ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/8 rup. 24-26
  • “Umubaji”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Umubaji”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Igituma dukeneye gukora
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Niwigishe ukuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ubuzima bwa Mbere bwa Yezu mu Muryango Iwabo
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/8 rup. 24-26

Ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari babayeho

“Umubaji”

“None uyu si umwana wa wa mubaji?”​—MATAYO 13:55.

YEZU ntiyari azwi gusa ko ari ‘umwana w’umubaji,’ ariko kandi yari azwi ko ari “umubaji.” (Mariko 6:3) Biboneka ko uwo mwuga yawigiye kuri Yozefu se wiwe w’umurezi.

Ni ubuhanga ubuhe be n’ibikoresho ibihe Yezu yakenera kumenya gukoresha neza muri uwo mwuga wiwe w’ububaji? Ni ibiki ashobora kuba yarakorera ab’i Nazareti? Vyongeye, ni gute inyigisho yaronse mu ntango ariko aramenyerezwa kuba umufundi w’urubaho zoba zahavuye zigira ico zimufashije mu buzima?

Umwuga bigira mu muryango Iyo shusho ubona aho hepfo yerekana umuvyeyi ariko yigisha umuhungu wiwe w’imfura ingene bakoresha neza igikoresho batoboza urubaho. Murumunawe aratega ugutwi, akitegereza adakoma urugohe.

Abahungu akenshi batangura kwiga neza na neza uwo mwuga bafise nk’imyaka iri hagati ya 12 na 15. Mu bisanzwe se ni we yabigisha uwo mwuga. Baramara imyaka myinshi bigishwa uwo mwuga, kandi bategerezwa kugira akigoro gakomeye kugira ngo bagire ubuhanga bukenewe bubafasha kuba ababaji babishoboye. Iyumvire amasaha menshi Yozefu abwirizwa kuba yaramaranye na Yezu ahimbarwa no gukorana na we no kumuyagisha, amwigisha ubuhanga yari afise. Ese ukuntu Yozefu abwirizwa kuba yaritegereza Yezu akumva aramwishimiye, uko yagenda aramenyera uwo mwuga!

Hari hakenewe ubumenyi, inguvu n’ubuhanga Umubaji yarakenera kumenya ibiranga ibiti yakoresha. Yarashobora guhitamwo gukoresha kimwe mu biti batera iwabo, nk’akajwari, icitwa chêne, isederi, umusukomora canke igiti c’umwelayo. Ariko rero, umubaji wo mu kinjana ca mbere ntiyashobora kuja aho badandariza ingegene z’ibiti canke kw’iduka kanaka ridandarizwamwo ibikoresho vyo kwubakisha ngo ahitemwo ingegene y’igiti yagegenywe nk’uko avyipfuza. Ahubwo riho, yarafata urugendo akaja mw’ishamba, agacagura ibiti bihuye n’ivyo yipfuza, akavyicira maze akanyinyana na nya bigiga akaruhuka abishikanye aho akorera.

None ingegene z’ibiti umubaji yegeranya yazikoresha iki? Yarashobora kumara amasaha menshi hanze ariko arafasha kwubaka amazu. Yaratunganya imyamba yo kwubakisha igisenge, agahingura ingazi z’imbere mu nzu, agakora n’imiryango, amadirisha be n’ibibaho vyo kwubakirako impome.

Umubaji yarahingura n’ibikoresho vyo mu nzu. Ayo mashusho ubona arerekana bimwebimwe muri ivyo bikoresho yahingura: ububati bufise udutiruwari, butambitsemwo imbaho zo guterekako ibintu, canke bufise uturyango (1); udutebe tugufitugufi (2), intebe z’inyegamo (3), n’amameza (4) atandukanye mu bunini no mu kuntu ameze; be n’uturiri bashiramwo abana ku murango. Kugira atake igikoresho kanaka co mu nzu, yarashobora kucomekako utubaho duteye igomwe yabaje mu buryo buhinyanyuye. Kugira akingire yongere asharize ivyo yahinguye, yarashobora kubikuyengezako ishashara ry’inzuki, ivereni canke amavuta.

Umubaji yarakora n’ibikoresho vy’abirimizi bo mu karere iwabo: ingǒgo (5) zikozwe mu mbaho ziremereye be n’ibikoresho bimeze nk’amakanya, amarato n’ibipawa (6). Amasuka arimishwa n’ibitungwa (7) umubaji yakora yabwirizwa kuba akomeye kubera ko amenyo yayo y’icuma yahava agakoreshwa mu kugazura isi y’urubuyebuye. Yarakora ibigorofani vy’imbaho (8) be n’imikogote, agahingura n’amakurudumu vyagenderako afise ibintu bimeze nk’amasera be n’ayatabigira. Yarashobora no gukora ivyo gusanasana no kubungabunga ibikoresho vyo mu nzu n’ibindi bikoresho, hamwe n’ibiduga yakora vy’imbaho.

Woba wokwiyumvira ukuntu akazi Yezu yakora k’ububaji kagira ico gahinduye ku kuntu yaboneka umuravye? Iyumvire ingene urukoba rwa Yezu rwahindura ibara kubera izuba ryo mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu, imitsi yiwe igakomera uko yamara imyaka akora ako kazi karuhisha, iminwe yiwe na yo ikaguma kubera ukwama afata n’inguvu nyinshi ibiti bidasenye be n’ukwama akoresha incabiti, inyundo n’imisumeno.

Isôko ry’ibigereranyo Yezu yari umuhanga mu gukoresha ibintu bisanzwe kandi abantu bamenyereye kugira yigishe ukuri kwimbitse kujanye n’ivy’Imana. Hoba hari ibigereranyo yakoresheje afatiye kuri uwo mwuga yaciyemwo wo kubaza? Rimbura bimwebimwe mu vyo yakoresheje afatiye kumbure kuri uwo mwuga. Yabwiye isinzi ati: “Kubera iki none uraba akatsi kari mu jisho ry’umuvukanyi wawe, mugabo nturimbure ikigiga kiri mu jisho ryawe bwite?” Uwo mubaji yari azi ukuntu ikigiga ari amahero. (Matayo 7:3) Mu nyuma, Yezu yabwiye uwundi mugwi w’abantu ati: “Nta muntu ashize ukuboko kw’isuka irimishwa n’ibitungwa araba ibiri inyuma, abereye ubwami bw’Imana.” Yezu ashobora kandi kuba yari yarakoze amasuka atari make arimishwa n’ibitungwa. (Luka 9:62) Amwe mu majambo arimwo igishika cinshi kuruta ayandi Yezu yavuze atera akamo abantu, aravugwamwo igikoresho cahingurwa n’umubaji. Yezu yavuze ati: “Mwishireko ingǒgo yanje munyigireko.” Yongeyeko ati: “Kuko ingǒgo yanje yoroshe n’umutwaro wanje uhwahutse.” (Matayo 11:29, 30) Nta gukeka ko Yezu yari azi gukora ingǒgo itababaza; yari azi gukora “iyoroshe,” ni ukuvuga imeze neza.

Abarwanya Yezu bashobora kuba bamwise “umwana wa wa mubaji” babigiranye akagaye. Naho ari ukwo, abakirisu bo muri iki gihe cokimwe n’abo mu kinjana ca mbere, babona ko ari agateka gukurikira uwo muntu yicisha bugufi yahoze ari umubaji.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 26]

Isandugu y’ibikoresho vy’umubaji

Umubaji wo mu kinjana ca mbere nka Yezu yarakenera kumenya gukoresha ibikoresho tugira tudondore. Umusumeno wiwe (1) wari ugizwe n’icuma gikarishe gikwikiye mu mbaho, gifise amenyo atonze ku buryo bawugegenesha mu kuza barawukwega. Yarakoresha ikeri (2) kugira ace imigero y’ivyo yaba agomba gukora, agakoresha n’icitwa karisho (3) kugira asuzume ko ikintu gihagaze kidahengamye. Muri iyo sandugu y’ibikoresho vyiwe haba harimwo n’inivo (4), agacamurongo (5), iranda basenesha urubaho ifise akuma gakarishe bashobora kuza barahindura ukuntu gahagaze (6), hamwe n’incabiti (7).

Igikoresho c’umubaji kiringaniza urubaho (8) hamwe n’ifinzo (9) vyarakoreshwa mu kugegena imbaho no mu kuziha imero nk’iy’umuhini usongoye ku mpande zompi. Ku gifundikizo c’iyo sandugu y’ibikoresho, urahabona inyundo y’igiti (10) yakoreshwa mu kwinjiza utumambo mu mafatanirizo canke mu guhonda imitwero. Urahabona n’umusumeno mutoyi ukoreshwa n’ukuboko kumwe (11), ikibugita (12) co kubazisha be n’imisumari (13). Imbere y’iyo sandugu hari inyundo y’icuma (14) be n’imbazo (15) yo kubazagura ingegene y’igiti. Kuri ca gifundikizo hari imbugita (16) be n’imitwero (17) itandukanye mu bunini. Igikoresho batoboza urubaho na co (18) cegamiye iyo sandugu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika