ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/10 rup. 4-7
  • Nubeho witwararika kazoza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubeho witwararika kazoza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Mureke kwiganyira’
  • So wanyu arazi ivyo mukenera
  • ‘Mugume mubanza kurondera ubwami bw’Imana’
  • “Ubwami bwawe nibuze”
  • Twirundanirize amatungo mw’ijuru
  • Wokora iki none?
  • Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Ntimwiganyire
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Amaganya
    Be maso!—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/10 rup. 4-7

Nubeho witwararika kazoza

“NTIMUKIGERE muganya ku vy’ejo”. Ukwo ni ko Yezu Kristu yavuze mu nsiguro rurangiranwa yashikirije ku mpinga y’umusozi i Galilaya. Twisunze Ubwuzure Bushasha, Yezu yongeyeko ati: “Ejo hazokwimenya”.​—Matayo 6:34.

Wewe wiyumvira ko aya majambo ngo “Ejo hazokwimenya” asigura iki? Yoba atanga iciyumviro c’uko dukwiye kubaho twiyumvira ivy’uyu musi gusa, maze tukirengagiza ivy’ejo? Vyoba vy’ukuri bihuza n’ivyo Yezu be n’abayoboke biwe bemera?

‘Mureke kwiganyira’

Niwisomere amajambo yose Yezu yavuze dusanga muri Matayo 6:25-32. Mu vyo yavuze harimwo ibi: “Mureke kuganyira ubuzima bwanyu ku vyo muzorya canke ivyo muzonywa, canke kuganyira imibiri yanyu ku vyo muzokwambara. . . . Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira. . . . Ni nde muri mwebwe mu kuganya yoshobora kwongera ku kiringo ciwe c’ukubaho intambwe imwe y’ukuboko uciriye mu nkokora? Vyongeye ku bijanye n’ivyambarwa, kubera iki muganya? Nimukure icigwa ku mashurwe y’amalisi yo mw’itongo, murabe ingene akura; ntacumukura canke ngo ajishe . . . Nuko ntimukigere muganya ngo: ‘Tuzorya iki?’, canke ngo: ‘Tuzonywa iki?’, canke ngo: ‘Tuzokwambara iki?’. Kuko ivyo vyose ari vyo bintu amahanga ahahamira. Kuko So wo mw’ijuru azi ko mukenera ivyo bintu vyose”.

Yezu asozera ico gice c’insiguro yiwe atanga impanuro ziri mu mice ibiri. Ubwa mbere avuga ati: “Gume rero mubanza kurondera ubwami [bw’Imana] n’ubugororotsi bwayo, ivyo bindi bintu vyose na vyo muzovyongerwa”. Ubwa kabiri avuga ati: “Nuko ntimukigere muganya ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose burakwiye”.​—Matayo 6:33, 34.

So wanyu arazi ivyo mukenera

Wibaza none ko Yezu yariko araca intege abigishwa biwe, harimwo n’abarimyi, ababuza ‘kubiba, gushwabura, canke kwegeraniriza mu bigega’? Canke yoba yariko ababuza ‘gucumukura no kujisha’ kugira ngo baronke impuzu bakeneye (Imigani 21:5; 24:30-34; Umusiguzi 11:4)? Uwokubesha! Baramutse baretse gukora, impera n’imperuka ntibobuze ‘gusegerereza mw’iyimbura’, kuko bobaye badafise ivyo barya canke ivyo bambara.​—Imigani 20:4.

Bite ho ku bijanye n’ukwiganyira? Yezu yoba yashaka kuvuga ko abariko bamwumviriza batoshikiwe n’ikintu na kimwe cobateye amaganya? Ukwo kwobaye ari ugushikuza. Yezu ubwiwe yaragize intuntu ikomeye yo mu mutima yongera aricwa n’amaganya muri rya joro yafatwa.​—Luka 22:44.

Yezu yariko avuga ukuri kw’ishimikiro gusa. Kwiganyira birenze urugero ntibizokwigera bigufasha gutorera umuti ingorane izo ari zo zose zogushikira. Ntibizogufasha nk’akarorero kubaho igihe kirekire. Yezu yavuze ati: “[Ntibizo]kwongera ku kiringo [ca]we c’ukubaho intambwe imwe y’ukuboko uciriye mu nkokora” (Matayo 6:27). Ahubwo, birashoboka rwose ko kugira amaganya arenze urugero kandi y’igihe kirekire bituma ugabanya imyaka yawe yo kubaho.

Impanuro Yezu yatanze yari ngirakamaro koko. Ibintu vyinshi biduhagarika umutima usanga bitigera biba. Umukuru umwe wo mu vy’intwaro w’Umwongereza yitwa Winston Churchill yariboneye ko ivyo ari ko vyari bimeze mu gihe ya Ntambara ya kabiri y’isi yose yariko irabica bigacika. Ku bijanye n’ibintu bimwebimwe vyatuma agira amaganya muri ico gihe, yanditse ati: “Iyo ntereje amaso inyuma nkaraba ibintu vyose vyampagarika umutima, nca nibuka inkuru y’umutama umwe yari ku mpfiro, uwavuze ko yari yarigeze kugira ibintu vyinshi bimuhagarika umutima mu buzima, ariko ko vyinshi muri ivyo bitigeze bimushikira”. Mu vy’ukuri, tuba dukoze ibiranga ubukerebutsi igihe dufashe ibintu uko biba bije ku musi ku musi, canecane igihe imikazo be n’ingorane biba bidushikiye vyoshobora gutuma twicwa n’amaganya bitagoranye.

‘Mugume mubanza kurondera ubwami bw’Imana’

Mu vy’ukuri, ku bijanye n’abo Yezu yariko abwira, ntiyari afise gusa ku muzirikanyi ineza yabo yo ku mubiri n’iyo mu mutima. Yari azi ko kwiganyira ku bijanye no kuronka ivyo umuntu akenera mu buzima, tutibagiye no kugira icipfuzo gikomeye co kuronka amatungo be n’ibinezereza, bishobora kunigira mu menshi ibintu bihambaye kuruta ibindi (Abafilipi 1:10). Hari aho wokwibaza uti: ‘Ni ibiki none vyoba bihambaye kuruta kuronka ivyo nkenera mu buzima?’. Ivyo bintu ni ivyerekeye Imana bijanye no kuyisenga. Ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwacu Yezu yashimitseko gikwiye kuba ari ‘ukuguma tubanza kurondera ubwami bw’Imana n’ubugororotsi bwayo’.​—Matayo 6:33.

Mu gihe ca Yezu, abantu benshi bariko bararondera ibintu vy’umubiri babihahamiye. Kwirundaniriza amatungo cari co kintu bashira imbere. Ariko rero, Yezu yahimirije abariko baramwumviriza kubona ibintu mu bundi buryo. Kubera ko bari abantu biyeguriye Imana, ‘kwubaha Imana no kwitondera ivyagezwe na yo’ ni co cari co kintu ‘kibereye rwose’ bategerezwa gukora.​—Umusiguzi 12:13.

Kwitwararika ivy’umubiri, ni ukuvuga “amaganya y’ivy’iyi si be n’ububasha buhendana bw’ubutunzi”, vyari gushobora kwonona abariko bamwumviriza ntibabe bacitwararika ivy’Imana (Matayo 13:22). Intumwa Paulo yanditse ati: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi vyonona, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero” (1 Timoteyo 6:9). Kugira ngo Yezu afashe abayoboke biwe kwirinda kugwa muri uwo “mutego”, yarabibukije ko Se wabo wo mw’ijuru yari azi ko bakenera ivyo bintu vyose. Imana yobibaronkeje nk’uko nyene ibironsa “inyoni zo mu kirere” (Matayo 6:26, 32). Aho kureka ngo barengerwe n’amaganya, babwirizwa gukora uko bashoboye kwose kugira ngo bironse ivyo bakenera, maze bakarekera ibintu mu maboko ya Yehova bamwizigiye.​—Abafilipi 4:6, 7.

Igihe Yezu yavuga ngo “Ejo hazokwimenya”, yashaka gusa kuvuga yuko tudakwiye kwiganyira birenze urugero ku bijanye n’ivyoshobora kudushikira ejo, gutyo tukaba twongeye amaganya ku yandi. Iyindi mpinduro ya Bibiliya ayo majambo ya Yezu iyavuga ngo: “Ntuhagarike umutima ku vy’ejo; hazogira amaganya yaho bwite akwiye. Ntibikenewe kwongera ingorane ku zo umusi umwumwe wose uzana”.​—Matayo 6:34, Today’s English Version.

“Ubwami bwawe nibuze”

Ariko rero, hariho itandukaniro rikomeye hagati yo kwiganyira birenze urugero ku vy’ejo no kutavyitaho namba. Yezu ntiyigeze aremesha abigishwa biwe kutitaho ivy’ejo. Ahubwo riho, yabahimirije kwitwararika cane ivya kazoza. Birumvikana ko bari bakwiye gusenga basaba ivyo bari bakeneye uwo musi, ni ukuvuga umukate wabo w’uwo musi. Ariko rero, bari bakwiye kubanza gusenga basaba ibintu vyobaye bitarashika, ni ukuvuga bagasaba ko Ubwami bw’Imana buza be n’uko ivyo Imana igomba biba kw’isi.​—Matayo 6:9-11.

Ntidukwiye kuba nk’abantu bo mu gihe ca Nowa. Bari baratwawe cane no ‘kurya no kunywa, abagabo bakarongora, abagore bagashingirwa’ ku buryo ‘ata co bitaho’ ku bijanye n’ivyari bigiye kubashikira. Uti none vyagize ingaruka iyihe? “Isegenya [ryaraje] ribakukumura bose” (Matayo 24:36-42). Intumwa Petero yarakoresheje ico kintu cabaye kugira ngo atwibutse igituma bikenewe ko tubaho twitwararika ivy’ejo. Yanditse ati: “Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana, murindira kandi mwamiza hafi ku muzirikanyi ukuhaba kw’umusi wa Yehova!”.​—2 Petero 3:5-7, 11, 12.

Twirundanirize amatungo mw’ijuru

Emwe, nimuze tugumize “hafi ku muzirikanyi” umusi wa Yehova. Kubigenza gutyo bizogira ikintu kinini bikoze ku kuntu dukoresha umwanya wacu, inguvu zacu, ubuhanga bwacu, amatungo yacu, be n’ubushobozi dufise. Ntidukwiye gufatirwa cane no gukurikirana ibintu vy’umubiri, vyaba ivyo dukenera canke ibinezereza vyo mu buzima, ku buryo twosanga dusigaranye akanya gato ko kwitwararika ibikorwa biranga “ukwihebera Imana”. Kwitwararika gusa ivy’uyu musi vyoshobora gusa n’ibituronsa ivyiza vy’aka kanya nyene, ariko mwene ivyo vyiza naho vyoba bimeze gute bituzanira inyungu z’igihe gito. Nk’uko Yezu yabivuze, tuba turushirije kuba inkerebutsi iyo ‘twirundanirije amatunga mw’ijuru’ aho kuyirundaniriza mw’isi.​—Matayo 6:19, 20.

Yezu yarashimitse kuri ico ciyumviro mu kigereranirizo cerekeye umugabo yigiriye imigambi ikomeye cane yerekeye kazoza. Muri iyo migambi uwo mugabo ntiyigeze ashiramwo Imana. Itongo ry’uwo mugabo ryari ryimbutse cane. Yaciye yigira umugambi wo gusambura ibigega vyiwe no kwubaka binini kuruta kugira ngo ashobore kubaho yidibamiye, arya, anywa yongera yinezereza. None ni igiki yihenzeko muri ivyo? Yapfuye atariye ivyo yari yarabiriye akuya. N’ikibabaje kuruta ni uko atari yaratsimbataje ubucuti n’Imana. Yezu yasozereye ati: “Ukwo ni ko bigenda ku muntu yirundaniriza ubutunzi mugabo atari umutunzi ku Mana”.​—Luka 12:15-21; Imigani 19:21.

Wokora iki none?

Ntugwe mw’ikosa wa mugabo yavugwa na Yezu yaguyemwo. Numenye ivyo Imana ikubikiye, maze ushingire ubuzima bwawe kuri vyo. Imana ntiyarekeye abantu mu mwiza ngo ntibamenye ivyo izobagirira. Wa muhanuzi wo mu gihe ca kera Amosi yanditse ati: “Umwami Uhoraho ntazogira ico akora, atabanje kwibira akabanga abasavyi biwe avugisha” (Amosi 3:7). Ivyo Yehova yahishuye biciye ku bahanuzi biwe ubu tubisanga mw’Ijambo ryiwe ryahumetswe, ari ryo Bibiliya.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

Ikintu kimwe Bibiliya ihishura ni ikiraririye gushika kizogira ico gikoze kw’isi yose ku rugero rutari bwigere rushikwako. Yezu yavuze ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu” (Matayo 24:21). Nta muntu n’umwe yoshobora kubuza ico kintu. Mbere, nta mvo n’imwe yotuma abasenga b’ukuri bipfuza kubuza ico kintu. Uti kubera iki? Kubera yuko ico kintu kizorandurana n’imizi ikibi cose kw’isi, vyongeye kikazocira inzira “ijuru rishasha n’isi nshasha”, ni ukuvuga intwaro nshasha yo mw’ijuru be n’ikibano gishasha co kw’isi. Muri iyo si nshasha, Imana “izohanagura amosozi yose ku maso [y’abantu], kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho”.​—Ivyahishuwe 21:1-4.

Ubona none bitumvikana gufata umwanya ubu ugasuzuma ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ukuntu ivyo bintu bizogenda? Woba ukeneye uwogufasha muri ivyo? Nusabe Ivyabona vya Yehova bagusahirize. Canke na ho niwandikire abasohora kino kinyamakuru. Uko vyogenda kwose, nurabe ko utabayeho wiyumvira ivy’uyu musi gusa, ariko kandi ko ubayeho witwararika ibijanye na kazoza gahimbaye.

[Amafoto ku rup. 7]

‘Mureke kwiganyira . . . Umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo’

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika