Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Ivyabona vya Yehova boba bemera yuko ari bo bonyene bazorokorwa?
Ivyabona vya Yehova bemera yuko batoye idini ry’ukuri. Iyo bitaba bimeze ukwo, bociye bahindura ivyo bemera. Cokimwe n’abantu bari mu madini atandukanye, Ivyabona vya Yehova barizigiye kurokorwa. Yamara, baremera kandi yuko atari bo bajejwe gushinga abazorokorwa abo ari bo. Imana ni yo Mucamanza. Ni yo ifata ingingo.—Yesaya 33:22.
Ijambo ry’Imana ryerekana yuko abazoshobora kurokorwa badategerezwa kuba bavyipfuza gusa, ariko kandi ko bategerezwa gusenyera ku mugozi umwe n’Umurokozi. Reka tubitangire akarorero: Dufate ko umukerarugendo azimiriye mu bugararwa. N’ukwihebura n’akantu aripfuza kuzimuruka. Yoba aza guhera muri ubwo bugaragwa, canke araza kubuvamwo? Uko biza kugenda kwose bivana n’ingene yakira imfashanyo aza guhabwa. N’ubwibone n’akantu, yoshobora kwanka gufashwa n’umutabazi canke umurokozi. Ku rundi ruhande, yoshobora kwemera abigiranye ukwicisha bugufi imfashanyo ahabwa, maze agashika iyo aja ata nkomanzi.
Muri ubwo buryo nyene, abasenyera ku mugozi umwe n’Umurokozi w’abantu ari we Yehova Imana, ni bo bazorokorwa. Ukurokorwa ni ingabirano iva ku Mana, ariko si abantu bose bazoyishikira. Yezu Umwana w’Imana yavuze ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Data ari mw’ijuru.”—Matayo 7:21.
Ivyabona vya Yehova baremera yuko Imana izorokora gusa abizera inkuka y’incungu ya Yezu kandi bakaba bakurikiza neza inyigisho ziwe. (Ibikorwa 4:10-12) Reka turimbure ibintu bitatu bihambaye dusabwa kugira ngo tuze turokorwe, na vyo bikaba bihishurwa mw’Ijambo ry’Imana.
(1) Yezu yabwiye bagenziwe ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Akarorero Yezu ubwiwe yerekanye mu gutanga ubuzima bwiwe ku bw’abandi, karashimitse ku vy’uko urukundo ruhambaye. Abakunda abandi baba bariko baragaragaza kamere ihambaye izotuma barokorwa.
(2) Mw’isengesho Yezu yatuye Se wiwe, yavuze ati: “Narabamenyesheje izina ryawe.” (Yohani 17:26) Yezu yari azi ingene izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova, ryari rihambaye kuri Se wiwe. Yezu yarasenze asaba ko izina rya Se wiwe ‘ryezwa.’ (Matayo 6:9) Kweza izina ry’Imana birimwo kurimenya no kubona ko rihambaye kandi ari ryeranda. Nka kumwe kwa Yezu, abarondera ubukiriro barakeneye gukoresha iryo zina ry’Imana. Barakeneye kandi kwigisha abandi ivyerekeye izina ry’Imana be na kamere zayo. (Matayo 28:19, 20) Nkako, abambaza izina ry’Imana ni bo bonyene bazorokorwa.—Abaroma 10:13.
(3) Yezu yabwiye Ponsiyo Pilato ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Muri iki gihe ni abantu bakeyi bagaragaza ko bizera Ubwami bw’Imana, ari yo ntwaro yayo, Yezu akaba ari we Mwami wabwo. Ahubwo nyabuna, bizigira inzego zashizweho n’abantu. Abazorokorwa bobo, barashigikira badahemuka Ubwami bw’Imana bakongera bakigisha abandi ingene buzorokora abantu bose b’abizigirwa.—Matayo 4:17.
Inyuma y’aho abigishwa ba Yezu bamenyeye ibisabwa bimwebimwe bizotuma abantu barokorwa, bamubajije bati: “None ni nde ashobora gukizwa?” Yezu yaciye yishura ati: “Ibintu bidashoboka ku bantu birashoboka ku Mana.” (Luka 18:18-30) Ivyabona vya Yehova baragerageza babigiranye umwete gushitsa ivyo bisabwa kugira ngo baze barokorwe. Vyongeye, barakora bakobeje kugira ngo bafashe abandi, gutyo na bo baze barokorwe.