ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/8 rup. 27-30
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Nariko ndiyimbira icobo”
    Bibiliya irahindura ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/8 rup. 27-30

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Ni igiki cotumye umwe mu bagize akagwi k’abakiri bato bo muri Megizike kitwa Amashetani y’imikangara ahinduka akaba umunyagihugu w’inzirabugunge kandi akora cane? Ni kubera iki Umuyapanikazi w’umudandaza afise amahera menshi yohagaritse intumbero nyamukuru yari afise mu buzima bwiwe yo gukurikirana amatunga, kandi ubu yiyumva gute ku bijanye n’amahinduka yagize? Ni igiki cotumye Umurusiya umwe yari afise umwuga wo kudandaza inkoho, aheba urwo rudandaza rwiwe rwamwinjiriza amahera menshi ariko rutemewe n’amategeko? Rimbura ivyo abo bantu ubwabo bivugira.

IBIMURANGA

IZINA: ADRIAN PEREZ

IMYAKA: 30

IGIHUGU: MEGIZIKE

IVYO YACIYEMWO: UMWE MU BAGIZE AKAGWI K’INKOZI Z’IKIBI

KAHISE KANJE: Igihe nari mfise imyaka nka 13, umuryango wacu warimukiye i Ecatepec de Morelos, muri Leta ya Mexico. Ico gihe, ako karere kari kuzuyemwo ubugizi bwa nabi bwakorwa n’abakiri bato, ukwonona ibintu be n’ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe. Naciye ntangura kunywa inzoga nyinshi, kwonona ibibanza bikoreshwa n’abantu bose be no kuja mu vy’ubuhumbu.

Mu nyuma, twarasubiye i San Vicente, ako kakaba ari agasagara navukiyemwo. Ariko rero, ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe vyari bisigaye ari ingorane ikomeye aho hantu. Umuntu yarakunda kubona abakiri bato barambaraye mw’ibarabara bameze nk’ibiziga. Narifatanije n’akagwi kitwa ngo Amashetani y’imikangara. Twariba tukongera tukanywa ibiyayuramutwe, tukaba canecane twarakwega dukoresheje amazuru akamoto k’ibintu bivangwa n’irangi canke uburembo bw’ikizungu. Kenshi, sinibuka ukuntu naba nashitse i muhira, kandi rimwe na rimwe nararambarara mw’ibarabara nataye ubwenge. Bamwebamwe mu bagenzi banje baruhukiye mw’ibohero kubera ubusuma n’ubwicanyi.

Naho nakora ivyo bibi vyose, naremera Imana. Kugira ngo ntururuze ijwi ryanje ryo mu mutima, naragira uruhara mu birori vy’idini, nko mu nzira y’umusaraba yagirwa mu gihe c’Indwi ntagatifu. Ariko rero inyuma y’ivyo birori, twese, ushizemwo n’umuntu yaba yakinye uruhara rwa Kristu, twaca tuja kugira umusi mukuru mu kunywa tukaborerwa kubera ko twaba twagize uruhara muri ivyo birori.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe nariko nsozera imyaka y’ubuyabaga, naratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Naratahura yuko ubuzima bwanje ata ntumbero nyakuri bwari bufise be n’uko mbandanije iyo ngendo, ata co nokwungutse. Icankoze ku mutima ni iciyumviro dusanga mu Bagalatiya 6:8, ahagira hati: “Uwubiba ku bw’umubiri wiwe azoshwabura mu mubiri wiwe ukubora, mugabo uwubiba ku bw’impwemu azoshwabura ubuzima budahera mu mpwemu.” Ico canditswe caratumye ntahura yuko nimba nipfuza ko ibintu bingendera neza, nategerezwa kubiba mfise kazoza mu muzirikanyi.

Igihe niga Bibiliya, naratanguye gutahura yuko Yehova ari Imana nzima inyitwararika yo ubwayo, be n’uko ifise umutima ukunze wo guharira ibicumuro nakoze muri kahise. Mfatiye ku vyanshikiye, naratahuye yuko yumviriza amasengesho be n’uko iyishura.

Ntivyari vyoroshe guhindura uburyo nari mbayeho. Kuvavanura na ka kagwi vyari bigoye. Uturere tumwetumwe vyari bibujijwe kutwinjiramwo, kandi sinashobora kuducamwo naho ntari nkiri muri ako kagwi. Rimwe na rimwe, vyaraba ngombwa ko ninyegeza abahoze ari abagenzi banje kubera yuko bari kundondera maze bakagerageza kumpata ngo nsubire mu ngeso nahoramwo.

Igitandukanye n’ivyo, igihe natangura kwitaba amakoraniro ndi kumwe n’Ivyabona ku Ngoro y’Ubwami, nasanze ishengero rya gikirisu rifise igishika be n’urukundo. Narakozwe ku mutima n’ukubona abo bantu bari bafise ukwizera gukomeye kandi bakabaho bahuza n’ivyo bigisha. Hari ahantu hatandukanye cane n’aho nari menyereye.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu haraciye imyaka cumi mbatijwe nkaba Icabona ca Yehova. Ndakora uko nshoboye kugira ngo nshire mu ngiro inyigisho za Bibiliya mu buzima bwanje. Ivyo bituma abagize umuryango wanje banyubaha. Ubu barazi ko ndi umukozi w’umunyamwete, mbere narashoboye kubafasha mu vy’amahera. Mawe yahavuye atangura kwiga Bibiliya, ubu akaba ari Icabona ca Yehova. Dawe na we ariko aragira amahinduka mu kuntu abayeho. Benshi mu bo mu muryango wanje si Ivyabona vya Yehova, ariko bamaze kubona amahinduka nagize, baremera yuko Bibiliya ishobora gufasha umuntu kuryohora ubuzima bwiwe.

IBIMURANGA

IZINA: YAYOI NAGATANI

IMYAKA: 50

IGIHUGU: UBUYAPANI

IVYO YACIYEMWO: UMUDANDAZAKAZI W’UMUNYAMAHERA

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gasagara gatoyi ko mu gihugu hagati kabamwo abantu b’umutima mwiza. Dawe yari afise imangazini niniya muri ako gasagara, ikaba yakoramwo abakozi cumi. Inzu twabamwo yakurikirana n’iyo mangazini, akaba ari co gituma, naho dawe na mawe bari bafise vyinshi bakora ntigera numva mfise irungu.

Ni jewe mukuru mu bakobwa batatu tuvukana, kandi kuva nkiri muto, naramenyerejwe ivyo gukurikirana urudandaza umuryango wakora. Nubatse urwanje nkiri muto. Umunega wanje yaciye aheba akazi yakora muri banki maze aza gufasha mu rudandaza umuryango wakora. Twari dufise abana batatu b’intahekana. Mawe yarabitwararika igihe yaba ariko arakora udukorwa tw’i muhira, magingo jewe nakora kuva mu gatondo gushika mw’ijoro muri ya mangazini. Naho ari ukwo, twari dufise umwanya twamarana uko tugize umuryango.

Mu nyuma agace kakorerwamwo ivy’ubudandaji karashikiwe n’ingorane mu vy’ubutunzi, maze urudandaza rwacu rutangura gucumbagira. Twaciye dufata ingingo yo kwuguruza imangazini irimwo ibikoresho vyo gusanura amazu, hafi y’ibarabara rikuru ry’aho hantu. Buca tugira ibirori vyo gutanguza ubwubatsi bw’iyo mangazini, dawe, uwari ahagarikiye ishirahamwe ryacu, yararavye biturutse ku ndwara y’ubwonko yamufashe bukwi na bukwi. Yaciye agira ingorane zikomeye mu bijanye n’ukuvuga, kikaba ari co gituma ari jewe naciye nzezwa amabanga y’iyo mangazini nshasha. Umunega wanje yagumye akorera muri ya mangazini ya mbere. Twaciye tuba abantu bafise vyinshi bakora mu buzima.

Imangazini yacu nshasha yarunguka cane. Narahimbarwa kubera ivyo nashitseko kandi naremera guheba agatiro kugira ngo nkore umwanya munini. Naho nakunda abana banje, nta kindi niyumvira atari akazi. Ni gake cane naronka umwanya wo kuganira n’umunega wanje, igihe twaba tuganiriye na ho, kwari uguhazuka bikomeye. Kugira ngo nirengagize ibintesha umutwe, naciye ntangura ivyo kuza ndaja kunywa inzoga ndi kumwe n’abagenzi be n’abo twakorana ivy’urudandaza, ivyo tukaba twabigira hafi buri joro. Nta kindi nakora atari akazi, kunywa no kuryama. Nari mfise amahera menshi mugabo naguma ndushiriza kudahimbarwa kandi sinashobora gutahura igituma.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe natangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, ivyanditswe bitatu vyo muri Bibiliya vyaragize ikintu kinini bikoze kuri jewe. Narakoroye amosozi igihe natahura insobanuro ya Matayo 5:3, ahagira hati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” Ico canditswe caranyeretse igituma numva hari ico mbuze naho nyene nari mfise amahera menshi kandi abo twakorana bakaba baranyemera. Naratahuye yuko kumenya ko nkeneye ivy’impwemu be no kuvyironsa ari vyo gusa vyari gutuma mpimbarwa vy’ukuri.

Ico gihe, ubutunzi bw’igihugu c’Ubuyapani bwaracumbagira cane, kandi ndavye abo twakorana, nariboneye ko amajambo ari muri 1 Timoteyo 6:9 ari ay’ukuri, ayo na yo akaba agira ati: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi vyonona, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero.” Narabonye ko amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 6:24 andaba jewe ubwanje. Agira ati: “Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi.” Ni co gituma nafashe ingingo yo kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje.

Naratahuye yuko ntitwararika abavyeyi banje, umunega wanje be n’abana banje. Vyarabonetse kandi ko nari naratsimbataje kamere zimwezimwe zidahimbaye. Nari nsigaye ndi umunyabwibone. Sinihanganira abantu. Kandi nashavuzwa n’ubusa. Mu ntango, nabona yuko bitoshobotse ko mpinduka ngo ncike umukirisu. Ariko rero, narakunda vy’ukuri abana banje kandi narabonye yuko uko nashira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya mu vyo nakorana n’umuryango wanje, ari ko abana banje bavyakira neza. Naramarana umwanya na bo nkongera nkabatwara ku makoraniro ya gikirisu.

IVYIZA NAHAKUYE: Gutahura intumbero y’ubuzima be no kuba uwushoboye gusukurira Imana, ni ukuvuga kubaho mu buryo buyihimbara, vyaratumye ngira akanyamuneza be n’ugushira akanyota nyakuri. Ubu umuryango wanje ni wo mpa ikibanza ca mbere kuruta akazi, ivyo bikaba vyaratumye nshobora gusubira kwumva ko hari ico maze.

Kubera yuko mawe yabonye ukuntu kamere zanje zahindutse zikaba nziza cane uko nashira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, vyaramuvyuriye umutima wo kuyiga maze aracika umukirisu. Igishimishije, ni uko yaba dawe canke umunega wanje ata n’umwe yarwanije ingingo twafashe. Ubucuti mfitaniye n’abana banje bwararushirije gukomera, kandi ubu ndinovora ubuzima bwo rugo burangwa agahimbare nyakuri.

IBIMURANGA

IZINA: MIKHAIL ZUYEV

IMYAKA: 51

IGIHUGU: UBURUSIYA

IVYO YACIYEMWO: UMUDANDAZA W’INKOHO ATEMEWE N’AMATEGEKO

KAHISE KANJE: Agasagara k’iwacu, ari ko Krasnogorsk, gakikujwe n’ibimera vyinshi bitotahaye. Uruzi Moscou rutemba rwerekeza mu Bumanuko. Mu Burengero no mu Buraruko, hari uturere turi ku nkengera y’igisagara usanga akenshi dukikujwe n’amashamba.

Igihe nari nkiri muto, narakunda kuja mu nkino zo kurwana be no gukinisha ibirwanisho. Naramara umwanya munini ndiko ndagira imyimenyerezo. Narahingura kandi mu buryo butemewe n’amategeko ibirwanisho bicira umuriro, amasasu be n’ibintu biturika hamwe n’imbugita. Uwo ni wo wahavuye uba umwuga wanje. Naratunganya ibintu neza kandi naragurisha ivyo bintu ku nkozi z’ibibi bikagenda neza cane.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu ntango z’imyaka ya 1990, narahuye n’Ivyabona vya Yehova, ariko sinashotse ndabemera. Nibaza ko ari abantu babaza ibibazo vyinshi.

Igihe kimwe, umwe muri bo yaransomeye mu Baroma 14:12, ahagira hati: “Umwe wese muri twebwe azobazwa n’Imana ku vyiwe.” Naciye nibaza ico nzovuga imbere y’Imana. Ico canditswe caramvyuriye umutima wo kurondera kumenya ivyo Imana insaba.

Narakoze uko nshoboye kugira ngo nshire mu ngiro impanuro Bibiliya itanga dusanga mu Bakolosayi 3:5-10, ahagira hati: “Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ukwipfuza kubi, n’umwina, ari kwo gusenga ibigirwamana. Kubera ivyo bintu uburake bw’Imana buriko buraza. . . . Nimuvyikunkumure koko vyose: uburake, ishavu, ububi, ugutukana, n’amajambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu. Ntimubeshane. Mwambure ya kamere ya kera n’ibikorwa vyayo, hanyuma mwambare kamere nshasha.”

Vyarangoye cane kugira mwene ayo mahinduka. Abo twahora dukorana baguma banzanira amahera ngo ndabahe ibirwanisho, n’ikindi kandi vyarangora kwigumya igihe abantu baba bantutse. Naho ari ukwo, naraturiye ibirwanisho umukimba nari mfise kandi vy’igiciro. Uko natahura urukundo Imana na Kristu bangaragarije, ni ko navyurirwa umutima wo kubakunda. Narabandanije kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro ndi kumwe n’ishengero ry’iwacu, be no gusenga Imana ndayisaba ngo imfashe.

IVYIZA NAHAKUYE: Buhorobuhoro, ndabigiranye utwigoro dukomeye kandi ndabifashijwemwo n’abavukanyi banje bakirisu, naratsimbataje kamere nziza. Gutahura yuko Yehova Imana yitwararika umwumwe wese muri twebwe, mbere n’abantu bapfuye, birampimbara cane. (Ibikorwa 24:15) Ndashima cane ukutagira uburyarya n’ukuvuga ukuri mbona mu Vyabona vya Yehova. Ndashima kandi ubwitwararitsi nyakuri bangaragarije be n’ukutadohoka kwabo ku Mana.

Mu ntango, bamwebamwe mu bagize umuryango wanje be n’abagenzi bararwanije ukwizera nari mperutse kuronka. Ariko bahavuye bashika ku ciyumviro c’uko kuba naragiye mw’idini ari vyo vyari vyiza kuruta kuja mu vy’ubugizi bwa nabi. Ndahimbawe kubona ubuzima bwanje ntakibukoresha mu kudandaza ibirwanisho vy’intambara ariko nkaba ndabukoresha mu gufasha abandi kwiga ibijanye na ya Mana y’amahoro.

[Ifoto ku rup. 27]

Naragira uruhara mu misi mikuru ya gatolika kugira ngo ntururuze ijwi ryanje ryo mu mutima

[Ifoto ku rup. 28]

Nari mfise amahera menshi ariko sinari mpimbawe na gato

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika