ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/5 rup. 13
  • Woba wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
  • Shemeza Imfura ya Yehova!
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Ashira ku mugaragaro abamurwanya
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/5 rup. 13

Woba wari ubizi?

Ni uduteka utuhe n’amabanga ayahe umuhungu w’imfura yahabwa bivuye ku burenganzira afise bwo kuba samuragwa?

▪ Kuva kera mu bihe vya ba sekuruza b’imiryango, abasavyi b’Imana bamye baha umuhungu w’imfura uburenganzira budasanzwe. Bishitse sebibondo agapfa, umuhungu wiwe mukuru ni we yaca azezwa amabanga yo kuba umutwe w’umuryango. Ni we yaca yitwararika uwo muryango akongera akagira ubukuru ku babandanya baba muri urwo rugo. Iyo mfura ni na yo yaserukira nya muryango imbere y’Imana. Naho abahungu bose baronka intoranwa, imfura ni yo yaronka intoranwa nyamukuru. Ugereranije n’ivyo abandi bahungu wasanga bashobora gutorana, imfura yoyo yatorana imigabane ibiri.

Mu gihe ca ba sekuruza b’imiryango, umuhungu mukuru yarashobora gutakaza uburenganzira bwiwe bw’imfura. Nk’akarorero, Esawu yaragurishije uburenganzira bwo kuba samuragwa abuha mutoyi wiwe. (Itanguriro 25:30-34) Yakobo yaratse imfura yiwe Rubeni uburenganzira bwo kuba samuragwa, abuha Yozefu. Rubeni yatakaje ako gateka kubera ikintu c’ubuhumbu yakoze. (1 Ngoma 5:1) Ariko rero, mu gihe c’Itegeko rya Musa, umugabo yaba afise abagore barenga umwe ntiyashobora gufata uduteka tujanye n’uburenganzira bwo kuba samuragwa ngo atwake imfura yavyaranye n’umugore umwe muri bo, aduhe imfura yavyaranye n’uwundi mugore ngo ni uko gusa uno ari inkundwakazi. Uwo sebibondo yabwirizwa kwubahiriza uburenganzira imfura yiwe yaba yaravukanye.​—Gusubira mu vyagezwe 21:15-17.

Ni kubera iki abanditsi n’Abafarizayo wasanga bambara “utubweta tw’ivyanditswe”?

▪ Yezu yaraneguye abanyedini bamurwanya, ari bo banditsi n’Abafarizayo, kubera yuko bakunda kwagura “utubweta tw’ivyanditswe bambara nk’uburyo bwo kwikingira.” (Matayo 23:2, 5) Abayoboke b’iyo migwi y’idini barabohera mu ruhanga rwabo utubweta dutoduto twirabura dukozwe mu nsato dufise imero y’ikwadarato canke y’urukiramende. Baratubohera kandi ku kuboko munsi yo mu kwaha, hafi y’umutima. Muri nya tubweta haba harimwo imirongo y’Ivyanditswe. Umugenzo wo kwambara mwene utwo tubweta tw’ivyanditswe, utwitwa amambe canke amafilagiteriya, wamutse ku kuntu basigura ijambo ku rindi itegeko Imana yahaye Isirayeli rigira riti: “Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ahore ku mitima yanyu . . . Muze muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu.” (Gusubira mu vyagezwe 6:6-8) Nta wuzi neza na neza igihe uwo mugenzo wo kwambara amambe watanguzwa, ariko abenshi mu ncabwenge bavuga ko watanguye mu kinjana ca gatatu canke ca kabiri B.G.C.

Yezu yaraneguye uwo mugenzo kubera imvo zibiri. Ubwa mbere, abanditsi n’Abafarizayo bakunda kwagura amambe yabo barondera kwereka abandi ko ari abantu bubaha cane Imana. Ubwa kabiri, abagize iyo migwi biyumvira bihenda yuko utwo tubweta tw’ivyanditswe ari ibiheko vyobakingiye. Mu bitabu bitajanye na Bibiliya, ijambo ry’ikigiriki ryakoreshwa mu kuvuga utwo tubweta, ari ryo phylakterion, rihindurwa ngo “ikirindiro,” “igihome c’intamenwa” canke “uburyo bwo kwikingira.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika