UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 9-11
“Isi yose yari ifise ururimi rumwe”
Kugira ngo Yehova asanzaze abantu batagamburuka b’i Babeli, yarayoberanije ururimi rwabo. Muri iki gihe, ariko aregeranya isinzi rinini riva mu mahanga yose n’indimi zose, agatuma bavuga “ururimi rutyoroye” kugira ngo “bambaze izina rya Yehova, . . . bamukorere bahuje inama.” (Zf 3:9; Ivy 7:9) Urwo “rurimi rutyoroye” ni ukuri kwerekeye Yehova be n’imigambi yiwe dusanga mu Vyanditswe.
Kwiga ururimi rushasha si ugufata ku mutwe amajambo mashasha gusa. Bisaba no kwiga kwiyumvira mu buryo bushasha. Muri ubwo buryo nyene, uko twiga ururimi rushasha rwerekeye ukuri, ni ko n’imizirikanyi yacu ihinduka. (Rm 12:2) Ico ni igikorwa kibandanya, kikaba gifasha abasavyi b’Imana kuguma bunze ubumwe.—1Kr 1:10.