Imana yoba isaba ko twatura ibicumuro?
Mu madini menshi, kwatura ibicumuro wongorera umupatiri canke umukozi w’Imana biracari kimwe mu bigize imigirwa y’ivy’idini be n’ugusenga. Ariko none mu kibano ca kino gihe kirekerana ibintu kikabirenzako uruho rw’amazi, ubwo kwatura ibicumuro vyoba bibereye canke binakenewe?
UBURYO abantu babona ico kibazo buri kune buri gutanu. Nk’akarorero, ikinyamakuru co muri Kanada (National Post) kiravuga ibijanye n’umuntu umwe yiyemerera ko naho bitoroshe kubarira uwundi muntu ikosa wakoze, usanga “biruhura cane uronse umuntu ubibwira, agasenga muri kumwe akongera akakubarira ico wokora.” Igihushanye n’ivyo, igitabu Ngirira ikigongwe Dawe, kuko naracumuye (mu congereza) kirasubiramwo amajambo umuntu umwe yavuze ati: “Ukwirega ni kimwe mu bintu bivuna umutima kuruta ibindi vyose bigirwa muri Ekeleziya. Biratuma abantu bama bahagaritse umutima birenze urugero.” None Bibiliya ibivugako iki?
Ico Bibiliya ibivugako
Muri rya Tegeko Imana yaha ihanga rya Isirayeli, turasangamwo ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ivyo umuntu yakenera gukora igihe yaba yacumuye. Nk’akarorero, igihe umuntu yaba yacumuye kuri mugenziwe canke akarenga rimwe mu mategeko y’Imana, yabwirizwa kwaturira igicumuro ciwe umuherezi yagenywe wo mu muryango wa Lewi, uno agaca amutangira impongano mu gushikanira Imana ikimazi kugira ngo ababarirwe igicumuro yakoze.—Abalewi 5:1-6.
Haciye ibinjana n’ibindi, igihe umuhanuzi Natani yahambarira Umwami Dawidi kubera ibicumuro yari yakoze, Dawidi yakoze iki? Yaciye ubwo nyene yiyemerera ati: “Nacumuye kuri Yehova.” (2 Samweli 12:13) Yaciye kandi asenga atakambira Imana ngo imutoneshe. None vyavuyemwo iki? Mu nyuma Dawidi yanditse ati: “Igicumuro canje naratevye ndakikwaturira, kandi ikosa ryanje sinaripfutse. Navuze nti: ‘Nzokwaturira Yehova ibigabitanyo vyanje.’ Nawe warahariye ikosa ry’ibicumuro vyanje.”—Zaburi 32:5; 51:1-4; 51:1-4.
Kwatura ibicumuro vyagumye ari igisabwa n’Imana mw’ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere mu gihe cacu. Yakobo, mwene nyina wa Yezu akaba n’umwe mu bagabo baja imbere abandi mw’ishengero ry’i Yeruzalemu, yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Mwaturiranire ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire.” (Yakobo 5:16) Ni ibiki none abakirisu basabwa kwatura, kandi bovyaturira nde?
Ni ibiki dukwiye kwatura?
Uko bukeye uko bwije, twebwe abantu badatunganye usanga dukunze gukora ibintu tutiyumviriye neza canke tugakoresha nabi ururimi rwacu maze tugacumuranako. (Abaroma 3:23) Ivyo none vyoba bisobanura ko akantu kose mwene ako dukora twoba tubwirizwa kukaturira umuntu kanaka yagenywe afise ubukuru?
Naho igicumuro ico ari co cose dukora kibabaza Imana, iratahura ibigiranye imbabazi amakosa dukora kubera akanenge twebwe abantu twarazwe. Kukaba nkako, umwanditsi w’amazaburi yiyemereye ati: “Iyaba amakosa ari yo ugumizako ijisho, ewe Ya, ewe Yehova, ni nde yohagaze? Kuko hari ukubabarirwa nyakuri iwawe, kugira ngo utinywe.” (Zaburi 130:3, 4) Twokora iki none igihe dukosheje tugacumura ku bandi, kumbure tutabishaka? Niwibuke ko rya sengesho ry’akarorero Yezu yigisha abayoboke biwe ririmwo ivy’uko bosenga basaba bati: “Utubabarire ibicumuro vyacu, kuko natwe ubwacu tubabarira umuntu wese adufitiye umwenda.” (Luka 11:4) Ego cane, Imana izotubabarira nitwayitura tukayisaba imbabazi mw’izina rya Yezu.—Yohani 14:13, 14.
Urabona ko Yezu yavuze ko natwe dusabwa kubabarira ‘abadufitiye umwenda.’ Intumwa Paulo yaribukije abo basangiye ukwizera ati: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.” (Abanyefeso 4:32) Nitwababarira abandi amakosa bakora, tuzoba dufise imvo zumvikana zo kwitega ko Imana itubabarira ayacu.
Ariko none, tuvuge iki ku vyerekeye ibicumuro bikomakomeye nko kwiba, kubesha n’ibigirankana, ubuhumbu, akaborerwe be n’ibindi? Uwukoze mwene ivyo bicumuro wese aba ahonyanze amategeko y’Imana, akaba rero acumuye ku Mana. None uwo muntu yokora iki?
Ni nde dukwiye kwaturira ibicumuro vyacu?
Imana ntiyemerera abantu kubabarira ibicumuro abandi baba bayikoreye; ni yo yonyene ishobora kubibababarira. Bibiliya itubwira itomora iti: “Iyo twemeye icese ibicumuro vyacu, Imana ni inyizigirwa ikaba n’iyigororotse kugira ngo itubabarire ibicumuro vyacu yongere itwoze ukutagororoka kwose.” (1 Yohani 1:9) Ariko none, mwene ivyo bicumuro twovyemera icese tuvyaturira nde?
Kubera yuko imbabazi zitangwa n’Imana yonyene, ni yo tubwirizwa kwaturira ibicumuro. Ivyo ni vyo Dawidi yakoze, nk’uko twamaze kubibona. None imbabazi zitangwa hishimikijwe iki? Bibiliya itubwira iti: “Nimwigaye rero, muhindukire kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye imbere ya Yehova.” (Ivyakozwe 3:19) Imbabazi rero ntizitangwa bivanye n’uko umuntu yiyemereye akongera akatura igicumuro vyonyene, ariko kandi zitangwa bivanye n’uko umuntu afise umutima ukunze wo kuvavanura n’iyo nzira mbi. Iyo ntambwe igira kabiri akenshi usanga igoye gutera. Mugabo imfashanyo irahari.
Niwibuke amajambo yavuzwe na wa mwigishwa Yakobo twamara kuvuga. Yagize ati: “Mwaturiranire ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire.” Yongeyeko ati: “Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi.” (Yakobo 5:16) Uwo “mugororotsi” ashobora kuba umwe mu “bagabo b’inararibonye b’ishengero” Yakobo yavuze mu murongo wa 14. Mw’ishengero rya gikirisu hariho “abagabo b’inararibonye” mu vy’Imana bagenywe, ari bo bakurambere, basahiriza abipfuza kubabarirwa n’Imana. Mwene abo “bagabo b’inararibonye” ntibashobora kurekurira umuntu n’umwe ibicumuro, kubera yuko ata muntu n’umwe yemerewe kubabarira mugenziwe ikosa aba yakoreye Imana.a Yamara rero, baba bakwije ibisabwa mu vy’Imana kugira ngo bakangire bongere babogore umuntu yakoze igicumuro gikomeye, bakamufasha kubona ko gihambaye be n’uko akeneye kwigaya.—Abagalatiya 6:1.
Ni kubera iki umuntu yokwatura ibicumuro vyiwe?
Igicumuro caba gikomeye canke kidakomeye, uwagikoze aba yononye ubucuti afitaniye na mugenziwe be n’Imana. Yoshobora rero guca yumva adogombwa canke abuze amahoro. Ivyo bitumwa n’ijwi ryo mu mutima twahawe n’Umuremyi wacu. (Abaroma 2:14, 15) Ni igiki none cokorwa?
Dusubiye rindi rimwe mu gitabu ca Yakobo, turahasanga aya majambo aremesha agira ati: “Hoba hari uwurwaye [mu vy’Imana] muri mwebwe? Nahamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero baze kuri we, bamusengere, bamusige amavuta mw’izina rya Yehova. Kandi isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.”—Yakobo 5:14, 15.
No ng’aha ba bagabo b’inararibonye, ari bo bakurambere, baratumwako kugira ngo baronse ubusho ivyo bukeneye. Mu buryo ubuhe? Si mu gutega amatwi gusa uwubaturira ibicumuro. Ahubwo nyabuna, kubera ko uwo muntu aba arwaye mu vy’Imana, biba bikenewe ko hagira ikintu gikorwa kugira ngo “uyo amerewe nabi akir[e].” Hariho ibintu bibiri Yakobo yavuze bishobora gukorwa.
Ubwa mbere, haraba ‘ukumusiga amavuta.’ Ivyo bifitaniye isano n’ububasha Ijambo ry’Imana rifise bwo gukiza. Intumwa Paulo yasiguye yuko “ijambo ry’Imana ari rizima kandi rigira ububasha . . . kandi rigashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima,” rigashika ibwina mu muzirikanyi w’umuntu no mu mutima wiwe. (Abaheburayo 4:12) Mu gukoresha Bibiliya babigiranye ubuhanga, abagabo b’inararibonye barashobora gufasha uwo aba arwaye mu vy’Imana akabona icatumye agira ingorane maze agatera intambwe ziba zikenewe kugira atunganye ibintu imbere y’Imana.
Ubwa kabiri, haraba ugutura “isengesho ry’ukwizera.” Naho amasengesho abo bagabo b’inararibonye batura adaca abuza Imana gukurikiza ubutungane, arahambaye ku Mana, na yo ikaba ishashaye guharira igicumuro yishimikije inkuka y’incungu ya Kristu. (1 Yohani 2:2) Imana iriteguriye gufasha umucumuzi uwo ari we wese yigaya ata buryarya maze agakora “ibikorwa bikwiranye n’ukwigaya.”—Ivyakozwe 26:20.
Imvo iruta izindi zose yotuma umuntu yatura igicumuro, caba ico yakoreye mugenziwe canke Imana, ni ukugira ngo ashimwe n’Imana. Yezu Kristu yarerekanye yuko dutegerezwa kubanza gutunganya ingorane iyo ari yo yose dufitaniye na bagenzi bacu tukikiranura na bo kugira tubone gusenga Imana dufise ijwi ryiza ryo mu mutima. (Matayo 5:23, 24) Mu Migani 28:13 hagira hati: “Uwupfuka ibigabitanyo vyiwe ntazororanirwa, mugabo uwuvyatura kandi akabiheba azogirirwa imbabazi.” Nitwicisha bugufi mu nyonga za Yehova Imana maze tugasaba imbabazi, tuzotoneshwa na we twongere dushirwe hejuru igihe kigeze.—1 Petero 5:6.
[Akajambo k’epfo]
a Hariho ababona ko amajambo Yezu yavuze dusanga muri Yohani 20:22, 23 yoba ashigikira ivy’uko hobaho abajejwe kwaturirwa ibicumuro. Ushaka amakuru y’ido n’ido avuga ibijanye n’ico ciyumviro, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1996, urupapuro rwa 28-29.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]
Imana izokwirengagiza amakosa dukora yongere itubabarire nitwayitura tukayisaba imbabazi mw’izina rya Yezu
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 24]
Imvo iruta izindi zose yotuma umuntu yatura igicumuro ni ukugira ngo ashimwe n’Imana