ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/6 rup. 27
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Yehova arahimbarwa igihe uvuze “amen”
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nutahure neza wongere uhe agaciro uruhara rudasanzwe Yezu arangura mu mugambi w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/6 rup. 27

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki abantu bavuga ngo “amen” igihe bahejeje gutura isengesho?

Ijambo “amen,” haba mu kirundi canke mu kigiriki, ni ijambo rikuwe mw’ijambo ry’igiheburayo ari ryo ʼa·menʹ. Iryo jambo, irisanzwe rivugirwa hamwe n’abantu bifatanije mu kwumviriza isengesho riturwa, isezerano rigirwa, umuhezagiro canke umuvumo utangwa, ahanini risobanura ngo “ni bibe ukwo nyene,” canke ngo “nta nkeka.” Igihe abumviriza barivuze vyerekana ko bemeye ivyiyumviro biba bihejeje gushikirizwa. Twisunze ibivugwa mu gitabu kimwe, “iryo jambo ryerekana ugushira amazinda, ukutabesha, ubwizigirwa be n’ukutagira amakenga.” Mu bihe vya Bibiliya, iyo mvugo kandi yaratuma uwuyikoresheje yumva ko ari n’ico abazwa n’amategeko ku bijanye n’umwiyemezo canke isezerano kanaka be n’uko yemanze ingaruka vyovamwo.​—Gusubira mu vyagezwe 27:15-26.

Igihe Yezu yariko yamamaza yongera yigisha, amajambo amwamwe yavuga yarayatanguza n’ijambo “amen.” Mu kubigenza gutyo, yaba ashimitse ku vy’uko ivyo yaba agomba kuvuga ari ivyo kwizigirwa bimwe bitagira agahaze. Mu bihe mwene ivyo, ijambo ry’ikigiriki a·menʹ rica rihindurwa ngo “ni ukuri” canke ngo “si ivy’imbeshere.” (Matayo 5:18; 6:2, 5; King James Version) Yezu akoresheje iryo jambo incuro zibiri, nk’uko bimeze mu Njili ya Yohani, imvugo yiwe ica ihindurwa ngo “ego ni ukuri.” (Yohani 1:51) Ukuntu Yezu akoresha iyo mvugo muri ubwo buryo bivugwa ko ata handi wobisanga mu vyanditswe vyeranda.

Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, izina ry’icubahiro “Amen” rirakoreshwa kuri Yezu mu kwerekana yuko intahe yiwe ‘yizigirwa kandi ko ari iy’ukuri.’​—Ivyahishuwe 3:14.

Urimu na Tumimu vyari ibiki?

Biboneka ko Urimu na Tumimu vyakoreshwa muri Isirayeli ya kera kugira ngo abantu basuzume ivyo Yehova agomba mu bibazo vyerekeye iryo hanga canke indongozi zaryo. Ivyo bikoresho vyazezwa umuherezi mukuru kandi vyabikwa mu “mupfuko wo ku gikiriza wo kwahukanya imanza.” (Kuvayo 28:15, 16, 30) Naho Ivyanditswe bitigera bidondora neza ivyo bikoresho canke ngo bivuge neza na neza ingene Urimu na Tumimu vyakoreshwa, imirongo itandukanye isa n’aho ivuga ko vyakoreshwa nk’ubupfindo bwahava bugatanga inyishu “ego” canke “oya” ivuye ku Mana, canke na ho ntihagire inyishu namba butanga.

Akarorero kamwe kerekeye ikoreshwa rya Urimu na Tumimu ni aka ca gihe Dawidi yasaba Abiyatari ngo amuzanire icasa n’uko ari efodi y’umuherezi mukuru yarimwo Urimu na Tumimu. Dawidi yabajije Yehova ibibazo bibiri, ati: ‘Mbega Sauli yoba agomba kuntera?’ kandi ati: ‘Mbega abantu b’i Keyila bazontanga mu maboko yiwe?’ Kuri ivyo bibazo vyompi, inyishu yabaye ego, bica bituma Dawidi afata ingingo zibereye.​—1 Samweli 23:6-12.

Imbere y’aho, Umwami Sauli yarakoresheje Urimu na Tumimu kugira ngo ubwa mbere amenye neza nimba abantu ari bo bari kwagirwa n’amakosa canke ko ari Yonatani yari kwagirwa, maze ubwa kabiri amenye niba ari we yari yakoze icaha canke umuhungu wiwe. (1 Samweli 14:40-42) Mu nyuma, igihe Sauli atari agitoneshwa n’Imana, ntiyari ikimuronsa ubuyobozi haba “ari mu nzozi, ari mu buryo bga Urimu, haba no mu bavugishwa na we.”​—1 Samweli 28:6.

Twisunze inkuru za kahise z’Abayuda, Urimu na Tumimu vyaretse gukoreshwa igihe urusengero rwa Yehova rwasangangurwa mu 607 B.G.C.

[Ifoto ku rup. 27]

“Amen,” Ivyahishuwe 3:14. Codex y’i Alexandrin, yo mu kinjana ca 5 G.C.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika