Niwiyegereze Imana
‘Iraba mu mutima’
UKUNTU abantu basa birashobora guhenda umuntu. Ukuntu umuntu aboneka inyuma si ngombwa ngo bice bihishura ukuntu ameze muri we, ni ukuvuga ibwina mu mutima wiwe. Abantu bafise impengamiro yo guca urubanza bafatiye ku kuntu umuntu aboneka inyuma. Igishimishije, Yehova Imana ntaraba gusa ingene umuntu aboneka inyuma. Ivyo birahishurwa mu buryo butomoye mu majambo dusanga muri 1 Samweli 16:1-12.
Niwihe ishusho y’ibiriko biraba. Yehova agira arobanuze amavuta umwami mushasha azotegeka ihanga rya Isirayeli. Imana ibwira umuhanuzi Samweli iti: “[Ngira] ngutume kuri Isayi w’i Betelehemu, kuko nironkeye umwami mu bahungu biwe.” (Umurongo wa 1) Yehova ntamuvuga izina ariko avuga gusa ko uwo yahisemwo ari mu bahungu ba Yese. Igihe Samweli ariko araja i Betelehemu, ashobora kuba agenda aribaza ati: ‘None nza kumenya gute uwo Yehova yahisemwo mu bahungu ba Yese?’
Samweli ashitse i Betelehemu, aratunganya ivy’uko Yese n’abahungu biwe basangirira hamwe na we imfungurwa zo gutanga ikimazi. Eliyabu yinjiye, uno akaba ari we muhungu w’imfura, Samweli aca ubwo nyene atangarira ukuntu asa. Samweli yibaza ko igihagararo ca Eliyabu ata gukeka ko kibereye ku mwami maze agaca yibwira ati: “Nta gukekeranya, uwo Uhoraho agira yimikishe amavuta nguyu imbere yiwe.”—Umurongo wa 6.
Ariko rero, Yehova ntabona ibintu muri ubwo buryo. Abarira Samweli ati: “Nta co urāba ishusho yiwe, cank’ikirēho ciwe, kuko ntāmushimye.” (Umurongo wa 7) Yehova ntatangazwa n’ukuntu Eliyabu ari muremure be n’ukuntu ari mwiza cane. Amaso ya Yehova abona ibintu vyose, ntiyitegereza gusa ukuntu abantu basa inyuma, aritegereza n’aho ubwiza nyabwo bushobora kubonekera.
Yehova arasigurira Samweli ati: “Erega jewe sindāba nk’ukw abantu barāba: kukw abantu barāba ku rukoba gusa, ariko jewe Uhoraho ndāba mu mutima.” (Umurongo wa 7) Ego cane, umutima, uwo akaba ari umuntu w’imbere, ni ukuvuga isoko ry’ivyiyumviro vyiwe, ingeso ziwe be n’inyiyumvo ziwe, ni wo uhambaye kuri Yehova. Uwo “Musuzumyi w’imitima” ntahitamwo Eliyabu, hamwe n’abahungu batandatu bakurikira ba Yese baza imbere ya Samweli.—Imigani 17:3, NW.
Yese arafise uwundi muhungu w’umuhererezi, ari we Dawidi, uno akaba “aragiye intama.” (Umurongo wa 11, NW) Dawidi arahamagarwa rero akava aho yari ari mu mirima maze akaza imbere ya Samweli. Yehova aca abwira Samweli ati: “Va hasi umusukekw amavuta, kuko wa wundi ar’uyo!” (Umurongo wa 12) Ni ivy’ukuri ko Dawidi ari “umuhungu . . . w’amaso meza, w’umunyakaranga.” Ariko umutima wiwe ni wo utuma aba vy’ukuri uwemewe mu nyonga z’Imana.—1 Samweli 13:14.
Mw’isi ishimikira cane ku bwiza buboneka inyuma, turashobora guhumurizwa no kumenya ko Yehova Imana adahendwa n’ukuntu umuntu asa inyuma. Uburebure bwawe canke kuba abandi babona ko uri mwiza kibure ufise akaranga, ntibihambaye kuri we. Igihambaye kuri Yehova ni ico uri imbere, ni ukuvuga mu mutima wawe. Kumenya ivyo vyoba bituma wipfuza gutsimbataza kamere zizotuma uba mwiza mu nyonga z’Imana?