Kubatizwa mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu Nyeranda
“Nimugende rero muhindure abantu . . . abigishwa, mubabatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.”—MAT. 28:19.
1, 2. (a) Ni ibiki vyabaye i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 G.C.? (b) Ni kubera iki abantu batari bake bo muri iryo sinzi bavyuriwe umutima wo kubatizwa?
I YERUZALEMU hari uruja n’uruza rw’amasinzi y’abantu bari bavuye mu bihugu vyinshi. Ku musi wa Pentekoti yo mu 33 G.C., hariko haraba umusi mukuru uhambaye kandi abantu benshi b’ingenzi bariko barawuhimbaza. Ariko rero hariho ikintu kidasanzwe cabaye, inyuma yaco intumwa Petero akaba yarashikirije insiguro ikabura yatumye haba ibintu bitangaje. Abantu bashika 3.000 bagizwe n’Abayuda be n’abinjiye idini ry’Abayuda barakozwe ku mutima n’amajambo yavuze, barigaya, hanyuma barabatizwa mu mazi. Muri ubwo buryo bari bongewe ku bagize ishengero rya gikirisu ryari riherutse gushingwa. (Ibik. 2:41) Ukuba abantu benshi cane gutyo bariko barabatirizwa mu bidengeri vyari hirya no hino mu gisagara ca Yeruzalemu, bitegerezwa kuba vyaratumye haba uruyogoyogo rukomeye!
2 None ni igiki catumye abantu benshi gutyo babatizwa? Mu ntango z’uwo musi, “[hari haje] urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta.” Mu cumba co hejuru co mu nzu imwe, hari abigishwa ba Yezu 120 bujujwe impwemu nyeranda. Inyuma y’ivyo, abagabo n’abagore bubaha Imana barakoraniye hamwe kandi baratangaye kwumva abigishwa “[ba]vuga mu zindi ndimi.” Bamaze kwumva ivyo Petero yavuze, ushizemwo n’ivyo yavuze adakikiriza ku bijanye n’urupfu rwa Yezu, abantu benshi ‘barasogoswe mu mitima.’ None ni ibiki bari bakwiye gukora? Petero yishuye ati: “Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yezu Kristu . . . , muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa y’impwemu nyeranda.”—Ibik. 2:1-4, 36-38.
3. Ku musi wa Pentekoti, ni ibiki Abayuda bigaye be n’abari binjiye idini ry’Abayuda bari bakeneye kugira?
3 Zirikana ku kuntu ibijanye n’ugusenga vy’abo Bayuda be n’abari binjiye idini ry’Abayuda bumvirije Petero vyari vyifashe. Bari baramaze kwemera ko Yehova ari we Mana yabo. Kandi bisunze Ivyanditswe vy’igiheburayo, bari bazi ivyerekeye impwemu nyeranda, ari yo nguvu nkorakazi y’Imana, iyo yakoresheje mu gihe c’irema be n’inyuma y’aho. (Ita. 1:2; Abac. 14:5, 6; 1 Sam. 10:6; Zab. 33:6) Ariko rero hariho ikindi kintu bari bakeneye. Vyari bihambaye cane ko batahura kandi bakemera uwo Imana yakoresheje kugira ngo itange ubukiriro, ni ukuvuga Mesiya, ari we Yezu. Ni co gituma Petero yashimitse ku vy’uko bari bakeneye “[kubatizwa] mw’izina rya Yezu Kristu.” Imisi mikeya imbere y’aho, Yezu uwari yazuwe, yarategetse Petero be n’abandi ngo babatize abantu “mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” (Mat. 28:19, 20) Ivyo vyari bifise insobanuro igera kure mu kinjana ca mbere, kandi n’ubu ni ko bikimeze. Uti none iyo nsobanuro ni iyihe?
Mw’izina rya Data
4. Ku vyerekeye abantu bari bafitaniye ubucuti na Yehova, ni ihinduka nyabaki ryari ryabaye?
4 Nk’uko vyamaze kuvugwa, abakiriye neza ya nsiguro Petero yashikiriza bari basanzwe basenga Yehova, kandi imbere y’aho bari bafitaniye ubucuti na we. Bamye bagerageza gukurikiza Itegeko ryiwe, ico nyene kikaba ari co cari catumye abantu bo mu bindi bihugu baza aho i Yeruzalemu. (Ibik. 2:5-11) Yamara, Imana yari yahinduye ikintu gikomeye mu bijanye n’ivyo yagirana n’abantu. Yaranse ko Abayuda babandanya kuba ihanga yiharije; ukwitondera Itegeko ntivyari bigituma bemerwa na yo. (Mat. 21:43; Kol. 2:14) Nimba abariko baramwumviriza baripfuza kuguma bafitaniye ubucuti na Yehova, hari ikindi kintu bari bakeneye.
5, 6. Abayuda be n’abari binjiye idini ry’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, bakoze iki kugira ngo bagiranire ubucuti n’Imana?
5 Nta gukeka ko batari bakwiye guheba Yehova, We yabahaye ubuzima. (Ibik. 4:24) Nkako, abakiriye neza insobanuro Petero yatanze, ico gihe bari bashoboye kubona kuruta ikindi gihe ico ari co cose yuko Yehova ari Umuvyeyi w’umunyabuntu. Yararungitse Mesiya kugira ngo abarokore, kandi yari afise umutima ukunze wo guharira mbere n’abo Petero yavuze ku biberekeye ati: “Inzu ya Isirayeli yose nimenye ata gukeka yuko Imana yamugize Umukama na Kristu, uyo Yezu mwebwe mwamanitse.” Mu vy’ukuri, abashaka gushira mu ngiro amajambo Petero yavuze, ico gihe bari bagiye baronka imvo ihambaye mbere kuruta yotuma bakenguruka ivyo uwo Data yari yakoreye abantu bose bipfuza kugiranira ubucuti n’Imana.—Soma Ibikorwa 2:30-36.
6 Nkako, abo Bayuda be n’abari barinjiye idini ry’Abayuda, ico gihe bari bashoboye kubona yuko ukugiranira ubucuti na Yehova vyasaba ko bemera yuko ari We yatanze ubukiriro biciye kuri Yezu. Urashobora rero gutahura igituma bigaye ibicumuro vyabo, ushizemwo n’ic’ukuba baragize uruhara mu kwica Yezu, baba bari babizi canke batabizi. Vyongeye, biranatahurika kubona yuko mu misi yakurikiye “[barashishikaye] kwihebera inyigisho y’intumwa no gusangira vyose.” (Ibik. 2:42) Bari bakwiye ‘kwegera intebe y’ubuntu ata wari abukwiriye bafise umwidegemvyo wo kuvuga’, kandi bari bakwiye kwipfuza kubigira.—Heb. 4:16.
7. Ni gute abantu benshi bahinduye ukuntu babona Imana maze bakabatizwa mw’izina rya Data?
7 Muri kino gihe, abantu amamiliyoni bo mu mice itandukanye barize muri Bibiliya ukuri ku vyerekeye Yehova. (Yes. 2:2, 3) Naho bamwebamwe muri bo bari abahakanamana abandi na bo bakaba baremera yuko iriho ariko ko ititaho ivyo yaremye, bahavuye bajijuka yuko hariho Umuremyi, uwo bashobora kugiranira ubucuti buri n’ico buvuze. Abandi na bo bahora basenga imana y’ubutatu canke bagasenga ibigirwamana bitandukanye. Baramenye yuko Yehova wenyene ari we Mana mushoboravyose, kandi ubu bamwitura bakoresheje izina ryiwe ry’uruharo. Ivyo birahuye n’ivyo Yezu yavuze yuko abigishwa biwe bakwiye kubatizwa mw’izina rya Data.
8. Ni igiki abatari bazi na kimwe ku bijanye n’igicumuro cakomotse kuri Adamu bari bakwiye gutahura ku vyerekeye Data?
8 Baratahuye kandi yuko Adamu yabaraze igicumuro. (Rom. 5:12) Ico cari ikintu gishasha babwirizwa kwemera ko ari ic’ukuri. Abantu nk’abo barashobora kugereranywa n’umuntu yarwaye mugabo ntamenye indwara arwaye. Yoshobora kuba yarumva ibimenyetso bimwebimwe, nko kuza birashika akumva ububabare. Yamara rero, kubera yuko atipimishije ngo amenye indwara arwaye, yoshobora kuba yariyumviriye yuko yari asanzwe afise amagara meza. Ariko rero, uko avyiyumvira si ko bimeze. (Gereranya na 1 Abakorinto 4:4.) Bite ho aramutse aronse ibipimo nyakuri vyerekana indwara arwaye? Ubwo ntivyoba biranga ubukerebutsi arondeye umuti uzwi cane, wemewe kandi uvura neza, maze akawufata? Muri ubwo buryo nyene, abantu benshi, aho bamariye kumenya ukuri ku bijanye n’igicumuro twarazwe, baremeye ico twokwita ibipimo bagiriwe na Bibiliya, hanyuma baratahura yuko Imana itanga ico twokwita umuti. Mu vy’ukuri, abantu bose bonkowe kuri Data barakeneye guhindukira bakaza kuri Umwe ashobora kubakiza.—Ef. 4:17-19.
9. Yehova yakoze iki kugira ngo atume abantu bashobora kugiranira na we ubucuti?
9 Nimba umaze kwegurira ubuzima bwawe Yehova Imana kandi ukaba uri umukirisu yabatijwe, urazi yuko kugiranira na we ubucuti ari ikintu ciza utoraba. Ubu urashobora gutahura ukuntu Yehova, we Muvyeyi wawe, ari umunyarukundo. (Soma Abaroma 5:8.) Naho Adamu na Eva bacumuye ku Mana, Imana yaragize ico ikoze kugira ngo abobakomotseko, na twebwe turimwo, bashobore kugiranira na yo ubucuti bwiza. Mu kubigenza gutyo, Imana yabwirizwa kwihanganira umubabaro wo kubona Umwana wayo mukundwa ababazwa akongera akicwa. None wumva kumenya ivyo bitadufasha kwemera ubukuru bw’Imana tukongera tukagamburuka amabwirizwa yayo tubigiranye urukundo? Nimba utarabigira, urafise imvo zotuma wiyegurira Imana hanyuma ukabatizwa.
Mw’izina ry’Umwana
10, 11. (a) Yezu umufitiye umwenda ungana iki? (b) Wumva umerewe gute kubona Yezu yaremeye gupfa kugira ngo abe incungu?
10 Subira uzirikane ku bijanye n’ivyo Petero yabwiye rya sinzi. Yarashimitse ku bijanye no kwemera Yezu, na vyo bikaba bifitaniye isano no kubatizwa “mw’izina . . . ry’Umwana.” None ni kubera iki ivyo vyari bihambaye cane ico gihe, kandi ni kubera iki bihambaye cane no muri kino gihe? Emwe, kwemera Yezu kandi ukabatizwa mw’izina ryiwe bisigura kwemera uruhara arangura mu bijanye n’ubucuti dufitaniye n’Umuremyi! Yezu yabwirizwa kumanikwa ku giti co gusinzikarizwako kugira ngo akureko Abayuda umuvumo w’Itegeko; ariko rero, urupfu rwiwe rwari rufise akamaro kuruta. (Gal. 3:13) Yaratanze inkuka y’incungu abantu bose bari bakeneye. (Ef. 2:15, 16; Kol. 1:20; 1 Yoh. 2:1, 2) Kugira ngo ivyo bishoboke, Yezu yarihanganiye akarenganyo, ibitutsi, ugutotezwa, amaherezo na ho yihanganira urupfu. None wewe ukenguruka iyo ncungu ku rugero rungana iki? Niwiyumvire iyo uza kuba wari agahungu k’imyaka 12 kari ku rugendo muri Titanic, bwa bwato bwaseka igisozi c’ibibarafu cari mu mazi maze bugaca bwibira, aho hakaba hari mu 1912. Uragerageje gusimbira mu bwato bwo gutabara, mugabo usanze bwuzuye. Umugabo umwe ari muri ubwo bwato bwo gutabara aciye asezera umukenyezi wiwe, hanyuma asimbira hejuru kuri ubwo bwato urimwo, maze agushira muri bwa bwato bwo gutabara. None uciye wumva umerewe gute? Emwe, nta gukeka yuko umukurira ubwatsi! Urashobora gutahura ukuntu agahungu kamwe kashikiwe vy’ukuri n’ico kintu kumvise kamerewe.a Yamara, Yezu we yagukoreye ibiruta ivyo. Yaremeye gupfa kugira ngo ushobore kuronka ubuzima butagira iherezo.
11 None wumvise umerewe gute igihe wamenya ivyo Umwana w’Imana yagukoreye? (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Birashoboka yuko wumvise ko wokenguruka cane. Ivyo vyatumye uvyurirwa umutima wo kwegurira ubuzima bwawe Imana no ‘kutabaho ku bwawe, mugabo ku bw’umwe yagupfira.’ Kubatizwa mw’izina ry’Umwana bisobanura kwemera ivyo Yezu yagukoreye ukongera ukemera ubukuru afise bwo kuba “ya Mboneza y’ubuzima.” (Ibik. 3:15; 5:31) Imbere y’aho, nta bucuti wari ufitaniye n’Umuremyi, kandi mu vy’ukuri nta cizigiro gitomoye wari ufise. Ariko biciye ku kwizera amaraso yasheshwe ya Yezu Kristu hanyuma ukabatizwa, ubu urafitaniye ubucuti n’umwe Data. (Ef. 2:12, 13) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mwebwe abari barigijwe kure kera mukaba n’abansi kubera ko imizirikanyi yanyu yari ku bikorwa bibi, ubu [Imana] yarabasubije hamwe biciye ku mubiri w’inyama wa [Yezu] biciye ku rupfu rwiwe, kugira ngo mushikirizwe muri beranda kandi mutagirako ikirabagu.”—Kol. 1:21, 22.
12, 13. (a) Ukubatizwa mw’izina ry’Umwana bikwiye kugira ico bikoze gute ku kuntu uvyifatamwo igihe hari uwukubabaje? (b) Kubera ko uri umukirisu yabatijwe mw’izina rya Yezu, ni ibanga irihe ufise?
12 Naho wabatijwe mw’izina ry’Umwana, uratahura rwose ko ufise impengamiro zo gukora igicumuro. Ukuba ubitahura biri n’ico bigufasha buri musi. Nk’akarorero, igihe hari umuntu akubabaje, ubwo uhora ugumiza ku muzirikanyi yuko mwempi muri abanyabicumuro? Mwempi murakeneye kubabarirwa n’Imana, kandi mwempi murakwiye kubabarira abandi. (Mrk. 11:25) Kugira ngo Yezu ashimike ku kuntu ivyo bikenewe, yaratanze ikigereranyo: Shebuja w’umushumba umwe yaramuhebeye ideni yari amufitiye ry’italanto ibihumbi cumi (idenariyo imiliyoni 60). Mu nyuma, uwo mushumba yaranse kurekura umushumba mugenziwe yari amufitiye idenariyo 100. Yezu yaciye avuga ko Yehova atazobabarira umuntu atababarira umuvukanyi wiwe. (Mat. 18:23-35) Ni vyo, ukubatizwa mw’izina ry’Umwana bisobanura kwemera ubukuru Yezu afise ukongera ukihatira gukurikiza akarorero yatanze be n’ivyo yigishije, ushizemwo n’ibijanye no kugira umutima ukunze wo kubabarira abandi.—1 Pet. 2:21; 1 Yoh. 2:6.
13 Kubera yuko uri umuntu adatunganye, ntushobora kwigana Yezu bimwe bishitse. Ariko rero, mu buryo buhuye n’ukuba wariyeguriye Imana n’umutima wawe wose, uripfuza kwigana Yezu ukwo ushoboye kwose. Ivyo bisigura kubandanya ugira ivyo uryohoye mu bijanye no kwambura kamere ya kera, ukambara kamere nshasha. (Soma Abanyefeso 4:20-24.) Igihe wubaha umugenzi, uragerageza kugira ico wigiye ku karorero atanga be no kuri kamere nziza afise. Muri ubwo buryo nyene, uripfuza kugira ico wigiye kuri Kristu, ukipfuza no kumwigana.
14. Wokwerekana gute ko wemera ubukuru Yezu afise bwo kuba ari Umwami mw’ijuru?
14 Hariho ubundi buryo ushobora kwerekanamwo ko utahura ico kuba warabatijwe mw’izina ry’Umwana bisobanura. Imana “yashize . . . ibintu vyose munsi y’ibirenge [vya Yezu] ngo abiganze, yongera imugira umutwe ku bintu vyose ku bw’ishengero.” (Ef. 1:22) Ku bw’ivyo rero, urakwiye kwubaha uburyo Yezu ayobora abiyeguriye Yehova. Kristu arakoresha abantu badatunganye mw’ishengero rimwerimwe ryose, na canecane abagabo bahumuye mu vy’impwemu, ari bo bakurambere bagenywe. Abo bagabo bagenwa “ku bw’ukubogorwa kw’aberanda, . . . ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu.” (Ef. 4:11, 12) Mbere naho umuntu adatunganye yokora ikosa kanaka, kubera ko Yezu ari Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru, arashoboye gutunganya iyo ngorane ku gihe be no mu buryo abona ko bibereye. None ivyo woba uvyemera?
15. Nimba utarabatizwa, ni imihezagiro iyihe wokwitegana umushasharo niwamara kubatizwa?
15 Vyongeye, hariho abatariyegurira Yehova ngo babatizwe. Nimba utarabatizwa, woba ushobora kubona wisunze ivyavuzwe aho haruguru yuko kwemera Umwana ari ikintu gitegereka kandi ukwiye guha agaciro? Kubatizwa mw’izina ry’Umwana bizotuma ushobora kuronka imihezagiro myinshi cane.—Soma Yohani 10:9-11.
Mw’izina ry’impwemu nyeranda
16, 17. Kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda bisobanura iki kuri wewe?
16 None bisobanura iki kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda? Nk’uko twamaze kubibona, abariko barumviriza Petero ku musi wa Pentekoti bari basanzwe bazi ivyerekeye impwemu nyeranda. Nkako, barashoboye kwibonera ikimenyamenya c’uko Imana yari ikibandanya gukoresha impwemu nyeranda. Petero yari umwe muri abo ‘bujujwe impwemu nyeranda bagaca batangura kuvuga mu zindi ndimi.’ (Ibik. 2:4, 8) Imvugo ngo “mw’izina rya” si ngombwa ngo yerekeze kw’izina ry’umuntu. Muri iki gihe, hari ibintu vyinshi bikorwa “kw’izina rya Leta,” iyo na yo ikaba atari umuntu. Bikorwa biciye ku bubasha bwa Leta. Muri ubwo buryo nyene, uwubatijwe mw’izina ry’impwemu nyeranda aremera yuko impwemu nyeranda atari umuntu, ariko ko ari inguvu nkorakazi ya Yehova. N’ikindi kandi, kuronka mwene iyo batisimu bisigura yuko umuntu yemera uruhara impwemu nyeranda irangura mu bijanye n’umugambi w’Imana.
17 None kwiga Bibiliya si vyo vyatumye umenya ibijanye n’impwemu nyeranda? Nk’akarorero, waratahuye yuko Ivyanditswe vyanditswe biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda. (2 Tim. 3:16) Uko wagiye uratera imbere mu vy’impwemu, ni ko ushobora kuba wagiye urarushiriza gutahura ivy’uko ‘Data ari mw’ijuru aha impwemu nyeranda abayimusaba,’ na wewe urimwo. (Luka 11:13) Birashoboka ko wiboneye ukuntu impwemu nyeranda ikora mu buzima bwawe. Ariko rero, nimba utarabatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda, amajambo asubiriza umutima mu nda Yezu yavuze yuko Data atanga impwemu nyeranda, asobanura yuko hariho imihezagiro nyakuri ikurindiriye niwaramuka uronse iyo mpwemu.
18. Ni imihezagiro iyihe ababatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda bironkera?
18 Biragaragara yuko no muri kino gihe Yehova ayobora ishengero rya gikirisu biciye ku mpwemu yiwe. Iyo mpwemu irafasha kandi umwe wese muri twebwe mu vyo akora ku musi ku musi. Kuba twarabatijwe mw’izina ry’impwemu nyeranda bisigura yuko twemera uruhara ifise mu buzima bwacu kandi tugakora duhuza n’iyo mpwemu tubigiranye ugukenguruka. Ariko rero, hari abokwibaza ibijanye n’ukuntu dushobora kubaho duhuza n’ukwiyegurira Yehova kwacu be n’ukuntu impwemu nyeranda ibigiramwo uruhara. Tuzobirimbura ubukurikira.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Réveillez-vous! yo ku wa 22 Nzero 1982, urupapuro rwa 3-8.
Woba uvyibuka?
• Kubatizwa mw’izina rya Data bisobanura iki kuri wewe?
• Kubatizwa mw’izina ry’Umwana bisobanura iki?
• Ushobora gute kwerekana yuko utahura ico bisobanura kubatizwa mw’izina rya Data be n’iry’Umwana?
• Kubatizwa mw’izina ry’impwemu nyeranda bisobanura iki?
[Amafoto ku rup. 10]
Inyuma ya Pantekoti yo mu 33 G.C., ni ubucuti bwoko ki abigishwa bashasha bagiraniye n’umwe Data?
[Abo dukesha ifoto]
Ishusho yasohowe bitangiwe uburenganzira na Isreal Museum, Jerusalem