Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
NI INTAMBWE ziboneka izihe uwahoze ari mu kagwi k’inkozi z’ikibi akaba n’uwiziziwe no kunywa urumogi rwitwa marijuana, yateye kugira ngo atsinde ingeso mbi yari afise? Ni igiki catumye uwahoze ari mu mugwi w’abavuza umuziki ukaze amwa ibishatsi vyinshi yari afise akongera agahindura ukuntu yabona uwo muziki yakunda cane? Ni igiki catumye uwahoze aterekwa ubukuru bw’idini canke bw’abategetsi acika uwukorera Imana? Rimbura ivyo abo bantu batuyagira.
“Naratsinze icari caranyiziziye.”—PETER KAUSANGA
IMYAKA: 32
IGIHUGU AKOMOKAMWO: NAMIBIYA
IVYO YACIYEMWO: YARI MU KAGWI K’INKOZI Z’IKIBI AKABA N’UWIZIZIWE N’URUMOGI BITA MARIJUANA
KAHISE KANJE: Nakuriye i Kehemu, kino kikaba cari kimwe mu bigwati bininibinini bine bigize igisagara ca Rundu. Abaho bari batunzwe no kudandaza uburo, inkwi be n’amakara.
Mfise imyaka ibiri gusa, mawe yarapfuye nca nderwa na nyokuru. Twari tubayeho mu buryo bubayabaye. Sinari nsanzwe ndi umugarariji, mugabo akosho k’urunganwe katumye nita mu ngorane. Kw’ishure narinjiye mu kagwi k’inkozi z’ikibi. Ivyo vyatumye nja mu vyo kurwanira mw’ibarabara, guturubika abandi, kwiba, gukora forode y’amabuye y’agaciro yitwa diyama, nongera nza ndanywa inzoga zirenze urugero be n’ibiyayuramutwe. Narafashwe ndapfungwa incuro zibiri kubera ukumena amazu n’ugukora forode.
Ngeze mu w’icumi narahevye amashure, amaherezo ndimuka mva mu gisagara c’amavukiro, ndava no muri ka kagwi k’inkozi z’ikibi. Naripfuza gutangura ubuzima bushasha. Ariko nari nciziziwe na rwa rumogi marijuana. Rimwe na rimwe naragenda ibilometero n’ibilometero ndondera gusa umusogoto w’urwo rumogi.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu ntango z’umwaka wa 1999, narahuye n’Ivyabona vya Yehova bariko bashikiriza abahita ibitabu vyabo. Baramfatanye icubahiro n’urupfasoni, kandi ivyo vyarankoze ku mutima cane. Ubutumwa bwari mu bitabu naronse bwaranjijuye yuko nari nubuye idini ry’ukuri. Naciye ntangura kwiga Bibiliya n’ubwira maze bidatevye, ndatahura yuko nari nkeneye kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje nimba nashaka guhimbara Yehova Imana.
Narashinze itariki nohagarikiyeko kunywa itabi n’ibiyayuramutwe nca ndashibura ikintu cose nari ntunze gifitaniye isano na vyo. Narabwiye kandi abagenzi banje kutampa itabi nongera ndabasaba kutaritumurira iruhande yanje. Ariko rero, ibintu ntivyagenze nk’uko nari nabitegekanije. Vyarashitse kabiri kose ndatwarwa n’inyota y’agatabi na marijuana. Ariko ivyo ntivyanciye inkokora. Naragumije ku muzirikanyi ingingo ngenderwako yanditse mu Migani 24:16 igira iti: “Umugororotsi n’iyo yogwa ibihetangabo ndwi, asubira kuvyuka.” Amaherezo naratsinze icari caranyiziziye.
Uko narushiriza kwiga ivyerekeye Yehova ni ko nipfuza kumugira umugenzi wanje somambike. Umurongo umwe wo muri Bibiliya wankoze ku mutima ni uwo muri Zaburi 27:10, ugira uti: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.” Uko nabandanya kwinjira cane muri Bibiliya, nariboneye yuko ayo majambo ari ay’ukuri. Nariyumvisemwo ko Yehova ambereye Umuvyeyi w’ukuri kandi yitwararikana.
Ikigeretseko, narifatanije n’Ivyabona vya Yehova ntahorereza. Narababonyemwo agatima k’ubugenzi buzira uburyarya be n’urukundo nyakuri bafitaniye. Sinari bwigere niyumva uko niyumvise ico gihe.
IVYIZA NAHAKUYE: Yehova n’Ivyabona bagenzanje baramfashije ndaryohora ukuntu nitunganya, ukuntu nambara, ukuntu nigenza be n’ukuntu navuga. Ntereje amaso inyuma, nibaza yuko ubuzima bwanje bwahindutse nka kurya ikinyabwoya kibishe kuraba gicika akanyugunyugu kabereye ijisho. Incuti zanje zirashima ukwo kuntu nahindutse, kandi ubu basigaye banyizigira. Ubu ndubatse kandi ndita ku rutare kugira ngo umukenyezi wanje ndamubere umunega munyarukundo, abana banje na bo ndababere sebibondo abitwararika.
“Ubuzima bwanje busigaye buri n’intumbero nyakuri.”—MARCOS PAULO DE SOUSA
IMYAKA: 29
IGIHUGU AKOMOKAMWO: BEREZILE
IVYO YACIYEMWO: YARI MU MUGWI W’ABAVUZA UMUZIKI UKAZE
KAHISE KANJE: Umuryango wanje waba mu gisagara ca Jaguariuna, i São Paulo. Abavyeyi banje bari abagatolika b’imena, kandi nkiri muto nari umukorezi. Ivyo vyatumye abanyeshure twigana mu mashure y’intango bantazira Patiri. Ariko rero mfise imyaka 15, narahonjeje umuziki wo mu bwoko bwa rock witwa heavy metal. Naciye ntangura kwifatanya n’abaririmba uwo muziki nongera ndatereka umushatsi. Mu 1996 na ho, dawe yaramfashije ndagura za ngoma za kijambere.
Mu 1998, narifatanije n’umugwi uvuza umuziki ukaze wo mu bwoko bwa rock witwa thrash metal. Uwo muziki twavuza wahayagiza ivy’amashetani ukavuga n’ibintu biteye isoni. Wahayagiza ivy’ubukazi. Nya muziki warahinduye ivyiyumviro vyanje, inyifato yanje be n’agatima nari mfise. Nagenda ndushiriza kuba umuntu yashishwe kandi w’inkazi.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Nahuye n’Ivyabona vya Yehova ari bwo bwa mbere mu 1999. Baransavye ko twokwigana na bo Bibiliya, ndavyemera naho nyene ntari nashimishijwe vy’ukuri. Ariko rero, ivyo niga muri Bibiliya vyarahinduye ukuntu nabona ubuzima.
Banyita “wa muhungu w’ibishatsi,” “rurangiranwa w’umuziki wa rock,” canke “wa muvuzi w’ingoma.” Mugabo naratanguye kubona yuko kuvuza umuziki muri uwo mugwi vyatumye ngira agatima k’ubwikunzi n’ako guhiganwa, nca ntangura kutanezererwa izina nariko ndihesha. Naratahuye yuko ba baririmvyi nahora nemera cane ata ntumbero nyakuri bari bafise mu buzima. Nahavuye ntahura intambwe ku yindi yuko nimba nashaka guhimbara Yehova Imana, nobwirijwe guheba uwo muziki be n’ubuzima bw’ubuhumbu n’ugusenga ibigirwamana bujana na wo.
Narakunda cane uwo muziki navuza be n’umushatsi wanje muremure. Naribaza niba nomaze na kabiri ndamutse ndabihevye. Ikindi kandi, nari umuntu w’inkazi, nkaba nari nzi ko nobwirijwe kwiga kwigumya. Ariko rero, ndabifashijwemwo n’inyigisho ya Bibiliya nagira, urukundo nakunda Yehova rwaratanguye kwongerekana. Kumenya ivyerekeye urukundo rw’Imana, ukwihangana kwayo be n’ikigongwe cayo vyatumye ndayikunda cane. Narasenze Yehova ngo amfashe guhinduka, kandi yaramfashije. Nariboneye yuko mu Baheburayo 4:12 havuga ukuri nk’ukurima. Uwo murongo uvuga uti: “Ijambo ry’Imana [ni] rizima kandi rigira ububasha.”
Igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, nasanze batandukanye n’abandi bantu. Kuva mvuka, bwari bwo bwa mbere mbona urukundo nyakuri rwigaragaza mu bikorwa. Urwo rukundo rwaribonekeza canecane ku mahwaniro maninimanini Ivyabona bagira. Narakozwe ku mutima n’ukuntu abitanga wasanga bakorana umwete kugira ngo abandi boroherwe kuri ayo mahwaniro.
IVYIZA NAHAKUYE: Ndabifashijwemwo na Yehova, ubu nsigaye nzi kwigumya. Ndabona ko ntagifise ka gatima k’ubwikunzi n’ubwibone.
Mvugishije ukuri, naramaze igihe numva nkumbuye uburyo nari mbayeho kera, ariko si ko bikiri. Ubu ubuzima bwanje busigaye buri n’intumbero nyakuri. Ndahimbarwa kubona ndiko ndiga kuba umuntu yitaho abandi be n’ineza yabo.
“Ndironkera umunezero bitumwe n’uko nitwararika abandi.”—GEOFFREY NOBLE
IMYAKA: 59
IGIHUGU AKOMOKAMWO: LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA
IVYO YACIYEMWO: NTIYEREKWA UBUKURU BW’IDINI CANKE BW’ABATEGETSI
KAHISE KANJE: Nakuriye i Ipswich muri Leta ya Massachusetts, ico kikaba ari igisagara kiri ku nkengera y’ikiyaga kibamwo abakozi batobato. Maze gukura, nahisemwo kwibera mu karere kari iyo bigwa kitwa Vermont. Uravye ukuntu abantu bo muri Amerika ya Ruguru bari babayeho, jewe n’umukobwa twakundana twari dufise ubuzima bwo hasi cane. Kubera ko ata muyagankuba twari dufise, inkwi twasenya mw’ishamba ni zo twakoresha mu gususurutsa mu nzu no mu gukinjika. Nta kazu ka surwumwe ko mu nzu twari dufise, kandi twaramara hafi umwaka wose tutagira amazi yo mu mabombo. Twari twariyonkoye ku kibano c’abantu, kandi uturavye waca uvyibonera. Narageze aho nishima kubera ko nari maze amezi atandatu umushatsi wanje utazi icitwa igisokozo.
Ico gihe, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika cariko kirarwana mu gihugu ca Viyetinamu. Ivyo vyaragize ico bikoze ku kuntu nabona ubukuru. Narabona uburyarya bwari mu ntwaro no mw’idini. Nabona ko ata co umuntu yokwitega kuri izo nzego, nkabona ko umuntu wese ari we akwiye kwifatira ingingo ku bijanye n’iciza n’ikibi. Kuri jewe rero, nta co vyari bitwaye kwiba ikintu ico ari co cose naba nkeneye.
UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Jewe n’umukobwa twakundana twari twaratanguye gusoma Bibiliya, ariko nta na kimwe twatahura. Narafata ibiyayuramutwe, ariko nariko ndagerageza kubiheba. Uwo mukobwa twakundana yashaka ko turushinga tukibaruka ibibondo. Ico gihe, hari Icabona ca Yehova yatugendeye, maze atangura kwigana natwe Bibiliya.
Sinatevye guheba ingeso mbi nari mfise; ariko rero, vyarangoye cane kubogora ukuntu nabona ubukuru. Nari umuntu avyura amakenga ku kintu ico ari co cose. Nari nakuze ata vyinshi bimbuza kwigenza uko nishakiye, ku buryo kubaho nisunga amategeko y’uwundi muntu cari ikintu kingora kwemera.
Namye nemera ko hariho Umuremyi, ariko sinatahura neza uwo ari we. Mugabo uko niga Bibiliya, ni ko natahura neza kamere za Yehova Imana. Narabonye ko atomora neza ivyo yipfuza ko nokora. Nta kintu na kimwe kitumvikana nasanga mu vyo asaba. Naramenye kandi yuko afise umugambi urashe wo guhindura isi ikaba iparadizo. (2 Petero 3:13) Ukwo kuri kwatumye nipfuza guhinduka kugira nkwize ibisabwa ngo ndamukorere.
Icankoze ku mutima canecane ni ukuntu Ivyabona vya Yehova banka kwisuka mu ntambara. Nta rindi dini na rimwe rizwi kw’isi yose nari nzi ryisunga iyo ngingo ngenderwako ishingiye kuri Bibiliya.
Kugira ngo nkorere Yehova, nari nzi yuko nobwirijwe kuryohora ukuntu naboneka. Mu ntango ntivyanyoroheye kwisunga ingingo ngenderwako zijanye n’inyambaro Ivyabona vya Yehova bigisha. Yaba jewe canke abagenzi banje, nta n’umwe yari atunze ishati, ipantalo canke ibirato umuntu yoserukana mu bantu. Ico ntokwirirwa ndavuga co ni ikaruvati! Mugabo naramosheje wa mushatsi, ndaryohora n’ukuntu naboneka. Yamara, ndibuka igihe naja kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu ari bwo bwa mbere. Hari ikiyo kimwe nabonyemwo ukuntu nari nsigaye nsa, nca ndibaza nti: ‘Mbega yemwe ni ibiki vyambayeko?’ Ariko nahavuye menyera ukwo kuntu nari nsigaye mboneka.
IVYIZA NAHAKUYE: Narubakanye na wa mukobwa twakundana, kandi turacahimbawe mu mubano wacu. Twempi twarashoboye kurera abana bacu batatu turabigisha gukunda Yehova no kumukorera. Narahimbawe kandi no gufasha abandi kumenya kwa kuri nyene kwo muri Bibiliya kwamfashije guhindura ubuzima bwanje.
Kera sinitaho ivyiyumviro vy’abandi, kandi ivyo naravyishimira. Ariko ubu ndironkera umunezero bitumwe n’uko nitwararika abandi, na bo bakanyitwararika.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 26]
“Naragenda ibilometero n’ibilometero ndondera gusa umusogoto w’urwo rumogi”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 28]
“Ivyo niga muri Bibiliya vyarahinduye ukuntu nabona ubuzima”
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 29]
“Ntivyanyoroheye kwisunga ingingo ngenderwako zijanye n’inyambaro Ivyabona vya Yehova bigisha”