Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Wa Mubesheranyi yoba abaho koko?
Ego cane. Bibiliya yigisha ko vy’ukuri Shetani wa Mubesheranyi abaho koko. Ariko rero, abakunze kugira ico bavuze kuri Bibiliya baranebagura ukwo kuntu wa Mubesheranyi adondorwa. Bavuga ko Shetani agereranya gusa ikibi kiri mu bantu.
Twoba dukwiye gutangazwa n’ukuba abantu bazazanirwa ku bijanye n’akaranga nyakuri ka Shetani? Habe namba. Reka tubitangire akarorero: Inkozi y’ikibi yinaka yoshobora gufata ibintu vyose vyotuma imenyekana ikabizimanganya aho iba yakoreye ikintu kitemewe n’amategeko kugira ngo ihishe akaranga kayo, gutyo ikabona kubandanya ikora ico kintu itazwi. Muri ubwo buryo nyene, Shetani ni inkozi y’ikibi karuhariwe ishima gukorera mu kinyegero, akaba atuma ivy’ukwigenza runtu bitituka. Yezu yarerekanye mu buryo butomoye ko Shetani ari we atuma ivy’abantu bidabuka. Yezu yise Shetani ko ari “umutware w’iyi si.”—Yohani 12:31.
None wa Mubesheranyi yavuye hehe? Uwo mumarayika w’umugarariji, uwari yaremwe mu ntango ari ikiremwa c’impwemu gitunganye mw’ijuru, ni we ubwiwe yigize wa Mubesheranyi igihe yiganzirwa n’icipfuzo c’uko abantu bomusenga aho gusenga Imana. Bibiliya iravuga ibijanye n’ikiyago cabereye ng’aha kw’isi hagati ya Shetani na Yezu, muri co wa Mubesheranyi akaba yarahishuye icipfuzo ciwe kiranga ubwikunzi. Shetani yaragerageje gutuma Yezu ‘yikubita hasi ngo amusenge.’—Matayo 4:8, 9.
Muri ubwo buryo nyene, mu biyago Shetani yagiraniye n’Imana nk’uko bivugwa mu gitabu ca Yobu, yarahishuye imigambi yiwe. Yariyemeje gukora ivyo ashoboye vyose kugira yoshe abantu ngo bihakane Imana.—Yobu 1:13-19; 2:7, 8.
Rimbura iki kintu: Nimba Shetani yaravuganye na Yehova Imana be na Yezu Kristu, wumva vyoshoboka gute ngo abe ikibi gusa kiri mu bandi bantu? Emwe, nta kibi namba kiri mu Mana canke mu Mwana wayo! Biratomoye rero ko Shetani abaho koko, akaba ari ikiremwa c’impwemu c’ikibisha kitubaha Yehova canke Yezu.
Kuba ivy’abantu vyaratitutse ni icerekana ko wa Mubesheranyi abaho vy’ukuri. Amahanga yo muri iyi si arareka ibifungurwa vy’umurengera afise bikabora mu gihe abanyagihugu bayo bashonje bariko bicwa n’ikigoyi. Amahanga ararundanya ibirwanisho ruhonyanganda akoresha mu kumarana. Aratosekaza ibidukikije. Yamara rero, abantu benshi ntibazi isôko ry’iyo nyifato mbi cane yo kwisamburirako nk’impene. Uti kubera iki?
Bibiliya irahishura ko Shetani “[yahumye] imizirikanyi y’abatemera.” (2 Abakorinto 4:4) Kugira ngo Shetani yifatire abantu mu minwe, akoresha ishirahamwe ritaboneka. Ni we “mutware w’amadayimoni.” (Matayo 12:24) Nka kurya nyene umuntu ayoboye umugwi w’inkozi z’ikibi ashobora kuba ategeka umugwi munini w’abantu mugabo ntiyimenyekanishe ku bawurimwo bose, na Shetani arakoresha ishirahamwe ryiwe ryihishije rigizwe n’abamarayika b’ababisha kugira ngo yifatire mu minwe abantu benshi cane ahanini usanga batazi uruhara arangura canke akosho agira.
Ese ukuntu dukwiye gukenguruka ukuba Bibiliya igaragaza wa Mubesheranyi uwo ari we kandi igashira ahabona ishirahamwe ryiwe! Ivyo bituma dushobora kugira ivyo dukoze kugira ngo tunanire akosho ka wa Mubesheranyi. Bibiliya iduhimiriza iti: “Muyobokere Imana . . . ; mugabo murwanye wa Mubesheranyi, na we azobahunga.”—Yakobo 4:7.