2 Imana ntibabara abantu vy’ukuri—Vyoba ari vyo?
Ivyo ushobora kuba warumvise: “Iyaba Imana ibababara abantu, yokuye ibibi n’imibabaro kw’isi. Vyongeye, naho nyene yitwararika abantu muri rusangi, ntiyitaho ibinshikira.”
Ivyo Bibiliya yigisha: Yehova Imana si we ateza ibibi. (Yakobo 1:13) Naho yoshobora gukuraho ibibi umwanya uwo ari wo wose, arareka muri iki gihe hakabaho ikibano cononekaye kugira ngo atorere umuti ibibazo bijanye n’ikibereye be n’ikitabereye vyavyuwe mu ntango y’ukubaho kw’abantu. Impera n’imperuka azogira ico akoze ku bw’ineza y’abantu maze akureho amabi yose aterwa n’abaterekwa ubutegetsi bwiwe.—Itanguriro 3:1-6; Yesaya 65:17.a
Uretse ko Imana yitwararika abantu muri rusangi, iritwararika cane umwe wese ku ruhande rwiwe. Muri Matayo 10:29-31 harerekana yuko yihweza utuntu dutoduto cane ku bitwerekeye, utwo mbere natwe tutazi. Hagira hati: “None utujuri tubiri ntitugurishwa igiceri c’agaciro gatoya? Yamara nta na kamwe muri two gakorokera hasi So atabizi. Mugabo n’imishatsi yo ku mutwe wanyu iraharuye yose. Ntimutinye rero: mwebwe muri n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”
Ingene kumenya ukuri bigufasha: Akenshi turirinda abantu baryagagurana canke batababara abandi. Ntibitangaje kuba ikinyoma kivuga yuko Imana itababara abantu gituma abantu benshi batarondera na gato kuyimenya canke bakayiyegereza igihe gusa babona ko ata kundi bari bubigenze. Kumenya ko Yehova Imana ababara abantu vy’ukuri, vyoshobora gutuma wipfuza kumenya vyinshi ku bimwerekeye no kuba umugenzi wiwe.
Nk’akarorero, woshobora kuba warasenze Imana mugabo ukibaza nimba yarakwumvirije canke nimba izokwishura. Bibiliya idukura amazinda yuko Umwe ‘yumva amasengesho’ aguma yiteguriye kwumviriza abantu bose bamwitura ata buryarya.—Zaburi 65:2.
Imana igusaba ‘guterera amaganya yawe yose kuri yo, kuko ikubabara.’ (1 Petero 5:7) Turashobora kwizigira yuko itwitwararika mbere no mu bihe vy’amarushwa akomeye, kuko Ijambo ryayo rivuga riti: “Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”—Zaburi 34:18.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’igituma Imana ireka abantu bagashikirwa n’imibabaro, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 5]
Nimba Imana itatubabara, kubera iki none idusaba kuyisenga?