Ndonka ikintu kinduhura ukwihebura nagize nkiri muto
Nk’uko vyavuzwe na Eusebio Morcillo
Muri Nyakanga mu 1993, naragendeye ibohero ririnzwe bimwe bihanitse. Icanjanyeyo ico gihe yari ibatisimu y’umuntu umwe yari apfunzwe, uwo na we akaba yari mushikanje mutoya yitwa Mariví. Bamwebamwe mu bari kumwe na we mw’ibohero be na bamwebamwe mu bakuru b’iryo bohero, baritegereje babigiranye ukwubaha ingene nariko ndahagarikira ivyo birori. Imbere yuko ndabasigurira ingene vyagenze ngo twe na mushikanje tube turi ng’aho muri iryo bohero, reka mbaze ndabiganire ubuzima twaciyemwo tukiri bato.
NAVUKIYE muri Esupanye ku wa 5 Rusama 1954, nkaba nari imfura mu bana umunani twavukana. Mariví yari umwana agira gatatu. Nyokuru yatureze bwa bagatolika b’ishaka ryinshi, kandi ndacibuka ibintu bihimbaye naciyemwo mu bwana vy’ukuntu niyumva ko nari mfitiye Imana ishaka ryinshi igihe nari nkiri kumwe na we. Ariko rero, ukuntu ibintu vyari vyifashe i muhira aho abavyeyi banje baba, nta n’isano vyari bifitaniye n’ibintu vy’Imana. Dawe yamiza mawe ku mahiri cokimwe na twebwe abana. Twamana ubwoba mu buzima, kandi vyarambabaza cane kubona mawe ariko aramererwa nabi.
Maze kuja kw’ishure, narahuye n’ibindi bintu bivuna umutima vyaje bisongera isibe. Umwe mu bigisha bacu, uno akaba yari umupatiri, yaraduseka imitwe ku ruhome mu gihe twaba tutishuye neza ikibazo yaba atubajije. Uwundi mupatiri na we yarakorera amabi mu vy’igitsina abanyeshure igihe baba bariko barihwereza hamwe udukorwa bahawe ngo bakorere i muhira. N’ikindi kandi, inyigisho za gatolika, nk’iyerekeye umuriro udahera, zaramvuruga umutwe zikongera zikantera ubwoba. Ukugirira ishaka Imana kwanje ntikwatevye gutangura kuyama.
Nisuka mu buzima butagira intumbero
Kubera yuko ntagira ikindongora mu vy’Imana, naciye ntangura kwifatanya n’abantu b’ibihumbu kandi b’inkazi, mu bibanza abantu bidagaduriramwo mw’ijoro batamba imiziki. Akenshi haraduka intambara, bakaba barwanisha imbugita, iminyororo, ibirahuri be n’udutebe. Naho ntagira uruhara muri izo ntambara, igihe kimwe narakubiswe gushika aho ndaba.
Nahavuye numva nduhijwe n’ivyo bintu maze nca ndarondera ahoba hari mwene ivyo bibanza vyo kwidagaduriramwo bisa n’ibitekanye kuruta. Mugabo rero no muri ivyo bibanza, abantu bari bamenyereye gufata ibiyayuramutwe. Ariko rero, ivyo biyayuramutwe aho gutuma mpimbarwa nkongera nkaronka amahoro yo mu mutima, vyatumye riho nza ndabona mu bwenge ibintu vy’indoto vyongera bituma ngira n’amaganya.
Naho ata gahimbare nari mfise, narakwegakwegeye muri ubwo buzima umwe muri bene wacu yitwa José Luis be n’umugenzi wanje somambike yitwa Miguel. Muri ico gihe, twebwe hamwe n’abandi bakiri bato benshi bo muri Esupanye, twari twarigaruriwe n’isi yononekaye. Nari niteguriye gukora ikintu ico ari co cose kugira ngo ndonke amahera yo kugura ibiyayuramutwe. Emwe, naratakaje icubahiro cose!
Yehova ahaseruka
Muri ico gihe, naraganiriye incuro nyinshi n’abagenzi banje ku vy’uko Imana yoba ibaho be no ku bijanye n’intumbero y’ubuzima. Naratanguye kurondera kumenya Imana mu kugerageza kuronka umuntu noza ndayagira ibijanye n’inyiyumvo zanje. Nari maze kubona yuko uwitwa Francisco, uno akaba ari umwe mu bo twakorana, yari atandukanye n’abandi. Yasa n’umuntu ahimbawe, w’inzirabugunge kandi w’umunyabuntu, akaba ari co gituma naciye mfata ingingo yo kumuganirira ivyari mu mutima wanje. Francisco yari Icabona ca Yehova, kandi yarampaye inomero y’Umunara w’Inderetsi yarimwo ikiganiro kivuga ibijanye n’ibiyayuramutwe.
Maze gusoma ico kiganiro, narasenze Imana ndayisaba ko yomfasha, mu kuvuga nti: “Mukama, ndazi yuko ubaho, kandi ndipfuza kukumenya be no gukora ivyo ugomba. Ndakwinginze, mfasha!”. Francisco be n’ibindi Vyabona barakoresheje Bibiliya kugira ngo bandemeshe bongera barampa ibitabu vyo gusoma bishingiye kuri Bibiliya. Nahavuye ntahura yuko bariko barandonsa ya mfashanyo nari narasavye Imana. Bidatevye, naciye ntangura kubwira abagenzi banje be na José Luis ivyo nariko ndiga.
Umusi umwe, igihe nari mvuye mu giteramo c’umuziki wo mu bwoko bwa rock ndi kumwe na bamwebamwe mu bagenzi banje, naravuye muri uwo mugwi maze nja ku ruhande. Narabitegereje nk’umuntu abihweza atari muri bo, ivyo bica bituma mbona ukuntu neza na neza inyifato yacu yari yaracitse iyisesemye kubera ibiyayuramutwe twafata. Ico gihe, naciye mfata ingingo yo kuvavanura n’ubwo buryo bwo kubaho maze ngacika Icabona ca Yehova.
Narasavye Francisco ko yondonsa Bibiliya, kandi yarayimpaye yongera ampa n’igitabu La vérite qui conduit à la vie éternellea. Igihe nasoma ivyerekeye umugambi Imana ifise wo kuzohanagura amosozi yose ku maso y’abantu be no gukuraho mbere n’urupfu, sinakekeranije ko nari nubuye ukuri gushobora gutuma abantu baba abidegemvya (Yohani 8:32; Ivyahishuwe 21:4). Mu nyuma, naritavye ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova. Ukuntu abari ng’aho bafatana kigenzi be n’igishika bari bafise, vyarankoze ku mutima cane.
Kubera yuko nari nshashaye kubwira abandi ivyo niboneye ku Ngoro y’Ubwami, naciye ubwo nyene nkoranya José Luis be n’abagenzi banje maze ndababwira ivyo nahabonye vyose. Haciye imisi mikeya, twese twaritavye ikoraniro. Hari umwigeme umwe yari yicaye ku ntebe y’imbere yacu yaduterejeko akajisho. Vyaragaragara ko yatangajwe yongera aterwa ubwoba no kubona uwo mugwi w’abakiri bato bafise ibishatsi birebire biberaho bikorera ivyo bashaka, kandi yaritwararitse kudasubira guhindukira. Ategerezwa kuba yaratangaye igihe twasubira ku Ngoro y’Ubwami mu ndwi yakurikiye, ariko ico gihe hoho tukaba twari twambaye amakositime twakubiseko n’amakaruvati.
Gatoya inyuma y’aho, twe na Miguel twaritavye n’iteraniro ry’umuzunguruko ry’Ivyabona vya Yehova. Ntitwari bwigere tubona ibintu bimeze nk’ivyo twabonye ico gihe; twariboneye ikivukano nyakuri c’abantu b’imyaka itandukanye. Kandi n’igitangaje, iryo teraniro ryabereye muri ya nyubakwa nyene twari twigeze kuja kurorereramwo igiteramo c’umuziki wo mu bwoko bwa rock. Mugabo ico gihe ho, akayaga karangwa aho hantu be n’umuziki twahumviye vyaraturemesheje cane.
Abari bagize wa mugwi wacu bose baratanguye kwiga Bibiliya. Haheze nk’amezi umunani, ku wa 26 Mukakaro 1974, twe na Miguel twarabatijwe. Twempi twari dufise imyaka 20 y’amavuka. Haciye amezi makeyi, abandi bane bo muri uwo mugwi barabatijwe. Inyigisho naronse biciye kuri Bibiliya yaramvyuriye umutima wo gutangura gufasha ibikorwa vyo muhira mawe, uwagaragaje ukwihangana, be no kumubwira ivyerekeye ukwizera nari mperutse kuronka. Twarunze ubucuti bwa somambike. N’ikindi kandi, narakoresheje umwanya utari muto kugira ngo mfashe barumunanje be na bashikanje batoya.
Haciye igihe, mawe be na benewacu bose, havuyemwo umwe, barize ukuri kwa Bibiliya maze barabatizwa baba Ivyabona vya Yehova. Mu 1977, narubakanye na Soledad, uwo akaba ari wa mwigeme yatangara igihe yatubona ari bwo bwa mbere ku Ngoro y’Ubwami. Haciye amezi makeya, twempi twarabaye abatsimvyi, ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bita abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose.
Mushikanje mukundwa arokorwa
Mushikanje mutoya yitwa Mariví yarakorewe amabi mu vy’igitsina igihe yari akiri umwana, kandi ivyo bintu biteye ikinya vyamushikiye vyaragize ico bimukozeko cane. Amaze kuba umuyabaga, yarisutse mu buryo bwo kubaho burangwa ubuhumbu, ubwo bukaba bwarimwo gufata ibiyayuramutwe, kwiba be n’ubumaraya. Igihe yari afise imyaka 23, yaratawe mw’ibohero, aho yabandanirije kwiberaho muri ubwo buzima nyene.
Ico gihe, nariko nsukura ndi umucungezi w’umuzunguruko, ni ukuvuga umusuku w’ingenzi w’Ivyabona vya Yehova. Mu 1989, twe na Soledad twararungitswe gukorera mu karere Mariví yari apfungiwemwo. Abategetsi bari baherutse kumwaka umwana wiwe, ivyo bikaba vyatumye acika inkokora ku buryo atari agifise icipfuzo co kubandanya kubaho. Umusi umwe naramugendeye maze ndamusaba ko twokwigana Bibiliya, kandi yarabinyemereye. Tumaze ukwezi twiga, yarahagaritse gufata ibiyayuramutwe be no kunywa itabi. Narahimbawe cane no kuba Yehova yaramuronkeje inkomezi zo kugira ayo mahinduka mu buzima bwiwe.—Abaheburayo 4:12.
Mariví amaze igihe gitoya atanguye kwiga, yaciye atangura kubwira ukuri kwo muri Bibiliya abo bari bapfunganywe be n’abakuru b’iryo bohero. Naho yaguma akurwa mw’ibohero ajanwa mu rindi, yarabandanije gukora ico gikorwa co kwamamaza. Mbere mw’ibohero rimwe yarashinze intahe ava ku kumba aja ku kandi. Haciye imyaka, Mariví yaratanguye kwigana Bibiliya n’abantu batari bake mu bo bari bapfunganywe mu mabohero atandukanye.
Umusi umwe Mariví yarambwiye ko yari afise icipfuzo co kwegurira ubuzima bwiwe Yehova maze akabatizwa. Ariko rero, nta ruhusha yari afise rwo gusohoka ibohero, eka mbere nta n’umuntu n’umwe yari yemerewe kuja kumubatirizayo. Yarihanganye iyindi myaka ine ari muri iryo bohero ryarangwamwo inyifato yononekaye. None muri ico gihe ni ibiki vyamufashije kuzigama ukwizera kwiwe? Ku gihe nyene ishengero ryo muri ako karere ryaba ririko riragira ikoraniro rinaka, na we yaba ariko arihweza iyo porogarama nyene ari mu kumba yari apfungiwemwo. N’ikindi kandi, yari afise urutonde rudahindagurika rwo kwiyigisha Bibiliya no gutura isengesho.
Haciye igihe, Mariví yarimuriwe mw’ibohero ririnzwe mu buryo buhanitse rifise mwene rwa rugomero rw’ikizungu abantu bogeramwo. Yarabonye yuko kuba ibintu vyari vyifashe gutyo, vyari gushobora gutuma bikunda ko abatizwa. Kandi Mariví ntiyihenze, kubera yuko yahavuye aronka uruhusha rw’uko yobatizwa. Ukwo ni ko rero nahavuye mba ndi muri iryo bohero kugira ngo nshikirize insiguro y’ibatisimu yiwe. Nari kumwe na we muri ico kiringo cari gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwiwe.
Bivuye ku ngendo y’ubuzima Mariví yahozemwo, yaranduye umugera wa SIDA. Naho ari ukwo, inyifato yiwe nziza yaratumye arekurwa imbere yuko imyaka yaciriwe gupfungwa irangira, aho hakaba hari muri Ntwarante 1994. Yaciye aja kubana na mawe i muhira, kandi yarabayeho ari umukirisu w’umunyamwete gushika igihe yapfiriye, aho hakaba hari haheze imyaka ibiri avuye mw’ibohero.
Ntsinda inyiyumvo zica intege
Na jewe nyene sinabuze gushikirwa n’ingaruka z’ubuzima nari naraciyemwo. Amabi nari narakorewe na dawe be n’ubuzima naciyemwo nkiri umuyabaga vyaragize ico bikoze cane ku buzima bwanje. Maze kuba umuntu akuze, akenshi naraterwa n’inyiyumvo z’ukwiyagiriza be n’ukwumva ko ata co maze. Rimwe na rimwe naracika intege bimwe bikomeye. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ryaramfashije cane kurwanya izo nyiyumvo. Kuza ndazirikana ku vyanditswe, nka Yesaya 1:18 be na Zaburi 103:8-13, vyaramfashije mu myaka n’iyindi gutururuza inyiyumvo z’ukwiyagiriza zaguma zintera.
Isengesho ryarambereye ikindi kirwanisho co mu buryo bw’impwemu nakoresheje kugira ngo ndwanye inyiyumvo z’ukwumva ko ata co maze. Akenshi nasanga ndiko ndasenga Yehova amosozi yuzuye mu maso. Ariko ntiwumve, amajambo dusanga muri 1 Yohani 3:19, 20 yarankomeje, ayo na yo akaba agira ati: “Ico ni co tuzomenyerako yuko dukomoka ku kuri, kandi tuzokura amazinda imitima yacu imbere yayo ku kintu cose imitima yacu yodutsindishamwo, kuko Imana iruta imitima yacu ikaba kandi izi ibintu vyose”.
Kubera yuko mpora niyegereza Imana ata buryarya, mfise umutima “umenetse [kandi] ujanjaguwe”, ndatahura yuko ntari mubi nk’uko nahora ndavyiyumvira. Abo bose barondera Yehova, Bibiliya irabakura amazinda yuko adakengera abantu bicuza ata buryarya ku bijanye n’inyifato bagize muri kahise kandi bakaba barahindukiye kugira ngo bakore ivyo agomba.—Zaburi 51:17.
Igihe cose mba ngize inyiyumvo zo gukekeranya ku binyerekeye, nca ngerageza kwuzuza umuzirikanyi wanje ivyiyumviro biremesha, ivyo bikaba ari nka vya bintu vyo mu vy’impwemu bivugwa mu Bafilipi 4:8. Narafashe ku mutwe Zaburi ya 23 be na ya Nsiguro yo ku Musozi. Igihe cose ivyiyumviro bibi biba bije mu muzirikanyi wanje, nca nsubiramwo mu bwenge iyo mirongo yo mu Vyanditswe. Ukwo gutyorora umuzirikanyi kuramfasha, na canecane igihe mba nabuze agatiro mw’ijoro.
Ikindi kintu camfashije ni ukuza ndakezwa n’umukenyezi wanje be n’abandi bakirisu bahumuye. Naho mu ntango vyangora kwemera amajambo aremesha bambwira, Bibiliya yaramfashije gutahura yuko urukundo “rwemera vyose” (1 Abakorinto 13:7). Vyongeye, naragiye ndiga kwemera nicishije bugufi yuko ntabuze kuba mfise ubugoyagoye be n’ivyo ntashoboye gukora.
Ikintu nungukiye ku kugira izo nyiyumvo zica intege, ni uko urugamba jewe ubwanje narwanye mpangana n’izo nyiyumvo rwamfashije kuba umucungezi w’ingenzi afise ikibabarwe. Jewe n’umukenyezi wanje, umwumwe wese amaze hafi imyaka 30 ari umusuku w’inkuru nziza w’igihe cose. Umunezero nkura mu kuba nsukurira abandi uramfasha kwigizayo inyiyumvo zica intege be n’ibintu biteye ikinya naciyemwo ncibuka.
Ubu iyo ntereje amaso inyuma maze nkazirikana ku mihezagiro yose Yehova yampaye, numva mvyuriwe umutima wo kuvuga nka kumwe umwanditsi wa Zaburi yavuga, ati: “Himbaza Uhoraho; . . . ni we aharira ibigabitanyo vyawe vyose, agakiza indwara zawe zose, agacungura ubugingo bgawe ngo ntibuje mu mahonero, akakwambika imbabazi no kugirirwa neza nk’igitsibo”.—Zaburi 103:1-4.
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova, mugabo ubu ntikigicapurwa.
[Iciyumviro ku rup. 30]
Akenshi naraterwa n’inyiyumvo z’ukwiyagiriza be n’ukwumva ko ata co maze. Ariko rero, Ijambo ry’Imana ryaramfashije cane kurwanya izo nyiyumvo
[Amafoto ku rup. 27]
Mwenewacu José Luis be n’umugenzi wanje Miguel barankurikiye, mu bibi no mu vyiza
[Ifoto ku rup. 28]
Umuryango wa ba Morcillo mu 1973
[Ifoto ku rup. 29]
Mariví ari imbohe
[Ifoto ku rup. 30]
Ndi kumwe n’umukenyezi wanje Soledad