ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/6 rup. 8-10
  • Ukuri ku vyerekeye igicumuro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri ku vyerekeye igicumuro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twese turatsitara
  • Inkuka ya Yezu be n’igituma yari ikenewe
  • Urukundo rwa Kristu ‘ruratugobera’
  • Kubera iki abantu bapfa?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni igiki cahindutse ku vyerekeye igicumuro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Igicumuro c’inyanduruko ni igiki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Urupfu rwa Yezu rutumariye iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/6 rup. 8-10

Ukuri ku vyerekeye igicumuro

MBEGA umuntu arwaye yoba ashobora kwemeza yuko ata bushuhe afise mu kumena ka kuma gapima ubushuhe? Habe namba! Mu buryo nk’ubwo nyene, kuba gusa abantu benshi batemera uburyo Imana ibona igicumuro ntibica bisigura yuko igicumuro kitabaho. Ijambo ryayo Bibiliya riravuga vyinshi kuri ico kibazo. Uti none neza na neza Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’igicumuro?

Twese turatsitara

Haraheze imyaka nk’ibihumbi bibiri intumwa Paulo aseruye umubabaro yari afise bitumwe n’uko ‘iciza yashaka atari co yakora, mugabo ikibi atashaka kikaba ari co akora.’ (Abaroma 7:19) Tuvugishije ukuri, ntitwohakana ko ivyacu bimeze nk’ukwo kwa Paulo. Dushobora kuba twipfuza kwisunga ya Mabwirizwa cumi canke izindi ngingo ngenderwako zigenga inyifato runtu. Yamara twese, tubishaka canke tutabishaka, turatsitara. Si kubera ko duhitamwo kurenga amategeko nkana, ahubwo ni kubera gusa tugoyagoya. None ivyo biva ku ki? Paulo ubwiwe aratanga inyishu ati: “Nimba rero ico ntashaka ari co nkora, uwugikora ntakiri jewe, ahubwo ni igicumuro kiba muri jewe.”​—Abaroma 7:20.

Nk’ukwo kwa Paulo, abantu bose baramererwa nabi kubera ubugoyagoye tuvukana, ico kikaba ari ikimenyamenya c’uko twarazwe igicumuro n’ukudatungana. Iyo ntumwa yavuze iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana.” Uti none ivyo vyatewe n’iki? Paulo arabandanya ati: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [Adamu] urupfu na rwo ru[za] biciye ku gicumuro, gutyo urupfu ru[kwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.”​—Abaroma 3:23; 5:12.

Abantu benshi ntibemera iciyumviro c’uko icaha abavyeyi bacu ba mbere bakoze cadutandukanije n’Imana congera gituma dutakaza ugutungana kwo mu ntango. Yamara, ivyo ni vyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Yezu yarasubiyemwo ibivugwa mu bigabane vya mbere vy’igitabu c’Itanguriro, abigira ryo shimikiro ry’ivyo yariko arigisha, gutyo aba yerekanye ko yemera inkuru ya Adamu na Eva.​—Itanguriro 1:27; 2:24; 5:2; Matayo 19:1-5.

Imwe mu nyigisho ubutumwa bwa Bibiliya bushingiyeko ni iyivuga yuko Yezu yaje kw’isi kugira ngo acungure abamwizera, abakureko igicumuro. (Yohani 3:16) Kugira ngo tugire icizigiro co kuzobaho muri kazoza, tubwirizwa kuba twemera uburyo Yehova yatunganije kugira ngo abantu bakenguruka bakizwe ico kintu kibahanze badafiseko ububasha na bukeyi. Ariko mu gihe tudatahura neza ico ari co igicumuro nk’uko Imana ikibona, ntidushobora gutegera no gukenguruka uburyo yatunganije kugira ngo idukize ico gicumuro.

Inkuka ya Yezu be n’igituma yari ikenewe

Yehova yarahaye wa muntu wa mbere Adamu akaryo ko kubaho ibihe bidahera. Ako karyo keza igitangaza yogatakaje ari uko gusa agararije Imana. Adamu yaragararije koko, kandi igihe yagarariza yaciye aba umucumuzi. (Itanguriro 2:15-17; 3:6) Adamu yakoze ibiteye kubiri n’ivyo Imana igomba, ntiyaba akiri umuntu atunganye, aba atosekaje ubucuti yari afitaniye n’Imana. Igihe yacumura mu kurenga kw’itegeko ry’Imana, yaciye atangura gusaza amaherezo arapfa. Ikibabaje ni uko uruvyaro rwa Adamu rwose, na twebwe turimwo, rwavukanye igicumuro, kandi amaherezo yacu ni urupfu kubera ico gicumuro. Uti kubera iki?

Impamvu iroroshe cane gutahura. Abavyeyi badatunganye ntibashobora kuvyara abana batunganye. Abakomotse kuri Adamu bose bavutse ari abacumuzi, kandi nk’uko intumwa Paulo abivuga, “impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” (Abaroma 6:23) Ariko rero, igice ca kabiri c’uwo murongo kiratanga icizigiro, giti: “Mugabo ingabirano Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” Ivyo bisobanura yuko biciye ku rupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka, abantu bagamburuka kandi bakenguruka bashobora guhumanurwa bagakurwako ingaruka z’igicumuro Adamu yakoze.a (Matayo 20:28; 1 Petero 1:18, 19) Ivyo none bikwiye gutuma wiyumva gute?

Urukundo rwa Kristu ‘ruratugobera’

Intumwa Paulo yaratanze inyishu ivuye ku Mana kuri ico kibazo. Yanditse ati: “Urukundo Kristu afise ru[ra]tugobera, kubera ko iki ari co twabonye, yuko umuntu umwe yapfiriye bose; . . . kandi yapfiriye bose ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo, mugabo ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.” (2 Abakorinto 5:14, 15) Nimba umuntu atahura ko inkuka ya Yezu ifise ubushobozi bwo kumukurako ingaruka z’igicumuro, akaba kandi yipfuza kwerekana ko akenguruka iyo ntunganyo, akwiye kwihatira kubaho nk’uko Imana yipfuza ko abaho. Ivyo bisaba ko atahura ivyo Imana imusaba, akamenyereza ijwi ryiwe ryo mu mutima yisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, maze akabaho ahuza na zo.​—Yohani 17:3, 17.

Igihe dukoze ikintu kibi, bironona ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. Igihe wa Mwami Dawidi yatahura yuko yari yakoze ibicumuro bikomeye mu kurenga ibigo akaryamana na Bati-sheba no mu kwica umugabo wiwe, nta gukeka yuko yumvise amaramaye cane. Ariko icari kimuraje ishinga kuruta ibindi vyose, kandi ivyo bikaba vyumvikana, ni uko ibicumuro vyiwe vyari vyababaje Imana. Yaricujije cane aremera imbere ya Yehova ati: “Ni wewe, ni wewe ubgawe, nacumuyeko, nakoze ikibi mu nyonga zawe.” (Zaburi 51:4) Yozefu na we nyene, igihe yoshwa gusambana n’umugore w’abandi, ijwi ryiwe ryatumye abaza ati: “Noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?”​—Itanguriro 39:9.

Rero, ikibazo nyamukuru ku bijanye n’igicumuro si uko gusa iyo tugikoze twumva twiyanse kubera ko twoba twafashwe. Ingorane si uko gusa dutinya ico abandi bobivugako canke ingene vyoboneka mu kibano kubera ko twoba tutigenjeje mu buryo bunaka bubonwa ko ari bwo bubereye. Ahubwo riho, igihe turenze ku mategeko y’Imana ajanye n’ivy’igitsina, ukuba imvugakuri canke inzirabugunge, ukwubaha abandi, ugusenga n’ibindi, biraheza bikonona ubucuti twebwe ubwacu dufitaniye na yo. Dushishikaye gukora igicumuro nkana, tuba turiko twigira abansi b’Imana. Ico ni ikintu c’ukuri dukwiye kuzirikanako ata gufyina.​—1 Yohani 3:4, 8.

None igicumuro coba carahindutse? Mu vy’ukuri, igicumuro nticahindutse na gato. Gusa abantu ni bo batanguye kucita ukundi bizeye yuko vyociye bituma kiboneka ko kidahambaye cane. Abenshi barakomantaje ijwi ryabo ryo mu mutima canke na ho bararyiyobagiza. Abo bose bipfuza gushimwa n’Imana bategerezwa kunanira ako gatima. Nk’uko twabibonye, impembo igicumuro gitanga si ukwumva gusa umuntu ababaye mu mutima canke ukumaramara; ahubwo nyabuna impembo yaco ni urupfu. Igicumuro ni ikibazo c’ugupfa n’ugukira.

Inkuru nziza womenya ni uko dushobora guharirwa biciye ku bushobozi bwo gucungura inkuka ya Yezu ifise, mu gihe gusa twigaye ata buryarya ibicumuro vyacu tukongera tukabiheba. Paulo yanditse ati: “Hahiriwe abo ibikorwa vyabo vy’ubugarariji bibabariwe, n’ibicumuro vyabo bigapfukwa; hahiriwe umuntu igicumuro ciwe Yehova atazogenda agiharuye.”​—Abaroma 4:7, 8.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka gusobanurirwa neza ukuntu urupfu rwa Yezu rwo kwitangako inkuka rufise ububasha bwo gukiza abantu bagamburuka, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, kuva ku rupapuro rwa 47 gushika ku rwa 54, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 10]

Ihinduka rikomeye ry’inyigisho

Ku bagatolika benshi baja mu misa, inyigisho y’Irimbi yamye irimwo ikintu c’igipfungu. Mu myaka mirongo ya vuba, iyo nyigisho yagiye irazimangana buhorobuhoro, ku buryo ubu itagishirwa mu vyigwa vy’ikatikisimu. Mu 2007, Ekeleziya Gatolika yarahamvye icese inyigisho y’Irimbi mu cete yanditse gisigura “imvo zijanye n’inyigisho be n’ivy’ugusenga zituma umuntu yizigira ko inzoya zipfa zitarabatizwa zoshobora kurokorwa zikaja mu gahimbare k’ibihe bidahera.”​—Vyavuzwe n’Urwego mpuzamakungu rw’ivya tewolojiya.

Kubera iki none habaye ukwo kwihindukiza mw’ijambo, ni ukuvuga iryo hinduka rikomeye ry’inyigisho? Muri make, iryo hinduka ryarahaye Ekeleziya akaryo ko gushobora kwikura ico umwanditsi w’ikinyamakuru w’Umufaransa Henri Tincq yise “iragi ry’amananiza Ekeleziya yifatira abantu mu gahanga yaburaniye kuva mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 6 n’ica 16, gushika mu kinjana ca 20, igahimbarwa no gukoresha inyigisho iterana ubwoba y’Irimbi kugira ngo itume abavyeyi bihutira kubatirisha abana babo.” Ariko rero, urupfu rw’iyo nyigisho ruravyura n’ibindi bibazo.

Ni inyigisho mpererekanwa canke ni iyishingiye kuri Bibiliya? Dutereje amaso muri kahise, inyigisho y’Irimbi yakomotse ku bihari vyabaye mu kinjana ca 12 ku bijanye n’inyigisho y’ipurugatori. Kubera ko Ekeleziya Gatolika yari isanzwe yigisha yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, yabwirizwa rero gusigura ahaja imitima y’ubwenge y’abana badashobora kuja mw’ijuru kubera ko batabatijwe yamara bakaba batabereye kuja mu muriro. Ng’ukwo ukuntu inyigisho y’Irimbi yavutse.

Ariko rero, Bibiliya ntiyigisha yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Ivuga yuko umuntu apfuye ata co aba akizi, nka kurya kw’umuntu asinziriye. (Umusiguzi 9:5, 10; Yohani 11:11-14) Ko rero umuntu atagira umutima w’ubwenge udapfa, ahantu mwene aho mw’Irimbi ntihashobora kubaho.

Bibiliya yerekana yuko Imana ibona ko abana batoyi bafise abavyeyi bakirisu ari beranda. (1 Abakorinto 7:14) Ico kintu ivuga coba ata co kimaze mu gihe inzoya zoba zibwirizwa kubatizwa kugira ngo zishobore kuronka ubukiriro.

Tuvugishije ukuri, inyigisho y’Irimbi cari igitutsi ku Mana, kuko yerekana ko Imana imeze nk’umuntu atwaza igikenye atagira ikigongwe ahana abantu ata co bazira, aho kwerekana ko ari Umuvyeyi w’ubutungane n’urukundo. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; Matayo 5:45; 1 Yohani 4:8) Ntibitangaje rero kubona abakirisu b’umutima bamye nantaryo babona ko iyo nyigisho itumvikana.

[Amafoto ku rup. 9]

Kubaho duhuza n’Ijambo ry’Imana bituma tugiranira ubucuti bwiza n’Imana hamwe n’abantu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika