ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/12 rup. 21-25
  • Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki hakenewe Ubwami bw’Imana?
  • “Rya banga ryeranda” rigenda rirahishurwa intambwe ku yindi
  • “Gushika Shilo aje”
  • Woba ushigikira ubusegaba bwa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nushigikire ubusegaba bwa Yehova!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Yehova ni Umukama Segaba wacu!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ikibazo Twese Tubwirizwa Guhangana
    Senga Imana yonyene y’ukuri
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/12 rup. 21-25

Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana

“Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe; . . . ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho”.​—1 NGOMA 29:11.

1. Ni kubera iki bibereye kuba Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose?

“UHORAHO yahamangiye intebe yiwe mw ijuru: Ubgami bgiwe buganza vyose” (Zaburi 103:19). Mu kuvuga ayo majambo, umwanditsi wa Zaburi yarashize ahabona iciyumviro nyamukuru kijanye n’ubutegetsi. Kubera yuko Yehova Imana ari we Muremyi, birabereye rero kuba ari we Mutegetsi Segaba w’ibiriho vyose.

2. Daniyeli yadondoye gute akarere ko mu buryo bw’impwemu Yehova atwara?

2 Birumvikana yuko kugira ngo umuntu abe umutware, bikenewe ko haba hariho abo atwara. Mu ntango, Yehova yategeka ibiremwa yaremye vy’impwemu, akaba yabanje gutegeka Umwana wiwe w’ikinege mu nyuma ategeka n’isinzi ry’abamarayika (Abakolosayi 1:15-17). Haciye igihe kirekire cane, umuhanuzi Daniyeli yareretswe gatoya ivyariko biraba mw’ijuru. Yiganye ati: “Nkomeza kwitegereza bakiriko barashirah’intebe z’ubgami; maze haza Uwa mbere na mbere, aravyagira . . . ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe” (Daniyeli 7:9, 10). Mu myaka itagira uko ingana, Yehova umwe “Wa mbere na mbere”, yarabaye Segaba w’umuryango munini kandi utunganijwe neza w’abana biwe b’impwemu, abo bakaba bakora ari “abasuku” biwe bashitsa ivyo agomba.​—Zaburi 103:20, 21, NW.

3. Yehova yaguye gute ubusegaba bwiwe gushika ku biri mu kirere kiboneka?

3 Mu nyuma, Yehova yaraguye ubutegetsi bwiwe mu kurema ibintu vyinshi cane kandi bihanitse biri mu kirere, muri ivyo hakaba harimwo n’isi (Yobu 38:4, 7). Ku muntu avyitegereza ari kw’isi, ibisyo vyo mu kirere bigenda vyisunga urutonde rwiza utoraba kandi bikagenda bidahusha, ku buryo bisa n’ibidakeneye umuntu yobiyobora canke yobitegeka. Mugabo rero umwanditsi wa zaburi yavuze ati: “[Yehova ni we] yageze bi[r]aremwa, kandi yabihamangiye gushitsa ibihe bitazoshira; yashinze icagezwe c’intahava” (Zaburi 148:5, 6). Yehova yamye nantaryo agaragaza ubusegaba bwiwe mu kuyobora ukuntu ibintu vyo mu karere k’impwemu no mu kirere kiboneka bikora, mu kubishingira amategeko be no mu kubihagarikira.​—Nehemiya 9:6.

4. Yehova akoresha gute ubusegaba bwiwe mu kuganza abantu?

4 Imana imaze kurema umugabo n’umugore ba mbere, yaragaragaje ubusegaba bwayo mu bundi buryo. Uretse ukuronsa abantu ivyo bari bakeneye vyose kugira ngo babeho bafise ubuzima buri n’ico buvuze kandi bumara akanyota, Yehova yarabahaye kuganza ibikoko biri kw’isi, muri ubwo buryo akaba yari abahaye ku bukuru bwiwe (Itanguriro 1:26-28; 2:8, 9). Ku bw’ivyo rero, biragaragara ko Imana idategeka gusa mu buryo bwiza kandi butuma abantu babwungukirako, ariko kandi ko itegeka mu buryo butuma abo itwara baronka icubahiro kandi bagaterwa iteka. Igihe cose Adamu na Eva bari kumara bayobokera ubusegaba bwa Yehova, bari kuguma bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo.​—Itanguriro 2:15-17.

5. Twovuga iki ku bijanye n’ingene Yehova akoresha ubusegaba bwiwe?

5 None ivyo bintu vyose bidushikana ku vyiyumviro ibihe? Ubwa mbere, Yehova yamye nantaryo akoresha ubusegaba bwiwe mu kuganza ivyo yaremye vyose. Ubwa kabiri, ubutegetsi bw’Imana buragira ico bwunguye abantu kandi bugatuma baterwa iteka. Ubwa nyuma, igihe tugamburuka tukongera tugashigikira ubutegetsi bw’Imana turaronka imihezagiro y’ibihe bidahera. Ntibitangaje kubona Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaravyuriwe umutima wo kuvuga ati: “Uhoraho, ubukuru n’ubushobozi n’icubahiro n’inganji n’igitinyiro n’ivyawe; kukw ibiri mw ijuru n’ibiri mw isi vyose ar’ivyawe; ubgami n’ubgawe, ewe Uhoraho, kandi ni wewe ushizwe hejuru ng’ube ūsumba vyose”.​—1 Ngoma 29:11.

Ni kubera iki hakenewe Ubwami bw’Imana?

6. Ni isano irihe riri hagati y’ubusegaba bw’Imana be n’Ubwami bwayo?

6 Ko Yehova we Segaba w’ijuru n’isi yamye akoresha ububasha bwiwe n’inkomezi ziwe, ni kubera iki none hakenewe Ubwami bw’Imana? Muri rusangi, umutegetsi akoresha ubukuru bwiwe abicishije ku ntwaro irongora abo atwara. Ku bw’ivyo rero, Ubwami bw’Imana ni igikoresho canke uburyo Imana ikoresha mu kugaragariza ibiremwa vyayo ko ari yo igaba ikaganza isi n’ijuru, ubwo Bwami bukaba ari intwaro Imana ikoresha mu gutegeka.

7. Ni kubera iki Yehova yashizeho igikoresho gishasha co kugaragaza ubusegaba bwiwe?

7 Yehova yaragaragaje ubusegaba bwiwe mu buryo butari bumwe mu bihe bitandukanye. Yaratunganije uburyo bushasha bwo kwerekana ubusegaba bwiwe kugira ngo atorere umuti ikintu gishasha cari cadutse. Ico kintu cadutse igihe umwana w’impwemu w’Imana w’umugarariji, ari we Shetani, yashobora kwosha Adamu na Eva bakagarariza ubutegetsi bwa Yehova. Ubwo bugarariji bwabaye ikintu caje guhigisha ubusegaba bw’Imana. Uti mu buryo ubuhe? Mu kubwira Eva ko aramutse ariye ku camwa bari barabujijwe kuryako ‘atopfuye’ namba, ni nk’aho Shetani yavuze ko Yehova atavuze ukuri, gutyo akaba atari akwiye kwizigirwa. Shetani yabwiye kandi Eva ati: “Imana i[ra]zi yuk’umusi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, [mugaca mu]mera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”. Shetani yariko yerekana ko Adamu na Eva bari gushobora kumererwa neza kuruta birengagije itegeko ry’Imana maze bakifatira inzira yo kwigenga (Itanguriro 3:1-6). Ukwo kwari uguhigisha imbonankubone uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka. None Yehova yari gukora iki?

8, 9. (a) Umutegetsi w’umuntu yovyifatamwo gute mu gihe hokwaduka ubugarariji mu karere aganza? (b) Yehova yakoze iki kugira ngo atorere umuti ubugarariji bwadutse muri Edeni?

8 None twokwitega ko umutegetsi yokora iki igihe mu karere atwara hokwaduka ubugarariji bweruye? Abazi inkuru z’ivya kahise barashobora kwibuka ibintu bimwebimwe nk’ivyo vyigeze gushika. Aho kwirengagiza ico kintu, akenshi umutegetsi, mbere naho yoba ari umutegetsi ameze neza, aca acira urubanza abamugararije, akamenyesha ko bagirwa n’ubuhemu. Uwo mutegetsi yoshobora guca aha ububasha umuntu munaka kugira ngo amare amanyama izo ngabo zagararije maze agarukane amahoro. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarerekanye ko yari yifatiye ibintu mu minwe, igihe yaca agira ico akoze adatebaganye maze agacira urubanza abamugararije. Yaramenyesheje yuko Adamu na Eva batari babereye ingabirano y’ubuzima budahera, kandi yaciye abaterera hanze ya rya tongo ryo muri Edeni.​—Itanguriro 3:16-19, 22-24.

9 Igihe Yehova yariko aramenyesha urubanza yaciriye Shetani, yarahishuye uburyo bushasha bwo kugaragaza ubusegaba bwiwe, ni ukuvuga igikoresho yokoresheje kugira ngo agarukane amahoro n’urutonde mu karere aganza kose. Imana yabwiye Shetani iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsa igitsintsiri” (Itanguriro 3:15). Mu kuvuga ivyo, Yehova yarahishuye yuko yari afise umugambi wo guha ububasha “uruvyaro” kugira ngo rufyonyore Shetani n’ingabo ziwe, rwongere rwemeze ko Yehova ari we afise uburenganzira bwo kugaba akaganza.​—Zaburi 2:7-9; 110:1, 2.

10. (a) Vyahavuye biboneka ko rwa “ruvyaro” ari nde? (b) Paulo yavuze iki ku bijanye n’iranguka rya bwa buhanuzi bwa mbere?

10 Vyahavuye biboneka ko urwo “ruvyaro” ari Yezu Kristu ari kumwe n’umugwi washizwe ku ruhande w’abazofadikanya na we kuganza. Bari hamwe, bagize Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya (Daniyeli 7:13, 14, 27; Matayo 19:28; Luka 12:32; 22:28-30). Ariko ivyo vyose ntivyaciye ubwo nyene bihishurwa. Kukaba nkako, iranguka rya bwa buhanuzi bwa mbere ryagumye ari “ibanga ryeranda [ryari] ryagumijwe mu gacerere igihe kirekire cane” (Abaroma 16:25). Mu binjana n’ibindi, abagabo bafise ukwizera bamye bashashaye kubona igihe “rya banga ryeranda” ryohishuriwe, maze bwa buhanuzi bwa mbere bukaranguka, gutyo ubusegaba bwa Yehova bukemezwa.​—Abaroma 8:19-21.

“Rya banga ryeranda” rigenda rirahishurwa intambwe ku yindi

11. Ni ibiki Yehova yamenyesheje Aburahamu?

11 Uko igihe cagiye kirarengana, Yehova yagiye aramenyesha intambwe ku yindi imice ya rya “banga ryeranda ry’ubwami bw’Imana” (Mariko 4:11). Mu bo Yehova yahishuriye ivyo harimwo wa mugabo Aburahamu, uwiswe “umugenzi wa Yehova” (Yakobo 2:23). Yehova yasezeraniye Aburahamu ko ‘yomuhinduyemwo ubwoko bukomeye’. Mu nyuma, Imana yamenyesheje kandi Aburahamu iti: “Abami bazokwandurukako”. Yarongeye imubwira iti: “Mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha”.​—Itanguriro 12:2, 3; 17:6; 22:17, 18.

12. Uruvyaro rwa Shetani rwigaragaje gute inyuma y’Umwuzure?

12 Mu gihe ca Aburahamu, abantu bari bamaze gutangura kugerageza gutegeka no kuganza abandi. Nk’akarorero, ku bijanye na Nimurodi umwuzukuruza wa Nowa, Bibiliya ivuga iti: “Ni we wa mbere yabaye cihabugabo mw isi. Yar’umuhīgi w’agahebuza [“arwanya Yehova”, NW]” (Itanguriro 10:8, 9). Biragaragara ko Nimurodi be n’abandi bantu bari bihaye ubutegetsi bakoreshwa na Shetani. Bo hamwe n’ababashigikira baracitse abo mu ruvyaro rwa Shetani.​—1 Yohani 5:19.

13. Ni ibiki Yehova yamenyesheje biciye kuri Yakobo?

13 Naho Shetani agira utwigoro two gushiraho abategetsi b’abantu, umugambi wa Yehova uguma utera imbere. Biciye kuri Yakobo umwuzukuru wa Aburahamu, Yehova yamenyesheje ati: “Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, [“gushika Shilo aje”, NW]: uwo ni we amahanga azokwumvira” (Itanguriro 49:10). Imvugo “Shilo” isigura “nyene vyo” canke “uwo vyegukira”. Ku bw’ivyo, ayo majambo y’ubuhanuzi yerekana yuko hoje umuntu afise uburenganzira bwo kuronka “icumu ry’ubugabe”, ni ukuvuga ubusegaba, be n’“inkoni yo kuganza”, ni ukuvuga ubutegetsi, uwo akaba yoganje “amahanga”, ni ukuvuga umuryango wose w’abantu. None uwo muntu yobaye nde?

“Gushika Shilo aje”

14. Ni isezerano irihe Yehova yagiranye na Dawidi?

14 Umwe mu bakomotse kuri Yuda, uwo akaba ari we Yehova yatoye ubwa mbere kugira ngo azobe umwami w’abasavyi biwe, yari wa mwungere Dawidi, mwene Isayia (1 Samweli 16:1-13). Naho Dawidi yakoze ivyaha kandi akaba yarakora amakosa, Yehova yaramugiriye ubuntu kubera yuko yari intahemuka ku busegaba bwiwe. Kugira ngo arase umuco wiyongereye ku bijanye na bwa buhanuzi bwo muri Edeni, Yehova yaragiranye isezerano na Dawidi, mu kuvuga ati: ‘Nzokwimika [“uruvyaro”, NW] wivyariye, rugusubirire mu gishingo, . . . kandi nzokomeza ingoma yiwe’. Urwo ruvyaro ntirwogarukiye gusa kuri Salomo umuhungu wa Dawidi ari na we yamusubiriye ku ngoma, kubera yuko iryo sezerano ryavuze riti: “[N]zokomeza intebe yiwe y’ubgami gushitsa ibihe vyose”. Iryo sezerano Imana yagiranye na Dawidi ryarerekanye neza yuko “uruvyaro” rw’Ubwami rwasezeranywe rwohavuye ruboneka biciye mu muryango w’abakomoka kuri Dawidi.​—2 Samweli 7:12, 13.

15. Ni kubera iki ubwami bw’Ubuyuda bushobora kubonwa nk’ubwagereranya Ubwami bw’Imana?

15 Guhera kuri Dawidi hari hatanguye umuryango w’abami basigwa amavuta meranda n’umuherezi mukuru. Ku bw’ivyo rero, abo bami barashobora kwitwa abasizwe, canke mu yindi mvugo, ba mesiya (1 Samweli 16:13; 2 Samweli 2:4; 5:3; 1 Abami 1:39). Vyavugwa ko bicaye ku ntebe y’ubwami ya Yehova kandi ko ari abami bashinzwe na Yehova i Yeruzalemu (2 Ngoma 9:8). Muri ubwo buryo, ubwami bw’Ubuyuda bwagereranya Ubwami bw’Imana, buno bukaba ari bwo Yehova azokoresha kugira ngo agaragaze ubusegaba bwiwe.

16. Ingoma z’abami b’Ubuyuda zatumye ibintu bigenda gute?

16 Igihe umwami be n’abanyagihugu baba bayoboka ubusegaba bwa Yehova, yarabahezagira akongera akabakingira. Ingoma ya Salomo yaranzwe canecane n’igihe c’amahoro be n’ugusagamba ataco vyogereranywa, gutyo mu buryo menyeshakazoza ikaba yaratanze ishusho y’ukuntu ibintu bizoba vyifashe mu gihe c’Ubwami bw’Imana, akosho ka Shetani nikamara kuranduranwa n’imizi maze ubusegaba bwa Yehova bukemezwa (1 Abami 4:20, 25). Ikibabaje ni uko benshi mu bami bakomoka mu muryango wa Dawidi batashoboye gushitsa ivyo Yehova yabasaba, ivyo bikaba vyatumye abantu baja mu vy’ugusenga ibigirwamana be no mu buhumbu. Amaherezo, Yehova yararetse ubwo bwami burasangangurwa n’Abanyababiloni mu 607 B.G.C. Ico gihe Shetani yasa n’uwutahukanye intsinzi mu twigoro twiwe two gutyoza ubusegaba bwa Yehova.

17. Ni igiki cerekana ko Yehova yari acifatiye ibintu mu minwe naho ubwami bwaganzwa n’abakomoka kuri Dawidi bwari bwatembagajwe?

17 Ugutemba kw’ubwami bwaganzwa n’abakomoka kuri Dawidi be n’ugutemba kwari kwabaye imbere y’igihe kwa bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko, ntivyatanze ikimenyamenya c’uko ubusegaba bwa Yehova bwoba bufise agahaze canke bwananiwe, ahubwo vyatanze ikimenyamenya c’uko akosho ka Shetani be n’ukubaho umuntu atisunga Imana bivamwo ingaruka zibabaje (Imigani 16:25; Yeremiya 10:23). Kugira ngo Yehova yerekane ko yari akiriko arakoresha ubusegaba bwiwe, biciye ku muhanuzi Ezekiyeli, yamenyesheje ati: “Kūra umugāra, wiyambure igitsibo. . . . Amatongo, amatongo, nzobigira amatongo masa: kandi ni ko bizokwama, gushitsa igihe [“uwubifitiye uburenganzira”, NW] azozira; nanje nzobimuha” (Ezekiyeli 21:26, 27). Ayo majambo yerekana ko rwa “ruvyaro” rwasezeranywe, ni ukuvuga Umwe “[yari a]bifitiye uburenganzira”, rwari rukiraririye kuza.

18. Ni ibiki umumarayika Gaburiyeli yamenyesheje Mariya?

18 Nimuze twigire imbere turabe ivyabaye nko mu mwaka wa 2 B.G.C. Umumarayika Gaburiyeli yararungitswe kuri Mariya, uno akaba yari umwigeme w’isugi w’i Nazareti, igisagara c’i Galilaya mu Buraruko bwa Palesitina. Yavuze ati: “Ehe uzosama inda hanyuma wibaruke umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yezu. Uyo azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana wa Musumbavyose; kandi Yehova Imana azomuha intebe y’ubwami ya Dawidi se wiwe, kandi azoganza inzu ya Yakobo ibihe vyose, kandi ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo”.​—Luka 1:31-33.

19. Ni igihe c’ibintu biteye umunezero cane ibihe cari cegereje?

19 Igihe co guhishura “rya banga ryeranda” cari kigiye cegereza! Uwugize igihimba nyamukuru ca rwa “ruvyaro” rwasezeranywe yari agiye guseruka vuba (Abagalatiya 4:4; 1 Timoteyo 3:16). Shetani yomukomerekeje mu gitsintsiri. Mugabo urwo “ruvyaro” na rwo, ruzokomeretsa Shetani mu mutwe, rutume we hamwe n’abamushigikiye bose batagishobora kugira ikintu na kimwe bakora. Uwugize ico gihimba nyamukuru yoshinze intahe kandi yuko biciye ku Bwami bw’Imana, ibintu vyose vyononywe na Shetani bizosubizwa mu buryo maze ubusegaba bwa Yehova bukemezwa (Abaheburayo 2:14; 1 Yohani 3:8). None ivyo Yezu yobiranguye gute? Ni akarorero akahe yadusigiye kugira ngo tukigane? Inyishu z’ivyo bibazo turazironka mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Sauli, uwabaye uwa mbere yatowe n’Imana kugira ngo ategeke Isirayeli, yakomoka mu muryango wa Benyamini.​—1 Samweli 9:15, 16; 10:1.

Woshobora kubisigura?

• Ni igiki gituma Yehova aba uwubereye kuba Segaba w’ibiriho vyose?

• Ni kubera iki Yehova yagize umugambi wo gushiraho Ubwami?

• Ni gute Yehova yagiye arahishura intambwe ku yindi “rya banga ryeranda”?

• Ni igiki cerekana ko Yehova yari yifatiye ibintu mu minwe naho ubwami bwaganzwa n’abakomoka kuri Dawidi bwatembagajwe?

[Ifoto ku rup. 23]

Ni ibiki Yehova yamenyesheje biciye kuri Aburahamu?

[Ifoto ku rup. 25]

Ni kubera iki ugutemba kw’ubwami bwaganzwa n’abakomoka kuri Dawidi kudatanga ikimenyamenya c’uko ubusegaba bwa Yehova bwoba bwarananiwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika