Amosozi mw’icupa ry’urushato
UWO mugabo akiri muto yari abayeho aza aranyegera. Kubera ko yari arengewe kandi akaba yari yishwe n’intuntu, amaso yiwe atembamwo amosozi, yarasavye Imana yiwe Yehova ngo imugaragarize ubuntu n’ikibabarwe, mu kuyitakambira ati: “Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe [“ry’urushato,” NW].” (Zaburi 56:8) Uwo mugabo yari Dawidi, uwahavuye aba umwami wa Isirayeli. Ariko none, iryo cupa ry’urushato yavuze ryari rimeze gute, kandi Imana ishobora gute gushira amosozi yacu muri mwene iryo cupa?
Dawidi yari amenyereye icupa ry’urushato. Cari ikintu bashiramwo amazi, amavuta, umuvinyu canke mbere amasoro. Abantu babayeho bimukanga bo mu bugaragwa bwa Sahara, nk’abitwa Abatwarege, n’ubu baracakoresha amacupa y’insato, akaba akorwa mu rushato rwose uko rwakabaye rw’impene canke rw’intama. Mwene ayo macupa arashobora kujamwo amazi menshi bivanye n’ukuntu ico gitungwa cangana. Amacupa y’insato birazwi ko atuma amazi aguma apfutse, mbere no mu bushuhe bwinshi buterwa n’izuba ryo mu bugaragwa. Muri kahise, wasanga bene ayo macupa atwarwa n’indogoba canke ingamiya. Muri iki gihe, woshobora mbere kubona mwene iryo cupa ribohewe imbere ku miduga y’insimbabisaka!
Amajambo Dawidi yavuze akora ku mutima ku bijanye n’icupa ry’urushato, arashobora kandi kugira ico atwigishije. Uti gute? Mu bisanzwe, Bibiliya isigura yuko Shetani ari we aganza iyi si be n’uko afise “ishavu ryinshi” muri iki gihe cacu. Ivyo bituma isi ishikirwa n’amagorwa akomeye. (Ivyahishuwe 12:12) Ni co gituma abantu benshi, nka kumwe kwa Dawidi, bariko baracumukura mu vy’inyiyumvo, mu bwenge canke ku mubiri, canecane barya bagerageza guhimbara Imana. Ivyawe vyoba ari ukwo vyifashe? Abantu mwene abo b’abizigirwa, babigiranye umutima rugabo mbere “[b]arira,” ntibigera bareka kugerageza kubaho mu buryo buranga ukutadohoka. (Zaburi 126:6) Barashobora guhera amazinda yuko Se wabo wo mw’ijuru atabona gusa ibigeragezo biriko birabashikira ariko kandi ko abona ukuntu ivyo bigeragezo bigira ico bibakozeko mu nyiyumvo zabo. Aratahura vy’ukuri umubabaro ushikira abasavyi biwe, kandi abigiranye ikibabarwe aribuka amosozi yabo be n’imibabaro yabo, akaba mu buryo bw’ikigereranya abibika mw’icupa ryiwe ry’urushato.