ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/8 rup. 24-25
  • Samweli yarumira ku bigororotse

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Samweli yarumira ku bigororotse
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Samweli yagumye akora ibintu vyiza
    Niwigishe abana bawe
  • Agahungu Gakorera Imana
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • ‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’
    Niwigane ukwizera kwabo
  • ‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/8 rup. 24-25

Niwigishe abana bawe

Samweli yarumira ku bigororotse

WOBA umaze kubona abantu bakora ibintu bibi?​—a Samweli yarababonye. Yaba ahantu utokwigera wibaza ko hokorerwa ibintu bibi. Aho hari kw’itaberenakulo y’Imana, ico kikaba cari ikibanza co gusengeramwo cari mu gisagara c’i Shilo. Reka turabe ukuntu Samweli yahavuye agenda kuba ngaho kw’itaberenakulo, ubu hakaba haciye imyaka irenga 3.000 ivyo bibaye.

Imbere y’uko Samweli avuka, nyina wiwe Hana, yaripfuza cane kuronka akana. Igihe kimwe, Hana ari kw’itaberenakulo, yarasenze Imana ayisaba akana. Yarasenganye ubwira ku buryo yakubita iminwa. Ivyo vyatumye umuherezi mukuru Eli yiyumvira yuko yari aborewe. Ariko igihe yamenya yuko Hana atari aborewe, ahubwo ko yari atuntuye cane, yaramuhezagiye mu kuvuga ati: “Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.”​—1 Samweli 1:17.

Mu nyuma, Samweli yaravutse, maze Hana aranezerwa cane ku buryo yabwiye umunega wiwe Elukana ati: ‘Samweli niyamara gucuka nzomujana kw’itaberenakulo kugira akorere Imana ari ho ari.’ Kandi ntiyayaze amasigaracicaro! Ico gihe Samweli ashobora kuba yari afise imyaka ine canke itanu.

Eli yari ashaje, kandi abahungu biwe, ari bo Hofuni na Finehasi, ntibariko barasenga Yehova mu buryo bubereye. Mbere barasambana n’abagore baje kw’itaberenakulo! Wewe wiyumvira ko se wabo yari akwiye gukora iki?​— N’ivy’ukuri, yari akwiye kubatoza indero kandi ntabemerere gukora ivyo bintu bibi.

Ka Samweli kakuriye ngaho kw’itaberenakulo, kandi birashoboka ko kari kazi ivyerekeye ingeso mbi z’abo bahungu ba Eli. None Samweli yoba yarakurikiye akarorero kabi batanze?​— Oya, yagumye akora ibigororotse, nk’uko nyene abavyeyi biwe bari barabimwigishije. Ntibitangaje rero kuba Yehova yarashavuriye Eli. Yaranarungitse umuhanuzi wiwe ngo aje kubwira Eli ibijanye n’ukuntu yohanye umuryango wiwe, na canecane abo bahungu biwe babi.​—1 Samweli 2:22-36.

Samweli yarabandanije gukorera kw’itaberenakulo ari kumwe na Eli. Igihe kimwe mw’ijoro, Samweli asinziriye, yarumvise ijwi rimuhamagara. Samweli yaciye yiruka iyo Eli ari, mugabo Eli yamubwiye ko atamuhamagaye. Ivyo vyarasubiye kuba. Bimaze kuba ubugira gatatu, Eli yabwiye Samweli ngo ace avuga ati: “Uhoraho, n’uvuge, kuk’umusavyi wawe nteze amatwi.” Igihe Samweli yabivuga, Yehova yaravuganye na we. Woba uzi ivyo Yehova yabwiye Samweli?​—

Imana yagumye isubiriramwo Samweli ko ishaka guhana umuryango wa Eli. Bukeye Samweli yaratinye kubwira Eli ivyo Yehova yari yavuze. Mugabo Eli yaringize Samweli ati: “Ntugire ico umpisha.” Amaherezo, Samweli yarabwiye Eli ibintu vyose Yehova yari yaravuze ko yokoze, nk’uko umuhanuzi wiwe yari yabibwiye Eli imbere yaho. Eli yishuye ati: “[Yehova]: n’akore ico ashima.” Hofuni na Finehasi bahavuye bicwa, na Eli nyene arapfa.​—1 Samweli 3:1-18.

Muri ico gihe, ‘Samweli yabandanije gukura, Uhoraho abana na we,’ kandi ashobora kuba yari umuyabaga, ico na co kikaba ari ikiringo kitoroshe ku bakiri bato. Woba wibaza ko vyari vyoroshe kuri Samweli kubandanya akora ibigororotse no mu gihe nyene abandi baba batariko barabikora?​— Naho bitari vyoroshe, Samweli yarakoreye Yehova ari umwizigirwa igihe cose yari asigaje kubaho.​—1 Samweli 3:19-21.

Weho bite? Woba uzomera nka Samweli, uko ugenda urakura? Woba uzokwumira ku bigororotse? Woba uzobandanya kwisunga inyigisho zo muri Bibiliya be n’ivyo abavyeyi bawe bakwigishije? Niwabigenza gutyo, uzonezereza Yehova n’abavyeyi bawe.

a Nimba uriko urasoma uri kumwe n’abana, agakwego karekare kakwibutsa y’uko ukwiye guhagarara, maze ukerekeza ivyo bibazo kuri bo.

Ibibazo:

  • Samweli yashitse gute ku gukorera kw’itaberenakulo ya Yehova?

  • Ni ingorane izihe Samweli yagize ari ng’aho kw’itaberenakulo?

  • Ni akarorero akahe Samweli yasigiye abakiri bato?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika