Ibibazo vy’Abasomyi
Turavye umutima ukunze Yehova afise wo guharira ivyaha biciye ku nkuka y’incungu, ni kuki ari nkenerwa ko Abakirisu bavyaturira abashingantahe b’ishengero?
Nk’uko umuntu ashobora kubibonera ku vyerekeye Dawidi na Batisheba, Yehova yarahariye icaha ca Dawidi, naho cari gikomeye, kubera ukwigaya kuvuye ku mutima Dawidi yagize. Igihe umuhanuzi Natani yamwegera, Dawidi yaratuye atarya umunwa ati: “Nacumuye k’Uhoraho.”—2 Samweli 12:13.
Ariko rero, Yehova ico agira si ukwemera ukwatura icaha kuvuye ku mutima kw’uwacumuye n’ukumuharira vyonyene. Arashiraho n’intunganyo ziranga urukundo kugira ngo zifashe uwahuvye gutera imbere gushika ku gukira mu buryo bw’impwemu. Ku vyerekeye Dawidi, imfashanyo yaje biciye ku muhanuzi Natani. Muri iki gihe, mw’ishengero ry’Abakirisu, hariho abashingantahe canke abakurambere bahumuye mu vy’impwemu. Umwigishwa Yakobo asigura ati: “Muri mwebge namba harih’ūrwaye [mu buryo bw’impwemu], n’atumekw abashingantahe b’ishengero, baze kumusengera, bamusīge amavuta ya elayo mw izina ry’Umwami wacu. Kand’ugusenga gufatanije n’ukwizera kuzokiza umurwayi, Umwami azomuvyura: kand’asanzwe yarakoze ivyaha azobiharirwa.”—Yakobo 5:14, 15.
Abakurambere bazi utuntu n’utundi barashobora gukora vyinshi kugira ngo bagabanye umubabaro wo mu mutima umucumuzi yiyagiriza agira. Barihatira kwigana Yehova mu kuntu bamufata. Ntibigera bashaka gukara, naho nya muntu vyoba bibereye ko ahabwa igihano gikomeye. Ahubwo, bararimbura ivyo uwo muntu akeneye muri ako kanya babigiranye impuhwe. Bakoresheje ukwihangana, barihatira kubogora ivyiyumviro vy’uwahuvye mu gukoresha Ijambo ry’Imana. (Ab’i Galatiya 6:1) No mu gihe umuntu atatuye icaha ciwe avyishakiye, hari aho ashobora kuvyura umutima wo kwigaya abakurambere baramutse bamwegereye, nk’uko vyagenze kuri Dawidi igihe Natani yamwegera. Ni co gituma imfashanyo abakurambere batanga ifasha uwahuvye kwirinda ingeramizi yo gusubiramwo ico caha be n’ingaruka zikomeye z’ugucika umunyavyaha yakomantaye.—Abaheburayo 10:26-31.
Mu vy’ukuri ntivyoroshe ko umuntu yaturira abandi ibintu yakoze yumva ko bimutera isoni, no kurondera guharirwa. Bisaba ko umuntu agira uburindutsi. Naho ari ukwo, zirikana gatoyi ku kindi kintu coshika. Umugabo umwe yananiwe guhishurira icaha ciwe gikomeye abakurambere bo mw’ishengero yavuze ati: “Ico gihe mu mutima wanje numva umubabaro utohera. Narongereje utwigoro twanje mu gikorwa co kwamamaza, ariko inyiyumvo yo kwiyagiriza ikagumaho.” Yibaza yuko kwaturira icaha Imana mw’isengesho vyari bihagije, ariko biratomoye ko bitari bihagije, kubera yagize inyiyumvo nk’izo Umwami Dawidi yagize. (Zaburi 51:8, 11) Ese ukuntu ari vyiza kuruta iyo twemeye insahirizo iranga urukundo Yehova atanga biciye ku bakurambere!