Ukuntu twovyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu
“Twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye.”—1 TES. 2:2.
1. Ni ingorane izihe zashikiye Yeremiya, kandi yashoboye gute kuzifatamwo neza?
YEREMIYA yari umuntu afise inyiyumvo nk’izo dufise. Igihe Yehova yamumenyesha ibijanye n’igikorwa yari amushinze co kuba ‘uwuvugishwa na we mu mahanga,’ yaciye yiha akamo ati: “Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.” Yamara rero, yarizigiye Yehova aremera kurangura ico gikorwa. (Yer. 1:4-10) Mu myaka irenga 40 Yeremiya yamaze akora ico gikorwa, yabwirijwe kwihanganira ukuba abantu batanegwa ubutumwa yashikiriza, ukurwanywa, ugutyekezwa, eka mbere n’ukugirirwa nabi ku mubiri. (Yer. 20:1, 2) Vyarashika akumva yotana n’akabando. Ariko, yarashishikaye gutangaza ubutumwa butashimwa na benshi, abubwira abantu ahanini batabwakira neza. Akomejwe n’Imana, Yeremiya yararanguye ivyo atokwigeze yishoboza.—Soma Yeremiya 20:7-9.
2, 3. Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana muri iki gihe bashikirwa n’ingorane zisa n’izashikiye Yeremiya?
2 Benshi mu basavyi b’Imana muri iki gihe barashobora kwumva bamerewe nk’ukwo kwa Yeremiya. Igihe abatari bake muri twebwe barimbura ibijanye n’ukwamamaza inzu ku nzu, vyoba vyarashitse bariyumvira bati: ‘Ico ni ikintu ntokwigera nshobora gukora.’ Yamara, igihe twatahura yuko Yehova ari we agomba ko dutangaza inkuru nziza, twarashize ubwoba maze turamamaza tubigiranye umwete. Naho vyari ukwo, benshi muri twebwe, n’imiburiburi mu gihe kinaka, twarashikiwe n’ibintu mu buzima vyatumye kuguma twamamaza bitatworohera. Ntawohakana ko gutangura igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu be no kuguma wamamaza gushika kw’iherezo ari urugamba.—Mat. 24:13.
3 Tuvuge iki niba umaze igihe wigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi ukaba umaze igihe witaba amakoraniro y’ishengero, ariko ukaba ukigonanwa ku bijanye n’ugutangura kwamamaza inzu ku nzu? Canke, bite ho niba uri Icabona yabatijwe, ukaba ubona ko bigoye kugira uruhara mu gikorwa co kugenda uradodora ku nzu ku nzu, naho nyene amagara yawe yoba agukundira kubigira? Numenye neza ko abamamaji bo mu mice yose y’ubuzima bariko baravyifatamwo neza mu ngorane zibashikira mu busuku bw’inzu ku nzu. Na wewe, ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kubigenza gutyo.
Ukuntu twogira ubutinyutsi
4. Ni igiki cashoboje intumwa Paulo kuvuga inkuru nziza abigiranye ubutinyutsi?
4 Ata gukeka, uremera ko igikorwa co kwamamaza kirangurirwa hirya no hino kw’isi, kitariko kirakorwa biciye ku bushobozi canke ubukerebutsi bw’abantu, ariko ko kirangurwa biciye ku mpwemu y’Imana. (Zek. 4:6) Vyongeye, ukwo ni ko biri no ku bijanye n’ubusuku umukirisu umwumwe wese arangura. (2 Kor. 4:7) Rimbura ivyerekeye intumwa Paulo. Yaranditse ivyo yibuka igihe we na mugenziwe bakorana igikorwa c’ubumisiyonari bafatwa nabi n’ababarwanya, ati: “Aho tumariye kubanza gucumukura tukongera tukagirirwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi . . . , twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye.” (1 Tes. 2:2; Ibik. 16:22-24) Vyotugora kwibaza ko umwamamaji w’umunyamwete nka Paulo hoba harigeze gushika ibihe kwamamaza bimubera urugamba. Yamara rero, cokimwe na twebwe twese, Paulo yabwirizwa kwizigira Yehova kugira ngo avuge inkuru nziza abigiranye ubutinyutsi. (Soma Abanyefeso 6:18-20.) Dushobora gute kwigana akarorero ka Paulo?
5. Ni uburyo bumwe ubuhe butuma dushobora kwamamaza tubigiranye ubutinyutsi?
5 Uburyo bumwe budufasha kugira ubutinyutsi bwo kwamamaza ni ugutura isengesho. Umutsimvyi umwe yavuze ati: “Ndasenga nsaba ko noshobora kuvugana umutima mu nda, ko noshobora gukora abantu ku mutima be n’uko noshobora kuronkera akanyamuneza mu busuku. Nkako, ico ni igikorwa ca Yehova, si icacu. Ni co gituma ata kintu na kimwe dushobora gukora tudafashijwe na we.” (1 Tes. 5:17) Twese turakeneye kuguma dusenga dusaba gufashwa n’impwemu nyeranda y’Imana kugira ngo twamamaze tubigiranye ubutinyutsi.—Luka 11:9-13.
6, 7. (a) Ni ibiki Ezekiyeli yeretswe, kandi vyasobanura iki? (b) Ni icigwa ikihe abasavyi b’Imana muri iki gihe bakura mu vyo Ezekiyeli yeretswe?
6 Igitabu ca Ezekiyeli kirahishura ikindi kintu gishobora kudufasha kuvugana ubutinyutsi. Mu vyo Ezekiyeli yeretswe, yabonye Yehova amuha umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma amajambo y’“intimba n’amaborogo n’amahano”, maze amubwira kuwurya, ati: “Mwana w’umuntu, hāza inda yawe, n’amara yawe uyuzuze uyu muzingo nguhaye.” None ivyo bintu yeretswe vyasobanura iki? Ezekiyeli yabwirizwa kubanza kunyurwa bimwe bishitse n’ubutumwa yategerezwa gushikiriza. Ni nk’aho ubwo butumwa bwategerezwa kuba mu bimugize, bukagira ico bukoze ku kuntu yiyumva ibwina muri we. Uwo muhanuzi abandanya yigana ati: “Ndawurya; mu kanwa unsosera nk’ubūki.” Ezekiyeli yabona ko kuvuga ubutumwa bw’Imana ku mugaragaro bihimbaye nka kurya nyene kurya ubuki bihimbaye. Yabona ko guserukira Yehova be no kurangura ico gikorwa yari yashinzwe n’Imana kari agateka kadasanzwe atewe, naho nyene ivyo vyamusaba gushikiriza ubutumwa bukomeye abantu batakira neza.—Soma Ezekiyeli 2:8–3:4, 7-9.
7 Abasavyi b’Imana muri kino gihe barashobora gukura icigwa gihambaye muri ivyo Ezekiyeli yeretswe. Na twebwe nyene turafise ubutumwa bukomeye bwo gushikiriza abantu, bano bakaba batama bakenguruka utwigoro tugira. Kugira ngo tubandanye tubona ko ubusuku bwa gikirisu ari agateka Imana yaduteye, dutegerezwa gufungura neza mu buryo bw’impwemu. Kugira utumenyero two kwiyigisha ducishako canke duhorereza ntivyodufasha kwihereza Ijambo ry’Imana ku buryo ritunyura bimwe bishitse. Woba ushobora kugira ivyo uryohoye ku bijanye n’ukuntu wosoma ukongera ukiyigisha Bibiliya uvyitondeye kandi udahorereza? Woba ushobora kuzirikana kenshi kuruta ku vyo usoma?—Zab. 1:2, 3.
Ukuntu twotanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya
8. Ni uburyo ubuhe bwafashije abamamaji bamwebamwe b’Ubwami gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya mu busuku bw’inzu ku nzu?
8 Abamamaji benshi babona ko gutangura kuganiriza umuntu basanze ku muhana ari co kintu kigoye kuruta ibindi vyose mu bigize ubusuku bw’inzu ku nzu. Tuvugishije ukuri, mu vyibare bimwebimwe usanga ari urugamba gutangura kuganiriza abantu. Mu gihe abamamaji bamwebamwe batanguje ikiyago cabo n’amajambo magufi yacaguwe neza maze bagaca bashikiriza uwo basanze ku muhana agapapuro k’inkuru nziza, nk’uko vyerekanwa muri uru ruzitiro rujanye n’iki kiganiro, bararushiriza kwumva borohewe no kuganiriza abantu imbere y’umuryango. Umutwe-shimikiro w’ako gapapuro canke amashusho yako ashimishije cane vyoshobora gukwegēra uwo muntu, bikadufasha kumubwira muri make icatumye tumugendera no kumubaza ikibazo. Ubundi buryo twokoresha, ni ukwereka uwo muntu udupapuro dutatu canke tune dutandukanye maze tugaca tumusaba guhitamwo akamushimishije. Ariko ntiwumve, intumbero yacu si iyo gutanga gusa udupapuro tw’inkuru nziza canke kudukoresha aho tudodoye hose, ahubwo ni iyo gutanguza ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bidushikana ku kuyobora inyigisho za Bibiliya.
9. Ni kubera iki kwitegura neza bihambaye?
9 Uburyo ubwo ari bwo bwose wokoresha, kwitegura neza ni vyo bishobora kugufasha kuvugana umutima mu nda n’igishika mu busuku bw’inzu ku nzu. Hari umutsimvyi yavuze ati: “Ndushiriza kugira umunezero igihe mba niteguye neza. Bituma nipfuza kuvugana n’abantu nkoresheje uburyo mba nateguye.” Uwundi mutsimvyi na we yavuze ati: “Igihe mba nzi neza ibivugwa mu bisohokayandikiro mba ngiye gushikiriza abantu, nca numva nshashaye kubikoresha.” Naho hariho ivyiza biva ku gusubiramwo mu gacerere amajambo ugiye gukoresha, benshi bahora basanga birushiriza gufasha igihe bagize agakino, nya majambo bakayasubiramwo n’ijwi ryumvikana. Kubigenza gutyo birabafasha guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi vyose bafise.—Kol. 3:23; 2 Tim. 2:15.
10. Hokorwa iki kugira ngo amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro abe ngirakamaro?
10 Amakoraniro ngirakamaro yo gusohoka mu ndimiro aragira ico aterereye kugira ngo tube ababishoboye mu busuku bw’inzu ku nzu twongere tubukorane umunezero. Niba icanditswe c’umusi cerekeza ku gikorwa co kwamamaza, coshobora gusomwa kandi kikaganirwako muri make. Yamara rero, umuvukanyi ayobora ikoraniro ryo gusohoka mu ndimiro akwiye gufata umwanya ukwiye wo kurimbura canke kugira umwerekano ujanye n’uburyo bworoshe bwo gutanguza ikiyago buhuje neza na neza n’uko ibintu vyifashe muri ico cibare; canke na ho agafata umwanya wo kurimbura ayandi makuru yoshobora gukoreshwa mu busuku bwo kuri uwo musi. Ivyo bizorushiriza kuronsa abitavye iryo koraniro ivyo bakeneye kugira ngo bashinge intahe mu buryo ngirakamaro. Mu gihe abakurambere be n’abandi bayobora ayo makoraniro biteguye neza imbere y’igihe, barashobora gushitsa ivyo bintu kandi bagashobora gusozera iryo koraniro mu mwanya wategekanijwe.—Rom. 12:8.
Ububasha bwo gutega amatwi
11, 12. Gutega ugutwi abandi tubigiranye impuhwe bishobora gute kudufasha gutuma inkuru nziza ikora ku mutima abantu? Bitangire uburorero.
11 Ikidufasha gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya be no gukora abantu ku mutima mu busuku si ukwitegura neza imbere y’igihe gusa, ariko n’ukubitwararika cane navyo nyene birimwo. Uburyo bumwe tugaragazamwo ko twitwararika abandi, ni ukuntu tubatega amatwi. Umucungezi umwe w’ingenzi yavuze ati: “Kwihangana ugatega ugutwi abantu ubikuye ku mutima biri n’ububasha budasanzwe butuma bumva bashatse gukurikira ivyo muriko murayaga, kandi ni bwo buryo ntangere bwo kwitwararika abandi ubigiranye igishika.” Gutega ugutwi ubigiranye impuhwe birashobora kuba rwo rupfunguruzo rwugurura umutima w’umunyamuhana, nk’uko icabonywe gikurikira kivyerekana.
12 Mw’ikete ryasohowe mu kinyamakuru kimwe (Le Progrès) candikirwa i Saint-Étienne mu Bufaransa, umugore umwe aradondora ingene yagendewe n’abantu babiri, bano bakaba badodoye ku rugi iwe gatoyi inyuma y’aho agiriye agahinda gakomeye bitumwe n’ukubura agakobwa kiwe kahitanywe n’urupfu kamaze amezi atatu. Yanditse ati: “Naciye ubwo nyene menya ko ari Ivyabona vya Yehova. Nari niteguriye kubirukana ndabigiranye urupfasoni, ariko ngize ntya naciye mbona agatabu bariko barashikiriza. Ako gatabu kavuga ibijanye n’igituma Imana ireka hakaba ugucumukura. Naciye mfata ingingo yo kubaha ikaze mfise iciyumviro co kwerekana ko ivyo bavuga ari ibinyoma. . . . Nya Vyabona bahamaze isaha irenga gatoyi. Baranteze ugutwi n’impuhwe nyinshi, hageze ko bagenda, numvise merewe neza cane ku buryo nemeye ko bogaruka.” (Rom. 12:15) Mu nyuma, uwo mugore yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya. Turashobora kugira ikintu kinini cane twigiye ku kuba ivyo uwo mugore yibutse ku bijanye n’igihe ivyo Vyabona bamugendera ari bwo bwa mbere, atari ivyo bavuze ahubwo ari ukuntu bamuteze ugutwi.
13. Dushobora gute guhuza uburyo dushikiriza inkuru nziza n’uko ivy’abantu duhura na bo biba vyifashe?
13 Igihe duteze ugutwi abandi tubigiranye impuhwe, tuba mu bisanzwe tubaronkeje akaryo ko kutubwira igituma bakeneye Ubwami. Ivyo biraheza bigatuma tworoherwa cane no kubabwira inkuru nziza. Ushobora kuba umaze kwibonera ko abamamaji b’inkuru nziza bavyifatamwo neza, akenshi ari barya usanga bazi gutega ugutwi. (Imig. 20:5) Baragaragaza ko bitwararika vy’ukuri abantu bahura na bo mu busuku. Ntibitwararika gusa kwandika amazina y’abo bantu canke aho baba, ariko kandi baritwararika kwandika n’ivyabashimishije be n’ivyo bakeneye. Igihe hari umuntu aseruye ikintu kinaka kimuraje ishinga, baragira ubushakashatsi maze badatevye bakagaruka kumubwira ivyo baba barabonye. Nka kurya intumwa Paulo yabigira, uburyo bakoresha mu gushikiriza ubutumwa bw’Ubwami barabuhuza n’uko ivy’abantu bahura na bo biba vyifashe. (Soma 1 Abakorinto 9:19-23.) Mwene ukwo kwitwararika abantu bimwe bivuye ku mutima kuratuma bakwegērwa n’inkuru nziza kukongera kukagaragaza mu buryo bwiza igitangaza “impuhwe z’ikibabarwe z’Imana yacu.”—Luka 1:78.
Tugume tubona ibintu mu buryo bwiza
14. Dushobora gute kugaragaza kamere za Yehova, uko turangura ubusuku bwacu?
14 Yehova yaraduteye iteka rihambaye mu kuturonsa ubushobozi bwo kwihitiramwo. Naho ari Imana Mushoboravyose, nta muntu n’umwe asaba ku nguvu ngo amusukurire, mugabo abitumwe n’urukundo, arakwegēra abantu kumusukurira agahezagira abakora babigiranye ugukenguruka bahuza n’intunganyo zitangaje yashizeho. (Rom. 2:4) Twebwe abasuku biwe, turakwiye kwama twiteguriye gushikiriza inkuru nziza mu buryo butera iteka Imana yacu y’imbabazi igihe cose dushinga intahe. (2 Kor. 5:20, 21; 6:3-6) Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye kuguma tubona mu buryo bwiza abantu bo mu cibare cacu. Ni igiki none codufasha kuvyifatamwo neza muri urwo rugamba?
15. (a) Yezu yategetse abayoboke biwe gukora iki bishitse abantu bakanka ubutumwa bashikiriza? (b) Ni igiki gishobora kudufasha kuguma twitwararika kurondera abakwiriye?
15 Yezu yategetse abayoboke biwe kudahagarika umutima birenze urugero bishitse hakagira abanka ubutumwa, ariko ko bari bakwiye kwitwararika kurondera abakwiriye. (Soma Matayo 10:11-15.) Kwishingira imigambi mitomito dushoboye gushitsa birashobora kudufasha kubigenza gutyo. Hari umuvukanyi umwe akunze kwigereranya n’umuntu ajejwe igikorwa co kurondera ahoba hari ubutare. Akenshi yama yivugira ati: “Niteze ko uyu musi nza kuronka inzahabu idasanzwe.” Uwundi muvukanyi na we afise umugambi wo “guhura n’umuntu ameze neza buri ndwi, maze agaca agaruka haciye imisi mikeyi kugira ngo atume uwo muntu arushiriza gushimishwa.” Abamamaji bamwebamwe barihatira gusomera hamwe n’umunyamuhana wese n’imiburiburi icanditswe kimwe igihe bishobotse. Ni umugambi uwuhe ushoboye gushitsa wokwishingira?
16. Ni imvo izihe zituma tubandanya kwamamaza?
16 Ukuroranirwa mu busuku bw’inzu ku nzu ntibihagaze gusa ku kuntu abantu bo mu cibare bakira inkuru nziza. Ego ni ko igikorwa co kwamamaza kirarangura uruhara ruhambaye cane mu bijanye n’ukurokorwa kw’abantu b’imitima nziraburyarya, ariko kandi kirarangura n’ibindi bintu bihambaye. Ubusuku bwa gikirisu buraturonsa akaryo ko kugaragaza urukundo dukunda Yehova. (1 Yoh. 5:3) Buradufasha kwirinda kwagirwa n’amaraso. (Ibik. 20:26, 27) Buraburira abantu batibanga Imana yuko “isaha y’urubanza rwayo ishitse.” (Ivyah. 14:6, 7) Ikiruta vyose, biciye kuri ico gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, izina rya Yehova ririko rirashemezwa mw’isi yose. (Zab. 113:3) Ku bw’ivyo, baba bumviriza ubutumwa bw’Ubwami canke batabwumviriza, twebwe dutegerezwa kuguma tubutangaza. Nkako, utwigoro twose tugira kugira ngo dutangaze inkuru nziza ni twiza mu nyonga za Yehova.—Rom. 10:13-15.
17. Ni ibiki abantu vuba bazobwirizwa kwemera?
17 Naho abantu benshi muri iki gihe basuzugura igikorwa cacu co kwamamaza, vuba bagiye kukibona mu bundi buryo. (Mat. 24:37-39) Yehova yarasubirije umutima mu nda Ezekiyeli yuko mu gihe imanza yatangaje zoshikijwe ari ho abantu b’inzu ya Isirayeli bagarariza “[bomenye yuko u]wuvugishwa n’Imana yabaye muri bo.” (Ezk. 2:5) Muri ubwo buryo nyene, Imana niyashitsa imanza zayo ku vy’iyi si, abantu bazobwirizwa kwemera ko ubutumwa Ivyabona vya Yehova bamamaje mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi be n’ubwo bamamaje inzu ku nzu koko bwava kuri ya Mana imwe nsa y’ukuri, Yehova, kandi ko mu vy’ukuri ivyo Vyabona ari we baserukira. Mbega agateka twatewe ko kwitirirwa izina ryiwe no kubwira abandi ubutumwa bwiwe muri ibi bihe bihambaye cane! Tubifashijwemwo na we, ese twobandanya kuvyifatamwo neza mu ngorane zidushikira mu busuku bw’inzu ku nzu!
Wokwishura gute?
• Dushobora gute kugira ubutinyutsi bwo kwamamaza?
• Ni igiki gishobora kudufasha gutanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya mu busuku bw’inzu ku nzu?
• Dushobora gute kugaragaza ko twitwararika abandi bimwe bivuye ku mutima?
• Ni igiki gishobora kudufasha kuguma tubona abantu bo mu cibare cacu mu buryo bwiza?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 9]
Uburyo bumwe wotanguza ibiyago bishingiye kuri Bibiliya
Ingene wotangura:
◼ Uhejeje kuramutsa uwo usanze ku muhana, woshobora kumuha agapapuro k’inkuru nziza, hanyuma ugaca uvuga uti: “Igitumye nkugendeye uwu musi ni ukugira ngo tuganire ku ciyumviro kiremesha kijanye n’iki kintu gihambaye.”
◼ Canke na ho woshobora kumuha agapapuro k’inkuru nziza, maze ugaca uvuga uti: “Uwu musi, nari nkugendeye akanya gatoyi kubera ko nshimishwa cane no kumenya ico wibaza kuri iki ciyumviro.”
Igihe yemeye kwakira ako gapapuro:
◼ Utiriwe uratebagana, nuce umubaza ikibazo coroshe gituma aserura iryo agona, gishingiye ku mutwe-shimikiro w’ako gapapuro.
◼ Numutege yompi, urondera gutahura neza ukuntu abona ibintu. Numushimire kubona yagize ico avuze.
Ingene wobandanya ico kiyago:
◼ Nimusome icanditswe kimwe canke birenga mwongere mubiganireko mu guhuza ivyo uvuga n’ivyamushimishije be n’ivyo akeneye.
◼ Niba uwo muntu ashimishijwe, numushikirize igisohokayandikiro wongere umwereke ingene inyigisho ya Bibiliya iyoborwa niba bishoboka. Nimusezerane ingene wosubira kumugendera.