ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/12 rup. 8
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • “Umubaji”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Igituma dukeneye gukora
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Yohani Abatiza Yezu
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Nitumenye “Ivyiyumviro vya Kristo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/12 rup. 8

Woba wari ubizi?

Ni ibikorwa bwoko ki Yezu ashobora kuba yarakoze igihe yari umubaji?

Se murezi wa Yezu yari umubaji. Na Yezu yarize uwo mwuga nyene. Igihe yatangura ubusuku bwiwe afise imyaka “nka mirongo itatu,” ntiyabonwa gusa nk’“umwana wa wa mubaji” ariko kandi yabonwa ko ari umubaji.​—Luka 3:23; Matayo 13:55; Mariko 6:3.

Mu gisagara Yezu yakuriyemwo, abantu bashobora kuba barakunda kurondera ibikoresho vyo kurima nk’isuka zirimishwa n’ibitungwa be n’ingǒgo, bino bikaba vyakorwa canecane mu mbaho. Mu bindi bintu umubaji yaza arakora hashobora kuba harimwo ibikoresho vyo mu nzu, nk’amameza, intebe z’inyegamo, udutebe tutagira aho kwegamira be n’amasandugu, hamwe n’ibikoresho nk’imiryango, amadirisha, ivyugazo bikozwe mu mbaho be n’inkingi z’amazu. Mu bisanzwe, mu gikorwa umubaji yakora harimwo no kwubaka.

Mu kigereranyo kimwe, Yohani Umubatizi yaravuze ibijanye n’ishoka, kino kikaba ari igikoresho Yezu be n’abandi babaji bishoboka ko boba barakoresha mu kwicira ibiti. Mu nyuma, ivyo biti barashobora guca babisaturiramwo imbaho muri ico kibanza nyene bavyiciyemwo canke bakabijana aho basanzwe bakorera. Nta gukeka ko ico gikorwa casaba inguvu nyinshi. (Matayo 3:10) Yesaya aravuga ibindi bikoresho ababaji bakoresha mu gihe ciwe ati: “Umubāji arāmvura umugozi ku giti akahacisha ikaramu, akakibāza n’imbāzo, akakigera n’icuma kigera.” (Yesaya 44:13) Ibintu vyatowe n’abacukuzi biremeza ko mu bihe vya Bibiliya bakoresha imisumeno y’ivyuma, inyundo zo mu mabuye be n’imisumari ikozwe mu mujumpu. (Kuvayo 21:6; Yesaya 10:15; Yeremiya 10:4) Umuntu ntiyoba yihenze yiyumviriye ko Yezu yoba yarakoresheje mwene ivyo bintu.

“Abanyebanki” Yezu yavuze muri kimwe mu bigereranyo yatanze bari bande, kandi bakora gute?

Yezu yaravuze ibijanye na shebuja umwe yakariye umushumba wiwe w’ikinebwe, mu kuvuga ati: “Wari ukwiye . . . kuba warabikije amafeza yanje ku banyebanki, hanyuma nshitse nkaronka ivyanje kumwe n’inyungu.”​—Matayo 25:27.

Mu gihe ca Yezu nta mabanki maninimanini nk’ayo tubona muri kino gihe yariho. Ariko rero, kuva kera na rindi vyari bimenyerewe ko hariho abantu bariha inyungu kubera amahera baba bamaze igihe kinaka barabikijwe, na bo bakaba barayagurana abandi bantu bakazobaha inyungu nini kuruta. Nk’uko igitabu kimwe (The Anchor Bible Dictionary) kibivuga, ibijanye n’ingurane zarihanwa inyungu vyari bimenyerewe mu Bugiriki kuva mu kinjana ca kane B.G.C. N’ikindi, muri ca kiringo c’amahoro cashinzwe n’Abaroma, hirya no hino mu Nganji nganzasi y’Uburoma amahera y’inyungu umuntu yatanga ku mwaka ku mwaka kubera ingurane yaronse yaguma ahindagurika, akaba yari hagati y’ibice 4 n’ibice 6 kw’ijana.

Itegeko rya Musa ryarabuza ibijanye no kugurana amahera Abisirayeli bari mu bukene ku bwo kuzoronka inyungu. (Kuvayo 22:25) Bisa n’uko iryo tegeko ryakora canecane ku ngurane zahabwa abakene. Ariko rero, nk’uko ico kigereranyo Yezu yatanze kivyerekana, kuronka inyungu ku mahera umuntu yaba yahaye abantu bari basanzwe batanga ingurane, canke “abanyebanki,” cari ikintu gisanzwe. Muri ubwo buryo, nk’uko yari asanzwe abigira, Yezu yakoresheje ibintu abamwumviriza bari basanzwe bamenyereye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika