ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 15/8 rup. 21-25
  • Woba uriko uravuga neza rwa “rurimi rutunganye”?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uriko uravuga neza rwa “rurimi rutunganye”?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ururimi rushasha kandi rutunganye
  • Ukuntu twokwiga urwo rurimi rutunganye
  • Ukuntu wovuga neza rwa rurimi rutunganye
  • Dukoreshe rwa rurimi rutunganye twunze ubumwe kugira ngo dushemeze Yehova
  • “Isi yose yari ifise ururimi rumwe”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Tuvuge rwa “rurimi rutyoroye”
    Ririmbira Yehova amashemezo
  • Guteza imbere ibijanye n’umurimo urangurwa mu rurimi runyamahanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Kubera iki wokwiga urundi rurimi?
    Urwaruka ruribaza
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 15/8 rup. 21-25

Woba uriko uravuga neza rwa “rurimi rutunganye”?

“Nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina [“rya Yehova,” “NW”].”​—ZEF. 3:9.

1. Ni ingabirano nziza igitangaza iyihe Yehova yaduhaye?

INGABIRANO y’ukuvuga ntiyakomotse ku bantu ariko yakomotse ku Muremyi w’abantu, ari we Yehova Imana. (Kuv. 4:11, 12) Yehova ntiyahaye wa mugabo wa mbere ari we Adamu, ubushobozi bwo kuvuga gusa, ariko kandi yaramuhaye n’ubwo gutanguza amajambo mashasha, gutyo akagwiza amajambo y’ururimi rwiwe. (Ita. 2:19, 20, 23) Mbega ukuntu iyo yari ingabirano nziza igitangaza! Iyo ngabirano yaranatumye abantu bashobora kuganira na Se wabo wo mw’ijuru no gushemeza izina ryiwe rininahaye.

2. Ni kubera iki ubu abantu batakivuga ururimi rumwe gusa?

2 Kuva abantu babayeho, ibinjana 17 vya mbere vyaheze bose bavuga ururimi rumwe gusa, bakoresha “amajambo amwe.” (Ita. 11:1) Mu nyuma haradutse ubugarariji mu gihe ca Nimurodi. Aho gukurikiza ubuyobozi Yehova yari yaratanze, abantu b’abagambarazi barakoraniye ahahavuye hitwa Babeli, bakaba bari biyemeje kuguma mu karere kamwe. Baciye batangura kwubaka umunara amahero kugira ngo ‘bironkere izina rya rurangiranwa,’ atari kugira ngo baninahaze Yehova. Ivyo vyatumye Yehova ayoberanya urwo rurimi rwo mu ntango abo bagarariji bavuga, maze atuma bavuga indimi zitandukanye. Baciye rero basabagirira kw’isi hose.​—Soma Itanguriro 11:4-8.

3. Ni igiki cabaye igihe Yehova yayoberaniriza i Babeli imvugo ya ba bagarariji?

3 Muri iki gihe, kw’isi yose havugwa indimi ibihumbi, hakaba hari abavuga ko zoba zirenga 6.800. Rumwerumwe rwose muri izo ndimi usanga rwisangije uburyo bwo guserura ivyiyumviro. Biboneka rero ko igihe Yehova Imana yayoberanya imvugo ya ba bagarariji, yahanaguye mu bwenge bwabo ibintu vyose bibuka ku bijanye n’ururimi bari basanzwe bavuga. Ntiyashize mu mizirikanyi yabo amajambo mashasha gusa, ariko kandi yarahinduye uburyo bwabo bwo guserura ivyiyumviro yongera aratanguza uburyo bushasha bwo guhuza amajambo akagira amungane (ivyitwa indimburo). Ntibitangaje rero kubona aho nya munara wubatswe hahavuye hitwa “Babeli,” risobanurwa ngo umuvurungano! (Ita. 11:9) Birashimishije kubona Bibiliya ari yo yonyene itanga insobanuro imara akanyota yerekana inkomoko y’indimi zitandukanye ziriho muri iki gihe.

Ururimi rushasha kandi rutunganye

4. Ni igiki Yehova yari yaravuze ko cobaye muri iki gihe cacu?

4 Naho inkuru yo muri Bibiliya yigana ingene Imana yagize ico ikoze i Babeli yoba ihimbaye gute, hariho ikintu kinahimbaye kuruta kandi gihambaye cane cabaye muri iki gihe cacu. Yehova yari yaravuze abicishije ku muhanuzi wiwe Zefaniya ati: “Ico gihe nzohindura amoko bagire ururimi rutunganye, kugira ngo bose babone kwambaza izina [“rya Yehova,” NW], ba[mu]korere bahuje inama.” (Zef. 3:9) None urwo “rurimi rutunganye” ni uruhe, kandi dushobora gute kwiga kuruvuga neza?

5. Ururimi rutunganye ni iki, kandi ihinduka rijanye n’ukuvuga urwo rurimi ryashitse ku ki?

5 Urwo rurimi rutunganye ni ukuri kwerekeye Yehova Imana be n’imigambi yiwe nk’uko biri mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Urwo “rurimi” rurimwo ibijanye n’ugutahura mu buryo butarimwo amakosa ukuri kwerekeye Ubwami bw’Imana be n’ingene buzotuma izina rya Yehova ryezwa, ingene buzotuma ubusegaba bwiwe bwemezwa be n’ingene buzotuma abantu b’abizigirwa baronswa imihezagiro y’ibihe bidahera. None iryo hinduka rijanye n’ururimi rivamwo iki? Tubwirwa yuko abantu ‘bazokwambaza izina rya Yehova,’ kandi ‘bamukorere bahuje inama.’ Mu buryo butandukanye n’ivyabaye i Babeli, iryo hinduka rijanye n’ukuvuga ururimi rutunganye ryaratumye izina rya Yehova rishemezwa ryongera riratuma abasavyi biwe bunga ubumwe.

Ukuntu twokwiga urwo rurimi rutunganye

6, 7. (a) Kwiga ururimi rushasha bisaba iki, kandi ivyo bijanye gute n’ukwiga rwa rurimi rutunganye? (b) Ni ibiki tugiye kurimbura?

6 Igihe umuntu atanguye kwiga urundi rurimi, ategerezwa gukora n’ibindi uretse gusa gufata ku mutwe amajambo mashasha. Kwiga ururimi rushasha birimwo no kwiga uburyo bushasha bwo guserura ivyiyumviro muri urwo rurimi. Uburyo bwo kuzirikana canke gutwenza bukoreshwa mu rurimi runaka woshobora gusanga butandukanye n’ubukoreshwa mu rundi rurimi. Kwatura amajwi mashasha birashobora gusaba ko ukoresha mu bundi buryo ibihimba vy’umubiri bifasha kuvuga, nk’ururimi. Ukwo ni ko bigenda igihe dutanguye kwiga rwa rurimi rutunganye rwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Birasaba ko twiga n’ibindi uretse kwiga gusa inyigisho nkeyi z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Kwiga neza urwo rurimi rushasha birasaba ko tugira ivyo duhinduye mu kuntu tubona ibintu, tugahindura n’imizirikanyi yacu.​—Soma Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:23.

7 Ni ibiki bizodufasha kudatahura gusa urwo rurimi rutunganye, ariko kandi bikazodufasha kuruvuga neza? Nk’uko bisanzwe bigenda igihe umuntu yiga ururimi urwo ari rwo rwose, hariho uburyo bumwebumwe bw’ishimikiro bushobora kudufasha kuvuga neza urwo rurimi rwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya. Nimuze turimbure intambwe zimwezimwe z’ishimikiro abantu bakunze gutera kugira ngo bige urundi rurimi, maze tubone ingene izo ntambwe zishobora kudufasha kwiga urwo rurimi rushasha rw’ikigereranyo.

Ukuntu wovuga neza rwa rurimi rutunganye

8, 9. Ni igiki dutegerezwa kugira niba twipfuza kumenya rwa rurimi rutunganye, kandi ni kubera iki ivyo bihambaye cane?

8 Niwumvirize witonze. Igihe umuntu yumvise ururimi rushasha ari bwo bwa mbere, yoshobora kwumva ko adashoboye kurutahura. (Yes. 33:19) Ariko, igihe uwo muntu atanguye kuza arashira umutima ku vyo yumva, arashobora gutangura kumenya amajambo amwamwe y’urwo rurimi be n’uburyo ruvugwa. Mu buryo busa n’ubwo, duhabwa impanuro igira iti: “Ni co gituma ari nkenerwa ko twitwararika kuruta uko bisanzwe ibintu twumvise, kugira ntitwigere tugenda akayombekere.” (Heb. 2:1) Yezu yarahanuye abayoboke biwe akatari gake ati: “Uwuri n’amatwi niyumvirize.” (Mat. 11:15; 13:43; Mrk. 4:23; Luka 14:35) Vy’ukuri, turakeneye ‘kwumviriza no gutegera ico’ ivyo twumva ‘bisobanura’ kugira ngo turushirize gutera imbere mu kuntu dutahura urwo rurimi rutunganye.​—Mat. 15:10; Mrk. 7:14.

9 Kwumviriza bisaba ko tubishirako umutima, ariko kugira ako kigoro biragira ico bimaze koko. (Luka 8:18) Igihe turi ku makoraniro ya gikirisu, twoba dushira umutima ku biba biriko birasigurwa, canke twoba dusamara? Birahambaye cane ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo dushire umutima ku biba biriko birashikirizwa. Ahandi ho, twohava ducika abakomantaye mu kwumva kwacu.​—Heb. 5:11.

10, 11. (a) Uretse ukwumviriza twitonze, ni ikindi kintu ikihe dutegerezwa gukora? (b) Kuvuga rwa rurimi rutunganye birimwo kandi n’iki?

10 Niwigane abaruvuga neza. Abiga ururimi rushasha baremeshwa kutumviriza bitonze gusa, ariko kandi baremeshwa no kugerageza kwigana ukuntu abaruvuga neza batura be n’uburyo baruvuga. Ivyo usanga bibafasha kwirinda kurwatura mu buryo butari bwo bwohava bubera intambamyi utwigoro bagira mu ntumbero yo kuyaga n’abasanzwe baruvuga. Na twebwe nyene, turakwiye kugira ivyo twigiye ku bamaze gutsimbataza “ubuhanga bwo kwigisha” urwo rurimi rushasha. (2 Tim. 4:2) Nubasabe bagufashe. Nugire umutima ukunze wo kwemera gukosorwa igihe uvuze ibitari vyo.​—Soma Abaheburayo 12:5, 6, 11.

11 Kuvuga rwa rurimi rutunganye ntibisaba gusa kwizera ukuri no kukwigisha abandi, ariko kandi birasaba ko inyifato yacu tuyihuza n’amategeko y’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo. Kwigana abandi birashobora kudufasha muri ivyo. Ivyo birimwo kwigana ukwizera kwabo be n’umwete bafise. Birimwo no kwigana ukuntu Yezu yari abayeho. (1 Kor. 11:1; Heb. 12:2; 13:7) Nitwumirako mu kubigenza gutyo, bizotuma abasavyi b’Imana bunga ubumwe, bibe nk’aho batura mu buryo bumwe mu kuvuga urwo rurimi.​—1 Kor. 4:16, 17.

12. Gufata ku mutwe bifasha gute mu bijanye n’ukwiga ururimi rushasha?

12 Nuze urafata ku mutwe. Abiga urundi rurimi barakenera kuza barafata ibintu vyinshi ku mutwe. Ivyo birimwo kuza barafata ku mutwe amajambo mashasha be n’imvugo nshasha. Gufata ku mutwe birashobora gufasha bimwe bikomeye abakirisu kwiga neza rwa rurimi rutunganye. Nta gukeka ko vyoba vyiza dufashe ku mutwe amazina y’ibitabu vyo muri Bibiliya uko bikurikirana. Hari abishingiye umugambi wo kuza barafata ku mutwe urudome ku rundi imirongo minaka yo muri Bibiliya. Abandi basanze ari ngirakamaro bafashe ku mutwe indirimbo z’Ubwami, amazina ya ya miryango ya Isirayeli n’amazina ya za ntumwa 12 be na za kamere impwemu yama. Mu bihe vya kera, Abisirayeli benshi bari bazi amazaburi yose ku mutwe. Muri ibi bihe vya none, hari agahungu kari kamaze gufata ku mutwe ijambo ku rindi imirongo yo muri Bibiliya irenga 80 kagifise imyaka itandatu gusa. Twoba none tworushiriza gukoresha neza ubwo buhanga bw’agaciro?

13. Ni kubera iki gusubiramwo bihambaye cane?

13 Gusubiramwo biradufasha kwibuka, kandi ivyo tuza tuributswa usanga biri mu bintu nyamukuru bigize inyigisho yacu ya gikirisu. Intumwa Petero yavuze ati: “Nzokwama nantaryo niteguriye kubibutsa ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinzwe bimwe bishikamye mu kuri kuri muri mwebwe.” (2 Pet. 1:12) Ni kubera ki none dukeneye ivyibutswa? Ni uko bituma tugira ugutahura kugera kure, bigatuma tubona ibintu mu buryo bwagutse bikongera bigakomeza umwiyemezo dufise wo gukomera kw’ibanga mu vy’impwemu. (Zab. 119:129) Kwihweza tudahengeshanya ingingo mfatirwako z’Imana be n’ingingo ngenderwako zayo biradufasha kwisuzuma twitonze no kurwanya agatima ko kuba ‘abumva bakibagira.’ (Yak. 1:22-25) Hamwe tutoguma twiyibutsa ukwo kuri, ibindi bintu birashobora kwosha imitima yacu kandi ivyo vyoshobora gutuma tutaba tukivuga neza rwa rurimi rutunganye.

14. Ni ibiki bishobora kudufasha igihe turiko twiga rwa rurimi rutunganye?

14 Nuze urasoma n’ijwi ryumvikana. (Ivyah. 1:3) Bamwebamwe mu biga ururimi rushasha usanga bagerageza kurwiyigisha badakurako umunwa. Ivyo nta vyiza bishimishije kuruta bivamwo. Igihe twiga rwa rurimi rutunganye, twoshobora gusanga rimwe na rimwe bibaye ngombwa ko dusoma “n’ijwi ritoyi” (NW) kugira ngo ivyo bidufashe kurwitunirako neza. (Soma Zaburi 1:1, 2.) Kubigenza gutyo biratuma ivyo dusoma vyiyandika mu mizirikanyi yacu ubutagihanagurika. Mu giheburayo, imvugo ngo “gusoma n’ijwi ritoyi” irafitaniye isano rya hafi no kuzirikana. Nka kurya nyene bikenewe ko umushishito usya ivyo tuba twafunguye, ni na ko bikenewe ko tuzirikana niba dushaka ko ivyo dusomye bitunyura. Twoba dufata umwanya uhagije wo kuzirikana ku vyo twiga? Igihe duhejeje gusoma Bibiliya, ni ngombwa ko tuzirikana cane ku vyo tuba twasomye.

15. Dushobora gute kwiga ico twokwita indimburo ya rwa rurimi rutunganye?

15 Nusuzume indimburo yarwo. Igihe turiko turiga ururimi, haragera aho biba ngombwa ko twiga n’indimburo yarwo. Ivyo biradufasha gutahura inyubako y’urwo rurimi maze bigatuma turuvuga mu buryo bwiza. Nka kurya nyene ururimi runaka usanga rufise amategeko arugenga, ni ko na rwa rurimi rutunganye rwerekeye ukuri kwo mu Vyanditswe rufise “icitegererezo c’amajambo ngirakamaro.” (2 Tim. 1:13) Turakwiye kwigana ico “citegererezo.”

16. Ni agatima akahe dukwiye gutsinda, kandi dushobora gute kugatsinda?

16 Nubandanye gutera imbere. Umuntu yoshobora kwiga ibintu bihagije ku bijanye n’ururimi rushasha ku buryo ashobora kuganira n’abandi muri urwo rurimi, maze agaca areka kubandanya atera imbere. Ingorane nk’iyo yoshobora gushikira abavuga rwa rurimi rutunganye. (Soma Abaheburayo 5:11-14.) Ni igiki none gishobora kudufasha gutsinda ako gatima? Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, nugire umutima ukunze wo kwongerereza amajambo uzi muri urwo rurimi. “Ubu ko twarenganye inyigisho y’intango yerekeye Kristu, dutere tuja imbere tugana ku buhumure, tutongera gushinga umushinge, ni ukuvuga ukwigaya ibikorwa bipfuye, be n’ukwizera Imana, inyigisho y’ivy’amabatisimu be n’ivy’ukurambikwako ibiganza, izuka ry’abapfuye be n’urubanza rw’ibihe bidahera.”​—Heb. 6:1, 2.

17. Ni kubera iki utumenyero two kwiyigisha udahorereza duhambaye? Bitangire akarorero.

17 Niwishingire ibiringo ntabanduka vyo kwiyigisha. Kuza uriyigisha udahorereza mu biringo bitobito ni vyiza kuruta kumara umwanya munini uriko uriyigisha ariko ukabigira rimwerimwe. Niwiyigishe igihe uba utekanye mu bwenge be n’igihe ata kintu cogusamaza bitagoranye kiba kihari. Kwiga ururimi rushasha bimeze nk’uguca inzira mw’ishamba. Uko iyo nzira uguma uyicamwo kenshi, ni ko urushiriza kworoherwa no kuyicamwo. Igihe iyo nzira yomara ikiringo kinaka atawuyicamwo, iryo shamba ryoca riyizitanya. Ku bw’ivyo rero, kwumirako no kudatezura ni ibintu bihambaye cane. (Dan. 6:16, 20) Ku bijanye n’ukuvuga rwa rurimi rutunganye rwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya, ‘nugume uri maso udatezura,’ ubijanisha n’isengesho.​—Ef. 6:18.

18. Ni kubera iki dukwiye kuvuga rwa rurimi rutunganye igihe cose turonse akaryo?

18 Nuruvuge! Uruvuge, wongere uruvuge! Bamwebamwe mu baba bariko bariga ururimi rushasha boshobora kugonanwa kuruvuga kubera ko bumva isoni canke batinya kuvuga ibitari vyo. Ivyo birashobora gutuma badatera imbere. Ku bijanye n’ukwiga ururimi, uwu mwibutsa ngo “Nta wiga kubumba rimwe ngo ace abumba intango,” usanga ubereye. Uko uwuriko ariga ururimi rushasha arushiriza kuruvuga, ni ko arushiriza kworoherwa no kurukoresha. Na twebwe nyene turakeneye kuvuga rwa rurimi rutunganye igihe cose turonse akaryo. “Umutima [ni] wo umuntu yizeresha kugira ngo aronke ubugororotsi, mugabo akanwa [ni] ko yaturisha icese kugira ngo aronke ubukiriro.” (Rom. 10:10) ‘Ntitwatura icese’ igihe co kubatizwa gusa, ariko kandi turatura icese igihe cose turonse akaryo ko kuvuga ivyerekeye Yehova, tutibagiye n’igihe tugira uruhara mu busuku. (Mat. 28:19, 20; Heb. 13:15) Amakoraniro ya gikirisu tugira aradufasha kuvuga rwa rurimi rutunganye mu buryo butomoye kandi budomako.​—Soma Abaheburayo 10:23-25.

Dukoreshe rwa rurimi rutunganye twunze ubumwe kugira ngo dushemeze Yehova

19, 20. (a) Ni ikintu gitangaje ikihe Ivyabona vya Yehova bariko bararangura muri iki gihe cacu? (b) Wiyemeje gukora iki?

19 Ese ingene vyari kuba biteye umunezero cane iyo uza kuba uri i Yeruzalemu ku musi w’iyinga mu gatondo, igenekerezo rya 6 Sivani mu 33 G.C.! Hakiri kare muri ako gatondo, nk’imbere gatoyi y’isaha zitatu, abari bakoraniye mu cumba co hejuru, “[baratanguye] kuvuga mu zindi ndimi” ku gitangaro. (Ibik. 2:4) Muri iki gihe, ntibigishoboka ko abasavyi b’Imana bavuga izindi ndimi ku gitangaro. (1 Kor. 13:8) Naho ari ukwo, Ivyabona vya Yehova baratangaza inkuru nziza y’Ubwami mu ndimi zitandukanye zirenga 430.

20 Ese ingene dukenguruka kubona twese twunze ubumwe mu kuvuga rwa rurimi rutunganye rwerekeye ukuri kwo muri Bibiliya, naho twoba dusanzwe tuvuga ururimi uruhe! Emwe, ivyo birahushanye rwose n’ivyabaye i Babeli! Abasavyi ba Yehova ni nk’aho bariko barashemeza izina ryiwe bakoresheje ururimi rumwe. (1 Kor. 1:10) Nimuze twiyemeze kubandanya dusukura ‘duhuje inama’ n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo hirya no hino kw’isi, uko twiga kuvuga neza urwo rurimi kuruta ukwo twahora, ivyo tubigire ku bw’ubuninahazwa bwa Data wa twese wo mw’ijuru, ari we Yehova.​—Soma Zaburi 150:1-6.

Wokwishura gute?

• Ururimi rutunganye n’iki?

• Kugira tuvuge ururimi rutunganye bisaba iki?

• Ni ibiki bizodufasha kuvuga neza rwa rurimi rutunganye?

[Uruzitiro ku rup. 23]

Nurushirize kuvuga neza rwa rurimi rutunganye mu:

◆ gutega yompi.

Luka 8:18; Heb. 2:1

◆ kwigana abaruvuga neza.

1 Kor. 11:1; Heb. 13:7

◆ kuza uragira ivyo ufashe ku mutwe kandi ubisubiramwo.

Yak. 1:22-25; 2 Pet. 1:12

◆ gusoma n’ijwi ryumvikana.

Zab. 1:1, 2; Ivyah. 1:3

◆ kuza urasuzuma ico twokwita indimburo yarwo.

2 Tim. 1:13

◆ kubandanya utera imbere.

Heb. 5:11-14; 6:1, 2

◆ kwishingira ibiringo ntabanduka vy’ukwiyigisha.

Dan. 6:16, 20; Ef. 6:18

◆ kuza uraruvuga.

Rom. 10:10; Heb. 10:23-25

[Amafoto ku rup. 24]

Abasavyi ba Yehova baravuga rwa rurimi rutunganye bunze ubumwe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika