Nuronkere ukuruhurirwa mu bintu vy’impwemu
“Mwishireko ingǒgo yanje . . . , muzoronka ukuruhuka kw’imitima yanyu.”—MAT. 11:29.
1. Ni intunganyo iyihe Imana yashizeho ku Musozi Sinayi, kandi kubera iki?
IGIHE rya sezerano ryari rishingiye kw’Itegeko ryashirwaho ku Musozi Sinayi, ryarimwo na ya ntunganyo ijanye n’Isabato yagirwa buri ndwi. Yehova abicishije ku muvugizi wiwe Musa, yategetse ihanga rya Isirayeli ati: “Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’akavantara bari muri mwebge babone guta akuya.” (Kuv. 23:12) Egome, Yehova abitumwe n’ukwitwararika abo bantu bagengwa n’iryo Tegeko, yaratunganije abigiranye urukundo ivy’uko habaho umusi w’akaruhuko kugira ngo abasavyi biwe bashobore “guta akuya.”
2. Isirayeli yungukiye gute ku kwubahiriza Isabato?
2 None umusi w’Isabato woba wari umusi wo kwiruhukira gusa? Oya, cari ikintu nyamukuru kigize ugusenga Yehova kw’Abisirayeli. Kwubahiriza Isabato vyaratuma ba serugo baronka umwanya wo kwigisha abagize imiryango yabo kugira ngo “bakomeze inzira [ya Yehova], bakore ibiroranye.” (Ita. 18:19) Vyaratuma kandi umuryango be n’abagenzi baronka akaryo ko gukoranira hamwe kugira ngo bazirikane ku bikorwa vya Yehova bongere bifatanye mu buryo buranga umunezero. (Yes. 58:13, 14) N’igihambaye kuruta, Isabato yarerekeza mu buryo bw’ubuhanuzi ku gihe ukuruhurirwa nyakuri kwobonetse biciye ku Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi. (Rom. 8:21) Ariko none tuvuge iki ku bijanye n’igihe cacu? Abakirisu b’ukuri bitwararika inzira za Yehova boronkera hehe mwene ukwo kuruhurirwa, kandi bokuronka gute?
Nuronke ukuruhurirwa biciye ku kwifatanya n’abandi bakirisu
3. Ni mu buryo ubuhe abakirisu bo mu kinjana ca mbere bashigikiranye, kandi vyavuyemwo iki?
3 Intumwa Paulo yavuze ko ishengero rya gikirisu ari “inkingi n’urwego bishigikiye ukuri.” (1 Tim. 3:15) Abakirisu bo mu ntango barashigikiwe cane biciye ku kuremeshanya no gukomezanya mu rukundo. (Ef. 4:11, 12, 16) Igihe Paulo yari i Efeso, yaragendewe mu buryo buremesha n’abari bagize ishengero ry’i Korinto. Raba ico ivyo vyakoze kuri we. Paulo yavuze ati: “Ndanezererwa ukuhaba kwa Sitefana na Forutunato na Akayiko . . . kuko baruhuriye umutima wanje.” (1 Kor. 16:17, 18) Muri ubwo buryo nyene, igihe Tito yagenda i Korinto gusukurira abavukanyi baho, Paulo yarandikiye iryo shengero abasubiza, ati: “Umutima wiwe waruhuriwe na mwebwe mwese.” (2 Kor. 7:13) No muri iki gihe nyene, Ivyabona vya Yehova bararonka ukuruhurirwa nyakuri biciye ku kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo mu buryo buremesha.
4. Amakoraniro y’ishengero aturuhurira gute?
4 Ufatiye ku vyo wibonera urazi yuko amakoraniro y’ishengero ari isôko ry’umunezero mwinshi. Ku makoraniro harabaho “uguhanahana indemesho . . . umwe wese akaremeshwa biciye ku kwizera kw’uwundi.” (Rom. 1:12) Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakirisu si abantu tuba tuzinanye bisanzwe gusa, canke abagenzi badafashe, abo usanga bishika tugahura. Ni abagenzi nyakuri, abantu dukunda kandi twubaha. Turaronka umunezero mwinshi tukongera tukaruhurirwa cane mu kwama dukoranira hamwe na bo ku makoraniro yacu.—Flm. 7.
5. Dushobora gute kuruhurira abandi ku mahwaniro n’amateraniro?
5 Irindi sôko ryo kuruhurirwa riboneka biciye ku mahwaniro n’amateraniro tugira uko umwaka utashe. Uretse ko iyo mitororokano mininiminini ituronsa amazi atanga ubuzima yerekeye ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, araturonsa kandi akaryo ko ‘kwaguka’ mu bijanye n’abo twifatanya. (2 Kor. 6:12, 13) Ariko tuvuge iki nimba dufise amasoni bikaba bitugora kwifatanya n’abandi bantu? Uburyo bumwe bwo kumenyana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu ni ukwitanga mu gihe c’ihwaniro. Umuvukanyikazi umwe, aho amariye gufasha mu bijanye n’ihwaniro mpuzamakungu rimwe, yavuze ati: “Uretse umuryango wanje be n’abagenzi bari ku rushi, nta bantu benshi nari nzi ng’aho. Mugabo igihe nafasha mu bijanye n’isuku, narabonanye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi benshi! Vyari bihimbaye cane!”
6. Uburyo bumwe dushobora kuronka ukuruhurirwa igihe turi mu karuhuko ni ubuhe?
6 Abisirayeli barakunda kugira urugendo baja gusenga i Yerusalemu ku misi mikuru itatu yagirwa ku mwaka ku mwaka. (Kuv. 34:23) Akenshi ivyo vyasaba ko basiga amatongo n’amaduka hanyuma bakagira urugendo rw’amaguru rw’imisi itari mike baca mu mabarabara yuzuye umukungugu. Naho vyari ukwo, kuja ku rusengero vyatuma bagira “umunezero mwinshi” uko ababa bari ng’aho “bāhimbaza Uhoraho.” (2 Ngo. 30:21) Benshi mu basavyi ba Yehova muri iki gihe na bo nyene babona ko kugira urugendo bari kumwe n’umuryango wabo baja kugendera Beteli, ni ukuvuga inyubakwa z’ishami z’Ivyabona vya Yehova ziba ziri hafi, bituma bagira umunezero mwinshi. Umuryango wanyu niwasubira gufata akaruhuko, mubona mwoshiramwo n’ivyo kugira urugendo nk’urwo?
7. (a) Imitororokano yo kwiruhura ishobora gute kuba ngirakamaro? (b) Ni igiki gishobora gutuma umutororokano uba uw’intibagirwa n’uwukomeza?
7 Ugutororokanira hamwe n’umuryango be n’abagenzi kugira ngo mwiruhure na vyo nyene birashobora kuba ibiremesha. Wa Mwami w’inkerebutsi Salomo yavuze ati: “Nta kigirira umuntu ikimazi kurusha kurya no kunywa, no kunezeresha umushaha wiwe ivyiza mu butame bgiwe.” (Umus. 2:24) Uretse yuko imitororokano yo kwiruhura ituma turuhurirwa, iratuma kandi dukomeza urukundo dufitaniye n’abakirisu bagenzi bacu uko turushiriza kubamenya. Kugira ngo dutume imitororokano yo kwiruhura iba ikiringo c’intibagirwa kandi gikomeza, biraba vyiza igumye ari mitomito kandi tukaraba neza ko icungerewe mu buryo bubereye, na canecane igihe harimwo ivyo gutanga inzoga izo ari zo zose.
Ubusuku buratuma turuhurirwa
8, 9. (a) Erekana itandukaniro ryari hagati y’ubutumwa Yezu yashikiriza n’ubwo abanditsi be n’Abafarizayo bashikiriza. (b) Twungukira gute ku kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya?
8 Yezu yari umunyamwete mu busuku, kandi yararemesheje abigishwa biwe kumera gutyo nyene. Ivyo biragaragarira mu majambo yavuze agira ati: “Iyimbura ni rinini mugabo abakozi ni bake. Nimwinginge rero Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Mat. 9:37, 38) Ubutumwa Yezu yigishije bwararuhura vy’ukuri; yari “inkuru nziza.” (Mat. 4:23; 24:14) Ivyo vyari bitandukanye rwose n’amategeko aremereye Abafarizayo bahatira abantu gukurikiza.—Soma Matayo 23:4, 23, 24.
9 Igihe tubwira abandi ubutumwa bw’Ubwami, tuba turiko turabaronsa ukuruhurirwa kwo mu vy’impwemu, kandi muri ico gihe nyene, turarushiriza gutahura no gukenguruka ukuri kw’agaciro kwo muri Bibiliya. Umwanditsi wa Zaburi yavuze mu buryo bubereye ati: “Haleluya, kukw ari vyiza kuririmbira Imana yacu ishimwe; biraryoshe.” (Zab. 147:1) Woba ushobora kwongereza umunezero uronkera mu gushemeza Yehova ubarira ababanyi bawe?
10. Ukuroranirwa kwacu mu busuku kwoba kuvana n’ukuntu abantu bakiriye neza ubutumwa tubashikiriza? Sigura.
10 Birumvikana yuko mu vyibare bimwebimwe usanga abantu bakira inkuru nziza kuruta mu bindi. (Soma Ibikorwa 18:1, 5-8.) Nimba uba mu karere usanga abantu bakeya gusa ari bo bakira ubutumwa bw’Ubwami, nugerageze kwibanda ku vyiza uriko urashikako mu busuku. Niwibuke yuko akigoro ugira udatezura kugira ngo wamamaze izina rya Yehova atari ak’impfagusa. (1 Kor. 15:58) Vyongeye, ukuntu abantu bakira inkuru nziza si vyo vyerekana urugero dushikanako mu kuroranirwa. Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azokwitwararika yuko abantu bafise umutima ugororotse baronka akaryo ko kwumva ubutumwa bw’Ubwami.—Yoh. 6:44.
Ugusenga kwo mu muryango kuraturuhurira
11. Ni ibanga irihe Yehova yahaye abavyeyi, kandi bashobora gute kurishitsa?
11 Abavyeyi batinya Imana barafise ibanga ryo kwigisha abana babo ivyerekeye Yehova n’inzira ziwe. (Gus. 11:18, 19) Nimba uri umuvyeyi, woba utegekanya umwanya wo kwigisha abana bawe ibijanye na Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru? Kugira ngo Yehova agufashe gushitsa iryo banga ritoroshe no kuronsa umuryango wawe ivyo ukeneye, yaratanze ibifungurwa umukimba vyiza vyo mu buryo bw’impwemu abicishije ku bitabu, ibinyamakuru, amavidewo, be n’ibintu vyafashwe vyo kwumviriza.
12, 13. (a) Imiryango ishobora gute kwungukira ku mugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango? (b) Abavyeyi bashobora gute kwiyemeza neza yuko ugusenga kwabo kwo mu muryango ari isôko ry’ukuruhurirwa?
12 Ikigeretse kuri ivyo, umugwi wa wa mushumba wo kwizigirwa kandi w’ubwenge warashizeho intunganyo zijanye n’umugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango. Uwo ni umugoroba utegekanywa buri ndwi kugira ngo umuryango wige Bibiliya. Benshi basanze iyo ntunganyo yaratumye barushiriza kwiyegerezanya mu rukundo bongera barakomeza ubucuti bafitaniye na Yehova. Ariko none, abavyeyi bashobora gute kwiyemeza neza ko ugusenga kwabo kwo mu muryango ari isôko ry’ukuruhurirwa mu vy’impwemu?
13 Umugoroba ugenewe Ugusenga kwo mu muryango ntukwiye kuba ikiringo kirambira kandi kirangwa n’ukwumira cane ku mategeko. Nakare, dusenga “ya Mana ihimbawe,” kandi yipfuza ko tunezerwa mu gusenga kwacu. (1 Tim. 1:11; Flp. 4:4) Kugira uwundi mugoroba wo kuganira ku bintu bihambaye vyo mu vy’impwemu bikuwe muri Bibiliya ni umuhezagiro koko. Abavyeyi bakwiye kuba abantu bahuza n’ukuntu ibintu vyifashe mu buryo bakoresha mu kwigisha, bakaza barakoresha ubwenge kandi bakaza bariyumvira ibintu bishasha. Nk’akarorero, umuryango umwe wararetse umuhungu wabo w’imyaka cumi yitwa Brandon arashikiriza ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Kubera iki Yehova yakoresheje inzoka mu kugereranya Shetani?” Ico kibazo cari caratesheje umutwe Brandon kubera akunda inzoka, kandi yarashavuzwa n’uko zisanishwa na Shetani. Imiryango imwimwe iracishamwo igakina ibikino bishingiye kuri Bibiliya, umwumwe wese mu bagize umuryango agakina ari umwe mu bavugwa muri iyo nkuru yo muri Bibiliya, akaza arasoma muri Bibiliya igice kimwerekeye, canke na ho agasubiramwo mu buryo bw’agakino ikintu kinaka cabaye. Uretse ko ubwo buryo bwo kwigisha buhimbaye, burashobora no gutuma abana banyu bagira uruhara mu nyigisho, ku buryo ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora kubakora ku mutima.a
Niwirinde ivyoshobora kukuremera
14, 15. (a) Ibintu bitesha umutwe be n’ibituma abantu badatekanirwa vyongerekanye gute muri ino misi ya nyuma? (b) Ni ibindi bintu bitesha umutwe ibihe vyoshobora kudushikira?
14 Ibintu bitesha umutwe be n’ibituma abantu badatekanirwa vyarongerekanye muri ino misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi. Ubushomeri be n’izindi ngorane zo mu vy’ubutunzi birashikira abantu amamiliyoni. Mbere n’abafise akazi akenshi usanga babona ko amahera bahembwa bayatahana mu mupfuko wuzuye intoboro, ivyo bigatuma umuryango wabo ata kintu kinini uhungukira. (Gereranya na Hagayi 1:4-6.) Abanyapolitike be n’izindi ndongozi basa n’abatagira ikibafasha igihe binanata ngo batorere umuti iterabwoba be n’ibindi bintu bituma haba ubukozi bw’ikibi. Abantu benshi baracika intege bivuye ku makosa yabo bwite.—Zab. 38:4.
15 Abakirisu b’ukuri ntibatewe urucanco rubakingira ingorane be n’imikazo bituruka kw’isi ya Shetani. (1 Yoh. 5:19) Mu bihe bimwebimwe, abigishwa ba Kristu boshobora gushikirwa n’ibindi bintu bitesha umutwe igihe bihatira kuguma ari abizigirwa kuri Yehova. Yezu yavuze ati: “Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yoh. 15:20) Ariko rero, n’igihe nyene ‘duhamwa, ntidusigwa mu kangaratete.’ (2 Kor. 4:9) Uti kubera iki ivyo ari ukwo biri?
16. Ni igiki codufasha kuguma dufise umunezero?
16 Yezu yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, mwese abacumukura n’abaremerewe, nanje ndabaruhurira.” (Mat. 11:28) Igihe twizeye bimwe vyuzuye incungu ya Kristu, ni nk’aho tuba twishize mu maboko ya Yehova. Muri ubwo buryo, turaronka “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Kor. 4:7) “Wa mufasha,” ari yo mpwemu nyeranda y’Imana, arakomeza ukwizera kwacu bimwe biboneka ku buryo dushobora kwihanganira ibigeragezo n’amakuba bidushikira tugashobora no kuguma dufise umunezero.—Yoh. 14:26; Yak. 1:2-4.
17, 18. (a) Ni agatima akahe dukwiye kwirinda? (b) Gushira imbere ibinezereza vyo mw’isi bishobora kuvamwo iki?
17 Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri barakeneye kwirinda kwoshwa bitari bikenewe n’agatima iyi si igaragaza ko gutwarwa n’ivyo kwinezereza. (Soma Abanyefeso 2:2-5.) Ahandiho, “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho” vyoshobora kutubera umutego. (1 Yoh. 2:16) Canke na ho twoshobora kwemera twihenda yuko kworohera ivyipfuzo vy’umubiri bizotuma turuhurirwa. (Rom. 8:6) Nk’akarorero, abantu bamwebamwe barisutse mu vyo kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze urugero, mu vyo kuraba amashusho yerekana ubushegabo, mu nkino ziteye akaga, canke mu bikorwa bitandukanye bitemewe barondera gukabura ivyipfuzo vyabo. “Uruyeri” rwa Shetani rufise intumbero yo kuzimiza umuntu mu gutuma abona mu buryo bugoramye ibijanye n’ukuruhurirwa.—Ef. 6:11.
18 Ego ni ko, nta kibi kiri mu gufungura, kunywa, no kwinezereza mu buryo bwiza igihe bigizwe ku burimbane. Yamara rero, ntitureka ngo mwene ivyo bintu bibe co kintu dushira imbere y’ibindi mu buzima. Kugira uburimbane no kwigumya birahambaye, na canecane turavye ibihe tubayemwo. Ivyo twebwe ubwacu dukurikirana vyoshobora kuturemera ku buryo tuba “abantu ata co bakora canke barumvye ku bijanye n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.”—2 Pet. 1:8.
19, 20. Dushobora gute kuronka ukuruhurirwa nyakuri?
19 Igihe duhuza n’ingingo nyobozi za Yehova, turemera yuko ibinezereza ivyo ari vyo vyose iyi si itanga ari ivy’igihe gito. Ivyo Musa yarabitahura, kandi na twebwe turabitahura. (Heb. 11:25) Ikizwi coco ni uko ukuruhurirwa nyakuri, kumwe gutuma umuntu agira umunezero mwinshi akongera agashira akanyota cane kandi ivyo bikamara igihe kirekire, kuva ku gukora ivyo Data wa twese wo mw’ijuru agomba.—Mat. 5:6.
20 Ese twobandanya kuronkera ukuruhurirwa mu bintu vy’impwemu. Tubigenjeje gutyo, tuba “[twikunkumuye] ukutibanga Imana n’ivyipfuzo vy’isi . . . mu gihe turindiriye ca cizigiro c’ubuhirwe n’ukwigaragaza kuninahaye kwa ya Mana ikomeye n’ukw’Umukiza wacu Kristu Yezu.” (Tito 2:12, 13) Nimuze rero twiyemeze kuguma munsi y’ingǒgo ya Yezu mu kuyobokera ubukuru bwiwe n’ubuyobozi atanga. Nitwabigenza gutyo, tuzoronka agahimbare nyakuri n’ukuruhurirwa nyakuri!
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ukuntu ugusenga kwo mu muryango gushobora kuba uguhimbaye n’ukwigisha, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Gitugutu 2009, urupapuro rwa 29-31.
Wokwishura gute?
• Abasavyi ba Yehova baronka gute ukuruhurirwa muri iki gihe?
• Ni mu buryo ubuhe ubusuku buturuhurira bukongera bukaruhurira abo tuganira?
• Ba serugo bokora iki kugira ngo biyemeze neza ko ugusenga kwabo kwo mu muryango gutuma haba ukuruhurirwa?
• Ni ibiki bituremera mu buryo bw’impwemu?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 26]
Twishizeko ingǒgo ya Yezu, turaronka ibintu vyinshi bituma turuhurirwa