Kaze muri ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose!
“Nimba . . . tubaho canke nimba dupfa, turi aba Yehova.”—ROM. 14:8.
1. Yezu yigishije iki ku bijanye n’ukubaho mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose?
YEHOVA ashaka ko tubaho mu buryo bwiza kuruta ubundi bwose. Abantu barashobora kubaho mu buryo butandukanye, ariko uburyo bumwe gusa ni bwo bwiza kuruta ubundi bwose. Nta bundi buryo twokoresha ubuzima bwacu bwoza buruta kubukoresha mu kubaho duhuza n’Ijambo ry’Imana be no kwigira ku Mwana wayo, Yezu Kristu. Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga Imana mu mpwemu no mu kuri, yongera abashinga igikorwa co guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20; Yoh. 4:24) Igihe tubayeho duhuza n’ivyo Yezu yategetse, turahimbara Yehova kandi tukinovora imihezagiro atanga.
2. Mu kinjana ca mbere abantu benshi bakiriye gute ubutumwa bw’Ubwami, kandi ukuba abo muri “Ya Nzira” vyasigura iki?
2 Igihe abantu “bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera” bacitse abemera maze bakabatizwa, tuba dufise imvo zumvikana zo kubabwira duti: “Kaze muri ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose!” (Ibik. 13:48) Mu kinjana ca mbere mu gihe cacu, abantu ibihumbi n’ibihumbi bo mu mahanga atandukanye barakiriye ukuri bongera barabatizwa, gutyo baba batanze ikimenyamenya ku mugaragaro c’uko bihebeye Imana. (Ibik. 2:41) Abo bigishwa bo mu ntango bari abo muri “Ya Nzira.” (Ibik. 9:2; 19:23) Iyo mvugo yari ibereye kubera yuko abacika abayoboke ba Kristu ico gihe babaho mu buryo bushingiye ku kwizera Yezu Kristu no ku kwigana akarorero kiwe.—1 Pet. 2:21.
3. Ni kubera iki abasavyi ba Yehova babatizwa, kandi ni bangahe bibijwe mu mazi muri iyi myaka cumi iheze?
3 Igikorwa co guhindura abantu abigishwa carihuse muri iyi misi y’iherezo kandi ubu kiriko kirangurwa mu bihugu birenga 230. Mu myaka cumi iheze, abantu barenga 2.700.000 barafashe ingingo yo gukorera Yehova maze barabatizwa bwa kimenyetso cerekana ko bamwiyeguriye. Ivyo bisobanura ko buri ndwi hagiye harabatizwa abantu barenga 5.000! Umuntu afata ingingo yo kubatizwa kubera yuko akunda Imana, afise ubumenyi bwo mu Vyanditswe, kandi akaba yizera ico ivyo Vyanditswe vyigisha. Ibatisimu ni ikintu c’intibagirwa mu buzima bwacu, kuko yerekana ko umuntu atanguye kugiranira na Yehova ubucuti somambike. Ni icerekana kandi ko twizigiye tudakeka yuko azodufasha kumusukurira tudahemuka, nka kurya nyene yafashije abasavyi biwe ba kera kugendera mu nzira yiwe.—Yes. 30:21.
Ni kubera iki ukwiye kubatizwa?
4, 5. Nuvuge imihezagiro imwimwe be n’ivyiza bimwebimwe biva ku kubatizwa.
4 Kumbure uramaze kwironsa ubumenyi bwerekeye Imana, uragira ivyo uhinduye mu buzima bwawe, ubu na ho ukaba uri umwamamaji atarabatizwa. Urakwiye gukezwa ku bw’iryo terambere wagize. Ariko none woba wariyeguriye Imana mw’isengesho, kandi ubu ukaba witeze kuzobatizwa? Biciye ku vyo wize muri Bibiliya, birashoboka rwose ko ubu uzi yuko ubuzima bwawe ukwiye kubushingira ku gushemeza Yehova, atari ku kwinezereza gusa canke ku kwironkera amatungo y’umubiri. (Soma Zaburi 148:11-13; Luka 12:15) None, ni ivyiza ibihe be n’imihezagiro iyihe biva ku kubatizwa?
5 Niwamara kuba umukirisu yiyeguye, ubuzima bwawe buzogira intumbero ihambaye kuruta izindi zose. Uzokwumva uhimbawe kubera yuko uzoba uriko urakora ivyo Imana igomba. (Rom. 12:1, 2) Impwemu nyeranda ya Yehova izokwama muri wewe kamere ziva ku Mana, nk’amahoro be n’ukwizera. (Gal. 5:22, 23) Imana izokwishura amasengesho yawe yongere ihezagire utwigoro ugira kugira ngo ubeho uhuza n’Ijambo ryayo. Ubusuku urangura buzorangwa umunezero, kandi kubaho mu buryo Imana yemera bizokomeza icizigiro ufise co kubaho ibihe bidahera. N’ikindi kandi, kwiyegurira Imana hanyuma ukabatizwa bizokwerekana ko vy’ukuri wipfuza kuba Icabona ca Yehova.—Yes. 43:10-12.
6. Ibatisimu yacu imenyekanisha iki?
6 Igihe twiyeguriye Imana hanyuma tukabatizwa, tuba twerekanye ko turi aba Yehova. Intumwa Paulo yanditse ati: “Nkako, nta n’umwe muri twebwe abaho ku bwiwe gusa, kandi nta n’umwe apfa ku bwiwe gusa; kuko nimba tubaho, tubaho ku bwa Yehova, kandi nimba dupfa, dupfa ku bwa Yehova. Nimba rero tubaho canke nimba dupfa, turi aba Yehova.” (Rom. 14:7, 8) Imana yaraduteye iteka mu kuduha uburenganzira bwo kwihitiramwo. Igihe duhisemwo dushikamye gukurikirana iyo nzira y’ubuzima tubitumwe n’urwo dukunda Imana, turanezereza umutima wayo. (Imig. 27:11) Ibatisimu yacu ni ikimenyetso c’uko twiyeguriye Imana ikaba kandi n’uburyo bwo kwatura icese yuko Yehova ari we Mutware wacu. Iyo batisimu irerekana yuko twagiye ku ruhande rwiwe ku bijanye na ca kibazo cerekeye ukwiye kuba segaba w’ijuru n’isi. (Ibik. 5:29, 32) Yehova na we aca aja ku ruhande rwacu. (Soma Zaburi 118:6.) Ibatisimu iratuma kandi turonka iyindi mihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu, ubu no muri kazoza.
Barironkera umuryango w’abavukanyi urangwa urukundo
7-9. (a) Yezu yasubirije gute umutima mu nda abasize vyose bakamukurikira? (b) Ni gute umuhango Yezu yatanze mu majambo dusanga muri Mariko 10:29, 30 uriko uraranguka?
7 Intumwa Petero yabwiye Yezu ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira; none vy’ukuri tuzohakura iki?” (Mat. 19:27) Petero yashaka kumenya ico we hamwe n’abandi bigishwa ba Yezu bari babikiwe muri kazoza. Kugira ngo bihebere bimwe vyuzuye igikorwa co kwamamaza Ubwami, vyabasavye guheba ibintu bihambaye. (Mat. 4:18-22) None Yezu yabasubirije umutima mu nda gute?
8 Nk’uko inkuru isa n’iyo Mariko yanditse ibivuga, Yezu yarerekanye ko abigishwa biwe bobaye mu bagize umuryango w’abavukanyi wo mu buryo bw’impwemu. Yavuze ati: “Nta n’umwe yasize inzu canke bene wabo canke bashikiwe canke nyina canke se canke abana canke amatongo ku bwanje no ku bw’inkuru nziza atazoronka incuro ijana ubu muri iki kiringo, amazu na bene wabo na bashikiwe na ba nyina n’abana n’amatongo, hariko n’uruhamo, mu gihe kizoza na ho ubuzima budahera.” (Mrk. 10:29, 30) Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, nka Lidiya, Akwila, Pirisila na Gayo, ni bamwe mu batanze “amazu” bongera babera abo basangiye ukwizera “bene wabo na bashiki [babo] na ba nyina,” nkuko Yezu yari yarabisezeranye.—Ibik. 16:14, 15; 18:2-4; 3 Yoh. 1, 5-8.
9 Ivyo Yezu yavuze biriko biraranguka mu buryo bukomeye muri iki gihe. Ayo “matongo” abayoboke biwe basize inyuma, ni uburyo bwo kubaho usanga abenshi, harimwo abamisiyonari, abagize umuryango wa Beteli, abubatsi mvamakungu, be n’abandi, baheba babigiranye umutima ukunze kugira ngo bateze imbere ivyungura Ubwami mu bihugu bitandukanye. Abavukanyi n’abavukanyikazi batari bake barasize amazu yabo kugira ngo boroshe ubuzima, kandi turahimbarwa no kwumva ivyabashikiye vyerekana ukuntu Yehova yabitwararitse be n’ukuntu igikorwa bamurangurira catumye bahimbarwa. (Ibik. 20:35) Ikigeretseko, abasavyi ba Yehova bose babatijwe barashobora kuronka imihezagiro iva ku ‘kuguma babanza kurondera ubwami n’ubugororotsi [bw’Imana],’ uko bagize umuryango w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.—Mat. 6:33.
Bararonkera uburinzi mu ‘bwigobeko’
10, 11. “Ubgigobeko bw’Īsumba vyose” ni iki, kandi dushobora gute kubushikamwo?
10 Ukwiyegura n’ukubatizwa biratuma umuntu aronka uwundi muhezagiro ukomeye, uwo na wo akaba ari agateka ko kuba mu “bgigobeko bg’Īsumba vyose.” (Soma Zaburi 91:1.) Aho ni ahantu h’ikigereranyo umuntu aronkera uburinzi n’umutekano, ni ukuvuga imimerere ituma yumva ko akingiwe ivyomugirira nabi mu vy’impwemu. Ni “ubgigobeko” kubera yuko ari ahantu hatazwi n’abantu batabona ibintu mu buryo bw’impwemu kandi batizigira Imana. Igihe tubayeho twisunga ukwiyegura kwacu kandi tukagaragaza ko twizigira Yehova bimwe vyuzuye, ni nk’aho tuba turiko turamubwira duti: “Ur’ubuhungiro bganje n’igihome kinkīngira, Imana yanje nizigira.” (Zab. 91:2) Yehova Imana aca atubera ahantu ho kuba harangwa umutekano. (Zab. 91:9) None ni nde yokwipfuza kuba ahandi hantu uretse aho?
11 Gushika aho mu “bgigobeko” bwa Yehova bisigura kandi ko twatewe agateka ko ku kuba twararushirije gucudika na we. Ivyo bihera ku kwiyegura no ku kubatizwa. Inyuma y’ivyo, turakomeza ubucuti dufitaniye n’Imana mu kuyiyegereza biciye ku kwiga Bibiliya, mu gutura amasengesho avuye ku mutima, be no ku kugamburuka bimwe vyuzuye. (Yak. 4:8) Nta muntu n’umwe yigeze kwiyegereza Yehova kuruta uko Yezu yabigize, uwo ukwizigira Umuremyi kwiwe kutigeze kunyiganyiga. (Yoh. 8:29) Ku bw’ivyo rero, nimuze ntitukigere dukekeranya ku vyerekeye Yehova canke ku cipfuzo afise be n’ubushobozi bwiwe bwo kudufasha gushitsa indagano twagize yo kwiyegura. (Umus. 5:4) Intunganyo zo mu vy’impwemu Imana yashiriyeho abasavyi bayo ni ikimenyamenya ntaharirizwa c’uko adukunda vy’ukuri be n’uko yipfuza ko turoranirwa igihe tumusukurira.
Nuhe agaciro Iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu
12, 13. (a) Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu ni iki? (b) Twoshobora gute gufasha abashasha?
12 Kwiyegurira Imana no kubatizwa biratuma kandi twibera mw’Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu yuzuye imihezagiro. Iyo Paradizo ni imimerere yo mu vy’impwemu idasanzwe dusangiye n’abavukanyi bacu bafitaniye amahoro na Yehova Imana bakongera bakayagiranira hagati yabo. (Zab. 29:11; Yes. 54:13) Iyi si nta kintu na kimwe ifise cogereranywa ata kwihenda n’Iparadizo yacu yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo birabonekera canecane ku mahwaniro mpuzamakungu, aho abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bavuye mu bihugu vyinshi, bavuga indimi zitandukanye kandi badasangiye ubwoko bakoranira hamwe mu mahoro, mu bumwe, no mu rukundo rwa kivukanyi.
13 Iparadizo yo mu buryo bw’impwemu twibereyemwo iratandukanye rwose n’ibintu biteye agahinda vyo mw’isi ya kino gihe. (Soma Yesaya 65:13, 14.) Biciye ku kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami, turafise agateka ko gutumira abandi ngo binjire muri iyo Paradizo yo mu buryo bw’impwemu. Ni agateka kandi gufasha abaherutse kwifatanya n’ishengero, bano bakaba bashobora kwungukira ku kumenyerezwa mu busuku. Biciye ku buyobozi abakurambere batanga, turashobora guterwa agateka ko gufasha abashasha, nka kumwe Akwila na Pirisila ‘basigurira Apolo neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta.’—Ibik. 18:24-26.
Nugume wigira kuri Yezu
14, 15. Ni imvo zumvikana izihe dufise zotuma tuguma twigira kuri Yezu?
14 Turafise imvo zumvikana zo kuguma twigira kuri Yezu. Imbere y’uko aba umuntu nkatwe, Yezu yaramaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi akorana na Se wiwe. (Imig. 8:22, 30) Yari azi yuko inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose yari ishingiye ku gukorera Imana no ku gushingira intahe ukuri. (Yoh. 18:37) Vyari bitomoye kuri Yezu yuko gukurikira iyindi nzira y’ubuzima iyo ari yo yose vyobaye biranga ubwikunzi be n’ukutabona kure. Yari azi yuko yogeragejwe bimwe bikomeye hanyuma akicwa. (Mat. 20:18, 19; Heb. 4:15) Kubera yuko ari we Karorero kacu, yaratwigishije ukuntu twoba abantu baguma bafise ugutungana.
15 Gatoyi inyuma y’aho Yezu abatirijwe, Shetani yaramugerageje kugira ngo ahebe ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose, ariko nta co yashitseko. (Mat. 4:1-11) Ivyo biratwigisha yuko dushobora kuzigama ugutungana kwacu naho Shetani yokora iki. Bisa n’uko yibanda cane ku baba bimirije kubatizwa hamwe n’ababa baherutse kubatizwa. (1 Pet. 5:8) Abagize umuryango wacu boshobora kuturwanya ata mvo mbi babigiranye, bakabigira gusa kubera yuko baba baronse amakuru atari yo ku bitwerekeye. Ariko ntiwumve, ibigeragezo mwene ivyo biraturonsa uturyo two kagaragaza kamere nziza za gikirisu, nk’icubahiro be n’ubugenge, igihe tuba turiko turishura ibibazo batubaza be n’igihe tuba turiko turashinga intahe. (1 Pet. 3:15) Ivyo bintu birashobora rero kugira ikintu ciza bikoze ku batwumviriza.—1 Tim. 4:16.
Niwumire kuri ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose!
16, 17. (a) Ni ibintu bitatu ibihe vy’ishimikiro bijanye no kubaho dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20? (b) Yezu, Yohani na Paulo bashigikiye gute ivyo Musa yanditse?
16 Nk’imyaka 1.500 imbere y’uko Yezu aza kw’isi, Musa yarahimirije Abisirayeli guhitamwo inzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose yashoboka ico gihe. Yavuze ati: “Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu, mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata.” (Gus. 30:19, 20) Naho Isirayeli yahemukiye Imana, vya bintu bitatu vy’ishimikiro vyasabwa ku bijanye no kubaho vyavugwa na Musa ntivyahindutse. Yezu be n’abandi bantu barabisubiyemwo.
17 Ubwa mbere, ‘dutegerezwa gukunda Yehova Imana yacu.’ Twerekana ko dukunda Imana mu gukora duhuza n’inzira zayo zigororotse. (Mat. 22:37) Ubugira kabiri, ‘dutegerezwa kwumvira Yehova’ mu kwiga Ijambo ry’Imana be no mu kugamburuka amabwirizwa yayo. (1 Yoh. 5:3) Ivyo bisaba ko tuja ku makoraniro ya gikirisu tudahorereza, ahavugirwa ibijanye na Bibiliya. (Heb. 10:23-25) Ubugira gatatu, ‘dutegerezwa kwifatanya na Yehova akaramata.’ Nimuze twame twizera Imana twongere dukurikire Umwana wayo, naho twoshikirwa n’iki.—2 Kor. 4:16-18.
18. (a) Umunara w’Inderetsi wadondoye gute ibijanye n’ukuri mu 1914? (b) Dukwiye kwumva tumerewe gute ku bijanye n’umuco werekeye ukuri muri kino gihe?
18 Ese ukuntu ari umuhezagiro kubaho duhuza n’ukuri kwo muri Bibiliya! Mu 1914, mu Munara w’Inderetsi umwe harasohowe aya majambo ahambaye agira ati: “Mbega ntituri abantu bahezagiwe kandi bahimbawe? None Imana yacu si iyo kwizigirwa? Nimba hari umuntu n’umwe yoba azi icoba ciza kuruta ico, nabe ari co ahitamwo. Nihagira n’umwe muri mwebwe yubura icoza kiruta ivyo, turizigiye ko azokitumenyesha. Twebwe nta kintu na kimwe tuzi coza kirusha ubwiza ivyo twubuye mw’Ijambo ry’Imana, canke coza kivyababa. . . . Nta majambo tworonka yodondora amahoro, umunezero be n’umuhezagiro twironkeye mu mutima wacu no mu buzima bwacu bivuye ku kumenya neza Imana y’ukuri. Inkuru ivuga ibijanye n’ubukerebutsi bw’Imana, ubutungane bwayo, ububasha bwayo be n’urukundo rwayo, iraturonsa ibintu usanga dukeneye cane mu bwenge no mu mutima. Nta kindi turondera. Nta kindi kintu twokwipfuza coza kiruta ukurushiriza gutahura neza iyo nkuru nziza igitangaza.” [Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Kigarama 1914, urupapuro rwa 377-378.] Ukuntu dukenguruka umuco be n’ukuri twaronkejwe mu vy’impwemu, ntivyahindutse. Nkako, ubu mbere turafise imvo ihambaye kuruta yotuma tunezererwa ukuba “tugender[a] mu muco w’Uhoraho.”—Yes. 2:5; Zab. 43:3; Imig. 4:18.
19. Ni kubera iki abakwije ibisabwa kugira ngo babatizwe bakwiye gutera iyo ntambwe badatebaganye?
19 Nimba ugomba ‘kugendera mu muco w’Uhoraho’ ariko ukaba utaraba umukirisu yiyeguye akabatizwa, ntutebe kubigira. Nukore ibikenewe vyose kugira ngo ukwize ivyo Bibiliya isaba ku bijanye no kubatizwa, ubwo bukaba ari bwo buryo rudende bwo kwerekana ko dukenguruka ivyo Imana na Kristu badukoreye. Nuhe Yehova ikintu utunze c’agaciro kuruta ibindi vyose, ico na co kikaba ari ubuzima bwawe. Niwerekane ko wipfuza gukora ivyo Imana igomba mu gukurikira Umwana wayo. (2 Kor. 5:14, 15) Ata gukeka, iyo ni yo nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose!
Wokwishura gute?
• Ibatisimu yacu igereranya iki?
• Ni imihezagiro iyihe iva ku kwiyegurira Imana no ku kubatizwa?
• Ni kubera iki kwigira kuri Yezu bihambaye cane?
• Ni ibiki bizodufasha kwumira kuri ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose?
[Ifoto ku rup. 25]
Ibatisimu yawe yerekana ko wahisemwo ya nzira y’ubuzima nziza kuruta izindi zose
[Amafoto ku rup. 26]
Woba uronkera uburinzi muri bwa ‘bwigobeko’?