Umunezero nagize mu buzima bwanje bwose kubera ugukora ivyo Imana igomba
Nk’uko vyavuzwe na Bill Yaremchuk
Muri Ntwarante mu 1947, haciye amayinga makeya gusa ndonse urupapuro rw’umutsindo mu mugwi ugira umunani w’abamisiyonari basohotse rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower, iryari ico gihe i South Lansing muri New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, narafashe urugendo nja mu gihugu nari ndungitswe gukoreramwo co mu mahanga, iyo catawe muri Singapuru.
UWITWA Dave Farmer, uno akaba yaturuka muri Kanada cokimwe nanje, uwari yasohotse mu mugwi w’indwi wa rya shure ry’i Gileyadi, ni we twari gukorana. Twarafashe ubwato bwitwa Marine Adder, buno bukaba bwahoze ari ubwa gisirikare, tubufatira i San Francisco muri Kaliforoniya.
Ikivuko c’i Hong Kong ni co kivuko co muri Aziya yo mu Buseruko twabanje guhagararako. Ivyo twahabonye vyari biteye agahinda cane. Ingaruka za ya Ntambara ya kabiri y’isi yose zaribonekeza ahantu hose; wabona abantu baryamye iruhande y’inzira, bishwe n’inzara kandi basa n’abariko baracikana. Bidatevye, twaciye dusubira muri bwa bwato maze twerekeza i Manila, ku murwa mukuru wa Filipine.
No muri ico gihugu nyene twarahabonye ingaruka ziteye ubwoba zakwezwe n’iyo ntambara. Mu cambu cahagararamwo ubwato hari hakwiragiye imiringoti y’ubwato bwari bwaribiye bivuye ku mabombe bwatewe n’indege za vya bihugu vyari vyaragize urunani kugira ngo birwanye Ubudagi, kandi hirya no hino muri ako karere harangwa ubukene. Twarahuye n’Ivyabona vya Yehova bakeyi, bano bakaba baciye badutwara ku Ngoro y’Ubwami yabo. Naho bari bugarijwe n’ingorane, bari bafise umunezero.
Ikivuko twahagazeko ubukurikira cari ic’i Batavia (ubu hakaba hitwa Jakarta) muri Indoneziya. Intambara y’abanyagihugu yariko irabica bigacika kandi bariko bararwanira mu micungararo yaho, akaba ari co gituma tutemerewe kuva muri ubwo bwato. Igihe ubwo bwato bwafata inzira buja muri Singapuru, naratanguye kwiyumvira ivyari bigiye kuzodushikira muri ico gihugu. Naribaza nti: “None ka karere keza cane ko muri Aziya yo mu Buseruko twasoma mu dutabu tw’ingenzi, uku ni ko gasigaye kameze?”
Mu misi mikeyi, amakenga nari mfise yaraheze. Hariho ikintu cari kigiye gushika cokwerekanye ata gukeka ko jewe na Dave twariko dukora igikorwa gishimwa n’Imana.
Ukuntu twemerewe kuguma muri Singapuru
Haciye nk’ukwezi tuvuye i San Francisco, ubwato twarimwo bwahavuye bushika mw’izinga ryitwa Saint Jean, ico kikaba cari ikibanza co muri Singapuru amato yashikiramwo imbere y’uko ahabwa uburenganzira bwo gushika ku kivuko. Abajejwe gusuzuma ibisohoka n’ivyinjira baraje mu bwato gusuzuma ko twari dukwije ibisabwa n’amategeko, maze impapuro zacu z’inzira bazishirako ikidodo kivuga ngo “Baremerewe kwinjira mu gihugu.” Bukeye mu gitondo ubwo bwato bwarashitse ku kivuko. Uwari ajejwe ubwo bwato twarimwo amaze gusuzuma ivyangombwa vyacu, twaciye twururuka.
Ku musi wakurikiye, twarasubiye ku kivuko kugira ngo tuje gusezera abamisiyonari bagenzi bacu twari twarafatanije urugendo. Bobo bari bakibandanya urugendo bagana mu Buhindi be no muri Ceylon (ubu hakaba hitwa Sri Lanka). Igihe umukapitene w’ubwo bwato yatubona, yaciye amanuka aza ku kivuko maze atangura kuduhambarira. Yari yashangashiwe maze aca adukankamira avuga yuko tutari dukwiye kuva muri ubwo bwato. Imbere y’aho, igihe twari tukiri mu kiyaga, uwari ahagarikiye bamwe bari bajejwe gusuzuma ibisohoka n’ivyinjira, uwitwa Haxworth, yari yamuhaye itegeko ry’uko dushitse ku kivuko atotureka ngo tuve muri ubwo bwato. Ntitwari tuzi ko iryo tegeko ryari ryatanzwe, kandi n’umwe muri bamwe badusuzuma, uwari yaduhaye uburenganzira bwo kuva muri ubwo bwato, nta vyo yari azi.
Igihe twajanwa kwa Haxworth yatwakiriye nabi. Yaradukankamiye atubwira ko twari twankiwe kwinjira muri Singapuru. Kubera yuko ata kintu na kimwe twari tuzi ku bijanye n’ukwo kwankirwa kwinjira mu gihugu, twaciye tumwereka impapuro zacu z’inzira ziriko ca kidodo cemewe n’amategeko cavuga ngo “Baremerewe kwinjira mu gihugu.” Yaciye azidushikura mu minwe abigiranye ishavu maze aca arafutanganya ayo majambo. Ariko vyamubanye amazi, kubera yuko bwa bwato bwari bwamaze kwigira. Haxworth yaragumije izo mpapuro zacu umwaka wose, amaherezo arazigarukana ziriko ca kidodo kivuga ngo “Baremerewe kwinjira mu gihugu.”
Ubusuku bwimbuka twaranguriye muri Singapuru
Igihe twashika muri Singapuru muri Ndamukiza 1947, umugabo umwe yitwa Joshua ni we wenyene yari Icabona muri ico gihugu. Yarakoze ari umusuku w’igihe cose, canke umutsimvyi, gushika igihe yapfa mu ntango z’imyaka ya 1970. Bidatevye, abantu bari barize ukuri kwo muri Bibiliya baratanguye kubwira abandi ivyo bari barize. Amasengesho twatura dusaba yuko hoboneka abakozi biyongereye mu gikorwa c’iyimbura ryo mu buryo bw’impwemu, yaratanguye kwishurwa.—Matayo 9:37, 38.
Mu 1949, igihe Haxworth yari yagiye mu Bwongereza mu karuhuko yari kumaramwo igihe kirekire, abamisiyonari batandatu bari basohotse mu mugwi ugira 11 wa rya Shure ry’i Gileyadi barashitse muri Singapuru. Muri ico gihe nyene, Dave, wa mugenzi twari tumaze imyaka itari mike dukorana umurimo w’ubumisiyonari, yarabonye ko vyari bikenewe ko ava muri Singapuru kubera ingorane z’amagara. Yaciye yimukira muri Ositaraliya, aho yakoreye ari umwizigirwa gushika igihe yapfa mu 1973. Muri abo bamisiyonari batandatu bashasha bari baherutse gushika, harimwo uwitwa Aileen Franks, uwo twubakanye mu 1956.
Mu myaka yagiye irahaca, twarize Bibiliya n’abantu batari bake bahavuye bacika Ivyabona hamwe n’abana babo. Mbere no muri kino gihe, bamwebamwe muri bo bari mu murimo w’igihe cose mu bindi bihugu. Akarorero kamwe gakora ku mutima ni akerekeye uwitwa Lester Haynes na Joanie, bano bakaba ari umugabo n’umugore b’Abanyamerika baba muri Singapuru. Twatanguye kubigisha Bibiliya mu myaka ya 1950. Uwo mugabo n’umugore baragize iterambere ryo mu vy’impwemu ryihuta maze inyuma y’aho basubiriye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baca barabatizwa. Mu nyuma, Lester be na Joanie bararanguye ubusuku bwimbuka cane. Barafashije abantu batari bake gucika Ivyabona, ushizemwo n’abana babo batatu.
Joanie yanditse ati: “Iyo nsubiye kwiyumvira ibijanye n’uwo mwaka twamaze muri Singapuru, ndabona ko vy’ukuri wahinduye intumbero y’ubuzima bwacu. Iyo tutaza kuba abo novuga ko ari abarerwa banyu, birashoboka ko n’ubu twobaye tukijarajara hirya no hino mw’isi. Ndahimbawe no kubona ari wewe wigishije ukuri Lester kubera yuko kuva mu ntango, yaronse umwigisha amutsimbatazamwo ugukunda Yehova be n’abavukanyi bacu bakirisu. Ntiyigeze atakaza urwo rukundo.”
Dukorera muri Singapuru uko tugize umuryango
Mu 1962 hari ikintu kitari citezwe cashitse, kino kikaba cari kigiye guhindura ubuzima bwacu bimwe bikomeye. Umuganga yavura umuryango wacu yaramenyesheje Aileen ko yari yibungenze. Twaripfuza kuguma mu gikorwa c’ubumisiyonari. Ariko none, twari kubishobora gute tukongera tukarera n’uwo mwana wacu? Nathan H. Knorr, ico gihe akaba ari we yari ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova co kw’isi yose, yaratwandikiye, arandemesha ko norondera akazi k’umubiri kugira ngo dushobore kuguma muri Singapuru. Urwo rwari urugamba rutoroshe.
Abanyamahanga benshi cane bakoreshwa bwa bategetsi mu mashirahamwe yegukira abanyamahanga. Kubera yuko ngiheza amashure naciye ntangura igikorwa c’igihe cose, hakaba hari haheze imyaka 23 ndi muri ico gikorwa, nta vyinshi nari nzi ku bijanye n’akazi ko mw’isi. Ni co gituma naciye ndiha amahera ishirahamwe rimwe ry’i Londres rikora ibijanye no gufasha abantu kurondera akazi, kugira ngo ringirire icegeranyo gishingiye ku gikorwa naranguye ndi umusuku mu vy’idini akorera mu mahanga, kandi baciye bakirungika mu mashirahamwe mpuzamakungu atari make yakorera muri Singapuru.
Naguma ndonka inyishu zimbwira ngo: “Turababajwe no kubona tudashobora kuronka ikibanza umuntu azi ibintu nk’ukwo kwawe ashobora gukoreramwo.” Babona yuko nzi ibintu vyinshi cane! Haraciye amezi ntarakaronka, kandi mu nyuma umwana wacu, uwo twise Judy, yaravutse. Umuvukanyi Knorr ico gihe yariko aragendera Singapuru, kandi yaragiye kuraba Judy na nyina wiwe mu bitaro. Yaradusubirije umutima mu nda ati: “Murashobora kuguma muba mu nzu y’abamisiyonari igihe cose muzoba mubikeneye gushika Bill aronse akazi.”
Haciye amezi makeya, nararonse akazi ko gukora ndi uwuhagarikiye ibijanye no kugurisha amatike y’indege mw’ikompanyi imwe mpuzamakungu. Agahembo naronka kari akamfasha kubaho gusa. Haciye imyaka ibiri, hari ikompanyi y’indege y’Abanyamerika yampaye akazi maze impa umushahara uruta incuro zibiri uwo nahembwa. Nahavuye menyekana rwose mu makompanyi yunguruza ingenzi, kandi nararonka umwanya munini wo kuba ndi kumwe n’umuryango wanje be no kuja mu busuku bwa gikirisu.
Twagumye dushingira ubuzima bwacu ku gikorwa twarangurira Yehova, tugashira mu kibanza ca mbere inyungu z’ivy’impwemu. Ivyo vyatumye nshobora kuronka uduteka twinshi mw’ishirahamwe rya Yehova. Aileen yahavuye asubira gukora ubusuku bw’igihe cose. Muri ico gihe nyene, igikorwa co kwamamaza Ubwami cariko kiratera imbere muri Singapuru. Hagati mu myaka ya 1960 twaraguze inyubakwa nziza y’igorofa imwe yari mu gisagara hagati, iyo twakoresheje bwa Ngoro y’Ubwami. Iyo nyubakwa yikoranirizamwo amashengero ane.
Igikorwa cacu kibuzwa
Haciye igihe, ivyo kuturwanya vyari bigiye kwaduka. Ku wa 14 Nzero 1972, twaragiye ku Ngoro y’Ubwami nk’uko twari dusanzwe tubigira, tukaba twari tugiye ku makoraniro. Mugabo twasanze ku muryango w’irembo hariko ikinyororo be n’igufuri. Hari hashizweko icandiko kivuga yuko Ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo muri Singapuru ritacemewe n’amategeko. Uca wumva rero ko igikorwa cacu cari kibujijwe.a
Iryo yugarwa ry’Ingoro y’Ubwami ntiryatumye duhagarika gusenga Yehova, ariko ikibazo caguma mu bwenge bwanje cari iki: ‘Imana yoba igomba ko umuryango wanje ukora iki?’ Nariyumvira yuko hamwe twokwirukanwa ku nguvu, bitokwigeze bishoboka ko tugaruka kugendera abagenzi bacu bo muri Singapuru. Ni co gituma naciye mbaza umukuru wa rya shirahamwe nakorera nimba vyoshoboka ko nja gukorera i Kuala Lumpur, muri Maleziya. Bigenze gutyo, vyoshobotse ko umuryango wacu uza uraza kuramukanya ukongera ugasubira inyuma bitagoranye. Icantangaje, yaciye ampa akazi ko kuba umukuru w’ibiro vy’i Kuala Lumpur, ivyo bikaba vyari gutuma mpembwa amahera aruta incuro zibiri ayo nahora ndonka bikongera bikandonsa n’izindi nyungu nyinshi.
Naciye nibaza nti: ‘Ubwo Imana yoba igomba ko twimuka tukava muri Singapuru tukongera tugatandukana n’abavukanyi bacu?’ Twarabwiye ico kintu Yehova mw’isengesho uko tugize umuryango. Twahavuye dushika ku ciyumviro c’uko Yehova ari we yatuzanye muri ico gihugu, akaba ari co gituma naciye mfata ingingo ya nyuma, iyo na yo ikaba ari iyo kuguma muri Singapuru. Wa mukoresha wanje yaratangajwe no kubona naranse gukora ico gikorwa cari gutuma ndonka amahera menshi.
Kubaho mu gihe igikorwa cari kibujijwe be no gukora mu kiringo nk’ico, vyaratesha umutwe cane kubera yuko igihe cose vyashobora gushika tugafatwa tukongera tugapfungwa. Harabayeho ibiringo vyatuma tubona vy’ukuri insobanuro y’amajambo ari muri Zaburi 34:7, ayagira ati: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora.”
Tuja gukorera mu kindi gihugu
Amaherezo, mu 1993, tumaze imyaka irenga 46 dukorera muri Singapuru, twarasabwe kuja gukorera muri Nouvelle Zélande, aho twashobora gukorera tudahagaritse cane umutima kandi ata myitwarariko myinshi dufise. Birumvikana yuko twababajwe no gutandukana n’abagenzi bacu bakundwa bo muri Singapuru, abo twari twarakunze cane. Ariko rero, twararemeshejwe no kumenya yuko ukwizera kwabo kwari kwubatswe ku mushinge ukomeye wubakishijwe ibikoresho birinda umuriro. Ivyo vyaratumye bashobora kuguma bashikamye mu bigeragezo babandanije guhangana na vyo.—1 Abakorinto 3:12-14.
Muri kino gihe, inyuma y’imyaka irenga 14 turi muri Nouvelle Zélande, naho jewe na Aileen twitereye mu myaka, turacarangura ubusuku bwacu turi abatsimvyi badasanzwe. Babiri mu bo tuvukana, ni ukuvuga Mike, uwufise imyaka 94, be na Peter, uwufise imyaka 90, baracariho, bakaba bakorera muri Kanada ari abizigirwa kuri Yehova.
Mu 1998, umukobwa wacu Judy yarasubiye muri Aziya yo mu Buseruko maze arakorerayo imyaka itari mike. Muri rimwe mu makete yatwandikiye, yavuze ati: “Ese ukuntu ku musi ku musi nama nshimira Yehova ku bw’agateka ntangere mfise ko kumusukurira ndi ng’aha! Ndabakengurukira na mwebwe ku bintu vyose mwamenyerejemwo mubigiranye urukundo, be no ku bintu vyose mwemeye guheba kandi mubandanya kwemera guheba, kugira ngo ibi vyose bishoboke.” Mu 2003 Judy yaragarutse muri Nouvelle Zélande kugira ngo adufashe na Aileen mu vyo twari dukeneye.b
Turakengurukira Yehova kubona uko ivyacu vyari vyifashe vyaraduhaye akaryo ko kwitabira akamo katewe na wa Mukuru w’iyimbura, atumira abandi bakozi ngo baze muri iryo yimbura. Kuba twaragize ivyo vyatumye tugira umunezero utagira uko wovugwa. Vyongeye, ‘isi niyarengana,’ nk’uko Bibiliya ibivuga, tuzoshobora kwibonera iranguka ry’umuhango mwiza igitangaza w’Imana ugira uti: “Uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”—1 Yohani 2:17.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1972, urupapuro rwa 533-541.
b Aileen umukundwa, yasandavye ku wa 24 Nzero 2008, igihe iki kiganiro cariko kirasozerwa gutegurwa.
[Ifoto ku rup. 28]
Ifoto yafashwe na Kimroy
[Ifoto ku rup. 29]
Joshua ni we yari Icabona wenyene muri Singapuru igihe twashikayo mu 1947
[Ifoto ku rup. 29]
Ndi kumwe na Dave Farmer i Hong Kong, turiko tuja muri Singapuru, mu 1947
[Ifoto ku rup. 29]
Ndi kumwe na Aileen, mu 1958
[Ifoto ku rup. 31]
Turi kumwe n’umukobwa wacu Judy
[Ifoto ku rup. 31]
Ifoto yafashwe na Kimroy