ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 1/8 rup. 3-4
  • Ni igiki abenshi batinya?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki abenshi batinya?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’intambara y’ibirwanisho ruhonyanganda?
    Ibindi biganiro
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 1/8 rup. 3-4

Ni igiki abenshi batinya?

“Si ngombwa ngo ube umuntu yemera Imana kugira ngo ubone ko tugiye gushikirwa n’ivyago.”​​—⁠VYAVUZWE NA STEPHEN O’LEARY, AKABA ARI UMWIGISHA MWUNGANIZI WO KURI KAMINUZA YO MU BUMANUKO BWA KALIFORONIYA.a

WOBA wemera ayo majambo avuzwe aho haruguru? Uru rukurikirane rw’ibiganiro rurihweza impamvu zimwezimwe zituma abantu batinya kazoza. Ariko kandi, rurerekana igituma ushobora kwizigira yuko ubuzima ng’aha kw’isi butazogira iherezo. Naho ivyo ugira usome ari ibintu bihagarika umutima, hariho imvo yumvikana yotuma wizigira ko ibintu bizogenda neza.

Ubwoba bw’uko hashobora kwaduka intambara ruhonyanganda buracari bwinshi. Mu 2007, ikinyamakuru kimwe (Bulletin of the Atomic Scientists) carerekanye akaga kariho, giti: “Igihe vya bibombe ruhonyanganda vya mbere vyarekurirwa ku gisagara ca Hiroshima n’ica Nagasaki si ho isi yatangura kugeramirwa n’abohitamwo gukoresha mwene ivyo birwanisho, bigatuma inganda zitikira.” Ni kubera iki hari ukwo guhagarika umutima? Ico kinyamakuru cavuze yuko mu 2007 hari hakiriho ibirwanisho ruhonyanganda nka 27.000 be n’uko ibishika 2.000 muri vyo “vyashobora kuraswa umwanya n’uwundi.” Naho hoturitswa bikeyi muri ivyo birwanisho, ingaruka vyotera zoba agahomerabunwa!

None ubwoba bw’uko hashobora kwaduka intambara ruhonyanganda bwoba bwaragabanutse kuva ico gihe? Igitabu c’umwaka co mu 2009 (SIPRI Yearbook 2009) c’Urwego mpuzamakungu rurondera amahoro rw’i Stockholm kivuga ko vya bihugu bitanu biza imbere y’ibindi mu gutunga ibirwanisho ruhonyanganda, ari vyo Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubufaransa, Uburusiya, Ubushinwa n’Ubwongereza, vyose usanga biriko “biritegurira gukoresha ubuhinga bushasha bujanye n’ibirwanisho ruhonyanganda canke ugasanga vyaramaze kumenyesha ko vyipfuza kubigira.”b Ariko rero ico gitabu c’umwaka kivuga yuko ivyo bihugu atari vyo vyonyene bitunze ibirwanisho ruhonyanganda. Abashakashatsi bavuga yuko igihugu c’Ubuhindi, ica Pakisitani n’ica Isirayeli, ugereranije, kimwekimwe cose gitunze ibibombe ruhonyanganda biri hagati ya 60 na 80. Bavuga kandi yuko kw’isi yose hari ibirwanisho ruhonyanganda bishika 8.392 vyiteguriye gukoreshwa, birindiriye gusa ko biraswa!

Ihindagurika ry’ikirere ryoshobora gutuma haduka ivyago. Ca kinyamakuru twamara kuvuga (Bulletin of the Atomic Scientists) kigira giti: “Ingeramizi ziterwa n’ihindagurika ry’ikirere zirabangamye hafi cokimwe n’iziterwa n’ibirwanisho ruhonyanganda.” Abanyasiyansi bubahwa nka Stephen Hawking, uwahoze ari umwigisha kuri kaminuza y’i Cambridge, be n’umushingantahe Martin Rees, umuhinga yabinonosoye wo kw’ishure rya Trinity College ryo kuri kaminuza y’i Cambridge, baravuga amajambo nk’ayo agabisha abantu ata gufyina. Babona yuko kuba ubuhinga bwa none bukoreshwa nabi no kuba abantu bonona ibidukikije, vyoshobora guhindura ubuzima ng’aha kw’isi ubutakivayo, mbere bikanahonya ikibano c’abantu.

Ivy’uko ngo hagiye kwaduka icago birahagarika umutima amamiliyoni y’abantu. Ja ku muhora kanaka abantu benshi bakunze gucako mu kugira ubushakashatsi kuri Internet, wandike amajambo “umuhero w’isi” be n’umwaka wa “2012”, maze wibonere impapuro amajana n’amajana zuguruka zirimwo amakuru avuga yuko ngo umuhero uzoza muri uwo mwaka. None ivyo biva ku ki? Ikirangamisi ca kera c’Abamaya citwa “Ibiharuro birebire,” biharurwa ko kizorangira muri uwo mwaka wa 2012. Abantu benshi baratinya yuko hari ukuntu ico coba ari icerekana ko hagiye kuba iherezo ry’umuryango w’abantu uko wakabaye.

Abanyamadini benshi bemera yuko Bibiliya yigisha ko isi butaka izosangangurwa. Biyumvira ko abizigirwa ku Mana bose bazojanwa mw’ijuru, abasigaye na bo bagasigara bababarizwa mw’isi y’umuvurungano canke bagatabwa mu muriro udahera.

Bibiliya yoba vy’ukuri ivuga yuko isi uko yakabaye izohonywa canke igasangangurwa? Intumwa Yohani yatugabishije ati: “Ntimwemere ijambo ry’irihumekano ryose, mugabo mugeze amajambo y’amahumekano murabe ko akomoka ku Mana.” (1 Yohani 4:1) Aho gupfa kwemera ivyo abandi bavuga, ubona gute uzinguruye Bibiliya maze ukirabira ico ivuga ku bijanye n’umuhero w’isi? Ivyo yigisha vyoshobora kugutangaza.

[Utujambo tw’epfo]

a Vyakuwe mu kiganiro kivuga ngo “Ivyago biba biratuma abantu bitega umusi w’umuhero,” casohowe ku muhora wa Internet wa MSNBC, ku wa 19 Gitugutu 2005.

b Raporo urwo rwego rwashikirije muri ico gitabu yanditswe n’uwitwa Shannon N. Kile, umushakashatsi mukuru akaba ari na we ahagarikiye ibijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda mu mugambi urwo rwego rufise wo gucungera ibirwanisho no kurwanya ikwiragizwa ryavyo, afatanije n’uwitwa Vitaly Fedchenko, umushakashatsi muri uwo mugambi nyene, be na Hans M. Kristensen, umuyobozi ahagarikiye umugambi w’Urunani rw’abanyasiyansi b’Abanyamerika ujanye n’ivy’amakuru yerekeye ibirwanisho ruhonyanganda.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 4]

Igicu gifise imero y’ikizinu: ifoto dukesha U.S. National Archives; ifoto y’igihuhusi: tuyikesha WHO/League of Red Cross and U.S. National Archives

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika