ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 1 rup. 15
  • Ntimwiganyire

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntimwiganyire
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Matayo 6:34: “Ntimukiganyire ivy’ejo”
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Nubeho witwararika kazoza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 1 rup. 15

IMPANURO IDATA IGIHE

Ntimwiganyire

ICO BIBILIYA IVUGA: “Mureke kuganyira ubuzima bwanyu.”​—Matayo 6:25.

Umugore ariko araba fagitire afise amaganya

Bisobanura iki? Yezu yavuze ayo majambo muri ya nsiguro yo ku musozi. Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya ivuga ko irivuga ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “kwiganyira” rishobora kwerekeza ku “guhagarika umutima gusanzwe umuntu agira iyo akenye, ashonje canke ashikiwe n’izindi ngorane zo mu buzima bwa misi yose.” Akenshi umuntu arahagarikwa umutima n’ibintu bitarashika. Ni ibisanzwe kandi birabereye ko turazwa ishinga n’ivyo dukeneye be n’ukumererwa neza kw’abacu. (Abafilipi 2:20) Ariko igihe Yezu yavuga ngo “ntimukigere mwiganyira” yariko ahanura abayoboke biwe ngo ntibahagarike umutima birenze ku bintu bitaraba vyotuma batakaza umunezero bafise.​—Matayo 6:31, 34.

Vyoba ari ngirakamaro muri iki gihe? Ego cane. Uti kubera iki? Ibitabu bimwebimwe bivuga ko igihe umuntu yiganyira birenze bituma ubwoko bunaka bw’udutsi nsozabwenge buguma bukora cane, ivyo “bigashobora guteza ingorane z’amagara harimwo ibisebe, indwara z’umutima be na asima.”

Yezu yarerekanye igituma twokwirinda kwiganyira birenze: Nta co bimaze. Yabajije ati: “Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera ku kiringo c’ubuzima bwiwe itambwe rimwe?” (Matayo 6:27) Uretse ko kuguma twiganyira bidatuma ubuzima bwacu bumera neza, ntibibwongerako n’isegonda imwe. Akenshi n’ibintu ntibiba nk’uko twari tuvyiteze. Umuhinga umwe avuga ati: “Kwiganyira ku bintu bitaraba ni uguta umwanya kandi akenshi ibintu ntibigenda nabi nk’uko twari tuvyiteze.”

Umugore ari mu murima

Twokwirinda gute amaganya? Ubwa mbere, niwizere Imana. Ko Imana igaburira inyoni igatuma n’amashurwe agira ubwiza none ntizoronsa abayikorera ivyo bakenera? (Matayo 6:25, 26, 28-30) Ubugira kabiri, nufate umusi wose ukwawo. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.” None ntiwemera ko ‘ububi bw’umusi umwumwe wose bumaze?’​—Matayo 6:34.

Dukurikije iyo mpanuro ya Yezu, turirinda ingorane z’amagara. N’ikiruta ivyo, turaronka amahoro yo mu mutima, ayo Bibiliya yita “amahoro y’Imana.”​—Abafilipi 4:6, 7.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika