ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/6 rup. 12-15
  • Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ububasha Bibiliya ifise bwo gutyorora
  • Amazi azana ubuzima budahera
  • Akamo gaterwa abantu bose
  • Bibiliya ivuga iki ku kibazo c’ikena ry’amazi kw’isi yose?
    Ibindi biganiro
  • Amazi meza
    Be maso!—2023
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/6 rup. 12-15

Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera

“Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.”​—YOHANI 4:14.

“BUKWI na bukwi, inyuma y’inkikuro y’ukwezi, . . . haraseruka akabuyenge gaca ibibatsi gafise ibara ry’ubururu be n’iryera, ako kakaba ari akantu gatoya kiburungushuye gafise ibara ryiza ry’ubururu risa n’ijuru rikeye, muri iryo bara hakaza haracamwo ibara ryera riza riramera nk’iryizinguriza, ako kabuyenge kakaza karaseruka bukebuke nk’imaragarita ntoya iriko iduga iva mu kiyaga amahero cirabura tsiritsiri.”​—Vyavuzwe n’uwitwa Edgar Mitchell, uno akaba agendera mu bigendajuru, akaba yariko adondora ukuntu umuntu abona isi ari mu kirere.

None ni igiki gituma umubumbe wacu ugira ibara rikayangana gutyo, gushika n’aho uwo muhinga agendera mu bigendajuru yavyuriwe umutima wo kuvuga ayo majambo ndyoshamvugo? Amazi, ayagize hafi ibice bitatu vya bine vy’uburinganire bw’isi, ni yo atuma igira iryo bara. Mu vy’ukuri, amazi ntatuma gusa uwu mubumbe wacu uba uwuryoheye ijisho, ariko kandi arafasha kugira ngo ibiremwa biri kw’isi bishobore kubaho. Kukaba nkako, hafi ibice 65 kw’ijana vy’umubiri w’umuntu bigizwe n’amazi. Ni co gituma igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga ku bijanye n’amazi giti: “Arakenewe cane mu buzima, akagira uruhara mu bintu nka vyose bibera mu biterwa no mu bikoko.”

Bivuye ku kuntu amazi aza arityorora ubwayo mu buryo bwiza utoraba, amasôko y’amazi isi ifise ntiyigera akenera kuza arasubirizwa. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) gisigura giti: “Hafi ima ryose dukoresha ry’amazi risubira mu mabahari. Iryo ma rigeze mw’ibahari, izuba riratuma rihinduka nk’umuhisha maze ukaduga mu kirere. Mu nyuma rirakorokera kw’isi ari ima ry’imvura. Amazi aguma akoreshwa incuro n’izindi. Ntiyigera akama.” Haraheze nk’imyaka 3.000 ubwo buryo butangaje amazi aguma aboneka buvuzwe muri Bibiliya. Yavuze iti: “Inzūzi zose zitembera mu kiyaga, yamar’ikiyaga nticuzura; ahantu inzūzi zija ni ho zama [“zigaruka kugira ngo zongere zigende,” NW].” Ese ukuntu iyo nzinguzingu y’amazi ari igitangaza c’irema!​—Umusiguzi 1:7.

Turavye ukuntu amazi akenewe cane mu buzima be n’ukuntu aboneka mu buryo butangaje, ntidukwiye gutangazwa no kubona muri Bibiliya avugwa incuro zirenga 700. Akenshi Bibiliya irakoresha ibintu usanga amazi yisangije, na canecane ububasha amazi afise bwo gutyorora be n’ubwo kuzigama ubuzima, kugira ngo igereranye agaciro ibintu vy’impwemu bifise.​—Yesaya 58:11; Yohani 4:14.

Ububasha Bibiliya ifise bwo gutyorora

Kubera yuko Abisirayeli bama biyuhagira bakongera bakaza baramesura bakoresheje amazi, bari bafise isuku ryo ku mubiri ridasanzwe. Vyari bimenyerewe ko umuntu yoga ibirenge igihe yaba agira yinjire mu nzu kugira ngo afungure. (Luka 7:44) Uretse ko Abisirayeli bakoresha amazi kugira ngo bagume basukuye ku mubiri bongere basukure ivyambarwa be n’ibindi bintu, barayakoresha kandi kugira ngo bashitse ivyo Imana yabasaba mu bijanye no kuguma batyoroye. Abaherezi bakorera kw’itaberenakulo bategerezwa gukaraba kenshi bakongera bakaza baramesura imyambaro yabo. (Kuvayo 30:18-21) Mu nyuma, ku rusengero rw’i Yeruzalemu, Salomo yarubatse mu butare bw’umuringa “igikarabiro citwa ikiyaga,” icajamwo mu bisanzwe amalitiro y’amazi arenga 44.000, ayo akaba yari ahagije kugira ngo abaherezi bashitse ivyo Itegeko ry’Imana ryabasaba. (2 Ngoma 4:2, 6) None ubwo buryo bwo gukoresha amazi bufise insobanuro iyihe ku bakirisu muri kino gihe?

Intumwa Paulo yarasiguye yuko Yezu yari yaruhagiye ishengero rya gikirisu akoresheje “amazi biciye kuri rya jambo.” Nka kurya amazi ashobora gutyorora ku mubiri, ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana kurafise ububasha bwo gutyorora mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu. Ukwo gutyororwa gutuma abigishwa ba Yezu baba ‘beranda kandi batagira ikirabagu.’ (Abanyefeso 5:25-27) Ku bw’ivyo rero, abantu bose bipfuza gutoneshwa n’Imana bategerezwa kugira utwigoro kugira ngo bagume ‘batagira agatosi kandi batagira ikirabagu’ mu vy’impwemu be no mu vy’ukwigenza runtu. (2 Petero 3:11, 14) None Ijambo ry’Imana ribafasha gute kubigira?

Abipfuza guhimbara Yehova Imana barironsa ku mazi yo mu buryo bw’impwemu mu kwiyigisha Bibiliya badahorereza. Igihe ubumenyi baba baronse bubakoze ku mutima bukongera bugakabura imizirikanyi yabo, biratuma abo bantu bagira icipfuzo gikomeye co gukora ivyo Bibiliya isaba, iti: “Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye ukwo ari kwo.”​—Abaroma 12:2.

Ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ivyo Imana igomba buratuma abo bantu bashobora kumenya ibirabagu biri mu kuntu bigenza be no mu vyiyumviro vyabo. Inyuma y’ikiringo kinaka bashira mu ngiro mu buzima bwabo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, nka kurya kw’amazi, Ijambo ry’Imana rizobafasha kuba abantu ‘bogejwe,’ bakuweko mbere n’ivyaha bikomakomeye.​—1 Abakorinto 6:9-11.

Raba ukuntu umusore umwe wo muri Esupanye yagize ihinduka nk’iryo. Alfonso asigura ati: “Igihe nari mfise imyaka 18, narumva ko ubuzima bwanje butampimbara.” Yari yaracitse uwiziziwe n’ibiyayuramutwe be n’inkozi y’ikibi katwa. Avuga ati: “Narumva ko mpumanye kubera uburyo nafata umubiri wanje be n’ukuntu nafata abandi.

“Igihe nari kw’ishure, narabonye umwigeme umwe wo mu bigero vyanje, akaba yari afise isuku kandi nta bintu bibi yakora, ivyo bikaba vyatuma aba uwutandukanye n’abandi banyeshure. Akarorero yatanga katumye ngira icipfuzo co kubaho ntahumanye nk’uko yari abayeho. Bivuye ku nama yangiriye, naritavye ikoraniro ry’Ivyabona vya Yehova. Bidatevye naratanguye kwiga Bibiliya no kwunga ubucuti n’Imana. Mu mwaka umwe, naratyoroye ubuzima bwanje maze ndacika Icabona yabatijwe. Iryo hinduka rikomeye nagize ryatumye abavyeyi benshi bo mu kibano baza kunsaba ngo mfashe abana babo b’imiyabaga bari bariziziwe n’ibiyayuramutwe.”

Amazi azana ubuzima budahera

Igihe kimwe Yezu yaravuze ibijanye n’“amazi mazima,” akaba yabibwiye Umusamariyakazi yariko aravoma amazi kw’iriba rya Yakobo. Yavuze ati: “Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” (Yohani 4:10, 14) Ayo majambo Yezu yavuze yerekana yuko “amazi mazima” agereranya intunganyo Imana yashizeho ku bw’ubuzima, nk’uko bisigurwa mw’Ijambo ryayo ari ryo Bibiliya. Izo ntunganyo zituma bishoboka ko abantu bazobaho ibihe bidahera. Ikintu nyamukuru kigize ayo mazi y’ikigereranyo ni ya nkuka y’incungu yatangwa na Kristu Yezu. Yezu yasiguye ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

Alfonso, umwe twamara kuvuga, yahavuye aha agaciro cane ayo “mazi mazima” atangwa n’Imana. Mu kuvuga ibijanye n’abagumye mu buzima bwo gukora ikibi be no gufata ibiyayuramutwe, Alfonso agira ati: “Mukurwanje yarapfuye, kandi ukwo ni ko vyagendeye abahoze ari abagenzi banje bose. Ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana bwarankingiye gushikirwa n’ikintu nk’ico. Bivuye ku ntunganyo za Yehova zo mu vy’impwemu ndi muzima.” Ikigeretse kuri ivyo, bivuye ku vyo Alfonso yize mw’Ijambo ry’Imana, ariteganye igishika kuzoronka ubuzima butagira iherezo mw’Isi nshasha Imana yasezeranye.​—2 Petero 3:13.

Akamo gaterwa abantu bose

Mu gitabu ca nyuma co muri Bibiliya, haradondorwa “uruzi rw’amazi y’ubuzima, rurongorotse nka kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama.” (Ivyahishuwe 22:1) Urwo ruzi rugereranya intunganyo Imana yashizeho, izo amaherezo zikaba zizotuma ubuzima bw’abantu bumera neza cane nk’ubwo Adamu na Eva bari bafise mu ntango z’ukubaho kw’abantu.

Iyo nkuru imaze kudondora urwo ruzi, ica ibandanya itanga aka kamo kagira gati: “Uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyahishuwe 22:17) Muri kino gihe, ako kamo kariko karasamirizwa kw’isi yose. Ku mwaka ku mwaka, mu bihugu birenga 235 Ivyabona vya Yehova baramara amasaha arenga umuliyaridi bariko barafasha abantu kwironsa ubumenyi bwo muri Bibiliya butanga ubuzima.

Woba unyotewe ayo mazi y’ubuzima? Biciye ku kwihereza kuri ayo mazi arongorotse nka kirisitalo, ni ukuvuga, biciye ku kwiga ivyerekeye indinganizo Umuremyi wacu yashizeho be no gukora uhuza na zo, na wewe urashobora kuba mu bantu bariko “bibikir[a] nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza, kugira ngo bacakire ubuzima nyakuri.”​—1 Timoteyo 6:19.

[Ifoto ku rup. 14]

Nka kurya amazi atyorora ku mubiri, ukuri kwo muri Bibiliya kurafise ububasha kwo gutyorora mu vy’impwemu no mu vy’ukwigenza runtu

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]

UKUNTU ABANTU BIRONSA AMAZI MU BIHE VYA BIBILIYA

Mu bihe vya Bibiliya, abantu baragira utwigoro tudasanzwe kugira ngo batore ahari amasôko arimwo amazi menshi. Aburahamu be na Isaka barimvye amariba hafi y’i Berisheba kugira ngo bashobore kuronka amazi ahagije ku bw’imiryango yabo be n’amasho yabo.​—Itanguriro 21:30, 31; 26:18.

Amariba ataba ari maremare akenshi yaza arakama igihe ici ryaba ribaye rirerire. Kugira ngo iriba rishobore gutanga amazi akwiriye ryategerezwa kuba rirerire. (Imigani 20:5) Hari iriba rimwe ry’i Lakishi ryari rifise ubwimbike bw’imetero 44. Irindi riba, iryari i Gibeyoni, ryari rifise ubwimbike w’imetero zirenga 25 be n’ubwaguke bw’imetero 11. Kwimba iryo riba vyasavye gukura muri ico kinogo amatoni y’ibibuye ashika 3.000. Wa Musamariyakazi yari yaje kuvoma kw’iriba rya Yakobo yabwiye Yezu ati: “Iriba ni rirerire.” Kumbure muri iryo riba amazi yari ku metero 23 uja mu kuzimu.​—Yohani 4:11.

Ivyobo vyo kubika amazi vyari ibindi bibanza abantu bakuramwo amazi mu karere ka kera k’ibihugu vy’Abarabu. Ivyo binogo bimba mu kuzimu vyajamwo amazi y’imvura yagwa kuva muri Gitugutu gushika muri Ndamukiza. Baraca imivo ku nkize z’imisozi kugira ngo amazi y’imvura amanukire muri ivyo vyobo. Abisirayeli barimba ivyobo amahanga kugira ngo babibikemwo amazi.​—2 Ngoma 26:10.

Gukura amazi mu mariba be no mu vyobo nticari igikorwa coroshe, kandi n’ubu ni ko bimeze. Abigeme nka Rebeka be na ba bakobwa ba Yetiro bararanguye igikorwa gihambaye mu kwama imisi yose bavomera amazi imiryango yabo be n’imikuku yabo.​—Itanguriro 24:15-20; Kuvayo 2:16.

[Ifoto ku rup. 15]

Alfonso muri kino gihe, ariko arabwira abandi Ijambo ry’Imana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika