ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/8 rup. 7-11
  • Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Ndaheza ndagutāsure’
  • ‘Tubumbwe’ n’ivyo dufise
  • Umuhanuzi w’umutama ‘yaramubeshe’
  • ‘Yarasubiranye inyuma’ n’uwo mutama
  • Nitwifate ruto
  • Twiyemeze kuguma turi intahemuka
  • Yehova ntazoheba abantu biwe b’intahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • «Wewe wenyene uri intahemuka»
    Niwiyegereze Yehova
  • Ubwami Bucibwamwo Kubiri
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Dukorane n’Ishirahamwe rya Yehova Tudahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/8 rup. 7-11

Tugume turi intahemuka tudafise imitima ibiri

“Nzogendera mu kuri kwawe. Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.”​—ZAB. 86:11.

1, 2. (a) Twisunze ibivugwa muri Zaburi 86:2, 11, ni igiki kizodufasha kuguma turi abizigirwa kuri Yehova nitwashikirwa n’ibigeragezo canke inyosha mbi? (b) Ni ryari dukwiye gutsimbataza ukudahemuka kuvuye mu mutima?

NI KUBERA iki abakirisu bamwebamwe bamaze imyaka n’iyindi ari abizigirwa naho vyoba bishika bagapfungwa canke bagahamwa, usanga mu nyuma bagwa mu vyo guhahamira amaronko? Inyishu y’ico kibazo irafitaniye isano n’umutima wacu w’ikigereranyo, ni ukuvuga ico vy’ukuri turi imbere. Zaburi ya 86 isanisha ukudahemuka n’ukugira umutima wegeranye, ari kwo kutagira imitima ibiri; ni ukuvuga kugira umutima wuzuye, umwe utarimwo tubiri. Dawidi yasenze ati: “Zigama ubu[zima] bganje kuko [“ndi intahemuka,” NW]. Ewe Mana yanje, kiza umusavyi wawe akwizigira.” Yongeyeko ati: “Uhoraho, ndangira inzira yawe; nanje nzogendera mu kuri kwawe; egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe.”​—Zab. 86:2, 11.

2 Hamwe tutokwizigira Yehova n’umutima wacu wose, iyindi myitwarariko be n’ibindi bintu twikundira vyoshobora gusenyura ukudahemuka dufitiye ya Mana y’ukuri. Ivyipfuzo vy’ubwikunzi bimeze nk’amamine anyegejwe munsi y’inzira ducamwo. Naho twoba twaragumye turi abizigirwa kuri Yehova mu bihe vy’ibigeragezo, turashobora kugwa mu mitego ya Shetani. Ese ukuntu muri iki gihe bihambaye cane ko dutsimbataza ukudahemukira Yehova kuvuye ku mutima, ivyo tukabigira imbere y’uko dushikirwa n’ibigeragezo canke inyosha mbi! Bibiliya ivuga iti: “Rinda umutima wawe kurusha uko worinda ikindi cose.” (Imig. 4:23) Ku bijanye n’ivyo, turashobora gukura ivyigwa vy’agaciro ku vyashikiye umuhanuzi umwe yaturuka i Buyuda yarungitswe na Yehova ku Mwami Yerobowamu wa Isirayeli.

‘Ndaheza ndagutāsure’

3. Yerobowamu yakiriye gute ubutumwa bwerekeye urubanza umuhanuzi w’Imana yamushikirije?

3 Niwihe ishusho y’ingene ibintu biriko biragenda. Umuntu w’Imana arahejeje gushikiriza Umwami Yerobowamu ubutumwa bucumita, uno akaba yari yatanguje ugusenga inyana muri bwa bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bugizwe n’imiryango cumi. Nya mwami aciye araka. Ategetse abantu biwe gufata uwo muntu yazanye ubwo butumwa. Ariko Yehova ari kumwe n’uwo musavyi wiwe. Ukuboko umwami yari atunze uwo muntu n’ishavu n’akantu guca ubwo nyene kunyunyuka ku gitangaro, igicaniro gikoreshwa mu gusenga kw’ikinyoma na co kigasadagurika. Muri ako kanya nyene Yerobowamu aciye ahindura inyifato. Aratakambira uwo muntu w’Imana ati: “Inginga Uhoraho Imana yawe ampangaze, unsabire, ukuboko kwanje gukire.” Uwo muhanuzi aca asenga, maze ukuboko kw’uwo mwami kugakira.​—1 Abm. 13:1-6.

4. (a) Ni kubera iki ivyo umwami yemereye uwo muhanuzi vyari ibintu koko bigerageza ukudahemuka kwiwe? (b) Uwo muhanuzi yishuye ngw’iki?

4 Yerobowamu aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: “Ngwino tujane i wanje, ndakuzimane, nteko ndagutāsure”. (1 Abm. 13:7) None uwo muhanuzi aza gukora iki? Yoba akwiye kwemera kwakirwa n’uwo mwami kandi ahejeje kumushikiriza ubutumwa bwo kumucira urubanza? (Zab. 119:113) Canke yoba akwiye kwanka ubwo butumire bw’umwami, naho uno asa n’uwuriko aradogombwa? Nta gukeka ko Yerobowamu afise uburyo bwo guha abagenzi biwe udushimwe umuyoro kandi tuzimvye cane. Niba uwo muhanuzi w’Imana hari icipfuzo cihishije kijanye n’ukuronka ibintu vy’umubiri yitsimbatajemwo, ico kintu umwami amwemereye kirashobora kumubera ikigeragezo gikomeye cane. Ariko rero, Yehova yari yategetse uwo muhanuzi ati: ‘Ntuze ugire ico urya, canke ngo unywe n’amazi, kandi ntuze usubire mu nzira wazananye.’ Ni co gituma uwo muhanuzi asubizayo ata kurya umunwa, ati: “Naho wompa igihimba c’ivyo mu ngoro yawe, nta ho twojana i wawe; kandi sinshobora kugira ico ndīra ino, canke ngo ndahanywere n’amazi.” Uwo muhanuzi araheza akava i Beteli aciye mu yindi nzira. (1 Abm. 13:8-10) None iyo ngingo uwo muhanuzi yafashe itwigisha iki ku bijanye n’ukudahemuka kuvuye ku mutima?​—Rom. 15:4.

‘Tubumbwe’ n’ivyo dufise

5. Ni mu buryo ki uguhahamira amaronko ari ikintu kigerageza ukudahemuka?

5 Uguhahamira amaronko kwoshobora gusa n’ikintu kitogerageza ukudahemuka, yamara kurakugerageza koko. Twoba twizigira umuhango Yehova yatanze ujanye n’ukuturonsa ivyo dukeneye koko? (Mat. 6:33; Heb. 13:5) Aho kugwa tuvyuka ngo turonke vyanse bikunze ibintu bimwebimwe vyitwa ngo ni ibirushirije kuba vyiza mu buzima, usanga birengeye ubushobozi tuba dufise, twoba dushobora kubandanya kubaho tutabifise? (Soma Abafilipi 4:11-13.) Twoba turiko turoshwa kureka guterwa uduteka mu vya gitewokarasi kugira ngo twironkere ivyo dushaka ubu? Umurimo turangurira Yehova tudahemuka woba ari wo dushira imbere mu buzima bwacu? Inyishu twotanga ahanini zovana n’uko twoba canke tutoba dusukurira Imana n’umutima wacu wose. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira, ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye. Kuko ata co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo. Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—1 Tim. 6:6-8.

6. Ni ibintu ibihe bibonwa nk’aho ari udushimwe twoshobora kwemererwa, kandi ni igiki gishobora kudufasha gufata ingingo nimba twovyemera canke tutovyemera?

6 Nk’akarorero, umukoresha wacu yoshobora kutwemerera kutuduza igiti bigatuma duhembwa umushahara mwiza kuruta, tukaronka n’utundi turusho. Canke na ho hari aho twoba tubona yuko dushobora kuronka amahera menshi kuruta hamwe twokwimukira mu kindi gihugu canke mu kandi karere gukorerayo akazi. Mu ntango, uturyo nk’utwo twoshobora gusa n’aho ari umuhezagiro uvuye kuri Yehova. Ariko imbere y’uko dufata ingingo kuri ivyo, ubwo ntitwoba dukwiye kwihweza neza imvo zibidutuma izo ari zo? Ikibazo nyamukuru umwe wese muri twebwe akwiye guca yibaza ni iki: “Ingingo mfata izogira ico ikoze gute ku bucuti mfitaniye na Yehova?”

7. Ni kubera iki bihambaye ko turandurana n’imizi ivyipfuzo vyo guhahamira amaronko?

7 Ivy’iyi si ya Shetani ntibitezura gukorereza agatima ko guhahamira amaronko. (Soma 1 Yohani 2:15, 16.) Wa Mubesheranyi arondera kwonona imitima yacu. Ku bw’ivyo rero, turakwiye kurikanura kugira ngo tumenye ivyipfuzo vy’uguhahamira amaronko vyoba biri mu mutima wacu, maze tugaca tubirandurana n’imizi. (Ivyah. 3:15-17) Yezu vyaramworoheye kwamirira kure ubwami bwose bwo mw’isi Shetani yari amwemereye kumuha. (Mat. 4:8-10) Yatuburiye ati: “Mugume murikanuye kandi mwirinde ubwoko bwose bw’umwina, kuko no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Ukudahemuka kuzodufasha kwiheka kuri Yehova aho kwiyizigira.

Umuhanuzi w’umutama ‘yaramubeshe’

8. Ukudahemuka kw’umuhanuzi w’Imana kwageragejwe gute?

8 Uwo muhanuzi w’Imana vyari kumugendera neza iyo abandanya urugendo rwiwe rwo gusubira i muhira. Ariko mu kanya isase, yaciye ashikirwa n’ikindi kigeragezo. Bibiliya ivuga iti: “I Beteli hār’umutāma yavugishwa n’Imana; abahungu biwe baraza, bamwīgānira” ibintu vyose vyari vyabaye kuri uwo musi. Uwo mutama amaze kwumva ivyabaye, aca abasaba kumushirira amatandiko ku ndogoba kugira ngo arabe ko yohamvya uwo muhanuzi w’Imana. Hataraca n’umwanya munini, asanga uwo muhanuzi yicaye munsi y’igiti kinini, maze amubwira ati: “Ngwino dusubirane i muhira, ufūngure.” Aho uwo muntu w’Imana y’ukuri yankiye ubwo butumire, nya mutama aca asubizayo ati: “Nanje nd’ūvugishwa n’Imana nkawe, kand’umumarayika yambariye avugishijwe n’ijambo ry’Uhoraho, ati Genda umugarure, umujane i wawe, umuhe ico arya n’ico anywa.” Ariko Ivyanditswe bivuga biti: “Yaramubesha.”​—1 Abm. 13:11-18.

9. Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’ababeshi, kandi ni bande bagirira nabi?

9 Imvo yatumye uwo muhanuzi w’umutama abigenza gutyo yaba iyihe, ikizwi coco yarabeshe. Uwo mutama ashobora kuba yari yarigeze kuba ari umuhanuzi wa Yehova w’umwizigirwa. Ariko rero ico gihe, yariko akora ivy’ububeshi. Ivyanditswe biriyamiriza vyivuye inyuma iyo ngeso. (Soma Imigani 3:32.) Ababeshi ntibigirira nabi gusa mu vy’impwemu, ariko kandi usanga akenshi bagirira nabi abandi muri ubwo buryo.

‘Yarasubiranye inyuma’ n’uwo mutama

10. Umuhanuzi w’Imana yakiriye gute ubutumire yahawe na wa mutama, kandi ivyo vyagize ingaruka iyihe?

10 Uwo muhanuzi w’i Buyuda yari gushobora guhinyura amayeri y’uwo muntu yahoze ari umuhanuzi. Yari gushobora kwibaza ati: ‘Ni kubera iki Yehova yari kurungika umumarayika kubwira uwundi muntu ubundi buyobozi nokurikiza?’ Uwo muhanuzi yari gushobora gusaba Yehova kumutomorera neza ico akwiye gukora, ariko Ivyanditswe ntivyerekana ko yoba yarabigize. Ahubwo riho, baciye ‘basubirana inyuma [n’uwo mutama] kugira amuhere i we ico arya n’ico anywa.’ Ivyo ntivyahimbaye Yehova. Igihe uwo muhanuzi yari yahenzwe amaherezo yasubira gufata inzira aja i Buyuda, yarahuye n’intambwe maze ica iramwica. Mbega ukuntu uwo muhanuzi yarangije igikorwa ciwe mu buryo buteye agahinda!​—1 Abm. 13:19-25.a

11. Ni akarorero keza akahe Ahiya yasize?

11 Ariko rero, umuhanuzi Ahiya we, uno akaba yararungitswe kurobanuza amavuta Yerobowamu ngo azobe umwami, yagumye ari umwizigirwa gushika no mu busaza bwiwe. Igihe Ahiya yari ageze mu zabukuru atagishoboye kubona, Yerobowamu yararungitse umugore wiwe kubaza Ahiya niba umuhungu wabo yari arwaye yokize. Ahiya yaravuze n’ubutinyutsi yuko uwo muhungu wa Yerobowamu yopfuye. (1 Abm. 14:1-18) Mu mihezagiro myinshi Ahiya yaronse harimwo n’ukuba yaratewe agateka ko kugira ico aterereye mu bijanye n’Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Uti gute? Ivyo yanditse, umuherezi Ezira yaravyikozeko mu nyuma.​—2 Ngo. 9:29.

12-14. (a) Ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku cago cashikiye wa muhanuzi yari akiri muto? (b) Tanga akarorero kerekana ko dukeneye kurimbura twitonze kandi tubijanisha n’isengesho impanuro zishingiye kuri Bibiliya duhabwa n’abakurambere.

12 Bibiliya ntivuga igituma urya muhanuzi yari akiri muto atabajije Yehova imbere y’uko akevya inzira maze akaja kurya no kunywa ari kumwe na wa mutama. None kwoba ari uko uwo mutama yamushiriye aho ashaka? Ni icigwa ikihe twohigira? Turakeneye kujijuka ata gahaze yuko ivyo Yehova adusaba bigororotse. Vyongeye, tubwirizwa kwiyemeza kubikurikiza, naho hoza iki.

13 Hari abo usanga bashira umutima ku vyo bashaka kwumva igihe bariko bahabwa impanuro. Nk’akarorero, umwamamaji yoshobora kwemererwa akazi komutwara umwanya yari kumara ari kumwe n’umuryango wiwe canke yari gukoramwo imirimo ya gitewokarasi. Yoshobora gusaba impanuro umukurambere. Uwo mukurambere yoshobora gutanguza impanuro ziwe mu kwemera icese yuko ubwiwe atari we akwiye kubwira uwo muvukanyi ingene yoshigikira umuryango wiwe. Uwo mukurambere yoshobora guca asuzumira hamwe n’uwo muvukanyi ingeramizi zo mu vy’impwemu zoterwa n’ukwemera gukora ako kazi yemerewe. None uwo muvukanyi yoba azokwibuka gusa amajambo uwo mukurambere yatanguriyeko, canke azokwitwararika cane ivyo baciye barimburira hamwe? Biragaragara ko uwo muvukanyi akeneye kumenya neza icomubera ciza kuruta ibindi mu buryo bw’impwemu.

14 Rimbura ikindi kintu gishobora gushika. Umuvukanyikazi yoshobora kubaza umukurambere niba akwiye canke adakwiye gutandukana n’umugabo wiwe atizera. Nta gukeka ko uwo mukurambere ashobora kumusigurira yuko ingingo y’ugutandukana n’uwo mugabo wiwe canke yo kugumana na we, ari we ubwiwe akwiye kuyifatira. Yoshobora guca yihweza impanuro Bibiliya itanga kuri ico kibazo. (1 Kor. 7:10-16) Uwo muvukanyikazi yoba azofatana uburemere ivyo uwo mukurambere amubwiye? Canke na ho yoba amaze gufata ingingo y’ukuvana n’uwo mugabo wiwe? Mu gufata ingingo, yoba agaragaje ubukerebutsi arimbuye ajanishije n’isengesho impanuro yahawe zishingiye kuri Bibiliya.

Nitwifate ruto

15. Ni igiki twigira kw’ikosa umuhanuzi w’Imana yakoze?

15 Ni ikindi cigwa ikihe dushobora kwigira kw’ikosa wa muhanuzi w’i Buyuda yakoze? Mu Migani 3:5 havuga hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe.” Uwo muhanuzi w’i Buyuda, aho kuguma yiheka kuri Yehova nk’uko yari asanzwe abigira, ico gihe ho yizigiye ukuntu ubwiwe yabona ibintu. Iryo kosa yakoze ryatumye ahasiga ubuzima yongera aratakaza izina ryiza yari afise imbere y’Imana. Mbega ukuntu ivyo bintu vyamushikiye bishira ahabona mu buryo bukomeye akamaro ko gusukurira Yehova twifata ruto kandi tudahemuka!

16, 17. Ni ibiki bizodufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova?

16 Umutima wacu uhengamiye ku bwikunzi nta kindi urondera atari ukutuyovya. “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa.” (Yer. 17:9) Kugira ngo tugume turi intahemuka kuri Yehova, dutegerezwa kubandanya twita ku rutare kugira ngo twiyambure kamere ya kera be n’impengamiro yayo y’ubwibone be n’ukwiyizigira. Vyongeye, dutegerezwa kwambara kamere nshasha, “yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.”​—Soma Abanyefeso 4:22-24.

17 Mu Migani 11:2, NW, hagira hati: “Ubukerebutsi buba kumwe n’abifata ruto.” Kwiheka kuri Yehova twifashe ruto biradufasha kwirinda gukora amakosa yodukwegera akarambaraye. Nk’akarorero, gucika intege birashobora kugoreka bitagoranye ukuntu tubona ibintu. (Imig. 24:10) Twoshobora kwumva turuhijwe n’imice imwimwe y’umurimo mweranda turangura, maze tugaca dutangura kubona ko mu myaka n’iyindi iheze tumaze gukora ibihagije, tukibwira ko kumbure hageze yuko abandi bodukorera mu ngata. Canke na ho twoshobora kwipfuza kugira ubuzima burushirije kwitwa ko ari ubusanzwe. Ariko rero, ‘ukwihata dukobeje’ be n’‘ukwama nantaryo dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama’ bizorinda umutima wacu.​—Luka 13:24; 1 Kor. 15:58.

18. Ni igiki twokora niba tutazi neza ingingo twofata iyo ari yo?

18 Rimwe na rimwe, vyoshobora kuba ngombwa ko dufata ingingo zigoye cane, kandi ugasanga ingendo igororotse twokurikira ntishotse yigaragaza. Twoba none twoca tugira agatima ko kwifatira ibintu mu minwe? Igihe cose twoshikirwa n’ibintu nk’ivyo, twoba tugaragaje ubukerebutsi dusavye Yehova ngo adufashe. Muri Yakobo 1:5 hagira hati: “Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije mu bukerebutsi, nagume abusaba Imana, kuko itanga cane kuri bose.” Data wa twese wo mw’ijuru azoturonsa impwemu nyeranda dukeneye kugira ngo dushobore gufata ingingo nziza.​—Soma Luka 11:9, 13.

Twiyemeze kuguma turi intahemuka

19, 20. Ni igiki dukwiye kwiyemeza gukora?

19 Imyaka irangwamwo umudurumbanyo yakurikiye inyuma y’aho Salomo akebereje akava mu gusenga kw’ukuri, yatumye ukudahemuka kw’abasavyi b’Imana kugeragezwa bimwe bikomeye. Ni ivy’ukuri yuko benshi badohotse mu buryo bumwe canke ubundi. Yamara rero, hariho abagumye ari intahemuka kuri Yehova.

20 Ku musi ku musi, turahangana n’ukugira amahitamwo be n’ugufata ingingo ku bintu bigerageza ukudahemuka kwacu. Na twebwe nyene turashobora kwerekana ko turi abizigirwa. Nimuze twame nantaryo turi intahemuka kuri Yehova uko tuguma tudafise imitima ibiri, twizigiye tudakeka ko azoguma ahezagira abantu biwe b’intahemuka.​—2 Sam. 22:26.

[Akajambo k’epfo]

a Bibiliya ntivuga niba Yehova ari we yoba yaratumye wa muhanuzi w’umutama apfa.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki dukwiye kwita ku rutare kugira ngo turandurane n’imizi mu mutima wacu ivyipfuzo vyo guhahamira amaronko?

• Ni ibiki bizodufasha kuguma turi intahemuka kuri Yehova?

• Ukwifata ruto gushobora gute kudufasha kuguma turi intahemuka ku Mana?

[Amafoto ku rup. 9]

Vyoba bitakworohera gutsinda inyosha mbi?

[Amafoto ku rup. 10]

Woba uzorimbura ubijanishije n’isengesho impanuro uhabwa zishingiye kuri Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika