Niwiyegereze Imana
Ituronderamwo iciza
“UHORAHO asuzuma imitima yose, akamenya imigabo yose n’ivyiyumviro vyose.” (1 Ngoma 28:9) Ayo majambo yahumetswe yanditswe kugira ngo atume tubogaboga ugukenguruka kubera ukuntu Yehova atwitwararika bimwe bigera kure. Yehova ararondera iciza mu mitima yacu naho tudatunganye na gato. Ivyo biribonekeza neza mu majambo yavuze ku vyerekeye Abiya, tukaba tuyasanga mu 1 Abami 14:13.
Abiya yaba mu rugo rw’abantu b’ababisha. Se Yerobowamu, ni we yatanguriye abami bo mu muryango wiwe wa cami waranzwe n’ubuhuni.a Yehova yari afise umugambi wo gufyefyetura inzu ya Yerobowamu “nk’uk’umuntu afyēfyētura ama[zirantoke] akayamaririkanya.” (1 Abami 14:10) Ariko Imana yategetse yuko umuntu umwe gusa mu rugo rwa Yerobowamu yitwa Abiya yohambanwa iteka, ico gihe akaba yari arwaye aremvye.b Kubera iki? Imana yasiguye iti: “Mu nzu ya Yerobowamu [ni] we gusa yagize ivyiza [‘biboneka muri we,’ NW] imbere y’Uhoraho.” (1 Abami 14:1, 12, 13) Ayo majambo atubwira iki ku bijanye na Abiya?
Bibiliya ntivuga yuko Abiya yari umusavyi w’Imana w’umwizigirwa. Yamara, hariho iciza kanaka muri we. Cari iciza “imbere y’Uhoraho,” kikaba kumbure cari kijanye n’ivy’ugusenga Imana. Abanditsi b’Abarabi bavuga yuko Abiya yoba yarafashe urugendo akaja ku rusengero rw’i Yeruzalemu canke ko yoba yarakuyeho abarinzi se yari yarashizeho ngo babuze Abisirayeli kuja i Yeruzalemu.
Ico ciza ca Abiya caba cari ikihe, ico tuzi co ni uko cari n’ico kivuze. Ubwa mbere, nta buryarya carimwo. Ico ciza cari “muri we,” ni ukuvuga mu mutima wiwe. Ubwa kabiri, cari imbonekarimwe. Abiya yarerekanye ko afise ico ciza naho yari uwo “mu nzu ya Yerobowamu.” (Ni twe dushimitse.) Incabwenge imwe ivuga iti: “Iyo abantu bagumanye iciza kibarimwo kandi baba ahantu habi no mu miryango imeze nabi, kiba ari ikintu co gukezwako vy’ukuri.” Uwundi na we avuga yuko iciza cari muri Abiya “cibonekeza . . . , nka kurya nyene inyenyeri usanga zikayangana rwose igihe ijuru riba ryacuze umwiza, n’amasederi akaboneka ko ari meza rwose igihe ibiti biyakikuje biba ata mababi bisigaranye.”
Igihambaye kuruta vyose, amajambo dusanga mu 1 Abami 14:13 (NW) aratwigisha ikintu ciza cane ku bijanye na Yehova be n’ico aturonderamwo. Wibuke ko hari iciza “cabonetse muri” Abiya. Biboneka ko Yehova yasesanguye umutima wa Abiya gushika awubonyemwo iciza na gitoyi. Nk’uko incabwenge imwe yabivuze, ugereranije Abiya n’abo mu muryango wiwe, yari nk’akabuyenge kamwe rudende “mu kirundo c’amabuye.” Yehova yarashimye cane ico ciza yongera arabimuhera impera mu kugirira imbabazi ku rugero runaka uwo muntu umwe wo mu muryango w’abantu b’ababisha.
Wumva none bidahumuriza kumenya yuko naho turi n’utunenge, Yehova aturonderamwo iciza kandi akagiha agaciro? (Zaburi 130:3) Kubimenya birakwiye kutuvyurira umutima wo kurushiriza kwiyegereza Yehova, we Mana isuzuma yitonze umutima wacu iwuronderamwo iciza naho mbere coba ari gitoyi cane.
[Utujambo tw’epfo]
a Yerobowamu yari yashinze ivy’ugusenga ibigirwamana vy’inyana mu bwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari bugizwe n’imiryango cumi, kugira ngo abuze abanyagihugu kuja i Yeruzalemu gusenga Yehova ku rusengero rwaho.
b Mu bihe vya Bibiliya, iyo umuntu adahambanywe iteka vyabonwa ko ari ikintu cerekana yuko atashimwa n’Imana.—Yeremiya 25:32, 33.