Nta kirwanisho bacuriye kukurwanya kizogira ico kimara
“Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara”.—YESAYA 54:17.
1, 2. Ivyashikiye Ivyabona vya Yehova bo muri Alubaniya vyerekana gute ko ibivugwa muri Yesaya 54:17 ari ivy’ukuri?
MU MYAKA mirongo iheze, hari umugwi w’abakirisu b’intatinyurukamvye baba mu gihugu kimwe gitoya kirimwo imisozi myinshi, mu Bumanuko bushira Ubuseruko bw’Uburaya. Intwaro ya gikomunisita iterekwa ivy’Imana ntaco itakoze kugira ngo ibazimanganye. Naho ari ukwo, ugusinzikarizwa ubuzima, ugukoreshwa ibikorwa vy’agahato mu makambi be n’ukuvugwa nabi biciye ku bimenyeshamakuru, ntivyashoboye kubazimanganya. Uti abo bantu bari bande? Ni Ivyabona vya Yehova bo muri Alubaniya. Naho kwikoraniriza hamwe no kwamamaza ubutumwa bitaborohera na gato, kubona barumiye kw’ibanga mu myaka mirongo, vyarashize hejuru vyongera biratera iteka ubukirisu kandi vyaratumye izina rya Yehova rishemezwa. Mu mwaka uheze, mu gihe co kwegurira Imana inyubakwa nshasha z’ibiro vy’ishami vyo muri ico gihugu, hari Icabona amaze igihe kirekire ari umwizigirwa yavuze ati: “Naho Shetani agerageza gukora uko ashoboye kwose, biguma bimuta ku w’amazi mugabo Yehova we akaguma atsinda!”.
2 Ivyo vyose ni ibimenyamenya bizima vyerekana ko umuhango Imana iha abasavyi bayo ari uw’ukuri, uwo na wo tukaba tuwusanga muri Yesaya 54:17, ahavuga hati: “Nta co kurwanisha bācuriye kukurwanya kizogira ico kimara; kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira kukubūranya, uzorutsinda”. Ivyabaye muri kahise biremeza ko ata kintu na kimwe isi ya Shetani ishobora gukora kizokwigera kibuza abasavyi ba Yehova Imana bamwiyeguriye kumusenga.
Utwigoro ata co dushikako Shetani agira
3, 4. (a) Mu birwanisho Shetani akoresha harimwo ibiki? (b) Ni mu buryo ubuhe ibirwanisho vya wa Mubesheranyi vyagaragaye ko ata co bishikako?
3 Mu birwanisho Shetani yakoresheje kugira ngo arwanye abasenga Imana b’ukuri, harimwo ukubuzwa kw’igikorwa barangura, ukugirirwa nabi n’imigwi y’inkozi z’ikibi, ugupfungwa be n’ugukoresha “itegeko” bwa ‘citwazo co kubagirira nabi’ (Zaburi 94:20, NW). Nkako, mu bihugu bimwebimwe, mbere no kuri uno mwanya nyene Ivyabona vya Yehova bariko bariga iki cigwa, abo bakirisu b’ukuri bariko ‘baragezwa’ ku bijanye no kuguma ari intadohoka ku Mana.—Ivyahishuwe 2:10.
4 Nk’akarorero, ibiro bimwe vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyatanze raporo yerekana ko mu mwaka umwe gusa, abasavyi b’Imana bagiriwe nabi ku mubiri incuro 32 igihe bariko baragira uruhara mu busuku. Vyongeye, abapolisi barashize mw’ibohero Ivyabona incuro 59, ivyo Vyabona bakaba bari bagizwe n’abakuze, abakiri bato, abagabo n’abagore, bariko baramamaza ku mugaragaro. Hari abo igipolisi casavye gutera ibikumu, barafatwa amafoto bongera barashirwa mu mabohero nk’inkozi z’ikibi. Abandi na bo baragiriwe iterabwoba ryo kubagirira nabi ku mubiri. Mu kindi gihugu, ubu hariho Ivyabona vya Yehova barenga 1.100 bizwi neza ko batawe mu mvuto, batangishijwe ihadabu, canke bagakubitwa. Abarenga 200 muri abo bafashwe ari ku musi Ivyabona bakoranira hamwe bibuka urupfu rwa Yezu. Ariko ntiwumve, impwemu ya Yehova yarashoboje abasavyi biwe kurusimba naho barwanijwe n’abansi bakomeye, muri ivyo bihugu be no mu bindi (Zekariya 4:6). Naho umwansi yoshangashirwa ukungana iki, ntazokwigera anumya abariko barashemeza Yehova. Vy’ukuri, turemera tudakeka yuko ata kirwanisho gishobora guhagarika umugambi w’Imana.
Gutsinda indimi zivuga ibinyoma
5. Ni indimi zivuga ibinyoma izihe zakuye hasi kugira ngo zirwanye abasavyi ba Yehova mu kinjana ca mbere?
5 Yesaya yari yaravuze yuko abasavyi b’Imana botsinze ururimi rwose rwohagurukiye kubaburanya. Mu kinjana ca mbere, akenshi abakirisu baravugwa uko batari, bakavugwa ko ari inkozi z’ikibi. Amajambo dusanga mu Bikorwa 16:20, 21 arerekana ukuntu bagirizwa mwene ivyo bintu. Agira ati: “Aba bantu bariko baradurumbanya cane igisagara cacu, . . . kandi bariko bamamaza imigenzo tutemerewe gutora canke gukurikiza, kuko turi Abaroma”. Ikindi gihe, abanyamadini barwanya abakirisu baragerageje kwosha abategetsi b’igisagara kugira ngo barwanye abayoboke ba Kristu, mu kuvuga bati: “Ba bantu batembagaje isi bari n’ino, kandi . . . barwanya ingingo zashinzwe na Sezari” (Ibikorwa 17:6, 7). Intumwa Paulo yarambitswe ibara mu kwitwa “ikiza” be n’indongozi y’umuce wariko uvyura imigumuko “kw’isi yose”.—Ibikorwa 24:2-5.
6, 7. Uburyo bumwe abakirisu b’ukuri batsinda ibitero biza mu buryo bw’amajambo ni ubuhe?
6 Muri ubwo buryo nyene, ntidutangazwa n’ukubona abakirisu b’ukuri muri kino gihe bambikwa ibara bakongera bagasigwa iceyi. None ni gute dutsinda mwene ivyo bitero biza mu buryo bw’amajambo?—Yesaya 54:17.
7 Mwene ivyo bintu twagirizwa be n’ayo makuru y’ikinyoma akwiragizwa, akenshi bibeshuzwa biciye ku ngeso nziza Ivyabona vya Yehova bagaragaza (1 Petero 2:12). Igihe abakirisu berekanye ko ari abanyagihugu bubahiriza amategeko kandi ari abantu bigenza runtu, bagaragaza yuko bitwararika vy’ukuri ko abandi bantu nka bo bamererwa neza, ivyo bintu bagirizwa bica bigaragara ko ari ibinyoma. Ingeso zacu nziza ubwazo zirivugira. Igihe abatwitegereza babonye ukuntu twumira kw’ibanga mu kubandanya dukora ibikorwa vyiza, akenshi usanga bavyurirwa umutima wo kuninahaza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru bakongera bakemera ko uburyo abasavyi biwe babayeho ari bwo bwiza kuruta ubundi.—Yesaya 60:14; Matayo 5:14-16.
8. (a) Ni ibiki rimwe na rimwe vyokenerwa ko tugira kugira ngo tuburanire impagararo yacu ishingiye ku Vyanditswe? (b) Mu kwigana akarorero ka Kristu, ni gute dutsinda indimi ziturwanya?
8 Uretse ukubaho dufise inyifato y’ukwubaha Imana, rimwe na rimwe vyoshobora gukenerwa ko tuburanira impagararo yacu ishingiye ku Vyanditswe tubigiranye umutima rugabo. Bumwe mu buryo twokoresha ni ukwitura intwaro be n’amasentare kugira ngo bidukingire (Esiteri 8:3; Ibikorwa 22:25-29; 25:10-12). Igihe Yezu yari kw’isi, rimwe na rimwe yarahangana ku mugaragaro n’abamunebagura, akabeshuza ibinyoma bamwagiriza (Matayo 12:34-37; 15:1-11). Mu kwigana Yezu, turakoresha akaryo tuba turonse kugira ngo dusigurire neza abandi ibijanye n’ivyo twizera bivuye ku mutima (1 Petero 3:15). Ese tutokwigera tureka ngo ugutyekezwa kudushikira kw’ishure, ku kazi canke ukugirwa n’incuti tudasangiye ukwizera, gutume duhagarika kumenyesha abandi ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana.—2 Petero 3:3, 4.
Yeruzalemu ni “ibuye riremēra”
9. “Ibuye riremēra” rivugwa muri Zekariya 12:3, rigereranya Yeruzalemu iyihe, kandi ni bande bayiserukira kw’isi?
9 Ubuhanuzi bwa Zekariya burarasa umuco ku bijanye n’igituma amahanga arwanya abakirisu b’ukuri. Raba ivyo muri Zekariya 12:3 havuga mu kugira hati: “Uwo musi nzohindura Yerusalemu ibuye riremēra amahanga yose”. Mbega ubwo buhanuzi bwerekeza kuri Yeruzalemu iyihe? Ubwo buhanuzi bwa Zekariya bwerekeye Yeruzalemu bwerekeza kuri “Yeruzalemu yo mw’ijuru”, ni ukuvuga Ubwami bwo mw’ijuru, ubwo abakirisu basizwe bahamagariwe (Abaheburayo 12:22). Umugwi mutoya w’amasigarira y’abo baragwa Ubwami burongowe na Mesiya baracari kw’isi. Bari kumwe na bagenzi babo, ni ukuvuga abagize “izindi ntama”, barahimiriza abantu guhindukirira Ubwami bw’Imana magingo bigishoboka (Yohani 10:16; Ivyahishuwe 11:15). None amahanga yakiriye gute ako kamo? Vyongeye, ni mu buryo ubuhe Yehova ashigikira abamusenga b’ukuri muri kino gihe? Nimuze turondere inyishu z’ivyo bibazo mu kubandanya turimbura insobanuro ya Zekariya ikigabane ca 12. Tubigenjeje gutyo, turashobora gushira amazinda ko ‘ata kirwanisho kizogira ico kimara’ mu kurwanya abasizwe b’Imana be na bagenzi babo biyeguye.
10. (a) Ni kubera iki abasavyi b’Imana bariko baragirwako ibitero? (b) Ni ibiki vyashikiye abagerageje gukura mu nzira rya “buye riremēra”?
10 Muri Zekariya 12:3 herekana ko amahanga “[a]komereka bibi”. None ivyo biranguka gute? Imana yaravumereye yuko inkuru nziza y’Ubwami itegerezwa kwamamazwa. Ivyabona vya Yehova barafatana uburemere ibanga bashinzwe ryo kwamamaza. Ariko rero, ugutangaza ko Ubwami ari co cizigiro rudende umuryango w’abantu ufise, kwabereye amahanga “ibuye riremēra”. Ayo mahanga aragerageza gukura mu nzira iryo buye mu guteza ingorane abamamaza ubwo Bwami. Mu kubigenza gutyo, ayo mahanga arwanya ico gikorwa ‘yarakomeretse bimwe bibi’, agira inguma ahantu henshi. Mbere n’ukuntu yari asanzwe avugangwa kwaratosekaye kubera yuko yananiwe bimwe bimaramaje. Ntashobora kunumya abasenga b’ukuri, abaha agaciro ntangere agateka bafise ko kwamamaza “inkuru nziza y’ibihe bidahera” yerekeye Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya, ivyo bakabigira imbere y’uko iherezo ry’ivy’iyi si rishika (Ivyahishuwe 14:6). Igihe umurinzi umwe w’ibohero wo mu gihugu kimwe co muri Afirika yabona ubukazi bugirirwa abasavyi ba Yehova, yavuze atihenda ati: ‘Muriko murata umwanya wanyu mu guhama abo bantu. Ntibazokwigera badohoka. Ahubwo baguma bongerekana’.
11. Imana yashikije gute isezerano yatanze muri Zekariya 12:4?
11 Soma muri Zekariya 12:4. Yehova arasezerana yuko, mu buryo bw’ikigereranyo, azoteza uruhumyi yongere agwishe “igihūmura” abarwanya intwarabutumwa ziwe z’Ubwami zifise umutima rugabo. Iryo sezerano yararishikije. Nk’akarorero, mu gihugu kimwe aho ugusenga kw’ukuri kwari kubujijwe, abarwanya ukuri ntibashoboye kubuza ko abasavyi b’Imana baronka imfungurwa z’ivy’impwemu. Mbere hariho ikinyamakuru kimwe cavuze gishikuza ngo Ivyabona vya Yehova bariko barakoresha ibipurizo kugira ngo binjize mu gihugu ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya! Ivyo Imana yasezeraniye abasavyi bayo b’intahemuka vyaragaragaye ko ari ivy’ukuri. Yavuze iti: “[“Nzokanura nitegereze”, NW], kand’ifarasi yose y’amahanga nzoyitēza uruhumyi”. Kubera yuko abansi b’Ubwami bahumwa amaso n’uburake, barabura ico bafata n’ico bareka. Ariko rero, turemera tudakeka yuko Yehova azokingira abasavyi biwe uko bagize umugwi be n’uko azokwitwararika ineza yabo.—2 Abami 6:15-19.
12. (a) Ni buryo ubuhe Yezu yadometse umuriro igihe yari kw’isi? (b) Amasigarira y’abasizwe yadometse gute umuriro mu buryo bw’impwemu, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
12 Soma muri Zekariya 12:5, 6. Abo “batware b’Abayuda” berekeza ku bantu bafise igikorwa co guhagarikira abandi mu basavyi b’Imana. Abo bantu Yehova arabuzuza umwete ururumba kugira ngo bitwararike ineza y’inyungu z’Ubwami bwiwe kw’isi. Igihe kimwe, Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Naje kudomeka umuriro kw’isi” (Luka 12:49). Vy’ukuri, yarawudometse pe! Biciye ku gikorwa co kwamamaza Yezu yaranguranye umwete, yaratumye abantu babona ko ivyerekeye Ubwami bw’Imana ari ikintu gihambaye. Ivyo vyatumye haduka ukutumvikana gukomeye muri iryo hanga ry’Abayuda (Matayo 4:17, 25; 10:5-7, 17-20). Muri ubwo buryo nyene, nka kurya kw’“urujo rurik’umuriro rushirwa mu nkwi, canke nk’urumuri rwaka rushizwe mu mikama y’ingano”, abakurikira akarorero ka Kristu muri kino gihe cacu baradomeka umuriro mu buryo bw’impwemu. Igitabu Mystère de Dieu accomplia co mu 1917 carashize ku kabarore bimwe bikomeye uburyarya bw’abiyita abakirisu. Ivyo vyatumye abakuru b’amadini babagirira urwanko rukaze. Mu bihe vya vuba cane, ka gapapuro k’Inkuru y’Ubwami No. 37, akari gafise umutwe uvuga ngo “Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!”, karatumye abantu benshi bashigikira canke barwanya Ubwami bw’Imana.
“Amahema y’Abayuda” akizwa
13. Imvugo ngo “amahema y’Abayuda” yerekana iki, kandi ni kubera iki Yehova arokora abari muri ayo mahema?
13 Soma muri Zekariya 12:7, 8. Muri Isirayeli ya kera, amahema yarakunda gukoreshwa cane mu gihugu, rimwe na rimwe akaba yakoreshwa n’abungere be n’abakozi bo mu mirima. Ihanga ry’abansi iyo riramuka riteye igisagara ca Yeruzalemu, mwene abo bantu ni bo bogiriwe nabi ubwa mbere, akaba ari co gituma bobaye bakeneye gukingirwa. Imvugo ngo “amahema y’Abayuda” yerekana ko muri kino gihe cacu amasigarira y’abasizwe ari nk’aho ari ku gahinga, atari mu bisagara vyubakiwe inzitiro. Bari aho ku gahinga, baraburanira inyungu z’Ubwami burongowe na Mesiya babigiranye uburindutsi. Yehova nyen’ingabo “azobanza gukiza amahema y’Abayuda” kubera yuko ibitero vya Shetani ari bo birondera.
14. Yehova arwanira gute abari mu “mahema y’Abayuda” akongera akabarinda kugira intege nke?
14 Ego cane, inkuru ivuga ivyabaye muri kahise iremeza neza ko Yehova ariko ararwanira abo baserukizi b’Ubwami bwiwe basizwe baba mu “mahema” ari ku gahingab. Arabakingira ‘kugira intege nke’ mu buryo bw’uko abakomeza akongera akabaha uburindutsi nka kumwe kwa Dawidi, uwari umwami w’intwari mu rugamba.
15. Ni kubera iki Yehova ‘azokwitwararika kugeseza amahanga yose’, kandi azobigira ryari?
15 Soma muri Zekariya 12:9. Ni kubera iki Yehova “[a]zokwitwaririka kugeseza amahanga yose”? Ni kubera yuko ayo mahanga adatezura mu kurwanya Ubwami burongowe na Mesiya. Kubera yuko aturubika akongera agahama abasavyi b’Imana, birabereye ko acirwa urubanza. Vuba abakozi ba Shetani bo kw’isi bagiye kugaba igitero ca nyuma ku basenga Imana b’ukuri, ico gitero kikazoshikana isi ku co Bibiliya yita Haru-Magedoni (Ivyahishuwe 16:13-16). Mu kugira ico akoze ku bijanye n’ico gitero, wa Mucamanza Ruheta azorwanira abasavyi biwe yongere atume izina ryiwe ryezwa mu mahanga.—Ezekiyeli 38:14-18, 22, 23.
16, 17. (a) ‘Umwandu w’abasavyi ba Yehova’ ni uwuhe? (b) Kuba twihanganira ibitero vya Shetani vyerekana iki?
16 Nta kirwanisho Shetani afise coshobora gutuma ukwizera kw’abasavyi b’Imana bo kw’isi yose kugoyagoya canke ngo gihagarike umwete bafise. Amahoro dufise mu vy’impwemu, ayaturuka ku kuba tuzi ko Yehova afise ubushobozi bwo kurokora, ni wo “mwandu w’abasavyi [biwe]” (Yesaya 54:17). Nta n’umwe ashobora kutunyaga ku nguvu amahoro twifitiye be n’ugusagamba mu vy’impwemu kwacu (Zaburi 118:6). Shetani azobandanya gukorereza ukuturwanya yongere agerageze gutuma dushikirwa n’amakuba. Kuba twihangana tubigiranye ukutadohoka mu gihe twambikwa ibara, ni icerekana yuko impwemu y’Imana iri kuri twebwe (1 Petero 4:14). Inkuru nziza yerekeye Ubwami bwa Yehova bwashinzwe iriko iramamazwa kw’isi yose. Bwa birwanisho vy’iterabwoba bikaze, “amabuye” menshi y’ikigereranyo yo kuturwanya “atewe n’umugozi” yagiye aracucagirwa ku basavyi b’Imana. Ariko ntiwumve, biciye ku nkomezi za Yehova, abasavyi biwe barananira ayo mabuye, bagatuma ata co ashikako (Zekariya 9:15). Ni vyo, amasigarira y’abasizwe be na bagenzi babo b’intadohoka ntibazokwigera babuzwa ico bakora!
17 Turiteganye igishika igihe tuzorokorwa bimwe vyuzuye tugakurwako ibitero vya wa Mubesheranyi. Ese ukuntu duhumurizwa n’aya majambo adukura amazinda yuko ‘ata kirwanisho bacuriye kuturwanya kizogira ico kimara, be n’uko ururimi rwose ruzohagurukira kutuburanya tuzorutsinda’!
[Utujambo tw’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova, mugabo ubu ntikigicapurwa.
b Nimba ushaka kumenya vyinshi, raba igitabu Les Témoins de Jéhovah : Prédicateurs du Royaume de Dieu ku rupapuro rwa 675-676, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Wokwishura gute?
• Ni igiki cerekana yuko ibirwanisho vya Shetani vyagaragaye ko ata co bishikako?
• Yeruzalemu yo mw’ijuru icika gute “ibuye riremēra”?
• Yehova akiza gute “amahema y’Abayuda”?
• Ni igiki twemera tudakeka uko twegereza Harumagedoni?
[Ifoto ku rup. 21]
Abasavyi ba Yehova bo muri Alubaniya bagumye ari intadohoka naho Shetani yabagavyeko ibitero
[Ifoto ku rup. 23]
Yezu yarabeshuje ibinyoma bamwagiriza
[Ifoto ku rup. 24]
Nta kirwanisho cacuriwe kurwanya abariko baramamaza inkuru nziza kizogira ico gishikako