ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/8 rup. 3-7
  • Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igihe baba bariko barahahazwa
  • Igihe baba bageramiwe n’utwosho tw’abahuni
  • Igihe baba bariko bararangura ivyo Imana yabashinze
  • Yehova azozigama abantu biwe b’intahemuka
  • Ubwami bugaburwamwo kubiri
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ubwami Bucibwamwo Kubiri
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/8 rup. 3-7

Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka

“[Yehova] nta[zo]heba [“abantu biwe b’intahemuka,” “NW”]. Ba[zo]zigamwa ibihe vyose.”​—ZAB. 37:28.

1, 2. (a) Ni ibintu ibihe vyabaye mu kinjana c’icumi B.G.C. vyagerageje ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana? (b) Ni mu biringo bitatu ibihe Yehova yazigamye abantu biwe b’intahemuka?

NI MU kinjana ca cumi B.G.C., kikaba ari n’igihe co gufata ingingo. Imiryango ya Isirayeli yo mu Buraruko yari yabuze ayo icira n’ayo imira iraronswa ukwigenga kunaka, maze ivyo bigatuma hataba intambara y’abanyagihugu yari isigaje gato ngo yaduke. Umwami iyo miryango iheruka kwimika, ari we Yerobowamu, aca yihutira gukomeza ububasha bwiwe mu gushinga idini rishasha ryegamiye Leta. Arasaba abatwarwa biwe kutazokwigera bamuhemukira. None abasavyi ba Yehova b’abizigirwa baza gukora iki? Boba baza kuguma ari intahemuka ku Mana basenga? Abashika ibihumbi barabigira, kandi Yehova arabazigama uko baguma ari intadohoka kuri we.​—1 Abm. 12:1-33; 2 Ngo. 11:13, 14.

2 Ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana kuriko kurageragezwa no muri iki gihe cacu. Bibiliya itugabisha iti: “Muzigame ubwenge bwanyu, mube maso. Umwansi wanyu, wa Mubesheranyi, agendagenda nk’intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.” Twoba dushobora ‘kumurwanya dukomeye mu kwizera,’ kandi bikatugendera neza? (1 Pet. 5:8, 9) Nimuze twihweze ibintu bimwebimwe bijanye n’iyimikwa ry’Umwami Yerobowamu mu 997 B.G.C., maze duheze turabe ico dushobora kuvyigirako. Muri nya bihe bitoroshe, abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bariko barahahazwa. Vyongeye, bari bageramiwe n’utwosho tw’abahuni magingo bariko barangura ibikorwa bitoroshe bari barashinzwe. Muri ivyo biringo vyose, Yehova ntiyahevye abasavyi biwe b’intahemuka b’ico gihe, kandi n’abo muri ikihe nyene ntazobaheba.​—Zab. 37:28.

Igihe baba bariko barahahazwa

3. Ni kubera iki ingoma y’Umwami Dawidi itahahaza abantu?

3 Reka tubanze twihweze ukuntu ibintu vyari vyifashe igihe Yerobowamu yaba umwami. Mu Migani 29:2 hagira hati: “Iy’umunyakibi aganza, abantu baraniha.” Ku ngoma y’Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, abantu ntibaniha. Dawidi ntiyari umuntu atunganye, ariko yari intahemuka ku Mana akaba kandi yarayizigira. Ubutegetsi bwa Dawidi ntibwahahaza abantu. Yehova yaragiraniye isezerano na Dawidi, ati: “Inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere y[a]we, ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo.”​—2 Sam. 7:16.

4. Imihezagiro yo mu gihe c’ubutegetsi bwa Salomo abantu bayinovoye ari uko bakoze iki?

4 Ubutegetsi bwa Salomo umuhungu wa Dawidi mu ntango bwarangwamwo amahoro menshi n’ugusagamba cane ku buryo bwoshobora neza na neza kugereranywa na ya Ngoma y’imyaka igihumbi ya Kristu Yezu yo muri kazoza. (Zab. 72:1, 17) Ico gihe, nta n’umwe muri ya miryango 12 ya Isirayeli wari ifise imvo y’ukugarariza. Ariko rero, hariho ico Salomo n’abatwarwa biwe basabwa gukora kugira ngo bashobore kwinovora iyo mihezagiro. Yehova yari yabwiye Salomo ati: “Ni wagendera mu vyo nashinze, ugashitsa amabgirizwa yanje, ukitondera ivyagezwe vyanje vyose, ukaba ari vyo ugenderamwo, nanje nzokomeza ijambo ryanje kuri wewe, iryo navuganye na so Dawidi. Kandi nzoba mu Bisirayeli, sinzoheba abantu banje.”​—1 Abm. 6:11-13.

5, 6. Ukuba Salomo yarahemutse ku Mana vyatumye haba iki?

5 Salomo ageze mu zabukuru yarahemukiye Yehova, atangura kwisuka mu vy’ugusenga kw’ikinyoma. (1 Abm. 11:4-6) Buhorobuhoro, Salomo yagiye arareka kugamburuka amategeko ya Yehova, maze aca aza ararushiriza kuba uwutwaza agahahazo. Ivyo vyarabaye ku rugero runini cane gushika n’aho inyuma y’urupfu rwiwe, abantu bamwidogeye imbere y’umuhungu wiwe Rehobowamu, akaba ari na we yamusubiriye ku ngoma, bamusaba ko yobatezurira. (1 Abm. 12:4) None Yehova yavyakiriye gute igihe Salomo yahemuka?

6 Bibiliya itubwira iti: ‘Uhoraho arakira Salomo, kuko umutima wiwe wavuye ku Mana y’Abisirayeli, iyari yaramwiyeretse ibihetangabo kabiri.’ Yehova yabwiye Salomo ati: “Ko . . . [utitondeye] isezerano ryanje n’amabgirizwa yanje nakugeze, sinzogenda ntagushikuye ubgami, nkabuha umusavyi wawe.”​—1 Abm. 11:9-11.

7. Naho Salomo yakuwe ku ngoma, Yehova yitwararitse gute abantu biwe b’intahemuka?

7 Yehova yaciye arungika umuhanuzi Ahiya kugira ngo arobanuze amavuta uworokoye abo basavyi biwe. Uwo murokozi yari Yerobowamu, umugabo yari abishoboye yakora mu ntwaro ya Salomo. Naho Yehova atadohotse kw’isezerano ry’Ubwami yari yaragiraniye na Dawidi, yaremeye ko ya miryango 12 yigabura mu vy’intwaro. Imiryango cumi yahawe gutwarwa na Yerobowamu; ibiri na yo iguma itwarwa n’abakomotse mu muryango wa Dawidi, ico gihe ukaba waserukirwa n’Umwami Rehobowamu. (1 Abm. 11:29-37; 12:16, 17, 21) Yehova yabwiye Yerobowamu ati: ‘Ni wumvira ivyo nzokubarira vyose, ukagendera mu nzira zanje, ugakora ivyo mbona ko bibereye, ukitondera amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, nk’uko Dawidi umusavyi wanje yagenza, n’ukwo nzobana nawe, ngushingire inzu itazovaho, nk’iyo nashingiye Dawidi, kandi nzoguha Abisirayeli.’ (1 Abm. 11:38) Yehova yaragize ico akoze ku bw’ineza y’abasavyi biwe, maze arabaronsa akaryo ko gutezurirwa agahahazo barimwo.

8. Ni ibigeragezo ibihe bihanze abasavyi b’Imana muri iki gihe?

8 Muri iki gihe agahahazo n’akarenganyo vyariraye. Mu Musiguzi 8:9 hagira hati: “Umuntu umwe agira ububasha ku wundi bgo kumugirira nabi.” Ubudandaji burangwa umwina be n’ubutegetsi bwononekaye vyoshobora gutuma ivy’ubutunzi biba nabi cane. Indongozi zo mu ntwaro, zo mu vy’ubudandaji be n’izo mu vy’idini akenshi usanga zitanga akarorero kabi mu vy’inyifato runtu. Ku bw’ivyo rero, nka kumwe kwa wa mugororotsi Loti, abantu b’Imana b’intahemuka bo muri kino gihe “[bara]tuntuzwa cane n’ukuntu abantu batibanga amategeko bivobeka mu bushirasoni.” (2 Pet. 2:7) N’ikindi kandi, uko twihatira kubaho twisunga ingingo mfatirwako z’Imana, akenshi biratuma abategetsi b’abanyabwibone baduhama.​—2 Tim. 3:1-5, 12.

9. (a) Ni ibiki Yehova amaze gukora kugira ngo arokore abasavyi biwe? (b) Ni kubera iki dushobora kwemera tudakeka ko Yezu azokwama nantaryo ari intahemuka ku Mana?

9 Ariko turashobora kwizigira tudakeka uku kuri kw’ishimikiro: Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka! Iyumvire gatoyi ivyo amaze gukora kugira ngo haboneke umutegetsi azosubirira abategetsi b’isi bononekaye. Ubwami bw’Imana bwa kimesiya buri mu minwe ya Kristu Yezu bwaramaze gushingwa. Yezu Kristu ari mu kumara imyaka ijana ariko araganza mw’ijuru. Vuba agiye kuruhurira bimwe bishitse abatinya izina ry’Imana. (Soma Ivyahishuwe 11:15-18.) Yezu yaramaze kugaragaza ko ari intahemuka ku Mana gushika ku rupfu. Ntazokwigera ahemukira abatwarwa biwe, nk’uko Salomo yahemukiye abo yatwara.​—Heb. 7:26; 1 Pet. 2:6.

10. (a) Dushobora gute kwerekana ko duha agaciro Ubwami bw’Imana? (b) Ni igiki dushobora kwizigira tudakeka igihe turi mu bigeragezo?

10 Ubwami bw’Imana ni intwaro nyayo izokuraho agahahazo kose. Tuguma turi intahemuka kuri Yehova Imana no ku Bwami bwiwe. Kubera ko twizigira duherejeko ubwo Bwami, turamirira kure ukutibanga Imana kw’isi maze tugakurikirana ibikorwa vyiza n’umwete mwinshi. (Tito 2:12-14) Turihatira kuguma tutagira agatosi muri iyi si. (2 Pet. 3:14) Naho muri iki gihe twoshikirwa n’ibigeragezo bimeze gute, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azodukingira ivyo tugirira nabi mu vy’impwemu. (Soma Zaburi 97:10.) Vyongeye, muri Zaburi 116:15 hadukura amazinda hati: “Urupfu rw’[“abantu b’intahemuka,” NW]” ba Yehova ‘ni urw’igiciro mu nyonga ziwe.’ Yehova abona ko abasavyi biwe bari n’agaciro kanini cane ku buryo adashobora kwemera ko bose uko bagize umugwi baherengetezwa.

Igihe baba bageramiwe n’utwosho tw’abahuni

11. Yerobowamu yahemutse gute?

11 Ubutegetsi bw’Umwami Yerobowamu bwari gushobora gutezurira abasavyi b’Imana. Aho kubatezurira, ivyo yakoze vyarushirije nyabuna kugerageza ukudahemukira Imana kwabo. Kubera ko Yerobowamu atabumbwe n’icubahiro be n’agateka yari amaze kuronka, yaciye atangura kurondera uburyo bwo gukomeza ico giti yari afise. Yiyumviriye ati: “Aba bantu ni bakomeza kuduga i Yerusalemu gutangira ibimazi mu ngoro y’Uhoraho, imitima yabo izosubira kuri shebuja, Rehobowamu umwami w’Abayuda; baheze banyice, bīsubirire kuri we.” Rero, Yerobowamu yaciye atanguza idini rishasha rishingiye ku gusenga ibishusho vy’inyana zibiri z’inzahabu. “Maze kimwe agishinga i Beteli, ikindi i Dani. Ico kintu gihindukira abantu icaha, kuko bagenda kucikubita imbere, bakarinda bashika no ku c’i Dani. Kandi yubaka n’utunyabugoro ahantu hār’ibitabo ku mpinga z’imisozi, atoranya mu bandi bantu bose batar’Abalewi, abagira abaherezi.” Yerobowamu yaranashinze umusi wiwe bwite ngo ube “umusi mukuru w’Abisirayeli,” maze araduga “aja ku gicaniro, kugira ngw ahosereze imibavu.”​—1 Abm. 12:26-33.

12. Abantu b’Imana b’intahemuka bo mu bwami bwo mu Buraruko bakoze iki igihe Yerobowamu yatanguza ivy’ugusenga inyana muri Isirayeli?

12 None abantu b’Imana b’intahemuka bo mu bwami bwo mu Buraruko bokoze iki ico gihe? Nka kumwe kwa basekuruza babo b’abizigirwa, Abalewi baba mu bisagara bari barahawe mu karere kakukira ubwo bwami bwo mu Buraruko baciye ubwo nyene bagira ico bakoze. (Kuv. 32:26-28; Guh. 35:6-8; Gus. 33:8, 9) Barahevye ivyo bari baratoranye, bimukira n’imiryango yabo mu Bumanuko i Buyuda, aho bashobora kubandanya basenga Yehova ata kibatangira. (2 Ngo. 11:13, 14) Abandi Bisirayeli bari bamaze igihe bacumbitse i Buyuda bahisemwo kugumayo aho gusubira iwabo. (2 Ngo. 10:17) Yehova yaritwararitse ivy’uko haguma hariho akaryo ko gusubira ku gusenga kw’ukuri kugira ngo abandi bokwarutse mu nyuma mu bwami bwo mu Buraruko bashobore guheba ugusenga inyana, maze bifatanye n’Ubuyuda.​—2 Ngo. 15:9-15.

13. Mu bihe vya none, utwosho tw’abahuni twagerageje gute abasavyi b’Imana?

13 Muri iki gihe, abahuni n’utwosho twabo barageramiye abasavyi b’Imana. Abategetsi bamwebamwe baragerageje gushinga uburyo bwabo bwo gusenga bwegamiye Leta, barahatira abatwarwa babo gushira aho bashize. Abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu be n’abandi bantu b’abanyabwibone baragerageje kwiyita ngo ni bo bagize ubuherezi bwa cami. Ariko rero, mu bakirisu b’ukuri ni ho honyene dusanga abasizwe nyakuri, bakaba ari bo bagize “ubuherezi bwa cami.”​—1 Pet. 2:9; Ivyah. 14:1-5.

14. Ni impagararo iyihe dukwiye kugira ku bijanye n’ivyiyumviro vy’abahuni?

14 Nka kumwe kwa ba Balewi b’abizigirwa bo mu kinjana c’icumi B.G.C., abantu b’Imana b’intahemuka muri iki gihe ntibahendwa n’ivyiyumviro vy’abahuni. Abasizwe be n’abakirisu bagenzi babo barihutira kwirinda no kwamirira kure ivyiyumviro vy’abahuni. (Soma Abaroma 16:17.) Naho tuyobokera tubikunze abategetsi bo mu vy’intwaro mu bintu bitari ivy’Imana kandi tukaguma ataho duhengamiye mu matati y’isi, kuba intahemuka ku Bwami bw’Imana ni co kintu turondera. (Yoh. 18:36; Rom. 13:1-8) Turamirira kure ibinyoma vy’abivugisha ngo bariko bakorera Imana ariko muri ico gihe nyene bakayityoza biciye ku kuntu bigenza.​—Tito 1:16.

15. Ni kubera iki bibereye ko tuguma tudahemukira “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge?”

15 Iyumvire kandi ibijanye n’uko Yehova yatumye bishoboka ko abantu b’umutima nziraburyarya bava mw’isi mbi, maze tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bakinjira mw’iparadizo yo mu vy’impwemu yashizeho. (2 Kor. 12:1-4) Tubitumwe n’umutima wuzuye ugukenguruka, tuguma twiyegereje “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abo mu rugo rwiwe, kugira ngo abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye.” Kristu yashinze uwo mushumba “ivyo atunze vyose.” (Mat. 24:45-47) Ku bw’ivyo rero, naho twebwe ubwacu tutoba dutahura neza ingingo yinaka umugwi wa wa mushumba wafashe, nta mvo n’imwe yotuma tuyiyamiriza canke ngo dusubire mw’isi ya Shetani. Ahubwo nyabuna, ukudahemuka kuzotuvyurira umutima wo gukora twicishije bugufi maze turindire ko Yehova atomora ibintu.

Igihe baba bariko bararangura ivyo Imana yabashinze

16. Ni igikorwa ikihe umuhanuzi umwe w’i Buyuda yashinzwe gukora?

16 Yehova yarakubise intahe mu gahanga Yerobowamu kubera ingendo yiwe y’ubuhuni. Yarashinze umuhanuzi w’i Buyuda igikorwa co kuja i Beteli mu Buraruko maze arenguka imbere ya Yerobowamu igihe yariko arosereza ibimazi ku gicaniro ciwe. Uwo muhanuzi yategerezwa gushikiriza Yerobowamu ubutumwa bubabaza bwerekeye urubanza. Nta gukeka ko yari yashinzwe igikorwa kitoroshe.​—1 Abm. 13:1-3.

17. Yehova yakingiye gute intwarabutumwa yiwe?

17 Yerobowamu yararakaye cane aho yumviye urubanza Yehova yamuciriye. Yaciye atunga ukuboko uwo muntu yaserukira Imana, akankamira abantu bari hafi y’aho, ati: “Ni mumufate!” Ariko ako kanya nyene, ata muntu n’umwe aragira ico akoze, “ukuboko yar’amutunze guca kuranyūnyūka, bituma adashobora kukwigarukanako. Igicaniro na co gica kirasaduka, umunyota wo kuri co urasēseka.” Yerobowamu yabwirijwe gusaba uwo muhanuzi kwinginga Yehova no gusenga asaba ko ukwo kuboko kwari kwanyunyutse kwosubira kumera neza. Uwo muhanuzi yarabigize maze nya kuboko kurakira. Gutyo, Yehova yarakingiye intwarabutumwa yiwe ngo ntigirirwe nabi.​—1 Abm. 13:4-6.

18. Yehova atuzigama gute uko tumurangurira umurimo mweranda ata bwoba?

18 Igihe tugira uruhara tudahemuka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, rimwe na rimwe turahura n’abantu batadufata kigenzi canke mbere baturwanya. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Ariko ntidukwiye kwigera tureka ngo gutinya ko botwiyamiriza bitume umwete dufitiye ubusuku ugabanuka. Nka kumwe kwa wa muhanuzi atavugwa izina wo mu gihe ca Yerobowamu, twaratewe “agateka ko [kurangurira Yehova] igikorwa ceranda ata bwoba mu kudahemuka.”a (Luka 1:74, 75) Naho muri iki gihe tutitega ko Yehova aca agira ico akoze mu buryo bw’igitangaro, twebwe Ivyabona vyiwe aracatuzigama kandi akadufata mu mugongo abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda no ku bamarayika biwe. (Soma Yohani 14:15-17; Ivyahishuwe 14:6.) Imana ntizokwigera iheba ababandanya kuvuga ijambo ryayo ata bwoba.​—Flp. 1:14, 28.

Yehova azozigama abantu biwe b’intahemuka

19, 20. (a) Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka ko Yehova atazokwigera aduheba? (b) Ni ibibazo ibihe tuza guca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

19 Yehova ni we Mana yacu idahemuka. (Ivyah. 15:4; 16:5) Ni “[“intahemuka,” NW] mu bikorwa vyiwe vyose.” (Zab. 145:17) Vyongeye, Bibiliya idukura amazinda iti: “A[zo]zigama urugendo rw’[‘abantu b’intahemuka,’ NW] biwe.” (Imig. 2:8) Igihe abantu b’intahemuka b’Imana bashikiwe n’ibigeragezo canke bageramiwe n’ivyiyumviro vy’abahuni kibure igihe barangura igikorwa kitoroshe bashinzwe, barashobora kwizigira badakeka ko Yehova azobayobora kandi akabashigikira.

20 Ikibazo umwumwe wese muri twebwe akwiye kuzirikanako ubu ni iki: Ni igiki kizomfasha kuguma ndi intahemuka kuri Yehova naho noshikirwa n’ibigeragezo canke inyosha mbi zimeze gute? Mu yandi majambo, nshobora gute kurushiriza kuba intahemuka ku Mana?

[Akajambo k’epfo]

a Ikiganiro gikurikira kiraza kutwereka niba uwo muhanuzi yagumye canke atagumye agamburukira Yehova, kitwereke n’ivyamushikiye.

Wokwishura gute?

• Yehova yerekanye gute ko adaheba abantu biwe b’intahemuka igihe baba bariko barahahazwa?

• Dukwiye kuvyifatamwo gute mu bijanye n’abahuni be n’ivyiyumviro vyabo?

• Yehova azigama gute abantu biwe b’intahemuka igihe bagira uruhara mu busuku bwa gikirisu?

[Ikarata ku rup. 5]

UBWAMI BWO MU BURARUKO (Yerobowamu)

Dani

SHEKEMU

Beteli

UBWAMI BWO MU BUMANUKO (Rehobowamu)

YERUZALEMU

[Ifoto]

Yehova ntiyahevye abantu biwe b’intahemuka igihe Yerobowamu yatanguza ivy’ugusenga inyana

[Ifoto ku rup. 3]

Hariho ico Salomo n’abatwarwa biwe basabwa gukora kugira ngo bashobore kwinovora ya mihezagiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika