburayo 13:5.

6. Ni akarorero akahe kerekana ukuntu dushobora guhuza ubuzima bwacu n’umugambi w’Imana?

6 Nimba witwararika cane gukurikirana ivy’umubiri, kwaba kuronka amahera canke ibindi bintu, gushira imbere ibijanye n’umugambi w’Imana vyoshobora kugusaba kugira ibintu bikomeye uhindura. Guhindura ivyo bintu, akenshi si ikintu kigirwa mu mwanya mutoya, kandi bishitse hakagira ibikunanira igihe ugira utwigoro twa mbere ntibisigura yuko vyagutaye ku w’amazi. Rimbura akarorero k’uwitwa Koichi, uno akaba yari afise ingorane yo kumara umwanya munini cane mu vyo kwisamaza. Naho Koichi yari yarize Bibiliya akiri umuyabaga, udukino two kuri videwo twariziziye ubuzima bwiwe imyaka itari mike. Umusi umwe yariyumviriye ati: ‘None nk’ubu ndiko nkora iki? Ndarengeje imyaka 30 mugabo nta kintu na kimwe c’ingirakamaro ndiko ndakoresha ubuzima bwanje!’. Koichi yaciye asubira kwiga Bibiliya aremera no gufashwa n’abagize ishengero. Naho vyasavye ko ahindura ibintu buhorobuhoro, ntiyatanye n’akabando. Abifashijwemwo no gusenga cane be no gushigikirwa n’abandi babigiranye urukundo, yaratevye aravavanura n’ico kintu cari caramwiziziye (Luka 11:9). Ubu Koichi ni umukozi w’ishengero akorana umunezero.

Niwige kugira uburimbane

7. Ni kubera iki dukwiye kugira uburimbane igihe turangura igikorwa c’Imana?

7 Birabereye ko tugira utwigoro n’ubuzima bwacu bwose igihe dukurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana. Ivyo ntidukwiye kubigira twibabara cane canke ngo tubigirane ubunebwe (Abaheburayo 6:11, 12). Ariko ntiwumve, Yehova ntiyipfuza ko twiyahagura ngo bitume ducika intege ku mubiri, mu bwenge, no mu kanyengetera. Kwemera tubigiranye ukwicisha bugufi yuko tutorangura igikorwa c’Imana ku bw’inkomezi zacu bwite, birayininahaza kandi bikerekana ko dufise uburimbane (1 Petero 4:11). Yehova asezerana kuduha inkomezi dukeneye kugira ngo dukore ivyo agomba, ariko ntidukwiye kwiyahagura mu kurondera gukora ibirengeye ubushozi bwacu tugerageza gukora ivyo atatwitezeko (2 Abakorinto 4:7). Kugira ngo tugume dukorera Imana tutiyahagura, turakeneye gukoresha neza inguvu zacu.

8. Ni ibiki vyashikiye umwigeme umwe mukirisu igihe yitanga ukwo ashoboye kwose arondera gukorera Yehova be n’isi, kandi ni ibiki yahavuye ahindura?

8 Nk’akarorero, umwigeme umwe wo mu Buseruko bwa Aziya yitwa Ji Hye yaramaze imyaka ibiri akora akazi k’umunangiro, muri ico gihe nyene akaba yariko akora ubutsimvyi. Yigana ati: “Naritanze ukwo nshoboye kwose ndondera gukorera Yehova be n’isi mugabo rero ivyo vyatuma ndyama amasaha atanu gusa buri joro. Mu nyuma, nasanze ata nguvu zikwiye ngisigaranye mu bwenge zomfashije kwitwararika ibijanye n’ukuri, kandi nari nsigaye mpimbarwa buhoro n’ibintu vy’impwemu”. Kugira ngo Ji Hye ashobore gukorera Yehova n’‘umutima wiwe wose, ubuzima bwiwe bwose, umuzirikanyi wiwe wose, be n’inkomezi ziwe zose’, yaciye arondera akazi katamusaba gukora cane (Mariko 12:30). Avuga ati: “Naho abagize umuryango wanje banshizeko umukazo ngo ndondere ingene noronka amahera menshi, narihatiye gushira imbere ibijanye n’umugambi w’Imana. N’ubu ndacaronka amahera anshoboza kwironsa ivya nkenera mu buzima, nk’agahuzu gasesuka. Vyongeye, urazi ga ntuze ingene biryoshe gusinzira agatiro gahagije! Ndahimbarirwa ubusuku ndangura, kandi ubu nararushirije gukomera mu vy’impwemu. Ivyo vyashobotse kubera yuko ata mwanya nkironkera ibintu bikwegakwega kandi bisamaza vy’iyi si”.​—Umusiguzi 4:6; Matayo 6:24, 28-30.

9. Utwigoro tugira twoshobora kugira ico dukoze gute ku bantu bo mu cibare cacu?

9 Si twese dushobora gukorera Imana turi abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose. Nimba utegerezwa kunyinyana n’ubusaza, amagara make, canke ibindi bintu bituma udashobora gukora vyinshi, numenye yuko Yehova aha agaciro cane ukutadohoka kwawe be n’umurimo uwo ari wo wose ukorana umutima wawe wose (Luka 21:2, 3). Ku bw’ivyo, nta muntu n’umwe akwiye gufatira mu rwara ico utwigoro twacu dushobora kugira ku bandi, mbere n’igihe twoba ari dukeya. Nk’akarorero, fata ko tugendeye imihana mikeya mugabo ntituronke umuntu n’umwe bisa n’uko ashimishwa n’ubutumwa dushikiriza. Tumaze kuva aho hantu, abo twagendeye boshobora kumara amasaha atari make canke imisi itari mike bavuga ibijanye n’ukwo kubagendera, mbere n’iyo hoba ata n’umwe yaduhaye ikaze. Ntitwitega yuko abantu bose tubwira ubutumwa bwiza bazobwakira neza, ariko rero hariho abazobwemera (Matayo 13:19-23). Abandi na bo boshobora kuzobwakira mu nyuma igihe uko ibintu vyifashe mw’isi canke uko ivyabo vyifashe bihindutse. Uko biri kwose, dukoze uko dushoboye kwose mu murimo turangurira ku mugaragaro, tuba turiko turakora igikorwa c’Imana. Turi “abakozi bakorana n’Imana”.​—1 Abakorinto 3:9.

10. Ni uturyo utuhe abagize ishengero bose bashobora kuronka?

10 N’ikindi kandi, twese turashobora gufasha abagize imiryango yacu be n’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu (Abagalatiya 6:10). Akosho keza tugira ku bandi karashobora kuba agakomeye kandi kakamara igihe kirekire (Umusiguzi 11:1, 6). Igihe abakurambere n’abakozi b’ishengero bitwararikana ubwira amabanga bajejwe, baba bariko baraterera agacumu k’ubumwe ku kumererwa neza no ku gutekanirwa kw’ishengero mu vy’impwemu, maze ivyo bigatuma ivyiza biva mu gikorwa ca gikirisu vyiyongera. Turakurwa amazinda yuko igihe “[d]ufise vyinshi [d]ukora mu gikorwa c’Umukama”, ukubira akuya kwacu kutaba “ukw’ubusa”.​—1 Abakorinto 15:58.

Ugukurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana, nubigire wo mwuga wawe

11. Uretse gukorana n’ishengero dukukira, ni utundi duteka tw’umurimo utuhe twoshobora kuronka?

11 Kubera ko turi abakirisu turanezererwa ubuzima kandi turipfuza kuninahaza Imana mu vyo dukora vyose (1 Abakorinto 10:31). Nitwagira uruhara tudahemuka mu gikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza bw’Ubwami kandi tukigisha abantu kwitondera ivyo Yezu yategetse vyose, tuzoronka uduteka twinshi tw’umurimo tuvamwo ivyiza (Matayo 24:14; 28:19, 20). Uretse ugukorana n’ishengero dukukira, twoshobora kuronka uturyo two gukorera ahari inkenero kuruta ahandi, haba ari mu kindi cibare, mw’ishengero rikoresha urundi rurimi, canke mu kindi gihugu. Abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abirebange bakwije ibisabwa, boshobora guterwa agateka ko kwitaba rya Shure rimenyereza abasuku, maze mu nyuma bagakorera mu mashengero akeneye gufashwa n’abakirisu baciye uruma, haba mu gihugu cabo canke mu kindi gihugu. Abubakanye basanzwe bari mu murimo w’igihe cose boshobora gukwiza ibisabwa kugira ngo bakurikirane inyigisho zo muri rya Shure ry’i Gileyadi rimenyereza abamisiyonari maze bakaja gukorera mu bindi bihugu. Vyongeye, haguma hariho inkenero z’abokwitanga mu bikorwa bitandukanye kuri Beteli hamwe no mu bikorwa bijanye n’ubwubatsi no kubungabunga ibibanza vyo gusengeramwo be n’ibiro vy’amashami.

12, 13. (a) Woshobora gute guhitamwo uduteka tw’umurimo wokurikirana? (b) Tanga akarorero kerekana ingene ubuhinga umuntu aronkera mu gikorwa kimwe bushobora kumufasha mu bindi bikorwa.

12 None ni uduteka tw’umurimo utuhe ubona wokurikirana? Kubera yuko uri umusavyi wa Yehova yiyeguye, urama umuhanga amaso wongere uhange amaso ishirahamwe ryiwe kugira ngo uronke ubuyobozi. ‘Impwemu yiwe nziza’ izogufasha kugira amahitamwo abereye (Nehemiya 9:20). Akenshi usanga igikorwa kimwe cugurura umuryango wo gushika ku kindi, kandi utuntu n’utundi be n’ubuhinga umuntu amenyera mu muce umwe w’igikorwa vyoshobora kumufasha mu kindi gikorwa azokora mu nyuma.

13 Nk’akarorero, umugabo yitwa Dennis n’umukenyezi wiwe Jenny, ntibahengeshanya gushigikira amaporoje y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami. Inyuma y’aho ca gihuhusi cataziriwe Katrina gitereye mu Bumanuko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baritanze babikunze mu gikorwa co gutabara abashikiwe n’ivyago. Dennis atwiganira ati: “Gukoresha ubuhinga twaronkeye mu gikorwa co kwubaka Ingoro z’Ubwami kugira ngo dufashe abavukanyi bacu, vyaratumye tugira umunezero mwinshi. Twarakozwe ku mutima vy’ukuri n’ingene abo bavukanyi twafashije bagaragaje ugukenguruka. Iyindi migwi y’abantu bariko barakora igikorwa co gutabara ntiyashoboye gufasha bimwe bishemeye mu gikorwa co gusanura ivyasambutse. Ivyabona vya Yehova bobo baramaze gusanura canke gusubira kwubaka inzu zirenga 5.300 be n’Ingoro z’Ubwami nyinshi. Abantu barihweza ico gikorwa kandi ubu abatari bake bararushiriza gushimishwa n’ubutumwa tubashikiriza”.

14. Ni ibiki wokora nimba wipfuza gukurikirana umurimo w’igihe cose?

14 Woba ushobora gukurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana mu guhitamwo umurimo w’igihe cose nka wo mwuga wawe? Niwabigira, numenye udakeka yuko uzokwironkera imihezagiro myinshi. Nimba uko ivyawe vyifashe ubu bitagukundira kubigira, hari aho vyoba bishoboka ko ugira ivyo uhinduye. Nusenge nk’uko Nehemiya yabigize igihe yipfuza cane gutangura gukora igikorwa gihambaye. Yasenze ati: “Bgirukiro, ndakwinginze, . . . umpe kugira amahirwe” (Nehemiya 1:11). Umaze gusenga, nuce wizigira ‘Umwe yumva ivyo asabwa’ kandi ukore uhuza n’ivyo wasavye (Zaburi 65:2). Utegerezwa kubanza kugira utwo twigoro kugira ngo Yehova ashobore guhezagira ivyo ukora vyose urondera kumukorera bimwe vyuzuye. Umaze gufata ingingo yo gutangura umurimo w’igihe cose, nugume uyumiyeko. Uko igihe kizogenda kirarengana, uzorushiriza kumenya utuntu n’utundi, gutyo urushirize kugira umunezero.

Ubuzima buri n’ico buvuze vy’ukuri

15. (a) Twungukira gute ku kuganira n’abasavyi b’Imana bamaze igihe kirekire be no ku gusoma inkuru ziberekeye? (b) Nuvuge inkuru y’ubuzima yakuremesheje mu buryo budasanzwe.

15 None ni ibiki woshobora kwitega mu gihe wokurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana? Nuganire n’abasavyi ba Yehova bamaze igihe kirekire bamusukurira, na canecane abamaze imyaka myinshi bakora umurimo w’igihe cose. Urazi ukuntu bafise ubuzima bumara akanyota kandi buri n’ico buvuze vy’ukuri (Imigani 10:22)! Bazokwiganira ko no mu bihe bigoye Yehova atigeze areka kubaronsa ivyo bari bakeneye vy’ukuri, mbere ko yabahaye n’umusesekara (Abafilipi 4:11-13). Kuva mu 1955 gushika mu 1961, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi carasohoye urukurikirane rw’inkuru z’ubuzima zerekeye abantu b’intahemuka, izo nkuru zikaba zari zifise umutwe uvuga ngo “ Comment je poursuis le but de ma vie ” (Ingene nkurikirana intumbero y’ubuzima bwanje). Kuva ico gihe, haragiye harasohorwa izindi nkuru z’ubuzima amajana n’amajana. Inkuru imwimwe yose irashira ahabona agatima k’umwete n’umunezero abo bantu bari bafise, ako gatima kakaba katwibutsa kamwe kibonekeza mu bantu bavugwa muri Bibiliya mu gitabu c’Ibikorwa vy’intumwa. Gusoma izo nkuru zeza umutima bizotuma nawe uvuga uti: ‘Emwe, ubu ni bwo buryo bwo kubaho nanje nkwiye kugira!’.

16. Ni igiki gituma ubuzima bw’umukirisu buba ubufise intumbero kandi bukabamwo agahimbare?

16 Aaron, umwe twavuga mu ntango, yibuka ibi: “Muri Afirika, akenshi narahura n’abakiri bato bajarajara hirya no hino mu gihugu barondera intumbero mu buzima. Benshi muri bo nta yo bigeze baronka. Ariko twebwe muri ico gihugu nyene, twariko turakurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana mu guteza imbere ivyerekeye inkuru nziza y’Ubwami, vyongeye twari dufise ubuzima burimwo vyinshi vyo gukora kandi buri n’ico buvuze. Emwe, twariboneye ubwacu yuko gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa!”.​—Ibikorwa 20:35.

17. Ni kubera iki dukwiye kuba turiko turakurikirana ibijanye n’umugambi w’Imana muri kino gihe?

17 Weho bite? Ni umugambi uwuhe uriko urakurikirana? Nimba ata mugambi wo mu vy’impwemu utomoye ufise, iyindi migambi izoca yicokeza muri ico kibanza kigaragara. Ni kubera iki none wokoresha nabi ubuzima bwawe bw’agaciro mu gukurikirana ivyipfuzo bitagira ishingiro vy’iyi si ya Shetani? Vuba, “amakuba akomeye” niyashika, amatungo y’umubiri be n’ivyubahiro vyo muri iyi si ntaco bizoba bikimaze. Ikizoba gihambaye ni ubucuti dufitaniye na Yehova. Ese ukuntu tuzogira umunezero mwinshi bivuye ku kuba twarakoreye Yehova n’abantu nkatwe no ku kuba twarakurikiranye bimwe vyuzuye ibijanye n’umugambi w’Imana mu buzima bwacu!​—Matayo 24:21; Ivyahishuwe 7:14, 15.

[Utujambo tw’epfo]

a Bamwebamwe si ko bitwa.

b Yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Woshobora kubisigura?

• Yehova abona gute umurimo tumurangurira?

• Kuba turi abantu bakora ibintu ngirakamaro kandi bafise uburimbane bidufasha gute gukorera Imana be n’abandi bantu?

• Ni uduteka utuhe tw’umurimo dushobora kuronka?

• Dushobora gute kugira ubuzima vy’ukuri buri n’ico buvuze muri kino gihe?

[Amafoto ku rup. 23]

Turakeneye kugira uburimbane kugira ngo tugume dukorera Yehova n’ubuzima bwacu bwose

[Amafoto ku rup. 24]

Umurimo mweranda urimwo imice myinshi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika