ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 1/12 rup. 26-30
  • Woba ushigikira ubusegaba bwa Yehova?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ushigikira ubusegaba bwa Yehova?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubusegaba bwa Yehova buharirizwa ku mugaragaro
  • “Ubwami bw’Imana buregereje”
  • “Birarangutse!”
  • Akarorero dukwiye kwigana
  • Igihe Imana izoba “vyose ku muntu wese”
  • Ubusegaba bwa Yehova be n’Ubwami bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ingene Yezu ashimagiza ubugororotsi bw’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nushigikire ubusegaba bwa Yehova!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Nugumize mu bwenge ca kibazo gihambaye
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 1/12 rup. 26-30

Woba ushigikira ubusegaba bwa Yehova?

“Muvuge mu mahanga muti: ‘Yehova ubwiwe yabaye umwami’”.​—ZABURI 96:10, NW.

1, 2. (a) Ni ikintu ikihe gihambaye cabaye nko muri Gitugutu mu mwaka wa 29 G.C.? (b) Ico kintu cabaye cari gifise insobanuro iyihe kuri Yezu?

HARI ikintu gihambaye cabaye nko muri Gitugutu mu mwaka wa 29 G.C., ico kintu kikaba kitari bwigere kiboneka kw’isi. Matayo umwanditsi w’Injili yigana ati: “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ehe ijuru riruguruka, [Yohani umubatizi] abona impwemu y’Imana imanuka nk’inuma, [iza kuri Yezu]. Ehe humvikana kandi ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye’”. Ico ni kimwe mu bintu bikeya vyabaye abanditsi b’Injili bose uko ari bane bahurijeko mu vyo banditse.​—Matayo 3:16, 17; Mariko 1:9-11; Luka 3:21, 22; Yohani 1:32-34.

2 Iryo sukwa ry’impwemu nyeranda kuri Yezu mu buryo buboneka ryarerekanye ko ari Uwasizwe, iryo jambo rikaba risobanura Mesiya canke Kristu (Yohani 1:33). Amaherezo, rwa “ruvyaro” rwasezeranywe rwari rugiye rwaseruka! Uwo yari ahagaze imbere ya Yohani Umubatizi, ni we yari umwe yokomerekejwe na Shetani mu gitsintsiri akaba ari na we yokomerekeje mu mutwe uwo mwansi mukuru arwanya Yehova be n’ubusegaba bwiwe (Itanguriro 3:15). Kuva ico gihe, Yezu yari azi neza ko yategerezwa kugira ukwo ashoboye kwose kugira ngo ashitse umugambi wa Yehova ku bijanye n’ubusegaba bwiwe be no ku bijanye n’Ubwami.

3. Yezu yiteguriye gute uruhara yari agiye kuzorangura mu gushigikira ubusegaba bwa Yehova?

3 Kugira ngo ategurwe ku bw’igikorwa yari agiye kurangura, “Yezu, yuzuye impwemu nyeranda, aragaruka avuye kuri Yorodani, hanyuma a[ka]janwa n’impwemu hirya no hino mu gahinga” (Luka 4:1; Mariko 1:12). Mu misi 40 yamaze aho mu gahinga, Yezu yararonse umwanya wo kuzirikana cane kuri ca kibazo c’uwukwiye kuba segaba cavyurwa na Shetani be no ku ngendo yategerezwa kwisunga kugira ngo ashigikire ubusegaba bwa Yehova. Ico kibazo kirerekeye ibiremwa vyose bifise ubwenge, vyaba ivyo mw’ijuru canke ivyo kw’isi. Ni co gituma bibereye ko turimbura ingendo ya Yezu iranga ukudahemuka, maze tukabona ico dutegerezwa gukora kugira ngo twerekane ko na twebwe twipfuza gushigikira ubusegaba bwa Yehova.​—Yobu 1:6-12; 2:2-6.

Ubusegaba bwa Yehova buharirizwa ku mugaragaro

4. Ni igiki Shetani yakoze catumye ubusegaba bwa Yehova buharirizwa ku mugaragaro?

4 Birumvikana ko ata kintu na kimwe muri ivyo duhejeje kuvuga cabaye Shetani atakibona. Ata gutebagana, yaciye agaba igitero ku wugize igihimba nyamukuru ca rwa “ruvyaro” rw’“umugore” w’Imana (Itanguriro 3:15). Shetani yaragerageje Yezu incuro zitatu, aguma amusaba ko yokora ivyasa n’ivyomugirira akamaro ubwiwe aho gukora ivyo Se yashaka ko akora. Ikigeragezo kigira gatatu ni co canecane catumye ubusegaba bwa Yehova buharirizwa ku mugaragaro. Shetani amaze kwereka Yezu “ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo”, yaciye amubwira ata n’agasoni ati: “Ivyo vyose ndabiguha niwapfa kwikubita hasi ukansenga”. Kubera ko yari azi neza yuko wa Mubesheranyi ari we vy’ukuri afise ububasha ku “bwami bwose bw’isi”, Yezu yarerakanye aho ahagaze ku bijanye n’ikibazo c’uwukwiye kuba segaba, mu kwishura ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda’”.​—Matayo 4:8-10.

5. Ni igikorwa ikihe kitari coroshe Yezu yategerejwe kurangura?

5 Ingendo Yezu yafashe mu buzima yarerekanye neza yuko ugushigikira ubusegaba bwa Yehova ari yo ntumbero nyamukuru yari yishingiye. Yezu yari azi neza ko kugira ngo agaragaze ko Imana ari yo ifise uburenganzira bwo kuba segaba, yategerezwa kuguma ari intadohoka gushika ku rupfu yotejwe na Shetani, ivyo bikaba vyari vyabuwe mu buryo menyeshakazoza ko ari ugukomeretswa mu gitsintsiri kw’“uruvyaro” rwa wa mugore (Matayo 16:21; 17:12). Yategerezwa kandi gushinga intahe ko Ubwami bw’Imana ari co gikoresho Yehova azokoresha kugira ngo amare amanyama Shetani wa mugarariji yongere agarukane amahoro n’urutonde mu vyaremwe vyose (Matayo 6:9, 10). None ni igiki Yezu yakoze kugira ngo arangure ico gikorwa kitari coroshe?

“Ubwami bw’Imana buregereje”

6. Yezu yamenyesheje gute ko Ubwami ari bwo Imana izokoresha kugira ngo “[i]sambure ibikorwa vya wa Mubesheranyi”?

6 Mu ntango, “Yezu [yagiye] i Galilaya, yamamaza inkuru nziza y’Imana avuga ati: ‘Igihe cashinzwe carangutse, kandi ubwami bw’Imana buregereje’” (Mariko 1:14, 15). Kukaba nkako, yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe” (Luka 4:18-21, 43). Yezu yaragendagenze mu mihingo itandukanye y’ako karere, “yamamaza yongera amenyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana” (Luka 8:1). Yezu kandi yarakoze ibikorwa vyinshi vy’ububasha: yaragaburiye amasinzi y’abantu, aratururuza ibihuhusi, arakiza abarwaye yongera arazura abapfuye. Biciye kuri ivyo bitangaro, Yezu yarerekanye ko Imana ishobora gukuraho ibibi vyose be n’imibabaro yose vyazanywe na bwa bugarariji bwaba muri Edeni, gutyo “[igasambura] ibikorwa vya wa Mubesheranyi”.​—1 Yohani 3:8.

7. Yezu yategetse abayoboke biwe gukora iki, kandi vyavuyemwo iki?

7 Kugira ngo inkuru nziza y’Ubwami yamamazwe ku rugero runini rushoboka, Yezu yaratororokanije umugwi w’abayoboke b’intahemuka maze arabamenyereza muri ico gikorwa. Yabanje gushinga ico gikorwa intumwa ziwe 12 maze “abatuma kwamamaza ubwami bw’Imana” (Luka 9:1, 2). Mu nyuma yaratumye abandi 70 gutangaza ubutumwa bugira buti: “Ubwami bw’Imana burabegereye” (Luka 10:1, 8, 9). Igihe abo bigishwa bagaruka maze bakabwira Yezu ingene ico gikorwa co kwamamaza Ubwami cari cagenze neza, yaciye avuga ati: “Natanguye kubona Shetani amaze gukoroka nk’umuravyo ava mw’ijuru”.​—Luka 10:17, 18.

8. Ni igiki ingendo Yezu yakurikiranye mu buzima bwiwe yerekanye neza?

8 Yezu yaritanga atiziganya kandi nta karyo na kamwe yagisha ko gushingira intahe Ubwami. Yarakoze adatezura, arakora aratama ijoro n’umurango, mbere aremera guheba ibintu bimwebimwe bisanzwe vyari gutuma atekanirwa mu buzima. Yavuze ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe” (Luka 9:58; Mariko 6:31; Yohani 4:31-34). Imbere gatoya y’urupfu rwiwe, Yezu yavuganye uburindutsi imbere ya Ponsiyo Pilato, ati: “Iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri” (Yohani 18:37). Ingendo Yezu yakurikiranye mu buzima bwiwe bwose yarerekanye ko yaje, atari gusa kugira ngo abe umwigisha ahambaye canke uwukora ibitangaro, eka mbere ko ataje ari umurokozi yitanga gusa, mugabo ko yaje kugira ngo ashigikire umugambi wa Segaba Yehova, yongere ashingire intahe ubushobozi Imana ifise bwo kurangura uwo mugambi biciye ku Bwami.​—Yohani 14:6.

“Birarangutse!”

9. Ni gute Shetani yahavuye ashobora gukomeretsa mu gitsintsiri “uruvyaro” rwa wa mugore w’Imana?

9 Ivyo Yezu yakoze vyose ku bijanye n’Ubwami ntivyahimbaye wa Mwansi, ari we Shetani wa Mubesheranyi. Incuro n’izindi, Shetani akoresheje igice co kw’isi c’“uruvyaro” rwiwe, ni ukuvuga ikigizwe n’ivy’intwaro be n’ivy’amadini, yaragerageje kuzivya “uruvyaro” rwa wa mugore w’Imana. Kuva Yezu avutse gushika ku mpera y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi, yagumye aterwa na Shetani be n’abamushigikiye. Amaherezo, mu mpeshi yo mu 33 G.C., igihe c’uko Umwana w’umuntu atangwa mu minwe ya wa Mwansi kugira ngo amukomeretse mu gitsintsiri cari kigeze (Matayo 20:18, 19; Luka 18:31-33). Inkuru zo mu Njili zirerekana neza ingene abantu, kuva kuri Yuda Isikariyoti gushika ku bakuru b’abaherezi, abanditsi, Abafarizayo hamwe n’Abaroma, bakoreshejwe na Shetani kugira ngo batsindishe Yezu maze bamwice urupfu rubabaje ku giti co gusinzikarizwako.​—Ibikorwa 2:22, 23.

10. Ni ikintu nyamukuru ikihe Yezu yaranguye biciye ku rupfu rwiwe rwo ku giti co gusinzikarizwako?

10 Igihe wiyumviriye Yezu ari ku giti co gusinzikarizwako ariko arasambagirika n’umubabaro gushika acikanye, ni igiki gica kiza mu bwenge bwawe? Kumbure uca wibuka inkuka y’incungu Yezu yatanze ata bwikunzi ku bw’ineza y’abantu b’abacumuzi (Matayo 20:28; Yohani 15:13). Woshobora gukorwa ku mutima cane n’urukundo ruhambaye Yehova yagaragaje mu gutanga iyo ncungu (Yohani 3:16). Kumbure wiyumva nka ya ntwazangabo y’Umuroma yavyurirwa umutima wo kuvuga iti: “Ni ivy’ukuri, uyu yari Umwana w’Imana” (Matayo 27:54). Ni ivy’ukuri yuko izo zose ari inyishu zibereye. Ariko rero, niwibuke kandi ko amajambo ya nyuma Yezu yavuze ari ku giti co gusinzikarizwako agira ati: “Birarangutse!” (Yohani 19:30). None ni ibiki vyari birangutse? Naho Yezu yashitse ku bintu vyinshi biciye ku buzima bwiwe be n’urupfu rwiwe, none ikintu nyamukuru catumye aza kw’isi ntikwari ugutanga inyishu ku kibazo cari caravyutse ku vyerekeye ubusegaba bwa Yehova? Vyongeye, ntivyari vyaramenyeshejwe imbere y’igihe yuko bwa “ruvyaro”, yogeragejwe na Shetani bimwe bidasanzwe kugira ngo akure iceyi cose kw’izina rya Yehova? (Yesaya 53:3-7) Naho ayo yari amabanga aremereye, Yezu yarayaranguye mu mice yose. Ese ukuntu ico ari ikintu gihambaye Yezu yaranguye!

11. Ni igiki Yezu azokora kugira ngo bwa buhanuzi bwo muri Edeni buranguke mu buryo bwuzuye?

11 Kubera yuko Yezu yari intahemuka akaba n’intadohoka, yarazuwe. Ntiyazuwe ari umuntu, mugabo yazuwe ari “impwemu itanga ubuzima” (1 Abakorinto 15:45; 1 Petero 3:18). Yehova yahaye uwo Mwana wiwe yaninahajwe isezerano rigira riti: “Icara i buryo bganje, ushitse aho nzohindurira abansi bawe indava y’ibirenge vyawe” (Zaburi 110:1). Muri abo “bansi” harimwo wa mubisha mukuru Shetani hamwe n’abo bose bagize “uruvyaro” rwiwe. Bwa Mwami w’Ubwami bwa Yehova burongowe na Mesiya, Yezu Kristu ni we azoja imbere mu gusangangura abagarariji bose, mw’ijuru no kw’isi (Ivyahishuwe 12:7-9; 19:11-16; 20:1-3, 10). Maze hazoca haba iranguka ryuzuye rya bwa buhanuzi bwo mw’⁠Itanguriro 3:15 be na rya sengesho Yezu yigisha abayoboke biwe rigira riti: “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru”.​—Matayo 6:10; Abafilipi 2:8-11.

Akarorero dukwiye kwigana

12, 13. (a) Abantu bariko bakira gute inkuru nziza y’Ubwami muri kino gihe? (b) Ni igiki dukwiye kurimbura mu gukurikira intambuko za Kristu?

12 Muri kino gihe, inkuru nziza y’Ubwami iriko iramamazwa mu bihugu vyinshi nk’uko Yezu yari yaravuze ko ari kwo vyogenze (Matayo 24:14). Ivyo vyatumye abantu amamiliyoni begurira Imana ubuzima bwabo. Barahimbarwa cane n’imihezagiro Ubwami buzozana. Biteganye igishika kuzobaho ibihe bidahera mu mahoro n’umutekano mw’isi izoba yahindutse Iparadizo, kandi barabwira abandi babigiranye akanyamuneza ibijanye n’ico cizigiro bafise (Zaburi 37:11; 2 Petero 3:13). Woba uri umwe muri abo bamamaza Ubwami? Nimba urimwo, urakwiye gukezwa. Ariko rero, hariho ikindi kintu umwumwe wese muri twebwe akwiye kurimbura.

13 Intumwa Petero yanditse ati: “Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe” (1 Petero 2:21). Urabona yuko muri uwo murongo, Petero atavuze umwete Yezu yari afise mu kwamamaza canke ubuhanga yari afise mu kwigisha, ariko ko yavuze ibijanye n’ukubabazwa kwiwe. Nk’uko Petero yavyiboneye, yari azi neza urugero Yezu yari yiteguriye gushikanako mu kubabazwa kugira ngo ayobokere ubusegaba bwa Yehova maze agaragaze ko Shetani ari umubeshi. None ni mu buryo ubuhe dushobora gukurikira intambuko za Yezu? Dukwiye kwibaza duti: ‘Ni ku rugero uruhe noba niteguriye gushikanako mu kubabazwa kugira ngo nshigikire nongere ntere iteka ubusegaba bwa Yehova? Biciye ku kuntu mbayeho be no ku buryo nitwararika ubusuku ndangura, noba ngaragaza ko gushigikira ubusegaba bwa Yehova ari co kintu nitwararika gusumba ibindi vyose?’.​—Abakolosayi 3:17.

14, 15. (a) Yezu yavyifatamwo gute igihe yaba agiriwe inama zitabereye canke aronkejwe uturyo tutabereye, kandi kubera iki? (b) Ni ikibazo ikihe dukwiye kwamiza mu muzirikanyi? (Nushiremwo insasanuro zishingiye ku ruzitiro ruvuga ngo “Nuje ku ruhande rwa Yehova”.)

14 Ku musi ku musi, turahangana n’ibigeragezo vyoroshe n’ibihambaye be no gufata ingingo zoroshe n’izihambaye. None ni ikintu nyamukuru ikihe gikwiye kudufasha kumenya ingene twovyifatamwo? Nk’akarorero, igihe duhanganye imbonankubone n’inyosha mbi idusunikira gukora ikintu coshobora gushira mu kaga impagararo yacu ya gikirisu, twovyifatamwo gute? Mbega igihe Petero yabwira Yezu ngo yibabarire, Yezu yavyifashemwo gute? Yamubwiye ati: “Herera inyuma yanje, Shetani!”. Yaciye yongerako ati: “[Ntiwi]yumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu” (Matayo 16:21-23). Canke na ho, mu gihe duhawe uturyo two kwironkera amahera kibure two gutera imbere mu kazi mugabo bikaba bishobora kubangamira ineza yacu y’ivy’impwemu, ubwo twoba tuvyifatamwo nk’uko Yezu yavyifashemwo? Igihe Yezu yamenya ko abari babonye ibitangaro yakoze “bagira baze kumufata ngo bamugire umwami”, yaciye ubwo nyene abahunga.​—Yohani 6:15.

15 Ni kubera iki none Yezu yagize ico akoze ata gufyina muri ivyo biringo be no mu bindi? Ni kubera yuko yabona neza ko ivyo vyari vyerekeye ikintu gihambaye kuruta ibimwungura ubwiwe gusa canke ukumererwa neza kwiwe. Yipfuza gukora ivyo Se agomba be no gushigikira ubusegaba bwa Yehova naho vyari kumusaba iki (Matayo 26:50-54). Duca tubona rero yuko hamwe ivyerekeye ca kibazo c’ubusegaba bitoguma igihe cose bitomoye mu muzirikanyi wacu nka kumwe vyari kuri Yezu, vyotuma twama duhakwa kudohoka canke tunanirwa gukora ikibereye. Uti kubera iki? Ni kubera yuko dushobora gutwarwa bitagoranye n’uruyeri rwa Shetani, we ari karuhariwe mu gutuma ibintu bibi biboneka nk’ivyo kwipfuzwa, nka kumwe yabigira mu kwosha Eva.​—2 Abakorinto 11:14; 1 Timoteyo 2:14.

16. Igihe dufasha abandi, intumbero yacu nyamukuru ikwiye kuba iyihe?

16 Mu busuku turangura, turihatira kuyaga n’abantu ku bibaraje ishinga tukongera tukabereka ico Bibiliya ibivugako. Ubwo ni uburyo bwiza bwo kubavyurira ugushimishwa kugira ngo bige Bibiliya. Ariko ntiwumve, intumbero yacu nyamukuru si ugufasha gusa abantu kumenya ivyo Bibiliya ivuga canke kumenya imihezagiro Ubwami bw’Imana buzozana. Dutegerezwa kubafasha gutahura neza ivyerekeye ca kibazo gihambaye c’ubusegaba. Boba bafise umutima ukunze wo gucika abakirisu b’ukuri be no kwemera kwikorera “igiti co gusinzikarizwako” cabo, bakababazwa ku bw’Ubwami? (Mariko 8:34). Boba biteguriye kwifatanya n’abashigikiye ubusegaba bwa Yehova, gutyo bakerekana ko Shetani ari umubeshi kandi yambikana ibara? (Imigani 27:11). Ese ukuntu twatewe agateka kubona dushobora gushigikira Yehova tukongera tugafasha n’abandi kubigira!​—1 Timoteyo 4:16.

Igihe Imana izoba “vyose ku muntu wese”

17, 18. Ni igihe gihimbaye ikihe dushobora kwitegana igishika nimba twerekana ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova?

17 Magingo dukora ukwo dushoboye kwose muri kino gihe kugira ngo, biciye ku kuntu twigenza be n’ubusuku turangura twerekane ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova, turashobora kwitegana igishika igihe Yezu Kristu “azoshikiriza ubwami Imana yiwe ikaba na Se”. None ivyo bizoba ryari? Intumwa Paulo asigura ati: “Amaze guhindura ubusa intwaro yose n’ubukuru bwose n’ububasha bwose. Kuko ategerezwa kuganza nk’umwami gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe . . . ni ho Umwana ubwiwe na we azoyoboka akaganzwa n’Uwamuhaye kuganza ibintu vyose, ngo Imana ibe vyose ku muntu wese”.​—1 Abakorinto 15:24, 25, 28.

18 Igihe Imana izoba “vyose ku muntu wese”, emwe ico kizoba ari igihe gihimbaye cane! Ubwami buzoba bwararanguye igikorwa cabwo. Abantu bose barwanya ubusegaba bwa Yehova bazoba bararanduwe. Amahoro n’urutonde bizoba vyarasubijweho mu vyaremwe vyose. Ibiremwa vyose bizoririmba muri aya majambo y’umwanditsi wa Zaburi agira ati: “Mwaturire Uhoraho ingen’izina ryiwe ribereye icubahiro. . . . [“Muvuge mu mahanga muti: ‘Yehova ubwiwe’ yabaye umwami”, NW]”.​—Zaburi 96:8, 10.

Woshobora kuvyishura?

• Ni gute Yezu yagumye yerekana ko ca kibazo cerekeye ubusegaba bw’Imana ari co gihambaye cane?

• Ni ikintu nyamukuru ikihe Yezu yaranguye biciye ku busuku bwiwe be n’urupfu rwiwe?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe twoshobora kwigana akarorero ka Yezu mu kwerekana ko dushigikiye ubusegaba bwa Yehova?

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 29]

NUJE KU RUHANDE RWA YEHOVA

Nk’uko abavukanyi benshi bo muri Koreya be n’abo mu bindi bihugu babizi, igihe abakirisu bahanganye imbonankubone n’ibigeragezo bikaze, birafasha iyo bagumye babona neza mu muzirikanyi igituma ivyo bigeragezo biriko birabashikira.

Umwe mu Vyabona vya Yehova bari mw’ibohero mu gihe c’intwaro yahoze ari iy’Abasoviyeti yavuze ati: “Ukuba twaratahura neza ca kibazo cavyuka mw’itongo ryo muri Edeni, ni ukuvuga ca kibazo cerekeye uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka, ni vyo vyadufashije. . . . Twari tuzi yuko twari dufise akaryo ko kwerekana ko dushigikiye ubutegetsi bwa Yehova. . . . Ivyo vyaradukomeje vyongera biratuma dushobora kuguma turi intahemuka”.

Ikindi Cabona yarasiguye icamufashije kikongera kigafasha n’ibindi Vyabona bagenziwe bari kumwe mw’ikambi yakorerwamwo ibikorwa vy’agahato. Yavuze ati: “Yehova yaradushigikiye. Naho twari mu bintu bigoye, twagumye turi maso mu vy’impwemu. Twama dukomezanya mu kuza turibukanya iciyumviro kiremesha c’uko twari twaragiye ku ruhande rwa Yehova ku bijanye na ca kibazo c’uwukwiye kuba segaba w’ibiriho vyose”.

[Ifoto ku rup. 26]

Yezu yashigikiye gute ubusegaba bwa Yehova igihe yageragezwa na Shetani?

[Ifoto ku rup. 28]

Urupfu rwa Yezu rwaranguye iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika