Nutahure neza wongere uhe agaciro uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
“Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.”—YOH. 14:6.
1, 2. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika ibijanye no gusuzuma uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana?
MU MYAKA n’iyindi, abantu benshi barakoze uko bashoboye kwose kugira ngo babe abatandukanye n’abandi bantu babakikije, mugabo ni bake babishoboye. Eka mbere ni abantu bake cane bashobora neza na neza kwemeza yuko batandukanye n’abandi bimwe biboneka. Yamara Yezu Kristu, Umwana w’Imana, wewe aratandukanye n’abandi mu buryo bwinshi.
2 Ni kubera iki dukwiye kwitwararika uruhara rudasanzwe Yezu arangura? Ni kubera yuko ivyo bigira ico bikoze ku bucuti dufitaniye n’Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova. Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yoh. 14:6; 17:3) Nimuze twihweze uburyo bumwebumwe butwereka ko Yezu adasanzwe. Kubigira biraza gutuma turushiriza gutahura neza no guha agaciro uruhara arangura mu mugambi w’Imana.
‘Umwana w’ikinege’
3, 4. (a) Ni kubera iki twovuga yuko Yezu adasanzwe mu ruhara arangura ari Umwana w’ikinege? (b) Ni gute uruhara Yezu yaranguye mu gihe c’irema rwari urudasanzwe?
3 Yezu si “umwana w’Imana” vyonyene. Ukwo ni ko Shetani yamwise igihe yariko aramugerageza. (Mat. 4:3, 6) Mu buryo bubereye, Yezu yitwa “Umwana w’Imana w’ikinege.” (Yoh. 3:16, 18) Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ikinege” ryasiguwe ko ari “ikintu kimeze ukwaco, conyene,” “umuntu yisa canke ikintu cisa,” canke “ikintu kidasanzwe.” Yehova arafise abana amamiliyoni amajana bo mu buryo bw’impwemu. None ni mu buryo ubuhe Yezu ari we “muntu [wenyene] yisa canke ikintu [conyene] cisa”?
4 Yezu ntasanzwe mu buryo bw’uko ari we kiremwa conyene Se wiwe yiremeye ata wundi abicishijeko. Ni Umwana w’imfura. Nkako, ni “imfura mu biremwa vyose.” (Kol. 1:15) Ni “intango y’ivyaremwe n’Imana.” (Ivyah. 3:14) Uruhara uwo Mwana w’ikinege yaranguye mu gihe c’irema na rwo nyene ntirusanzwe. Si we yari Umuremyi canke Uwo ibiremwa bikomokako. Ariko Yehova yaramukoresheje nk’umukozi canke uwo acishako mu kurema ibindi bintu vyose. (Soma Yohani 1:3.) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mu vy’ukuri kuri twebwe hari Imana imwe ari yo Data, iyo ibintu vyose bikomokako, natwe tukaba abayo; kandi hari Umukama umwe, Yezu Kristu, biciye kuri we ibintu vyose bikaba biriho, natwe tukabaho biciye kuri we.”—1 Kor. 8:6.
5. Ivyanditswe vyerekana gute ko Yezu adasanzwe?
5 Ariko rero, ukuba Yezu ari uwudasanzwe birimwo n’ibindi vyinshi. Ivyanditswe biramuha amazina menshi y’icubahiro yerekana uruhara rudasanzwe arangura mu mugambi w’Imana. Nimuze ubu na ho turimbure ayandi mazina atanu y’icubahiro Yezu ahabwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki.
“Jambo”
6. Ni kubera iki bibereye yuko Yezu yitwa “Jambo”?
6 Soma Yohani 1:14. Ni kubera iki Yezu yitwa “Jambo,” canke Logos? Iryo zina ry’icubahiro rirerekana igikorwa yaranguye kuva ibindi biremwa bifise ubwenge bibayeho. Yehova Imana yarakoresheje Umwana wiwe kugira ngo ashikirize amakuru be n’ubuyobozi abandi bana bo mu buryo bw’impwemu, eka mbere yaranamukoresheje kugira ashikirize ubutumwa bwiwe abantu bo kw’isi. Ukuba Yezu ari Jambo, canke Umuvugizi w’Imana, biragaragarira mu vyo Kristu yabariye Abayuda bariko baramwumviriza. Yavuze ati: “Ivyo nigisha si ivyanje, ahubwo ni ivy’uwandungitse. Niba umuntu yipfuza gukora ukugomba kw’Uyo, azomenya ku vyerekeye iyo nyigisho ko iva ku Mana canke ko mvuga ivyo nibwiye.” (Yoh. 7:16, 17) Yezu arabandanya kwitwa “Jambo w’Imana” mbere n’inyuma y’aho asubiriye mu buninahazwa bwo mw’ijuru.—Ivyah. 19:11, 13, 16.
7. Twokwigana gute ukwicisha bugufi Yezu agaragaza mu ruhara arangura ari “Jambo”?
7 Niwiyumvire gatoya ico iryo zina ry’icubahiro rihishura. Naho mu biremwa vyose Yehova yaremye, Yezu ari we afise ubukerebutsi kubisumba, ntiyiheka ku bukerebutsi bwiwe bwite. Avuga nk’uko Se wiwe amwigisha. Yama nantaryo akwegera ivyiyumviro vy’abantu kuri Yehova aho kuvyikwegerako. (Yoh. 12:50) Ese ukuntu ako ari akarorero keza cane dukwiye kwigana! Na twebwe nyene twaratewe agateka gakomeye ko “[ku]menyesha inkuru nziza y’ivyiza.” (Rom. 10:15) Gutahura akarorero ko kwicisha bugufi Yezu yadusigiye bikwiye kutuvyurira umutima wo kwirinda kuvuga ivyo twigeneye. Ku bijanye n’ugushikiriza ubutumwa ndokorabuzima bwo mu Vyanditswe, ntidushaka “[kurenga] ibintu vyanditswe.”—1 Kor. 4:6.
“Amen”
8, 9. (a) Ijambo “amen” risobanura iki, kandi ni kubera iki Yezu yitwa “Amen”? (b) Yezu yashikije gute uruhara arangura ari “Amen”?
8 Soma Ivyahishuwe 3:14. Ni kubera iki Yezu yitwa “Amen”? Ijambo ryahinduwe ngo “amen” ni ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe mu kigiriki hisunzwe ukuntu ryasomwa, rikaba risobanura ngo “bibe gutyo,” canke “ata gukeka.” Rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo ry’inkomoko risobanura “kuba umwizigirwa.” Iryo jambo nyene rirakoreshwa mu kudondora kamere ya Yehova yo kuba umwizigirwa. (Gus. 7:9; Yes. 49:7) None, ni mu buryo ubuhe Yezu ari uwudasanzwe igihe avugwa ko ari “Amen”? Raba ukuntu mu 2 Abakorinto 1:19, 20 hishura. Hagira hati: “Umwana w’Imana, Kristu Yezu, uwamamajwe muri mwebwe . . . , [ntiya]citse Ego yamara kandi ari Oya, ahubwo Ego yacitse Ego ku bimwerekeye. Kuko uko imihango y’Imana ingana kwose, yacitse Ego biciye kuri we. Rero, biciye kuri we kandi ni ho ‘Amen’ ibwirwa Imana ku bw’ubuninahazwa.”
9 Yezu ni “Amen” ku mihango yose Imana yatanze. Ingendo y’ubuzima bwiwe bwo kw’isi itagira agahaze, harimwo n’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, yaremeje yongera ituma bishoboka ko imihango yose Yehova Imana yatanze izoranguka. Biciye ku kuguma ari umwizigirwa, Yezu yarabeshuje kandi ivyo Shetani yivugisha nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Yobu, yuko ngo igihe abasavyi b’Imana baba bari mu bukene, mu mibabaro be no mu bigeragezo boca bihakana Imana. (Yobu 1:6-12; 2:2-7) Mu biremwa vyose vy’Imana, wa Mwana w’imfura ni we yari gushobora gutanga inyishu idaharirizwa kuri ico kirego. N’ikindi kandi, Yezu yaratanze ikimenyamenya ciza kuruta ibindi vyose mu gushigikira uruhande rwa Se wiwe muri ca kibazo gihambaye kuruta cerekeye uburenganzira Yehova afise bwo kuba Segaba w’ijuru n’isi.
10. Twokwigana Yezu gute mu ruhara rudasanzwe arangura ari “Amen”?
10 None twokwigana Yezu gute mu ruhara rudasanzwe arangura ari “Amen”? Twobigira mu kuguma turi abizigirwa kuri Yehova be no mu gushigikira ikibanza afise co kuba Segaba w’ijuru n’isi. Nitwabigenza gutyo, tuzoba turiko turitabira akamo dusanga mu Migani 27:11 kagira gati: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.”
“Umuhuza w’isezerano rishasha”
11, 12. Ni gute uruhara Yezu arangura ari Umuhuza rudasanzwe?
11 Soma 1 Timoteyo 2:5, 6. Yezu ni we “muhuza umwe hagati y’Imana n’abantu.” Ni “umuhuza w’isezerano rishasha.” (Heb. 9:15; 12:24) Ariko rero, Musa na we nyene avugwa ko ari umuhuza, umuhuza w’isezerano ry’Itegeko. (Gal. 3:19) Ni gute none uruhara Yezu arangura ari Umuhuza rudasanzwe?
12 Ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango ryahinduwe ngo “umuhuza,” ni imvugo ikoreshwa mu vy’amategeko. Ryerekeza kuri Yezu nk’Umuhuza yemewe (canke, mu buryo bunaka, umushingwamanza) w’isezerano rishasha rituma bishoboka ko ihanga rishasha rivuka, iryo na ryo rikaba ari “Isirayeli y’Imana.” (Gal. 6:16) Iryo hanga rigizwe n’abakirisu basizwe impwemu, bano bakaba bagize “ubuherezi bwa cami” bwo mw’ijuru. (1 Pet. 2:9; Kuv. 19:6) Isezerano ry’Itegeko, rino Musa akaba yari we muhuza waryo, ntiryari gushobora gutuma ihanga nk’iryo riboneka.
13. Uruhara Yezu arangura ari Umuhuza rurimwo iki?
13 Uruhara Yezu arangura ari Umuhuza rurimwo iki? Mu bisanzwe, Yehova arakoresha agaciro k’amaraso ya Yezu ku bantu bariko barazanwa mw’isezerano rishasha. Gutyo, Yehova arabafata mu buryo bwemewe ko ari abagororotsi. (Rom. 3:24; Heb. 9:15) Imana irashobora rero kubashira mw’isezerano rishasha bafise icizigiro co kuzocika abami n’abaherezi bo mw’ijuru! Bwa Muhuza wabo, Yezu arabafasha kuzigama impagararo ityoroye imbere y’Imana.—Heb. 2:16.
14. Ni kubera iki abakirisu bose, baba bafise icizigiro ikihe, bakwiye guha agaciro vy’ukuri uruhara Yezu arangura ari Umuhuza?
14 Bite ho ku bijanye n’abantu batari mw’isezerano rishasha, abafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera hano kw’isi, atari mw’ijuru? Naho batari mw’isezerano rishasha, abo bantu bararyungukirako. Bararonka ukubabarirwa ibicumuro vyabo maze bakitwa abagororotsi, bakaba abagenzi b’Imana. (Yak. 2:23; 1 Yoh. 2:1, 2) Twaba dufise icizigiro co kuba mw’ijuru canke ico kuba kw’isi, umwumwe wese muri twebwe arafise imvo zumvikana zo guha agaciro uruhara Yezu arangura ari Umuhuza w’isezerano rishasha.
“Umuherezi Mukuru”
15. Ni gute uruhara Yezu arangura ari Umuherezi Mukuru rutandukanye n’urw’abandi bagabo bose basukuye ari abaherezi bakuru?
15 Abagabo benshi barasukuye ari abaherezi bakuru muri kahise, yamara uruhura Yezu arangura ari Umuherezi Mukuru vy’ukuri ntirusanzwe. Uti gute? Paulo asigura ati: “Ntakeneye ku musi ku musi, nka ba baherezi bakuru, gushikana ibimazi, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu (kuko ivyo yabigize rimwe rizima igihe yishikana ubwiwe); kuko Itegeko rigena kuba abaherezi bakuru abantu bafise ubugoyagoye, mugabo ijambo rya ya ndahiro irahiwe ryaje inyuma y’itegeko rikagena Umwana, uwagizwe uwutunganye ibihe vyose.”—Heb. 7:27, 28.a
16. Ni kubera iki ikimazi Yezu yatanze, vy’ukuri kidasanzwe?
16 Yezu yari umuntu atunganye, yari ameze nka kurya nyene Adamu yari ari imbere y’uko acumura. (1 Kor. 15:45) Kubera ko Yezu yari ameze gutyo, yari we muntu wenyene ashoboye gutanga ikimazi gitunganye, gishitse, ico kikaba cari ikimazi kitari gikeneye na gato kuza kiratangwa incuro n’izindi. Mu gihe c’Itegeko rya Musa, ibimazi vyatangwa ku musi ku musi. Ariko rero, ivyo bimazi vyose be n’ibikorwa vyose vy’ubuherezi, vyari igitutu gusa c’ivyo Yezu yari kurangura. (Heb. 8:5; 10:1) Rero, kubera yuko uruhara Yezu arangura ari Umuherezi Mukuru rushika ku ntumbero yarwo kandi rukaba rwamaho, ntirusanzwe.
17. Ni kubera iki dukwiye gukenguruka uruhara Yezu arangura ari Umuherezi Mukuru wacu, kandi dushobora kubigira gute?
17 Turakeneye ibikorwa Yezu arangura ari Umuherezi Mukuru kugira ngo bidufashe kugira impagararo igororotse imbere y’Imana. Kandi, ese ingene twifitiye Umuherezi Mukuru mwiza igitangaza! Paulo yanditse ati: “Umuherezi mukuru dufise, [si] uwudashobora kubabarana natwe mu bugoyagoye bwacu, ahubwo ni uwagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo ntiyagira igicumuro.” (Heb. 4:15) Mu vy’ukuri, ukuba dukenguruka ico kintu bikwiye kutuvyurira umutima wo ‘kutaba tukibaho ku bwacu, mugabo ku bw’umwe yadupfiriye.’—2 Kor. 5:14, 15; Luka 9:23.
“Uruvyaro” rwari rwaravuzwe
18. Ni ubuhanuzi ubuhe bwavuzwe Adamu amaze gucumura, kandi ni ibiki vyahishuwe mu nyuma ku bijanye n’ubwo buhanuzi?
18 Kuva muri Edeni, igihe vyasa n’uko abantu bari batakaje ibintu vyose, ni ukuvuga impagararo ityoroye imbere y’Imana, ubuzima budahera, agahimbare be n’Iparadizo, Yehova Imana yaramenyesheje imbere y’igihe ko hazobaho Umutabazi. Uwo yiswe ko ari “uruvyaro.” (Ita. 3:15) Urwo Ruvyaro rutari ruzwi neza rwaravuzwe mu buhanuzi bwa Bibiliya butari buke kuva kera na rindi. Rwokomotse kuri Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Rwovuye kandi mu muryango w’Umwami Dawidi.—Ita. 21:12; 22:16-18; 28:14; 2 Sam. 7:12-16.
19, 20. (a) Rwa Ruvyaro rwasezeranywe ni nde? (b) Ni kubera iki vyovugwa ko rwa ruvyaro rwari rwaravuzwe rurimwo n’abandi uretse Yezu?
19 Ni nde yari urwo Ruvyaro rwasezeranywe? Inyishu y’ico kibazo turashobora kuyisanga mu Bagalatiya 3:16. (Soma.) Yamara rero, mu mirongo ikurikira yo muri ico kigabane nyene, intumwa Paulo abandanya abarira abakirisu basizwe ati: “Vyongeye, nimba muri aba Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri, ba samuragwa ku bijanye n’umuhango.” (Gal. 3:29) Bigenda gute ngo Kristu abe ari we rwa Ruvyaro rwasezeranywe, yamara kandi hakaba harimwo n’abandi?
20 Hariho abantu amamiliyoni bivugisha ngo bakomoka kuri Aburahamu, bamwebamwe mbere bakigira nk’abahanuzi. Amadini amwamwe araha agaciro kanini cane ivy’uko ngo abahanuzi bayo bakomotse kuri Aburahamu. Yamara none, ubwo abo bantu bose bagize rwa Ruvyaro rwasezeranywe? Habe namba! Nk’uko intumwa Paulo abivuga ahumekewe, si abantu bose bakomoka kuri Aburahamu bashobora kwemeza ngo bagize rwa Ruvyaro rwasezeranywe. Abakomotse ku bandi bana ba Aburahamu ntibakoreshejwe mu guhezagira umuryango w’abantu. Uruvyaro rwotumye bahezagirwa rwari kuboneka biciye kuri Izahaki gusa. (Heb. 11:18) Neza na neza rero, umuntu umwe rudende, ni ukuvuga Yezu Kristu, uwo ivy’uko akomoka mu muryango wa Aburahamu vyerekanwa neza muri Bibiliya, ni we gihimba nyamukuru c’urwo ruvyaro rwari rwaravuzwe.b Abandi bantu bose bacika mu nyuma abagize igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu baba gutyo kubera yuko ari “aba Kristu.” Ego cane, uruhara Yezu arangura mu gushitsa ubwo buhanuzi, mu vy’ukuri ntirusanzwe.
21. Ni igiki kigushimisha cane ku bijanye n’ingene Yezu yashikije uruhara rudasanzwe arangura mu mugambi wa Yehova?
21 Ni ibiki twigiye kuri uku kwihweza muri make uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi wa Yehova? Kuva akiremwa kubandanya, Umwana w’ikinege w’Imana yamye ari uwudasanzwe, uwutameze nk’abandi. Ariko rero, uwo Mwana w’Imana adasanzwe, uwahavuye aba Yezu, yamye nantaryo asukura yicishije bugufi ahuza n’ivyo Se agomba, ntiyigere yironderera ubuninahazwa bwiwe bwite. (Yoh. 5:41; 8:50) Ese ukuntu ari akarorero kadasanzwe kuri twebwe muri kino gihe! Nka kumwe kwa Yezu, ese umugambi wacu woba uwo “[gukora] vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”—1 Kor. 10:31.
[Utujambo tw’epfo]
a Twisunze ibivugwa n’incabwenge imwe mu vya Bibiliya, iryo jambo ryahinduwe ngo “rimwe rizima” riserura iciyumviro gihambaye co muri Bibiliya “cerekana ko urupfu rwa Yezu rudashobora kugira ico ruhinduweko, ari urudasanzwe, canke rutameze nk’urw’abandi.”
b Naho Abayuda bo mu kinjana ca mbere G.C. biyumvira ko, kubera yuko bakomoka kuri Aburahamu mu buryo bw’umubiri, bobaye ihanga ritoneshwa n’Imana, bari biteze ko umuntu umwe ari we yoje ari Mesiya, canke Kristu.—Yoh. 1:25; 7:41, 42; 8:39-41.
Woba uvyibuka?
• Ni ibiki wize ku bijanye n’uruhara rudasanzwe Yezu arangura ufatiye ku mazina yiwe y’icubahiro? (Raba uruzitiro.)
• Woshobora gute kwigana akarorero k’Umwana adasanzwe wa Yehova?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 15]
Amazina amwamwe y’icubahiro yerekana uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
◼ Umwana w’ikinege. (Yoh. 1:3) Yezu ni we kiremwa conyene Se wiwe yiremeye ata wundi abicishijeko.
◼ Jambo. (Yoh. 1:14) Yehova arakoresha Umwana wiwe bwa Muvugizi kugira ngo ashikirize ibindi biremwa amakuru be n’ubuyobozi.
◼ Amen. (Ivyah. 3:14) Ingendo y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi itagira agahaze, harimwo n’urupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, yaremeje yongera ituma bishoboka ko imihango yose Yehova Imana yatanze izoranguka.
◼ Umuhuza w’isezerano rishasha. (1 Tim. 2:5, 6) Kubera ko Yezu ari Umuhuza yemewe, yaratumye bishoboka ko ihanga rishasha rivuka, ari ryo “Isirayeli y’Imana,” irigizwe n’abakirisu bazoba bagize “ubuherezi bwa cami” bwo mw’ijuru.—Gal. 6:16; 1 Pet. 2:9.
◼ Umuherezi Mukuru. (Heb. 7:27, 28) Yezu ni we muntu wenyene yari ashoboye gutanga ikimazi gitunganye, ikimazi kitari gikeneye na gato kuza kiratangwa incuro n’izindi. Arashoboye kutwoza icaha maze akadukurako ingaruka zaco zitera urupfu.
◼ Uruvyaro rwari rwarasezeranywe. (Ita. 3:15) Umuntu umwe rudende, ni ukuvuga Yezu Kristu, ni we gihimba nyamukuru ca rwa ruvyaro rwari rwaravuzwe. Abandi bose bacika mu nyuma abagize igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu, ni “aba Kristu.”—Gal. 3:29.