ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/11 rup. 8-rup. 11 ing. 8
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nahumu, ica Habakuki n’ica Zefaniya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nahumu, ica Habakuki n’ica Zefaniya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘IGISAGARA KIVISHA AMARASO KIRABONYE IBARA’
  • (Nahumu 1:1–3:19)
  • ‘UMUGOROROTSI AZOBANDANYA KUBAHO’
  • (Habakuki 1:1–3:19)
  • “UMUSI WA YEHOVA URI HAFI”
  • (Zefaniya 1:1–3:20)
  • “Urihuta”
  • Ababisha Bazogumaho Kugeza Ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Niwizigire Yehova maze ubeho!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Nitunezererwe ya Mana Iduha Ubukiriro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yehova Ntazoteba
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/11 rup. 8-rup. 11 ing. 8

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Nahumu, ica Habakuki n’ica Zefaniya

INGANJI nganzasi ya Ashuri iramaze gusangangura Samariya, umurwa mukuru wa bwa bwami bwa Isirayeli bwari bugizwe n’imiryango cumi. Ashuri iramaze kandi igihe kirekire igeramiye Ubuyuda. Umuhanuzi Nahumu wo mu Buyuda arafise ubutumwa bwerekeye umurwa mukuru wa Ashuri, ari wo Ninewe. Igitabu co muri Bibiliya ca Nahumu, icanditswe imbere ya 632 B.G.C., ni co kirimwo ubwo butumwa.

Inganji nganzasi yakurikiye ni Babiloni, ikaba rimwe na rimwe yatwarwa n’abami b’Abakaludaya. Igitabu ca Habakuki, icahejeje kwandikwa kumbure mu 628 B.G.C., kiravuga imbere y’igihe ukuntu Yehova azokoresha iyo nganji nganzasi mu gushitsa urubanza rwiwe be n’ibizoruhira gushikira Babiloni.

Umuhanuzi Zefaniya w’i Buyuda avuga ubuhanuzi imbere ya Nahumu na Habakuki. Amara imyaka irenga 40 avuga ubuhanuzi imbere y’uko Yeruzalemu hasangangurwa mu 607 B.G.C., atangaza ubutumwa bwerekeye ugusangangurwa kw’Ubuyuda n’icizigiro bukwiye kugira. Igitabu co muri Bibiliya ca Zefaniya kiravuga kandi ibijanye n’imanza zaciriwe ayandi mahanga.

‘IGISAGARA KIVISHA AMARASO KIRABONYE IBARA’

(Nahumu 1:1–3:19)

“Imbūri yo kuri Ninewe” ije iva kuri Yehova Imana “ateba kuraka, kand’afise ububasha bginshi”. Naho Yehova ari “ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa” ku barondera kumuhungirako, Ninewe itegerezwa gusangangurwa.​—Nahumu 1:1, 3, 7.

“Uhoraho [azogarukana] icubahiro c’aba Yakobo”. Ariko rero, nka kurya kw’‘intambwe itabagura’, Ashuri yarateye ubwoba ihanga ry’abasavyi b’Imana. Yehova ‘azoturira imikogote ya Ninewe y’intambara itumuke, kandi inkota izoririka imigunza yayo y’intambwe’ (Nahumu 2:2, 12, 13). ‘Igisagara kivisha amaraso kirabonye ibara’. Ico gisagara ni Ninewe. ‘Abazokwumva inkuru [zaco] bose bazokubita amashi ku yandi’, banezerwe.​—Nahumu 3:1, 19.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:9​—‘Ukugesezwa rwose’ kwa Ninewe kuzosobanura iki ku Buyuda? Guzosobanura kwiganzura Ashuri rimwe rizima. “Ubuyobe [ntibuzohaguruka] ubugira kabiri”. Mu kuvuga nk’aho igisagara ca Ninewe kitakiriho, Nahumu yandika ati: “Rāba ku misozi ibirenge vy’ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’amahoro! Buyuda we, [“nuhimbaze”, NW] imisi mikuru yawe”.​—Nahumu 1:15.

2:6, NW​—“Amarembo y’inzuzi” yari yuguruwe ni ayahe? Ayo marembo yerekeza ku hantu Uruzi Tigiri rwaciye rubomoye impome z’igisagara ca Ninewe. Mu 632 B.G.C., igihe inteko z’Abanyababiloni n’Abamedi zatera igisagara ca Ninewe, abo muri co ntibagize ubwoba bwinshi. Kubera ko bari bakingiwe n’ibihome birebire vy’ico gisagara, babona ko ata coshobora kuzimena ngo kibashikire. Yamara, imvura nyinshi yatumye Uruzi Tigiri rusesa. Nk’uko umutohozakahise Diodore abivuga, iyo mvura yatumye amazi “ashwara igice c’ico gisagara yongera arasenyura uruhande rutari ruto rw’ibihome vyaco”. Gutyo, amarembo y’urwo ruzi aba aruguruwe, kandi nk’uko vyari vyaravuzwe, Ninewe carafashwe mu mwanya isase nka kurya umuriro utongora ibirararara vyumye.​—Nahumu 1:8-10.

3:4​—Ni mu buryo ki Ninewe yari imeze nka maraya? Ninewe yarahenda amahanga mu kuyemerera ko izogiranira na yo ubugenzi ikongera ikayafasha ariko mu vy’ukuri yayashirako ingǒgo y’agacinyizo. Nk’akarorero, hari ukuntu Ashuri yafashije Umwami w’Ubuyuda Ahazi kugwanya umugambi mubi wagizwe n’urunani rw’Abasiriya n’Abisirayeli. Ariko rero, amaherezo ‘umwami w’i Ashuri yaraje kuri [Ahazi] amurandura umutima’.​—2 Ngoma 28:20.

Ivyigwa tuhigira:

1:2-6. Ukuba Yehova yihora abansi biwe, abanka kumwihebera wenyene gusa, birerekana ko ata kindi yiteze ku basavyi biwe atari ukumwihebera wenyene gusa.​—Kuvayo 20:5.

1:10. Ibihome amahero biriko iminara amajana ntivyabujije yuko ivyo Yehova yavuze ko bizoshikira Ninewe biranguka. Abanka abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe ntibazoshobora guhunga imanza mbi Imana yabaciriye.​—Imigani 2:22; Daniyeli 2:44.

‘UMUGOROROTSI AZOBANDANYA KUBAHO’

(Habakuki 1:1–3:19)

Ibigabane bibiri vya mbere vy’igitabu ca Habakuki ni ikiganiro kiba hagati y’uwo muhanuzi na Yehova Imana. Habakuki ababajwe n’ibiriko biraba mu Buyuda, abaza Imana ati: “N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo?” Mu kwishura, Yehova avuga ati: “Ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba”. Uwo muhanuzi aratangazwa n’uko Imana yokoresheje “abaryarukanyi” mu guhana Ubuyuda (Habakuki 1:3, 6, 13). Habakuki arakuwe amazinda yuko umugororotsi azobandanya kubaho, ariko ko umwansi atazoreka guhanwa. N’ikindi, Habakuki aravuga amakuba atanu ategerezwa gushikira abansi babo b’Abakaludaya.​—Habakuki 2:4, NW.

Mw’isengesho Habakuki atura asaba imbabazi, yigana “mw’ijwi ryitwa Shigiyonoti”, ni ukuvuga acura intimba, ibintu vyabaye muri kahise vyerekanye ububasha buteye akoba bwa Yehova, nk’ivyabereye ku Kiyaga Gitukura, mu bugaragwa be n’i Yeriko. Uwo muhanuzi aravuga kandi imbere y’igihe ukuntu Yehova agenda afise uburake bwo kugeseza abansi biwe kuri Harumagedoni. Iryo sengesho risozera n’aya majambo agira ati: “Uhoraho, Umwami, ni we nkomezi zanje; ni we ahindura ibirenge vyanje nk’ivy’impongokazi, kand’azompa gutambagira ku dutwe tw’imisozi yanje”.​—Habakuki 3:1, 19.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:5, 6​—Ni kubera iki guhagurukiriza Yeruzalemu Abakaludaya bishobora kuba vyasa n’ibitumvikana ku Bayuda? Igihe Habakuki yatangura kuvuga ubuhanuzi, Ubuyuda bwariko buragirwako akosho gakomeye n’Abanyamisiri (2 Abami 23:29, 30, 34). Naho Abanyababiloni bariko bararushiriza gukomera, ingabo zabo ntizari bwatsinde Farawo Neko (Yeremiya 46:2). Vyongeye, urusengero rwa Yehova rwari i Yeruzalemu kandi abakomoka mu nda ya Dawidi bari baratwaye ata wundi abaciriyemwo bari ng’aho. “Igikorwa” Imana yakoze mu kureka Abakaludaya bagasangangura Yeruzalemu casa n’ikidategereka ku Bayuda b’ico gihe. Ariko rero, ukwo Abayuda bashobora kuba barakiriye ayo majambo ya Habakuki yasa n’ayatokwemerwa kwaba ukuhe, ivyo yeretswe ku bijanye n’uko Abanyababiloni bosanganguye Yeruzalemu, ‘ntivyabuze kuza’ mu 607 B.G.C.​—Habakuki 2:3.

2:5​—Abo “bantu” ni bande kandi ni kubera iki “bataragama”, ni ukuvuga badashika ku mugambi wabo? Abanyababiloni, abakoresheje ubuhanga bwabo mu vya gisirikare kugira ngo bigarurire amahanga, ni bo bari bagize abo “bantu”. Intsinzi baronse yabagize nk’umuntu aborewe umuvinyu. Ariko rero, ntibokwerewe mu kwiyegeranirizako amahanga yose, kubera yuko Yehova yokoresheje Abamedi n’Abaperesi mu kubatembagaza. Abagize abo “bantu” mu gihe ca none ni intwaro za gipolitike. Na bo nyene baraborewe ubwishime n’ubwibone kandi bafise icipfuzo kidahera co kwiyagurira ubutegetsi. Naho ari ukwo, ntibashika ku mugambi wabo wo ‘kwiyegeranirizako amahanga yose’. Ubwami bw’Imana bwonyene ni bwo buzotuma abantu bunga ubumwe.​—Matayo 6:9, 10.

Ivyigwa tuhigira:

1:1-4; 1:12–2:1. Habakuki yarabajije ibibazo bitarimwo uburyarya kandi Yehova yaramwishuye. Imana y’ukuri irumviriza amasengesho y’abasavyi bayo b’intahemuka.

2:1. Nka kumwe kwa Habakuki, turakwiye kuguma turi maso mu buryo bw’impwemu kandi tukaguma dusukurira Yehova. Turakwiye kandi kwama twiteguriye guhindura ukuntu twiyumvira kugira duhuze n’ugukosorwa ukwo ari kwo kwose tworonka.

2:3; 3:16. Uko turindira ukuza kw’umusi wa Yehova dufise ukwizera, nimuze tugume tubona ko ibintu vyihutirwa.

2:4. Kugira ngo tuzorokoke umusi w’urubanza wa Yehova wimirije, dutegerezwa kwihangana turi abizigirwa.​—Abaheburayo 10:36-38.

2:6, 7, 9, 12, 15, 19. Azobona ibara umuntu anohokera inyungu mbi, akunda ubukazi, akora ivy’ubuhumbu canke asenga ibigirwamana. Dutegerezwa kuba maso kugira ngo twirinde izo ngeso mbi.

2:11, NW. Nitwananirwa gushira ku mugaragaro ubukozi bw’ikibi bukorerwa muri iyi si, “ibuye rizosemerera ryanaga”. Ese ukuntu bihambaye ko tuguma twamamaza ubutumwa bw’Ubwami n’umutima rugabo!

3:6. Nta kintu na kimwe kizoshobora gutangira Yehova igihe azoshitsa urubanza rwiwe, eka mbere n’amashirahamwe y’abantu asa n’aho umenga azokwamaho nk’imisozi n’uturambi, ntazobishobora.

3:13. Turizigiye tudakeka ko isangangurwa rizoba kuri Harumagedoni ritazojaniranya. Yehova azozigama abasavyi biwe b’intahemuka.

3:17-19. Naho nyene twoshikirwa n’ingorane imbere y’uko Harumagedoni ishika be no mu gihe izoba iriko iraba, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoduha “inkomezi”, nitwabandanya kumusukurira tubigiranye umunezero.

“UMUSI WA YEHOVA URI HAFI”

(Zefaniya 1:1–3:20)

Ugusenga Bayali kuriko kurarandagata mu Buyuda nk’umuriro wa Nyakanga. Yehova, abicishije ku muhanuzi wiwe Zefaniya, avuga ati: “Nzobangurira ukuboko kwanje Abayuda n’ababa i Yerusalemu bose”. Zefaniya agabisha ati: “Umusi [“wa Yehova”, NW] uri hafi” (Zefaniya 1:4, 7, 14). Abakwije ivyo Imana isaba ni bo bonyene “[ba]zokinjishwa” kuri uwo musi.​—Zefaniya 2:3.

“Uzobona ibara, urya mugwa . . . uhahaza”, uwo na wo ukaba ari Yeruzalemu! “Ni mundorēre, ni k’Uhoraho agize, gushitsa ku musi nzohaguruka nja kunyaga: kuko nagabiye gukoraniriza amahanga hamwe . . . ngo mbasukek’ubushangashirwe bwanje”. Ariko Imana isezerana iti: “Nzobahindura ishimwe n’izina rya rurangiranwa mu moko yose yo kw isi, igihe nzogarukana abanyu bajanywe ar’inyagano muvyibonera”.​—Zefaniya 3:1, 8, 20.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

3:9​—“Ururimi rutunganye” ni iki, kandi ruvugwa gute? Urwo rurimi ni ukuri kwerekeye Imana kuri mw’Ijambo ryayo Bibiliya. Rurimwo inyigisho zose zo muri Bibiliya. Turuvuga mu kwemera ukuri, mu kurwigisha abandi mu buryo butarimwo amakosa no mu kubaho duhuza n’ivyo Imana igomba.

Ivyigwa tuhigira:

1:8. Biboneka ko abantu bamwebamwe bo mu gihe ca Zefaniya bariko bararondera kwemerwa n’amahanga abakikuje mu “[kwambara] imyambaro y’inyamahanga”. Ese ukuntu vyoba ari ubupfu hamwe abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe bogerageza kwigana iyi si muri ubwo buryo!

1:12; 3:5, 16. Yehova yagumye arungika abahanuzi biwe ngo baburire abasavyi biwe ku bijanye n’imanza ziwe. Ivyo yarabigize naho nyene, nka kurya kw’imvuzo zaritse hasi mu bwato baganiramwo vino, Abayuda benshi bari barashinze ruraguma kandi bakaba ataco bari banezwe ku bijanye n’ubwo butumwa bwariko burashikirizwa. Uko umusi uhambaye wa Yehova wegereza, aho kureka ngo ukutanegwa ibintu kw’abantu gutume ‘amaboko yacu adendebukirwa’ mu kunebwa, turakeneye kuguma dutangaza ubutumwa bw’Ubwami tudatezura.

2:3. Yehova wenyene ni we ashobora kudukiza ku musi w’uburake bwiwe. Kugira ngo tugume dushimwa na we, turakeneye ‘kurondera Uhoraho’ mu kwiga Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya twitonze, mu kumusenga tumusaba ubuyobozi tukongera tukamwiyegereza. Dutegerezwa ‘kurondera ubugororotsi’ mu kubaho twigenza runtu kandi tudahumanye. Vyongeye, turakeneye ‘kurondera ukwicisha bugufi’ mu gutsimbataza inyifato irangwa ubugwaneza n’ukugamburuka.

2:4-15; 3:1-5. Ku musi Yehova azoshitsako urubanza rwiwe, abiyita abakirisu be n’abantu bo mu mahanga yose bahahaje abasavyi b’Imana, bazoshikirwa n’iherezo nk’iryashikiye Yeruzalemu ya kera be n’amahanga yari ayikikuje (Ivyahishuwe 16:14, 16; 18:4-8). Turakwiye kubandanya kumenyekanisha imanza z’Imana tudatinya.

3:8, 9. Uko turindira uwo musi wa Yehova, turitegurira kurokoka mu kwiga kuvuga “ururimi rutunganye” be no mu ‘kwambaza izina ry’Imana’ biciye ku kwiyegurira Yehova. N’ikindi kandi, turakorera Yehova ‘duhuje inama’ mu kwifatanya n’abasavyi biwe no mu kumushikanira “ikimazi c’ishemezo” bwa ngabirano.​—Abaheburayo 13:15.

“Urihuta”

Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure” (Zaburi 37:10). Igihe tuzirikanye ku vyari vyarabuwe vyerekeye Ninewe biri mu gitabu ca Nahumu, be n’ivyerekeye Babiloni n’Ubuyuda bwahunye biri mu gitabu ca Habakuki, nta nkeka ko duca tubona yuko ayo majambo y’uwo mwanditsi wa Zaburi azoranguka. Ariko none, dutegerezwa kurindira gushika ryari?

Muri Zefaniya 1:14 hagira hati: “Umusi uhambaye [“wa Yehova”, NW] uri hafi; uri hafi kand’urihuta [cane]”. Igitabu ca Zefaniya kiratwereka kandi ukuntu twokinjishwa kuri uwo musi be n’ico dutegerezwa gukora ubu kugira twitegurire kuzorokoka. Nkako, ‘ijambo ry’Imana ni rizima kandi rirafise ububasha’.​—Abaheburayo 4:12.

[Amafoto ku rup. 8]

Ibihome amahero vya Ninewe ntivyabujije ko ubuhanuzi bwavuzwe na Nahumu buranguka

[Abo dukesha ifoto]

Randy Olson/National Geographic Image Collection

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika