“Intambara izorangiza izindi ntambara zose”
‘Ndabasezeraniye yuko iyi izoba ari yo ntambara ya nyuma, ni yo izorangiza izindi ntambara zose.’—Vyavuzwe na Woodrow Wilson, uwahoze ari perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika (1913-1921).
IVYO ni vyo bintu vyiza umutegetsi umwe yari yiteze mu mpera ya ya Ntambara ya mbere y’isi yose, ubu hakaba haciye nk’imyaka 90 irangiye. Iyo Ntambara y’isi yose yarabayemwo ibintu biteye ikinya cane ku buryo abayitsinze bashaka, eka mbere bari banakeneye, kwemera ko utwigoro twinshi bagize muri yo twovuyemwo ivyiza biramba. Ariko rero, usanga ari gake cane intambara z’abantu zitorera umuti ingorane bafise, icibagiwe co ni ivyo gukuraho buhere iyo ngorane yashinze imizi yerekeye intambara ubwayo.
Haheze nk’imyaka 20 uwo mukuru w’igihugu Wilson atanze uwo muhango gihutihuti, Intambara ya kabiri y’isi yose yaciye yaduka. Iyo Ntambara yarahitanye abantu benshi be n’ibintu vyinshi kuruta iyayitangiye imbere. Imyaka 20 abantu bari bamaze bagira amaterambere mu vy’ubuhinga yatumye barushiriza kuba abahinga mu bijanye no gukora ibirwanisho ruhonyanganda. Igihe iyo Ntambara ya kabiri y’isi yose yarangira, abategetsi bo hirya no hino kw’isi basanze ico gihe ubwoba bw’uko hoshobora kwaduka iyindi ntambara ari ho nyabuna bwarushirije kwongerekana kuruta ikindi gihe ico ari co cose.
Mu 1945, umujenerali umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Douglas MacArthur yatangaje ati: “Twararonse akaryo ka nyuma. Nitutashinga intwaro zikomeye kuruta kandi zirushirije kwisunga ubutungane, Harumagedoni iradushwaramwo ata kabuza.”
Jenerali MacArthur yari azi yuko mu misi ya nyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose, amabombe ruhonyanganda abiri yari yabiciye bigacika mu gisagara ca Nagasaki be n’ica Hiroshima. Ukwo gusangangurwa guteye ubwoba kwashikiye ivyo bisagara bibiri vyo mu Buyapani kwatumye uwo mujenerali aha insobanuro nshasha ijambo “Harumagedoni,” avuga yuko ari agatikizo gakomeye kazotegwa n’ibirwanisho ruhonyanganda, kakazoba gasobanura ukuzimangana kw’abantu bose kuri uwu mubumbe wacu.
Abantu barabandanya guhagarika umutima ku bijanye n’uko hoshobora kwaduka agatikizo gatewe n’ibirwanisho ruhonyanganda. Mu myaka ya 1960 ibihugu vya rutura kw’isi vyarashinze umugambi wo “kwiyemeza ivyo gusamburana.” Intumbero y’ivyo bihugu yari iyo gutegekanya amamisile ahagije canke ivyo kuyarasisha bikwiriye, kugira ngo vyiyemeze neza ko bishobora gusangangura ibice 25 kw’ijana vy’abanyagihugu bo mu gihugu kizoba casomborokeje intambara be n’ibice 50 kw’ijana vy’amahinguriro y’ico gihugu, ata kwirirwa bararaba ico gihugu ico ari co. Abantu bari ku rushi ni bo bahumurijwe cane n’uwo mugambi wo kuzigama amahoro kw’isi.
Muri kino gihe, ibirwanisho ruhonyanganda biguma bikwiragira kandi intambara zibera mu turere tutari tumwe zirabandanya guhitana abantu batagira uko bangana. Abantu baracahagaritswe umutima n’uko hoshobora kwaduka agatikizo gatewe n’ibirwanisho ruhonyanganda. Naho abantu bashashaye kubona intambara zirangira, usanga ari bake bemera yuko intambara yinaka canke ubundi buryo ubwo ari bwo bwose bwokoreshwa, bishobora gushika kuri iryo hangiro.
Naho ari ukwo, Bibiliya iradondora intambara idasanzwe izorangiza izindi ntambara zose. Iyo ntambara iyita “Harumagedoni,” iryo rikaba ari rya jambo nyene abantu bakunda kuvuga ko rifitaniye isano n’agatikizo kazotezwa n’ibirwanisho ruhonyanganda. None Harumagedoni izoshobora gute kurangiza vy’ukuri izindi ntambara? Ikiganiro gikurikira kiraza kwishura ico kibazo.
[Picture Credit on page 3]
Ifoto yafashwe na DTRA
[Picture Credit on page 4]
I Nagasaki mu Buyapani, mu 1945: ifoto yafashwe na USAF