Ni igiki cahindutse ku vyerekeye igicumuro?
“ICIYUMVIRO c’uko hariho igicumuro c’inyanduruko, igisobanura ko twese turi n’ico tubazwa kubera ikibi kibishe cabaye kera, ntikigwa neza abantu bo mu gihe ca none. Mugabo kandi n’iciyumviro c’uko turi n’igicumuro na co nyene uca usanga kitabagwa neza. . . . Abantu [bakoze ikibi] nka Adolf Hitler na Josef Stalin umuntu yovuga ko bacumuye, ariko twebwe abasigaye twaguye mu mporero.”—The Wall Street Journal.
Nk’uko ayo majambo yavuzwe aho haruguru avyerekana, ibijanye n’igicumuro biboneka ko vyayangaye muri iki gihe. Uti kubera iki none? Ni igiki cahindutse? None ico gicumuro kitagwa neza abantu muri iki gihe ni igiki?
Ico gicumuro kiri ubwoko bubiri: Hari igicumuro twarazwe be n’igicumuro umuntu akora ku giti ciwe. Ico ca mbere ni igicumuro kiri muri twebwe, tubishaka canke tutabishaka, ariko ico ca kabiri coco ni igicumuro dukora tubizi. Reka twihweze neza ubwo bwoko bw’igicumuro bumwebumwe ukwabwo.
Twoba twarandujwe n’igicumuro c’inyanduruko?
Bibiliya ivuga yuko umuryango w’abantu wose warazwe akanenge k’abavyeyi bacu ba mbere, ari co gicumuro c’inyanduruko. Ni co gituma twese tuvukana ikirabagu c’ukudatungana. Bibiliya ivuga iti: “Ukutagororoka kwose ni igicumuro.”—1 Yohani 5:17.
Ariko rero, iciyumviro c’uko abantu bose bavukana akanenge kubera igicumuro kanaka cakozwe kera cane, bakaba ata ruhara na rutoyi bakigizemwo, bakaba kandi batagira ico babazwa ku bijanye na co, abantu benshi baja gusenga babona yuko ico ciyumviro kitumvikana kandi ko ata wocemera. Uwitwa Edward Oakes, akaba ari umwigisha w’ivyigwa vyerekeye Imana, avuga yuko iyo nyigisho y’igicumuro c’inyanduruko “itera abantu ubuyega bakadamwa, ugasanga barayiyamiriza bivuye inyuma; igihe na ho vyitwa ko ari mitende, usanga bapfa kuyemera ku karimi gusa, ntibayiyamirize vy’ukuri, ariko bakaba batumva ingene iyo nyigisho yogira ico ikoze ku buzima bw’umuntu yubaha Imana.”
Kimwe mu bituma abantu bibagora kwemera ibijanye n’igicumuro c’inyanduruko ni ivyo amadini yigishije ku bicerekeye. Nk’akarorero, muri ya Nama ya Ekeleziya yabereye i Trente (1545-1563), Ekeleziya yarateye ivyatsi uwo wese atemera yuko inzoya zikeneye kubatizwa kugira ngo ziharirwe ibicumuro zifise. Abanyatewolojiya bavuze yuko akayoya karamutse gapfuye katarabatizwa, ibicumuro kaba katahumanuwe bica bituma katazokwigera gaseruka imbere y’Imana mw’ijuru. Uwitwa Calvin wewe yarayiciye umurya mu kwigisha yuko inzoya ‘ziva mu nda ya ba nyina ziri n’ikizicira urubanza.’ Yemeza yuko ngo uravye uko ziba zimeze, ‘Imana izanka kandi ziyitera iseseme.’
Abantu benshi biyumvamwo yuko inzoya zikivuka ziba ari uturemwa ata co twokwagirizwa, ku buryo rero kwoba ari ukutagira ikigongwe umuntu yiyumviriye yuko izo nzoya zikwiye kubabazwa kubera igicumuro zarazwe. Uca ubona rero igituma inyigisho mwene izo zigishwa n’amadini zatumye abantu batera ibitugu inyigisho y’igicumuro c’inyanduruko. Kukaba nkako, indongozi zimwezimwe z’amadini vyarazigoye kuvuga yuko akayoya gapfuye katabatijwe kaja mu muriro udahera. Zabona yuko iherezo ry’ako kayoya cari kikiri ikibazo c’akananirabahinga mu bijanye n’inyigisho z’ivy’Imana. Naho Ekeleziya Gatolika itigeze ishira iyo nyigisho mu nyigisho ntaharirizwa zayo, yaramaze ibinjana n’ibindi yigisha yuko imitima y’abatabatijwe bapfa ata co bagirizwa ija kuba ahantu hatabaho hitwa Irimbi.a
Ikindi kintu catumye abantu bataba bacemera cane inyigisho y’igicumuro c’inyanduruko ni uko abafilozofe, abahinga mu vya siyansi be n’abanyatewolojiya bo mu kinjana ca 19, batanguye kuvyura inkeka ku bijanye n’uko inkuru zo muri Bibiliya zoba zikwiye kubonwa ko zivuga ibintu vyabaye koko. Ya nyigisho ya Darwin, imwe ivuga yuko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika, yatumye abantu benshi basigara babona ko ya nkuru ya Adamu na Eva ari umugani gusa. Ivyo vyose ico vyavuyemwo ni uko abantu benshi basigaye babona ko Bibiliya irimwo ivyiyumviro be n’imigenzo vy’abayanditse, aho kubona ko banditse ivyo bahishuriwe n’Imana.
None ivyo bica bituma ya nyigisho y’igicumuro c’inyanduruko isigara ibonwa gute? Biratomoye: Nimba abaja gusenga mu madini bemera vy’ukuri yuko Adamu na Eva batigeze babaho koko, bica vyumvikana rero yuko ca gicumuro c’inyanduruko kitigeze gikorwa. Na barya bemera ko abantu muri rusangi bari n’akanenge, usanga inyigisho y’igicumuro c’inyanduruko basigara bayibona nk’uburyo gusa bwo gusigura yuko abantu badatunganye.
Ivy’igicumuro c’inyanduruko biti hwe! Tuvuge iki ku bijanye n’ibicumuro umuntu akora ku giti ciwe?
Vyoba vy’ukuri ari ibicumuro?
Igihe abantu bababajije ico bita ko ari igicumuro c’umuntu ku giti ciwe, abenshi baca babona mu bwenge ya Mabwirizwa cumi abuza kwica, guhemuka, kwipfuza, gusambana, kwiba, n’ibindi n’ibindi. Amadini yari asanzwe yigisha yuko umuntu wese apfuye atihanye canke atireze ibicumuro vyiwe aca aja mu muriro akababarizwayo ibihe bidahera.b
Kugira ngo umuntu ntibize bimugendere gutyo, Ekeleziya Gatolika isaba ko ibicumuro vyiwe avyirega kwa patiri, uwo bavuga ko afise ububasha bwo kurekurira abantu ibicumuro. Ariko rero, ku bagatolika benshi, umugenzo ujanye no kwirega, kurekurirwa be na penitensiya usigaye ari ikintu cibagiwe. Nk’akarorero, itohoza rimwe riheruka kugirwa ryerekana yuko ibice birenga 60 kw’ijana vy’abagatolika bo mu Butaliyano batakija kwirega.
Si agaseseshwarumuri, ivyo amadini yahora yigisha ku bijanye n’igicumuro umuntu akora ku giti ciwe be n’ingaruka zaco, ntivyashoboye gufasha abantu gutsinda ingeso yo gukora ibicumuro. Ivyahora bibonwa ko ari ibicumuro, abantu benshi baja gusenga ntibakibona ko ari ibicumuro vy’ukuri. Nk’akarorero, hari abiyumvira ngo: ‘None abantu babiri bakuze bavyiyumvikaniye bagahuza ibitsina, kandi akaba ata wundi muntu vyononera, ingorane iri hehe?’
Imwe mu mpamvu zishobora kuba zituma abantu biyumvira gutyo, ni uko bataba baranyuzwe vy’ukuri mu mitima yabo n’ivyo bigishijwe ku bijanye n’igicumuro. Kukaba nkako, benshi birabagora kwemera ko Imana y’urukundo yobabariza abacumuzi mu muriro ibihe bidahera. Kandi ukwo gukekeranya gushobora kuba n’imiburiburi ari kimwe mu bisigura igituma abantu batakibona ko igicumuro gihambaye cane. Ariko rero, hariho n’ibindi bintu vyatumye igicumuro kiba ata co kikivuze ku bantu.
Imico ya kera yaratewe akagere
Ivyabaye mu binjana nka bingahe biheze, vyarahinduye ibintu bikomeye cane mu kibano c’abantu no mu kuntu babona ibintu. Za ntambara zibiri z’isi yose, intambara ntonto zitagira uko zingana be n’amahonyabwoko atandukanye vyagiye biraba, vyatumye abantu benshi basigara bibaza ico ya mico ya kera imaze. Barabaza bati: ‘Muri iki gihe aho ubuhinga bwa none bwateye imbere, vyoba vyumvikana kwisunga amategeko ya kera kandi ata ho ahuriye na gato n’ivyo muri kino gihe?’ Abenshi mu bashira imbere ivyo gukoresha ubwenge mu vyo umuntu akora hamwe n’abiga ibijanye n’imico runtu, bashitse ku ciyumviro c’uko bitumvikana. Biyumvira yuko ikibano c’abantu gikwiye kwikurako iminyororo imwimwe ibaboshe mu bijanye n’inyifato runtu, bakikurako n’ivy’ukwemera ibintazi, maze bakarondera guca ubwenge kugira ngo bashike ku bintu bihambaye cane abantu bashoboye gushikako.
Ivyo vyiyumviro vyatumye haduka imico itisunga Imana. Mu bihugu vyinshi vya Buraya, abantu bari ku rushi ni bo baja gusenga. Abantu batera biyongera usanga ata nyigisho kanaka itomoye bizera, kandi benshi bararwanya ata kurya umunwa inyigisho z’ishimikiro z’amadini, bakabona ko zitumvikana na gato. Biyumvira bati: ‘Nimba abantu babayeho biciye kw’ihindagurika, rikaba ari na ryo riyobora ibintu, ivy’uko ngo umuntu arenze amategeko kanaka agenga inyifato runtu aca yagirwa n’icaha, wumva none biba bigifise ishingiro?’
Ukutitaho cane ivy’imico runtu kwabaye mu bihugu vya Buraya mu kinjana ca 20, ni kimwe mu vyatumye havuka icitwa ngo ni amajambere mu vy’igitsina. Imyiyerekano y’abanyeshure, imihari iharanira ukwiganzura imico kama be n’imiti canke ubuhinga umuntu yandikirwa na muganga kugira ntasame inda, ivyo vyose vyaragize uruhara mu gutuma ivyiyumviro vya kera bijanye n’inyifato ibereye biterwa akagere. Budakeye na kabiri, imico Bibiliya iremesha bari bamaze kuyisezerera. Iyaruka rishasha ryaciye ritangura kugendera imico mishasha, ritangura no kubona ukundi igicumuro. Umwanditsi umwe avuga yuko kuva ico gihe “iciswe urukundo cabaye co kintu conyene kigenga vyose,” ivyo bikaba ahanini vyagiye bibonekera ku kuntu abantu benshi wasanga babona ko uguhuza ibitsina kutemewe ari ikintu ata co gitwaye.
Inyigisho z’idini zo kweza agatima abantu
Ikinyamakuru kimwe (Newsweek), mu kugira ico kivuze ku kuntu ibintu vyifashe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, caravugishije ukuri giti: “Abakuru b’amadini benshi, abameze nk’abahiganira gutsindira isoko, babona ko batokwemera guhomba mu kureka ngo abanywanyi bigire ahandi.” Batinya yuko baramutse basavye ababumviriza gukurikiza amategeko menshi mu bijanye n’inyifato runtu, vyohava bituma babaca mu myanya y’intoke ntibabe bakibaye abanywanyi babo. Abantu ntibipfuza kwumva ko bakwiye kwicisha bugufi, kwishingira uturimbi, kuba abantu bagendera ubuntu, canke ko bakwiye kwumvira ijwi ryabo ryo mu mutima riguma ribagiriza, maze ngo bihane canke birege ibicumuro vyabo. Ni co gituma amadini menshi asigaye atanga ivyo ikinyamakuru kimwe (Chicago Sun-Times) cise “ubutumwa bwitwa ko ari ubwa gikirisu butuma abantu bumva bimererewe neza, bubungura mu vyabo, burimwo mbere n’ubwikunzi, ivyo kwigisha injili na vyo bakabishira ku ruhande.”
Ico mwene ivyo vyiyumviro bivamwo ni inyigisho z’idini zidondora Imana uko zishakiye, ugasanga amadini ashimika ku muntu ku giti ciwe no ku vyotuma umuntu arushiriza kwiha agaciro, aho gushimika ku Mana no ku vyo idusaba gukora. Intumbero imwe rudende ayo madini afise usanga ari iyo kuronsa abayoboke bayo ivyo bipfuza. Ico bivyara ni idini ritagira inyigisho itomoye rigenderako. Ikinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) kibaza giti: “None ya mategeko ajanye n’ukwigenza rukirisu yari agize intimatima y’inyigisho, aca aheza agasubirirwa n’iki? Asubirirwa n’inyigisho isaba ko umuntu yerekana ko atahura abandi, icitwa ngo ni ukuba umuntu mwiza kikaba ari co umuntu yitwaza mu kurenza uruho rw’amazi ku bintu vyose abantu bakora.”
Ntibitangaje rero kubona ivyo vyose bica bituma abantu babona ko idini iryo ari ryo ryose ribeza agatima ari ryiza. Ikinyamakuru kimwe (The Wall Street Journal) kivuga yuko umuntu aba abona ibintu muri ubwo buryo “ashobora kwakira inyigisho z’idini iyo ari yo yose, zikire gusa kuba zidasaba ko umuntu yigenza uku canke kuriya, zibe zimuhumuriza aho kumucira urubanza.” Amadini na yo ku ruhande rwayo, uca usanga yiteguriye kwakira abantu akabafata “ukwo nyene bimereye,” ata vyo kubasaba ngo bigenze uku canke kuriya.
Ivyo vyose rero vyoshobora guca vyibutsa abasomyi ba Bibiliya ubuhanuzi intumwa Paulo yanditse mu kinjana ca mbere G.C. Yavuze ati: “Hazoshika igihe aho batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro, mugabo nk’uko ivyipfuzo vyabo bwite biri, bazokwirundaniriza abigisha kugira ngo amatwi yabo yagazwe; kandi bazororesha hirya amatwi yabo ngo ntibumve ukuri.”—2 Timoteyo 4:3, 4.
Igihe indongozi z’amadini zirenza uruho rw’amazi ku gicumuro, zigahakana ko kibaho, zikongera ‘zikagaza’ amatwi abanywanyi babo mu kubashirira aho bashaka aho kubabwira ico Bibiliya ivuga, ziba ziriko zigirira abantu nabi cane. Ubutumwa mwene ubwo ni ubw’ikinyoma kandi burateye akaga. Buragoreka imwe mu nyigisho ubukirisu bushingiyeko. Igicumuro be n’uguharirwa biri mu bigize intimatima y’inkuru nziza Yezu n’intumwa ziwe bigishije. Nimba ushaka kuvyibonera, tukuremesheje gusoma ikiganiro gikurikira.
[Utujambo tw’epfo]
a Inyigisho y’Irimbi ni inyigisho idashingiye ku Vyanditswe yavuruze abantu ubwenge, iyo ikaba ishobora kuba ari yo mpamvu yatumye ikurwa mu nyigisho za vuba cane z’ikatikisimu ya Ekeleziya. Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ihinduka rikomeye ry’inyigisho” ruri ku rupapuro rwa 10.
b Bibiliya ntishigikira na gato inyigisho y’uko hariho umuriro abantu bababarizwamwo ibihe bidahera. Ushaka kumenya amakuru y’ido n’ido, raba ikigabane ca 6 kivuga ngo “Abapfuye bari hehe?,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]
Inyigisho z’idini zo kweza agatima abantu zama ivyamwa bibi
[Uruzitiro ku rup. 6]
Ngo igicumuro? “Ivyo twarabirenganye”
▪ “Kimwe mu ntambamyi zikomeye kuruta izindi zose zihanze amadini ni ico kibazo kijanye n’igicumuro. Ntitukibona ko turi abacumuzi bakeneye guharirwa. Igicumuro gishobora kuba cahoze kibonwa ko giteye ikibazo, ariko ubu ivyo twarabirenganye. Mu gihe rero amadini abona ko afise umuti w’ico kibazo c’igicumuro, Abanyamerika benshi bobo babona ko ico atari ikibazo, n’uwoba abona ko ari ikibazo ugasanga abona ko atari ikibazo gihambaye.”—Vyavuzwe na John A. Studebaker, Jr., akaba ari umwanditsi w’ivy’amadini.
▪ “Abantu bavuga ngo: ‘Ego ni ko nditega ko jewe ubwanje hamwe n’abandi twigenza neza cane, ariko ndazi ko twese turi abantu. Ni co gituma ngerageza kugira ivyo nshoboye.’ Turiha urugero ruduhumuriza tugezako mu vy’inyifato runtu, urugero twovuga ko ruri hagati na hagati tugezako, tukiyumvira ko turiko tuvyifatamwo neza. Umuntu akibwira ngo ‘mbanye neza n’abandi,’ ariko ugasanga turiyobagiza ibibazo bikomeye kuruta bijanye n’igicumuro.”—Vyavuzwe na Albert Mohler, umukuru w’Iseminari y’ivya tewolojiya y’ishengero ry’Ababatisita ryo mu Bumanuko.
▪ “Abantu basigaye batera amashurwe ivyo bahora batera ivyatsi [nka bimwe vyitwa ngo ni ibicumuro indwi bikomakomeye]: Abavyeyi bararemesha abana babo kwishima kuko ngo bituma bumva ko bari n’ico bamaze; hari umugwi w’abatetsi bakurubakuru birya b’Abafaransa basavye Vatikano ngo yemere yuko gukunda inda atari igicumuro; umwina ni wo utuma abantu baguma barondera kumenya ivyo abantu ba rurangiranwa batunze kugira ngo na bo nyene bavyironse; ukwipfuza ni ikintu bafatirako mu buhinga bwo guhayanisha ibidandazwa; kuraka bibonwa ko ari ikintu kibereye igihe umuntu baba bamubabaje; akenshi ndumva vy’ukuri nshaka kwiraramira gusa.”—Vyavuzwe na Nancy Gibbs, mu kinyamakuru citwa Time.
[Ifoto ku rup. 5]
Muri iki gihe, abantu benshi babona ko inkuru ya Adamu na Eva ari umugani gusa