ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/7 rup. 17-21
  • Ntuzi aho bizokunda

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ntuzi aho bizokunda
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ikigereranyo cerekeye agatete ka sinapi
  • Ikigereranyo cerekeye umwambiro
  • Ikigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu
  • ‘Nimwumvirize kandi mutegere insobanuro’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Woba ‘utegera insobanuro’?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ibiva mu gikorwa co kwamamaza—“Imirima ireze, igeze kwimbura”
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Yigisha Akoresheje Ibigereranirizo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/7 rup. 17-21

Ntuzi aho bizokunda

“Biba imbuto zawe mu gitondo, kandi ku mugoroba ntupfunye amaboko: kuk’utazi ibizokunda.”​—UMUS. 11:6.

1. Ni kubera iki kwibonera ukuntu igiterwa gikura ari ikintu gitangaje kandi gituma duca bugufi?

UMURIMYI arakeneye kugira ukwihangana. (Yak. 5:7) Amaze guteragira imbuto, haba hasigaye ko arindira yuko zimera maze zigakura. Buhorobuhoro, igihe ikirere kiba cagenze neza, iminago iratangura guseruka, igatutuza iva mw’ivu. Mu nyuma, iyo minago irakura ikaba ibiterwa bitanguye kuzana amahundo arimwo intete. Amaherezo, umurima w’uwo murimyi urera, ukagera gushwaburwa. Ese ukuntu kwibonera ico gitangaro c’ikura ry’igiterwa ari ikintu c’akumiza! Ese ukuntu kandi kumenya uwutuma iryo kura rishoboka, bituma duca bugufi! Turashobora gutabira aho dutera imbuto, turashobora no kuzivomera, mugabo Imana yonyene ni yo ishobora gutuma zikura.​—Gereranya na 1 Abakorinto 3:6.

2. Mu bigereranyo vyarimbuwe mu kiganiro c’imbere y’iki, ni ibintu ibihe Yezu yigishije ku bijanye n’ikura ryo mu buryo bw’impwemu?

2 Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, igikorwa co kwamamaza Ubwami Yezu yakigereranije n’igikorwa umurimyi akora co guteragira imbuto. Muri ca kigereranyo cerekeye ubwoko butandukanye bw’ivu, Yezu yarerekanye yuko naho uwo murimyi abiba imbuto nziza, imero y’umutima umuntu aba afise ari yo yerekana nimba izo mbuto zizokura zikama canke zitazokura. (Mrk. 4:3-9) Muri ca kigereranyo c’umubivyi asinzira, Yezu yarerekanye yuko uwo murimyi adatahura neza na neza ukuntu imbuto zikura. Ivyo bitumwa n’uko iryo kura riba bivuye ku bubasha bw’Imana, ritaba bivuye ku twigoro tw’abantu. (Mrk. 4:26-29) Nimuze ubu na ho turimbure ibindi bigereranyo bitatu mu vyo Yezu yatanze, ivyo na vyo bikaba ari ibi: icerekeye agatete ka sinapi, icerekeye umwambiro, be n’icerekeye urusenga rw’umukwabu.a

Ikigereranyo cerekeye agatete ka sinapi

3, 4. Ikigereranyo cerekeye agatete ka sinapi gishira ahabona imice iyihe ku bijanye n’ubutumwa bwerekeye Ubwami?

3 Ikigereranyo cerekeye agatete ka sinapi, na co nyene kikaba kivugwa muri Mariko ikigabane ca 4, kirashira ahabona ibintu bibiri: Ica mbere ni ikura ritangaje ry’ubutumwa bwerekeye Ubwami. Ica kabiri ni ugukingirwa guhabwa abemera ubwo butumwa. Yezu yavuze ati: “Ubwami bw’Imana tubusanishe n’iki, canke tubugereranye n’iki? Busa n’agatete ka sinapi, akabibwe mw’ivu ari ko kabuto kanzwinya kuruta izindi mbuto zose ziri kw’isi​—mugabo kamaze kubibwa, karakura kakaruta ibindi biterwa vy’imboga vyose hanyuma kakazana amashami manini, ku buryo inyoni zo mu kirere zishobora kwibera mu gitutu cako.”​—Mrk. 4:30-32.

4 Muri ico canditswe turabona ko hadondorwa ikura ry’“ubwami bw’Imana” nk’uko bitangirwa ikimenyamenya n’ukuntu kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C. kubandanya, ubutumwa bwerekeye Ubwami bwakwiragiye, ishengero rya gikirisu na ryo rikagenda rirakura. Agatete ka sinapi ni akabuto kanzwinya gashobora kugereranya ikintu gitoya cane. (Gereranya na Luka 17:6.) Ariko rero, igiterwa ca sinapi amaherezo coshobora gushikira uburebure bw’imetero ziva kuri zitatu gushika kuri zitanu kandi kikagira amashami akomeye, gutyo kikaboneka nk’aho ari igiti.​—Mat. 13:31, 32.

5. Ni ikura irihe ryabaye mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere?

5 Ikura ry’ishengero rya gikirisu ryatanguye buhorobuhoro mu 33 G.C., igihe abigishwa nka 120 basigwa impwemu nyeranda. Mu kiringo bisa n’uko ari kigufi, iryo shengero ritoya ry’abigishwa ryahavuye rigirwa n’abantu ibihumbi n’ibihumbi bemera. (Soma Ibikorwa 2:41; 4:4; 5:28; 6:7; 12:24; 19:20.) Mu myaka 30, igitigiri c’abimbuzi cari carongerekanye cane ku buryo intumwa Paulo yashoboye kubwira abari bagize ishengero ry’i Kolosayi yuko inkuru nziza yari imaze “[kwamamazwa] mu biremwa vyose vyo munsi y’ijuru.” (Kol. 1:23) Emwe, iryo ryari ikura ritangaje!

6, 7. (a) Ni iterambere irihe ryabaye kuva mu 1914? (b) Ni irindi kura irihe rizoba muri kazoza?

6 Kuva aho Ubwami bw’Imana bushingiwe mw’ijuru mu 1914, amashami y’ico “giti” ca sinapi yarakuze aba manini kuruta uko umuntu yovyitega. Abasavyi b’Imana bariboneye iranguka ry’ubuhanuzi bwanditswe na Yesaya bugira buti: “Inkēngērwa izovamw’igihumbi, kandi nyarucari azoba ihanga rikomeye.” (Yes. 60:22) Umugwi mutoya w’abasizwe bariko baragira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami mu ntango z’ikinjana ca 20, ntiwari uzi yuko mu mwaka wa 2008 Ivyabona hafi imiliyoni indwi bobaye bariko baragira uruhara muri ico gikorwa mu bihugu birenga 230. Mu vy’ukuri, iryo ni ikura ritangaje ryogereranywa n’ikura rya ka gatete ka sinapi Yezu yavuga muri ca kigereranyo yatanga!

7 None iryo kura ryoba rigarukira ng’aho? Habe na buhoro! Abatwarwa b’Ubwami bw’Imana amaherezo bazosagaza kw’isi yose. Ababarwanya bose bazoba barakuweho. Ivyo ntibizoba bitumwe n’utwigoro tw’abantu, ariko bizoba bivuye ku kuba Umukama Segaba Yehova azoba yahaserutse kugira ngo agire ico akoze ku bijanye n’ibikorerwa kw’isi. (Soma Daniyeli 2:34, 35.) Ico gihe tuzoca tubona iranguka ry’ubundi buhanuzi bwanditswe na Yesaya, ubugira buti: “Kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”​—Yes. 11:9.

8. (a) Za nyoni zo mu kigereranyo ca Yezu zigereranya ba nde? (b) Ni ibiki dukingirwa mbere no muri kino gihe?

8 Yezu avuga yuko inyoni zo mu kirere zishobora kwibera mu gitutu c’ubwo Bwami. Izo nyoni ntizigereranya abansi bw’Ubwami bagerageza kurya imbuto nziza, nka kumwe biri kuri za nyoni zivugwa muri ca kigereranyo cerekeye wa muntu yamija imbuto ku bwoko butandukanye bw’ivu. (Mrk. 4:4) Ahubwo, muri ico kigereranyo izo nyoni zigereranya abantu bafise umutima ugororotse baronderera ugukingirwa mw’ishengero rya gikirisu. Mbere no muri kino gihe, abo bantu barakingirwa imigenzo yonona mu vy’impwemu be n’ibikorwa bihumanye bikorerwa muri ino si mbi. (Gereranya na Yesaya 32:1, 2.) Muri ubwo buryo nyene, Ubwami burongowe na Mesiya, Yehova yabugereranije n’igiti, maze avuga mu buryo menyeshakazoza ati: “Ku musozi muremure w’i Bgisirayeli ni ho nzogatera; na ko kazoshamika amashami, kame imbuto, kabe igiti c’isederi ciza; kand’inyoni n’ibisīga vyose vy’amoko yose bizokwibera musi yaco; mu gitūtu c’amashami yaco ni ho bizoba.”​—Ezk. 17:23.

Ikigereranyo cerekeye umwambiro

9, 10. (a) Ni iciyumviro ikihe Yezu yashize ahabona muri ca kigereranyo cerekeye umwambiro? (b) Muri Bibiliya, akenshi umwambiro ugereranya iki, kandi ni ikibazo ikihe tugiye kurimbura ku bijanye n’ukuntu Yezu yakoresheje imvugo umwambiro?

9 Ikura ry’Ubwami ntiryama nantaryo ribonwa n’amaso y’abantu. Mu kigereranyo gikurikira Yezu yatanze, yarashize ahabona ico kintu. Avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umwambiro umugore yafashe akawunyegeza mu ngero zitatu nininini z’ifu, gushika igikandu cose gitutumvye.” (Mat. 13:33) None uwo mwambiro ugereranya iki, kandi ufitaniye isano gute n’ikura ry’Ubwami?

10 Muri Bibiliya, akenshi umwambiro ukoreshwa mu kugereranya igicumuro. Intumwa Paulo yarakoresheje imvugo umwambiro muri ubwo buryo igihe yariko avuga ibijanye n’akosho konona umucumuzi umwe wo mw’ishengero ry’i Korinto ha kera yariko aragira. (1 Kor. 5:6-8) None Yezu yoba yariko akoresha imvugo umwambiro mu kugereranya ikura ry’ikintu kibi?

11. Umwambiro wakoreshwa gute muri Isirayeli ya kera?

11 Imbere y’uko twishura ico kibazo, turakeneye kumenya ibintu bitatu nyamukuru. Ica mbere: naho Yehova atemera ko umwambiro ukoreshwa mu kiringo co guhimbaza Pasika, mu bindi bihe yaremera ko bamushikanira ibimazi vyaba birimwo umwambiro. Umwambiro warakoreshwa mu bijanye n’amashikanwa yo gukenguruka yasangirirwa hamwe, uwatanga ayo mashikanwa akaba yayashikana avyigombeye abigiranye agatima ko gukengurukira Yehova ku bw’imihezagiro myinshi yaba yamuhaye. Izo mfungurwa zatuma abaziherezako bose bagira akanyamuneza.​—Lew. 7:11-15.

12. Ni igiki twokwigira ku kuntu Bibiliya ikoresha ibigereranyo?

12 Ica kabiri: naho mu gihe kimwe ikigereranyo kinaka coshobora kwerekeza ku kintu kibi mu Vyanditswe, mu kindi gihe ico kigereranyo nyene coshobora gukoreshwa mu kwerekeza ku kintu ciza. Nk’akarorero, muri 1 Petero 5:8, Shetani agereranywa n’intambwe, ivyo bikaba vyerekana ukuntu ateye akaga, akaba n’umubisha. Mugabo mu Vyahishuwe 5:5, Yezu na we nyene agereranywa n’intambwe, “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.” Aho mu Vyahishuwe, intambwe ikoreshwa bwa kigereranyo c’ubutungane burangwa n’umutima rugabo.

13. Ca kigereranyo Yezu yatanga cerekeye umwambiro cerekana iki ku bijanye n’iterambere ryo mu vy’impwemu?

13 Ica gatatu: muri ca kigereranyo Yezu yatanga, ntiyavuze yuko wa mwambiro wononye igikandu cose, gutyo ngo kibe ikitakibereye gukoreshwa. Yavuze gusa ibijanye n’ukuntu abantu basanzwe babigenza mu gukora imikate. Wa mugore yashizemwo umwambiro abishaka, kandi ivyo vyavuyemwo ikintu ciza. Uwo mwambiro wari wanyegejwe mu gikandu. Ku bw’ivyo, uwo mugore ntiyashoboye kubona ukuntu ico gikandu cagiye kiratutumba. Ivyo bica bitwibutsa wa mugabo abiba imbuto maze agasinzira mw’ijoro. Yezu yavuze ko “za mbuto na zo [zimera] hanyuma zigakura, mu buryo [uwo muntu] atazi.” (Mrk. 4:27) Ese ukuntu ubwo ari uburyo bworoshe bwo kugereranya ingene abantu bagenda baratera imbere mu vy’impwemu mu buryo butaboneka! Mu ntango twoshobora kudashoka tubona iryo terambere, ariko amaherezo ibiva muri ryo birateba bikagaragara.

14. Ni umuce uwuhe w’igikorwa co kwamamaza ugereranywa no kuba umwambiro ututumbisha igikandu cose?

14 Iryo terambere si iritabonwa n’amaso y’abantu gusa, ariko kandi rikwiragiye hose. Uwo ni uwundi muce ushirwa ahabona muri ca kigereranyo cerekeye umwambiro. Uwo mwambiro uratutumbisha ico gikandu cose, ni ukuvuga “ingero nininini zitatu z’ifu” zose. (Luka 13:21) Nk’ukwo k’uwo mwambiro, igikorwa co kwamamaza Ubwami, icatumye iryo terambere riboneka, carakwiragiye cane ku buryo ubwo Bwami ubu buriko buramamazwa “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8; Mat. 24:14) Ese ukuntu ari agateka ntangere kubona dushobora kugira uruhara muri iryo kwiragira ritangaje ry’igikorwa co kwamamaza Ubwami!

Ikigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu

15, 16. (a) Nuvuge muri make ca kigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu. (b) Urwo rusenga rw’umukwabu rugereranya iki, kandi ni umuce uwuhe w’ikura ry’Ubwami ico kigereranyo cerekezako?

15 Ikintu gihambaye cane kuruta igitigiri c’abavuga ko ari abigishwa ba Yezu Kristu ni ukuntu abo bigishwa baba bameze. Yezu arerekeza kuri uwo muce w’ikura ry’Ubwami igihe atanga ikindi kigereranyo, ico na co kikaba cerekeye urusenga rw’umukwabu. Yavuze ati: “Vyongeye, ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’urusenga rw’umukwabu rurekuriwe mu kiyaga rukegeranya ifi z’ubwoko bwose.”​—Mat. 13:47.

16 Urwo rusenga rw’umukwabu, urugereranya igikorwa co kwamamaza Ubwami, rwegeranya ifi z’ubwoko bwose. Yezu abandanya avuga ati: “[Urwo rusenga rw’umukwabu] rumaze kwuzura barukwegera kw’isesero ry’ikiyaga, baricara, begeraniriza ifi nzizanziza mu bikono, mugabo mbimbi barazita. Ukwo ni ko bizogenda ku nsozero y’ivy’isi: abamarayika bazosohoka barobanure ababi mu bagororotsi hanyuma babaterere mw’itanure ry’umuriro. Aho ni ho hazoba ukurira kwabo n’uguhekenya amenyo.”​—Mat. 13:48-50.

17. Ukurobanura kuvugwa muri ca kigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu kwerekeza ku kiringo ikihe?

17 None ukwo kurobanura kwoba kwerekeza ku rubanza rwa nyuma ruzocirwa intama be n’impene, urwo Yezu yavuze ko ruzoba igihe azoshika ari mu buninahazwa bwiwe? (Mat. 25:31-33) Habe namba! Urwo rubanza rwa nyuma ruzoba Yezu niyaza mu kiringo ca ya makuba akomeye. Igitandukanye n’ivyo, ukurobanura kuvugwa muri ico kigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu kuba mu kiringo c’“insozero y’ivy’isi.”b Ico ni co gihe tubayemwo, iyo misi ikaba izodushikana kuri ya makuba akomeye. None ni gute igikorwa co kurobanura kiriko kiraba muri kino gihe?

18, 19. (a) Ni gute igikorwa co kurobanura kiriko kiraba muri kino gihe? (b) Abantu bafise umutima nziraburyarya bategerezwa gutera intambwe iyihe? (Raba kandi akajambo k’epfo kari ku rupapuro rwa 21.)

18 Ifi z’ikigereranyo amamiliyoni zavuye mu kiyaga kigereranya abantu, zarakwegerewe ziraza mw’ishengero rya Yehova mu bihe vya none. Bamwebamwe muri abo bantu baritaba Icibutso, abandi baraza ku makoraniro yacu, abandi na bo bagahimbarwa no kwiga Bibiliya. Yamara, ubwo abo bantu bose boba bagaragaza ko ari abakirisu nyakuri? Boshobora kuba “[barakwegewe] kw’isesero ry’ikiyaga,” mugabo Yezu avuga yuko “ifi nzizanziza” zonyene ari zo zegeranirizwa mu bikono, bino bikaba bigereranya amashengero ya gikirisu. Ifi mbimbi ziratabwa, amaherezo zigatererwa mw’itanure ry’umuriro ry’ikigereranyo, iryerekeza kw’isangangurwa ryimirije gushika.

19 Nk’ukwo kw’izo fi mbimbi, abantu benshi bahoze bigana Bibiliya n’abasavyi ba Yehova barahagaritse kwiga. Bamwebamwe bavukiye mu miryango y’abakirisu ntibigeze bipfuza vy’ukuri kuba abayoboke ba Yezu bakurikira intambuko ziwe. Ntibagize umutima ukunze wo gufata ingingo yo gukorera Yehova, canke na ho barahevye kumukorera bari bamaze ikiringo kinaka babigira.c (Ezk. 33:32, 33) Ariko rero, birahambaye cane ko abo bose bafise umutima nziraburyarya bemera kwegeranirizwa mu mashengero yogereranywa na vya bikono, bakongera bakaguma mu kibanza gitekanye imbere y’uko wa musi wa nyuma w’urubanza ushika.

20, 21. (a) Ni ibiki twigiye ku kwihweza ibigereranyo Yezu yatanze bivuga ibijanye n’ikura? (b) Ni igiki wiyemeje kugira?

20 Ni ibiki none twigiye kuri uwu mwihwezo mugufi w’ibigereranyo Yezu yatanze bivuga ibijanye n’ikura? Ica mbere: nka kurya agatete ka sinapi gakura, harabaye igwirirana ritangaje ry’abantu bashimishwa n’ivy’Ubwami ng’aha kw’isi. Nta kintu na kimwe gishobora guhagarika iryo terambere ry’igikorwa ca Yehova. (Yes. 54:17) Ikigeretseko, abantu barondeye “kwibera mu gitutu [c’ico giti]” bararonse ugukingirwa kwo mu vy’impwemu. Ica kabiri: Imana ni yo ikuza. Nka kumwe wa mwambiro wanyegezwa mu gikandu wakwiragiye muri ico gikandu cose, iryo kura ntiryamye nantaryo rishoka ryibonekeza canke ritahurwa; ariko ntiwumve, ari ukuba kwo riraba! Ica gatatu: abantu bitabiriye ubutumwa si bose bagaragaye ko babereye. Bamwebamwe babaye nka za fi mbimbi zivugwa muri ca kigereranyo Yezu yatanga.

21 Ariko rero, ese ukuntu biremesha kubona abantu benshi cane babereye bariko barakwegerwa na Yehova! (Yoh. 6:44) Ivyo vyatumye mu bihugu bitandukanye haza haraba iyongerekana ritangaje. Yehova Imana ni we akwiye kuronka ukuninahazwa kwose ku bw’iryo yongerekana. Kwibonera ivyo, bikwiye gutuma umwumwe wese muri twebwe avyurirwa umutima wo kugamburuka iyi nkeburo imaze ibinjana n’ibindi yanditswe, iyigira iti: “Biba imbuto zawe mu gitondo . . . , kuk’utazi ibizokunda, ko vyoba ar’ibi cank’ibi, canke ko vyose bizomera neza kumwe.”​—Umus. 11:6.

[Utujambo tw’epfo]

a Insiguro zigiye gutangwa ni izije kugorora ivyari vyarasiguwe mu myaka iheze, ivyo bikaba biri mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ruheshi 1992, urupapuro rwa 17-22, be n’uwo ku wa 15 Nzero 1976, urupapuro rwa 45-64.

b Naho muri Matayo 13:39-43 herekeza ku muce w’igikorwa co kwamamaza Ubwami utandukanye n’uwo, ikiringo ayo majambo arangukiramwo kirahuye n’ikiringo ca kigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu kirangukiramwo, aho na ho hakaba ari mu kiringo c’“insozero y’ivy’isi.” Ukwo kurobanura ifi z’ikigereranyo ni igikorwa kibandanya, nka kurya nyene igikorwa co kubiba no gushwabura kiguma kibandanya muri kino kiringo.​—Raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku 15 Gitugutu 2000, urupapuro rwa 25-26; be n’igitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri, urupapuro rwa 178-181, ingingo ya 8-11.

c None ivyo vyoba bisobanura yuko umuntu wese yahagaritse kwiga Bibiliya canke kwifatanya n’abasavyi ba Yehova yatawe n’abamarayika kubera yuko ari mubi? Si ko biri! Nimba umuntu yipfuza ata buryarya kugaruka kuri Yehova, azomwakiriza yompi.​—Mal. 3:7.

Wokwishura gute?

• Ikigereranyo Yezu yatanze cerekeye agatete ka sinapi kitwigisha iki ku bijanye n’ikura ry’Ubwami be n’ugukingirwa kwo mu vy’impwemu?

• Umwambiro uvugwa mu kigereranyo Yezu yatanze ugereranya iki, kandi ni ukuri ukuhe Yezu ashira ahabona ku bijanye n’ikura ry’Ubwami?

• Ni umuce uwuhe w’ikura ry’Ubwami ushirwa ahabona muri ca kigereranyo cerekeye urusenga rw’umukwabu?

• Twokwiyemeza neza gute ko tuguma turi mu bantu ‘begeranirijwe mu bikono’?

[Amafoto ku rup. 18]

Ca kigereranyo cerekeye agatete ka sinapi kitwigisha iki ku bijanye n’iyongerekana ry’ivy’Ubwami?

[Amafoto ku rup. 19]

Ni igiki twigira kuri ca kigereranyo cerekeye umwambiro?

[Ifoto ku rup. 21]

Kwa kurobanura ifi nzizanziza n’ifi mbimbi bigereranya iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika