ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/5 rup. 5-6
  • 2 Niwironse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Niwironse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Yehova yaraharuye “umushatsi wo ku mitwe yanyu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Imana Ni Nde?
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • 2 Imana ntibabara abantu vy’ukuri—Vyoba ari vyo?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/5 rup. 5-6

2 Niwironse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana

“Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.”​—Yohani 17:3.

INGORANE NI IYIHE? Hari abavuga yuko Imana itabaho. Abandi babona yuko Imana ari inguvu amahero itagira kamere nk’iz’abantu. Abemera ko Imana ibaho koko na bo bigisha inyigisho zivuguruzanya ku vyerekeye iyo ari yo be na kamere zayo.

USHOBORA GUTE GUTSINDA IYO NGORANE? Uburyo bumwe bwo kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana ni ukwihweza ibintu yaremye. Intumwa Paulo yavuze ati: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza kuva kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyakozwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo.” (Abaroma 1:20) Wihweje witonze ibiremwa biri kw’isi, urashobora kumenya vyinshi ku vyerekeye ubukerebutsi n’ububasha bw’Umuremyi wacu.​—Zaburi 104:24; Yesaya 40:26.

Ariko rero, kugira umuntu wese yironse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuntu Imana imeze, arakeneye kwugurura Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya maze akarisuzuma we nyene ubwiwe. Ntureke ngo abandi babe ari bo bagutamika ivyiyumviro. Aho kubigenza gutyo, nukurikize iyi mpanuro Bibiliya itanga igira iti: “Mureke gushushanywa n’iyi si, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye ukwo ari kwo.” (Abaroma 12:2) Nk’akarorero, rimbura ibi bintu bikurikira vyerekana ko Bibiliya ihishura ukuri ku vyerekeye Imana.

Imana irafise izina ry’uruharo. Mu ntango izina ry’Imana ryaraboneka incuro ibihumbi n’ibihumbi muri Bibiliya. Impinduro nyinshi zirarikoresha muri Yesaya 12:2, ahagira hati: “Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’Uhoraho Yehova ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje.”

Yehova Imana arafise inyiyumvo, ivyo abantu bakora bikaba bigira ico bikoze kuri zo. Yehova amaze gukura Abisirayeli mu buja mu Misiri, rimwe na rimwe bariyobagiza impanuro ziwe ziranga ubukerebutsi. Ingendo yabo y’ubugarariji ‘yaramubabaza.’ Ivyo bakora na vyo “[vyaratuntuza] Umweranda wa Isirayeli.”​—Zaburi 78:40, 41, NW.

Yehova aratwitwararika umwe wese ku giti ciwe. Yezu ariko araganiriza abigishwa biwe, yavuze ati: “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. Mugabo n’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuwe yose. Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”​—Matayo 10:29-31.

Imana ntitonesha abantu b’ubwoko bunaka canke b’imico minaka kuruta abandi. Intumwa Paulo yabwiye Abagiriki b’i Atene yuko Imana “yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe, ngo babe ku buringanire bwose bw’isi.” Yavuze kandi yuko Imana “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ibikorwa 17:26, 27) Intumwa Petero na we yavuze ati: “Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ibikorwa 10:34, 35.

IMPERA NI IYIHE? Hari “abafitiye Imana umwete; mugabo si mu buryo bw’ubumenyi butagira amakosa.” (Abaroma 10:2) Nimba uzi ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana, uzokwirinda kuzimizwa kandi uzoshobora ‘kwiyegereza Imana.’​—Yakobo 4:8.

Nimba ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 1 kivuga ngo “Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?a

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 6]

Uburyo bumwe bwo kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana ni mu kwihweza ivyo yaremye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika